ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 7 rup. 16-17
  • Vyoba bishika ukumva uri wenyene ufise n’ubwoba?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Vyoba bishika ukumva uri wenyene ufise n’ubwoba?
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Vyoba bishika ukumva umengo uri wenyene ukagira n’ubwoba?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarahojejwe n’Imana yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Wewe Uzoba Umwizerwa nka Eliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 7 rup. 16-17
Agahungu kumva ari konyene kandi gafise ubwoba

ICIGWA CA 7

Vyoba bishika ukumva uri wenyene ufise n’ubwoba?

Raba ako gahungu kari kuri iyo foto. Gasa n’akumva kari konyene kandi gafise ubwoba, si vyo? Vyoba bimaze gushika ukiyumva gutyo?— Rimwe na rimwe umuntu uwo ari we wese birashika akiyumva gutyo. Bibiliya iravuga abagenzi ba Yehova na bo nyene bumvise umengo ni bonyene bongera baragira ubwoba. Umwe muri bo yari Eliya. Reka turabe ibimwerekeye.

Umwamikazi Yezebeli ariko arakankama n’ishavu

Yezebeli yashaka kwica Eliya

Eliya yabaye muri Isirayeli kera cane, imbere y’uko Yezu avuka. Ahabu, umwami wa Isirayeli, ntiyasenga Imana y’ukuri Yehova. Ahabu n’umugore wiwe Yezebeli basenga imana y’ikinyoma Bayali. Rero, abantu bo muri Isirayeli nka bose na bo nyene baratanguye gusenga Bayali. Umwamikazi Yezebeli yari ameze nabi cane kandi yashaka kwica abantu bose basenga Yehova, harimwo na Eliya! Urazi ico Eliya yaciye akora?—

Eliya yaciye ahunga! Yagiye kure mu gahinga maze yinyegeza mw’isenga ry’ibuye. Wibaza ko ivyo yabigize kubera iki?— Yari afise ubwoba. Ariko Eliya ntiyari akwiye kugira ubwoba. Uti kubera iki? Kubera ko yari azi yuko Yehova yari gushobora kumufasha. Imbere y’aho Yehova yari yareretse ububasha bwiwe Eliya. Igihe kimwe, Yehova yarishuye isengesho rya Eliya mu kurungika umuriro uvuye mw’ijuru. Birumvikana rero ko Yehova yari gufasha Eliya no muri ico gihe!

Yehova yishuye isengesho rya Eliya mu kurungika umuriro uvuye mw’ijuru; Eliya ari mw’isenga; Eliya aryohewe aho amariye kwumva amajambo aremesha Yehova amubwiye

Yehova yafashije gute Eliya?

Igihe Eliya yari muri iryo senga ry’ibuye, Yehova yaramuvugishije, amubaza ati: ‘Uriko ukora iki ng’aha?’ Eliya yishuye ati: ‘Ni jewe jenyene nkigusenga. Ndi jenyene, kandi ndafise ubwoba kubera ko nshobora kwicwa.’ Eliya yibaza ko abandi basavyi ba Yehova bose bari barishwe. Ariko Yehova yabwiye Eliya ati: ‘Oya, ivyo si vyo. Hariho abandi bantu 7.000 bakinsenga. Ntugire ubwoba. Hariho ikindi gikorwa nshaka ko ukora!’ Wibaza ko Eliya yahimbawe no kwumva ico kintu?—

Ni igiki wokwigira kuri Eliya?— Ntukwiye kwigera wumva ko uri wenyene canke ngo ugire ubwoba. Urafise abagenzi bakunda Yehova kandi nawe bagukunda. N’ikindi kandi, Yehova arafise ububasha bwinshi kandi azokwama agufasha! Woba uryohewe no kumenya ko utigera uba wenyene vy’ukuri?—

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • 1 Abami 19:3-18

  • Zaburi 145:18

  • 1 Petero 5:9

IBIBAZO:

  • Mu gihe ca Eliya, Abisirayeli bose boba basenga Yehova? Basenga nde?

  • Ni kubera iki Eliya yahunze akinyegeza mw’isenga ry’ibuye?

  • Yehova yabwiye iki Eliya?

  • Ni igiki twokwigira kuri Eliya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika