IKIGABANE CA 10
Ingene wokwagura umurimo
IGIHE Yezu yarungika abigishwa biwe kwamamaza Ubwami, yababwiye ati: “Ivyimburwa ni vyinshi mugabo abakozi ni bake.” Kubera ko ibikorwa vyari vyinshi, yongeyeko ati: “Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Mat. 9:37, 38) Yezu yarabwiye abigishwa biwe ingene boranguye ico gikorwa. Amajambo yakoresheje yarerekana ko ibintu vyihutirwa. Yavuze ati: “Ntimuzogenda muhetuye ibisagara vya Isirayeli Umwana w’umuntu adashitse.”—Mat. 10:23.
2 No muri iki gihe, hari akazi kenshi mu ndimiro. Inkuru nziza y’Ubwami itegerezwa kwamamazwa imbere y’uko umuhero uza, kandi igihe gisigaye ni gito! (Mrk. 13:10) Kubera yuko indimiro ari isi yose, ivyacu bimeze nk’uko ivya Yezu n’abigishwa biwe vyari biri, uretse ko twebwe twamamaza mu karere kanini gusumba. Turi bake ugereranije n’amamiliyaridi y’abantu ari kw’isi, mugabo turashobora kwizigira ko Yehova azodufasha. Inkuru nziza y’Ubwami izokwamamazwa mw’isi yose, kandi igihe Yehova yashinze kigeze iherezo rizoca riza. Twoba tuzoshira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu kugira turangure igikorwa cacu bimwe bishitse? Ni imigambi iyihe y’ivy’impwemu twokwishingira kugira dushike kuri iyo ntumbero?
3 Yezu yaravuze ivyo Yehova yiteze ku basavyi biwe bamwiyeguriye. Yagize ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mrk. 12:30) Dusabwa gukorera Imana n’ubuzima bwacu bwose. Ivyo bisobanura ko dukora ivyo dushoboye vyose mu murimo wa Yehova, gutyo tukaba twerekanye ko twamwiyeguriye ata co twisigarije. (2 Tim. 2:15) Twese turafise uturyo two kwagura umurimo bivanye n’ukuntu ivyacu vyifashe hamwe n’ivyo dushoboye. Raba tumwetumwe muri utwo turyo hama uhitemwo imigambi yo mu vy’impwemu wokwishingira kugira urangure umurimo.
KUBA UMWAMAMAJI W’ISHENGERO
4 Abemera ukuri bose barafise agateka ko kubwira abandi inkuru nziza. Ico ni co gikorwa nyamukuru Yezu yashinze abigishwa biwe. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Mu bisanzwe, umwigishwa wa Yezu Kristu atangura kubwira abandi inkuru nziza akimara kuyumva. Ivyo ni vyo Andereya, Filipo, Koruneliyo hamwe n’abandi bagize. (Yoh. 1:40, 41, 43-45; Ivyak. 10:1, 2, 24; 16:14, 15, 25-34) Ivyo none vyoba bisobanura ko umuntu ashobora kubwira abandi inkuru nziza naho yoba atarabatizwa? Cane nyene! Umuntu agikwiza ibisabwa vyo kuba umwamamaji atarabatizwa, aca aronka akaryo ko kwamamaza inzu ku nzu. Vyongeye, bivanye n’uko ivyiwe vyifashe hamwe n’ubushobozi afise, yoshobora kugira uruhara no mu yindi mice y’igikorwa.
5 Igihe umwamamaji amaze kubatizwa, nta gukeka ko yipfuza gukora ivyo ashoboye vyose kugira afashe abandi kumenya ukuri. Abagabo n’abagore bose barafise agateka ko kwamamaza inkuru nziza. Ni agateka kugira uruhara naho rwoba ari rutoyi mu guteza imbere ivyungura Ubwami bw’Imana. Igihe umuntu ashoboye kwagura umurimo akagira uruhara no mu yindi mice y’igikorwa, nta gukeka ko yumva ahimbawe.
GUKORERA AHO BIKENEWE GUSUMBA AHANDI
6 Hari aho wosanga icibare c’ishengero ukukira gikorerwamwo cane, abahaba bakaba bamaze kwumva inkuru nziza ku rugero rushimishije. Nimba ari ukwo biri, woshobora gushima kwagura umurimo wawe mu kwimukira mu karere gakeneye abamamaji gusumba. (Ivyak. 16:9) Nimba uri umukurambere canke umukozi w’ishengero, hoshobora kuba hariho irindi shengero ryohimbarwa n’uko urifasha. Umucungezi w’umuzunguruko yoshobora kuguha ivyiyumviro vy’ukuntu wofasha irindi shengero ryo mu muzunguruko wanyu. Nimba wipfuza gukorera mu kandi karere ko mu gihugu iwanyu, ibiro vy’ishami vyoshobora kuguha amakuru yogufasha.
7 Woba wipfuza gukorera mu kindi gihugu? Nimba uvyipfuza, ukwiye kubizirikana witonze. Ubona gute ubiganiriye n’abakurambere bo mw’ishengero iwanyu? Kwimuka bizogira ingaruka kuri wewe no ku bo muzojana bose. (Luka 14:28) Ariko rero, nimba udategekanya kumarayo igihe kirekire, hari aho vyoba vyiza ukoreye mu kandi karere aho iwanyu.
8 Mu bihugu bimwebimwe, abavukanyi bahagarikira ishengero usanga bamaze igihe gito mu kuri. Abavukanyi b’imvukira bicisha bugufi baremera n’umutima ukunze kureka abakurambere bazi utuntu n’utundi bimukiye iwabo bakaba ari bo baja imbere mu guhagarikira ishengero. Nimba uri umukurambere ukaba utegekanya kwimukira mu gihugu vyifashe gutyo, urama wibuka ko intumbero yawe atari ugusubirira abo bavukanyi. Ahubwo ni ugukorana na bo. Nubaremeshe gukwiza ibisabwa no kwemera amabanga yo mw’ishengero. (1 Tim. 3:1) Urihangana niwabona hari ibintu bidakorwa nk’uko bikorwa mu gihugu iwanyu. Nureke abo bavukanyi bungukire ku tuntu n’utundi wamenye muri iryo banga ry’ubukurambere. Maze nivyashika ugataha, abo bavukanyi bazoba bashoboye kwitwararika ishengero.
9 Imbere y’uko ibiro vy’ishami biguha amazina y’amashengero woshobora gufasha, birasabwa ko Komite y’umurimo y’ishengero ukukira yandika ikete ryo kukurata. Iryo kete rirakenewe waba uri umukurambere, umukozi w’ishengero, umutsimvyi canke umwamamaji. Komite y’umurimo izorungika iryo kete ku biro vy’ishami vy’igihugu wipfuza gukoreramwo riri kumwe n’iryo wanditse usaba kuja gukorerayo.
KWAMAMAZA MU RUNDI RURIMI
10 Kugira wagure umurimo wawe, hari aho woshima kwiga urundi rurimi harimwo n’ururimi rw’ibimenyetso. Nimba ufise umugambi wo kwamamaza mu rundi rurimi, ubona gute ubiganiriye n’abakurambere be n’umucungezi w’umuzunguruko? Boshobora kuguterera ivyiyumviro bakongera bakaguha indemesho ukeneye. Hisunzwe ubuyobozi bw’ishami, imizunguruko imwimwe yaratunganije ivyigwa vy’indimi kugira abamamaji babishoboye n’abatsimvyi bamenyerezwe kwamamaza mu rundi rurimi.
UMURIMO W’UBUTSIMVYI
11 Abamamaji bose bakwiye kuba bazi ibisabwa kugira umuntu akore ubutsimvyi bwo gufasha, ubusanzwe n’ubudasanzwe, eka mbere n’iyindi mice y’umurimo w’igihe cose. Umutsimvyi akwiye kuba ari umukirisu w’intangakarorero yabatijwe ashoboye kumara amasaha kanaka yashinzwe ariko aramamaza inkuru nziza. Komite y’umurimo y’ishengero ni yo yemeza abatsimvyi bafasha n’abatsimvyi basanzwe. Abatsimvyi badasanzwe bagenwa n’ibiro vy’ishami.
12 Abatsimvyi bafasha bagenwa gukora ubutsimvyi n’imiburiburi mu kiringo c’ukwezi kumwe, amezi nk’angahe akurikirana canke ikiringo kanaka kibandanya bivanye n’ingene ivyabo vyifashe. Abamamaji benshi barakunda gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu biringo bidasanzwe, nko mu kiringo c’Icibutso canke mu mezi baba bagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko. Hari abahitamwo kubukora mu mezi y’akaruhuko. Abamamaji babatijwe bakiri ku ntebe y’ishure barashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha mu gihe c’uburuhuko. Abamamaji boshobora guhitamwo gukora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha agabanije mu mezi ya Ntwarante na Ndamukiza canke mu kwezi baba bagendewe n’umucungezi w’umuzunguruko. Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, nimba ufise inyifato nziza, ukaba wokwiza amasaha asabwa, ukaba kandi woshobora kumara ukwezi kumwe canke kurenga uri umutsimvyi, abakurambere bazohimbarwa no kwihweza ko woterwa ako gateka.
13 Kugira ube umutsimvyi asanzwe, utegerezwa kuba ushoboye gukwiza amasaha asabwa ku mwaka. Uzokenera gukorana cane n’ishengero niwaba umutsimvyi. Abatsimvyi b’abanyamwete ni umuhezagiro kw’ishengero kuko batuma ishengero rikunda indimiro bakaremesha n’abandi gukora ubutsimvyi. Ariko rero, imbere y’uko usaba kuba umutsimvyi asanzwe, utegerezwa kuba uri umwamamaji w’intangakarorero amaze n’imiburiburi amezi atandatu abatijwe.
14 Abatsimvyi badasanzwe bakunze gutorwa mu batsimvyi basanzwe berekanye ko ari kirumara mu ndimiro. Bategerezwa kuba biteguriye gukorera aho ibiro vy’ishami bibarungitse hose. Akenshi barungikwa mu karere kari ukwa konyene, aho boshobora kuronka abantu bashimishwa hanyuma bagashinga amashengero. Rimwe na rimwe, abatsimvyi badasanzwe bararungikwa mu mashengero akeneye imfashanyo kugira aheture icibare cayo. Hari abatsimvyi badasanzwe b’abakurambere barungikwa gufasha amashengero matomato, naho ayo mashengero atoba afise inkenero idasanzwe y’abamamaji. Abatsimvyi badasanzwe bararonswa uburyo bubayabaye bubafasha kubaho. Abatsimvyi badasanzwe bamwebamwe ni ab’igihe gito.
ABAMISIYONARI BAKORERA MU NDIMIRO
15 Komite y’umurimo y’Inama Nyobozi ni yo igena abamisiyonari bakorera mu ndimiro. Komite y’ishami barungitswemwo ica ibarungika gukorera mu turere turimwo abantu benshi. Barafasha cane mu guteza imbere igikorwa co kwamamaza no mu gukomeza amashengero. Akenshi, abamisiyonari bakorera mu ndimiro usanga baraciye mw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Bararonswa uburaro n’uburyo bubayabaye bubafasha kubaho.
KUBA UMUCUNGEZI W’UMUZUNGURUKO
16 Abavukanyi Inama Nyobozi igena ngo babe abacungezi b’imizunguruko babanza kuba abasubirizi b’abacungezi b’imizunguruko. Ivyo biratuma bamenyerezwa kandi bakamenya utuntu n’utundi. Abo bagabo usanga bakunda indimiro n’abavukanyi babo. Ni abatsimvyi b’umwete, biyigisha Bibiliya ata gufyina, bakaba n’abigisha be n’abashikirizansiguro babishoboye. Ni abantu bagaragaza icamwa c’impwemu nyeranda, bafise uburimbane, bakora ibitegereka kandi bafise ugutahura. Nimba yubatse, umukenyezi wiwe akwiye kuba ari umutsimvyi w’intangakarorero mu nyifato no mu migenderanire agiranira n’abandi. Akwiye kuba ari umwamamaji kirumara. Akwiye kuba ari umukenyezi atahura uruhara rwiwe kandi ayoboka, adafata ingingo mu kibanza c’umugabo wiwe canke ngo yiharize ijambo mu kiyago. Abacungezi b’imizunguruko n’abagore babo usanga bafise vyinshi bakora. Ku bw’ivyo, abipfuza gushikira iryo banga bakwiye kuba bafise amagara meza. Abatsimvyi ntibasaba kuba abacungezi b’imizunguruko. Ahubwo barabimenyesha umucungezi wabo, na we agaheza akabagira inama.
AMASHURE YA GITEWOKRASI
17 Ishure ry’abamamaji b’Ubwami: Harakenewe abandi bamamaji b’Ubwami kugira bamamaze mu vyibare bikorerwamwo gake bongere bashigikire amashengero. Ku bw’ivyo, abavukanyi n’abadada batarubaka canke abubakanye barashobora gusaba kwitaba iryo shure kugira baronke ukumenyerezwa kudasanzwe. Abasohotse iryo shure baca barungikwa kuba abatsimvyi basanzwe ahakenewe abamamaji kuruta ahandi mu gihugu iwabo. Ariko rero, abemeye kwitanga barashobora gushingwa ibindi bikorwa mu gihugu iwabo canke mu kindi gihugu. Bamwebamwe boshobora kurungikwa kuba abatsimvyi badasanzwe b’igihe gito canke b’igihe cose. Abatsimvyi bipfuza kwitaba iryo shure boshobora kumenya ibisabwa mu nama igirwa kw’ihwaniro ry’akarere.
18 Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi: Iryo shure ryitabwa n’abavukanyi n’abadada batarubaka hamwe n’abubakanye bazi icongereza bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose. Biba biboneka ko boshobora gufasha kugira igikorwa co mu ndimiro gishinge imizi no gutunganya neza ibintu ku biro vy’ishami. Baba bamaze kwerekana ko bahimbarwa no gukorera abavukanyi babo be n’uko bashoboye gufasha abandi n’umutima mwiza kumenya no kubaho bisunga Ivyanditswe n’ubuyobozi bwa gitewokrasi. Komite y’ishami irasaba aboshobora kuryitaba kwuzuza urupapuro rwo kubisaba. Abasohoka iryo shure baca barungikwa mu ndimiro canke ku biro vy’ishami mu kindi bihugu canke mu gihugu iwabo.
GUKORERA KURI BETELI
19 Gukorera kuri Beteli ni agateka kadasanzwe. Beteli bisobanura ngo “Inzu y’Imana,” kandi iryo zina rirabereye ico kibanza kuko ari intimatima y’ibikorwa bijanye no gusenga Imana. Abavukanyi n’abadada bo muri Beteli bararangura ibikorwa bihambaye bijanye no gutegura ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, kubihindura mu zindi ndimi no kubikwiragiza hirya no hino. Inama Nyobozi, ari na yo ihagarikiye amashengero kw’isi yose, irakenguruka cane ibikorwa barangura. Abanyabeteli benshi b’abahinduzi usanga baba mu karere k’ishami kavugwamwo ururimi bahinduramwo, akaba ari na ho bakorera. Ivyo biratuma bumva ingene urwo rurimi ruvugwa mu buzima bwa misi yose. Biratuma kandi bibonera nimba abantu batahura imvugo dukoresha mu bitabu vyacu.
20 Ibikorwa vyinshi bikorerwa kuri Beteli bisaba inguvu. Ku bw’ivyo, abatumwako kuri Beteli ahanini baba ari abavukanyi babatijwe, bakiri bato, bafise amagara meza n’inguvu. Nimba hari inkenero ku biro vy’ishami bihagarikiye igikorwa mu gihugu iwanyu kandi ukaba wipfuza gukorera kuri Beteli, woshobora kubaza abakurambere bo mw’ishengero iwanyu ayandi makuru yerekeye ibisabwa.
UBWUBATSI
21 Ubwubatsi bw’inyubakwa zijanye n’ugusenga ni umuce w’umurimo mweranda, cokimwe na ca gikorwa co kwubaka urusengero rwa Salomo. (1 Abm. 8:13-18) Abavukanyi n’abadada benshi barerekana umwete udasanzwe mu gutanga umwanya wabo n’ubutunzi bwabo kugira bashigikire ico gikorwa.
22 None ubona woshobora gufasha? Nimba warabatijwe kandi ukaba wipfuza gukora ico gikorwa, abavukanyi bahagarikiye ubwubatsi mu karere iwanyu boshima ko ubafasha kandi bariteguriye kukumenyereza naho woba ata buhanga ubifisemwo. Ubona gute umenyesheje abakurambere ko wipfuza gufasha? Abamamaji bamwebamwe babatijwe bakwije ibisabwa barashoboye no kwitanga kugira baje gufasha kwubaka inyubakwa zijanye n’ugusenga mu bindi bihugu.
23 Hari uturyo twinshi two gufasha mu bwubatsi. Abamamaji b’intangakarorero babatijwe bafise ubuhanga kanaka kandi bashoboye gushigikira ubwubatsi hafi y’aho baba, boshobora gufasha mu Rwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi. Abandi na bo boshobora gushigikira ubwubatsi buriko bubera kure mu kiringo kanaka. Abo bagenwa n’ibiro vy’ishami mu kiringo kiva ku ndwi zibiri gushika ku mezi atatu, bagaca bitwa abafasha mu bwubatsi. Abagenwa ngo bakore ico gikorwa igihe kirekire bitwa abubatsi. Igihe umwubatsi arungitswe gukorera mu mahanga aca yitwa umwubatsi mvamakungu. Ibikorwa vyo kuri shantiye bihagarikirwa n’umugwi w’abubatsi ugizwe n’abubatsi hamwe n’abafasha mu bwubatsi. Uwo mugwi ufatwa mu mugongo n’abafasha mu Rwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi hamwe n’abamamaji bo mu mashengero ariko arubakirwa. Igihe ishantiye imwe iheze, umugwi w’abubatsi uca wimukira ku yindi shantiye yo mu cibare c’ishami.
UFISE IMIGAMBI IYIHE MU VY’IMPWEMU?
24 Nimba wariyeguriye Yehova, uripfuza kumukorera ubuzima bwawe bwose. None ufise imigambi iyihe y’ivy’impwemu yogufasha kubishikako? Kwishingira imigambi bizogufasha gukoresha neza inguvu zawe n’ubutunzi bwawe. (1 Kor. 9:26) Imigambi mwene iyo iragufasha gutera imbere mu vy’impwemu no kwitunira ku bintu bihambaye igihe urondera gushikira utundi duteka tw’umurimo.—Flp. 1:10; 1 Tim. 4:15, 16.
25 Intumwa Paulo yaradusigiye akarorero keza mu murimo turangurira Imana. (1 Kor. 11:1) Yaritanze atiziganya mu gikorwa ca Yehova. Yariyemereye ko Yehova yamuhaye uturyo twinshi two kumukorera. Yandikiye abavukanyi b’i Korinto ati: “Nugururiwe umuryango munini uja ku gikorwa.” None ukwo si ko biri no kuri twebwe? Emwe, turafise uturyo twinshi two gukorera Yehova mw’ishengero, canecane mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ariko nk’uko vyari kuri Paulo, guca muri uwo “muryango munini” bisaba guhangana n’‘abarwanizi benshi.’ (1 Kor. 16:9) Paulo yarigumya. Yavuze ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja.” (1 Kor. 9:24-27) None twoba twigumya nka Paulo?
Kwishingira imigambi bizogufasha gukoresha neza inguvu zawe n’ubutunzi bwawe
26 Umwe wese aremeshwa kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu bivanye n’uko ivyiwe vyifashe. Muri iki gihe, benshi bari mu murimo w’igihe cose kubera bishingiye imigambi y’ivy’impwemu bakiri bato. Naho bari bakiri abana, abavyeyi babo n’abandi barabaremesheje kwishingira imigambi. Ku bw’ivyo, bararyimaze mu murimo wa Yehova kandi ntibicuza. (Imig. 10:22) Iyindi migambi myiza twokwishingira ni nko kwama tugira uruhara mu ndimiro buri ndwi, gutanguza no kuyobora inyigisho za Bibiliya, canke kwongereza umwanya tumara turiko turategura amakoraniro. Igihambaye ni uko tuguma dushikamye kandi tukarangura igikorwa cacu bimwe bishitse. Nitwabigenza gutyo, tuzotera iteka Yehova twongere dushikire ihangiro ryacu nyamukuru ryo kumukorera ibihe bidahera.—Luka 13:24; 1 Tim. 4:7b, 8.