ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 16 rup. 44-rup. 45 ing. 4
  • Yobu yari nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yobu yari nde?
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Niwizigire Yehova”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Yobu Ntiyahemukiye Imana
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 16 rup. 44-rup. 45 ing. 4
Abagabo batatu baje kuraba Yobu aho yicaye yuzuyeko ibihute

ICIGWA CA 16

Yobu yari nde?

Mu gihugu citwa Uzi, hariyo umugabo yasenga Yehova. Uwo mugabo yitwa Yobu. Yari atunze cane akagira n’abana benshi. Yari ameze neza, kandi yarafasha abakene, abapfakazi n’abana batagira abavyeyi. None vyoba bisobanura ko ata ngorane yigeze agira kubera yari umuntu mwiza?

Shetani

Shetani yariko aritegereza Yobu, ariko Yobu nta vyo yari azi. Yehova yabwiye Shetani ati: ‘Wabonye umuntu wanje Yobu? Nta n’umwe kw’isi ameze nka we. Arangamburukira kandi agakora ivyiza.’ Shetani yishuye Yehova ati: ‘Yoreka kukugamburukira gute kandi umukingira ukongera ukamuhezagira? Waramuhaye amatongo n’ibitungwa. Nubimwake vyose urabe ko adaca areka kugusenga.’ Yehova yamubwiye ati: ‘Urashobora kumugerageza. Ariko ntumwice.’ Kubera iki none Yehova yaretse Shetani akagerageza Yobu? Ni kubera yari yizigiye ko Yobu yogumye amugamburukira.

Shetani yaciye atangura guteza Yobu ingorane nyinshi. Ubwa mbere, yaratumye abantu bitwa Abasabeya biba inka za Yobu n’indogobwa ziwe. Mu nyuma, umuriro waraturiye intama ziwe zose. Abandi bantu bitwa Abakaludaya barivye ingamiya ziwe. Abakozi biwe baragira ivyo bitungwa barishwe. Inyuma y’ivyo, Yobu yarashikiwe n’ikintu kibabaje cane. Bamubwiye ko abana biwe bose bapfuye. Inzu bariko baragiriramwo umusi mukuru yari yabaguyeko. Naho Yobu yababaye cane, ntiyahevye gusenga Yehova.

Shetani yashaka guteza Yobu n’izindi ngorane. Yaratumye Yobu arwara ibihute umubiri wose, kandi ivyo bihute vyaramubabaza cane. Ntiyari azi igituma ivyo bintu biriko biramushikira, ariko yagumye asenga Yehova. Imana yarabibonye vyose, kandi yaranezerezwa cane na Yobu.

Shetani yaciye arungika abagabo batatu ngo baje kugerageza Yobu. Bamubwiye bati: ‘Utegerezwa kuba warakoze ivyaha ukabinyegeza. Imana iriko iraguhana.’ Yobu yabishuye ati: ‘Nta kibi na kimwe nakoze.’ Ariko yaciye atangura kwiyumvira ko Yehova ari we yariko aramuteza izo ngorane, aca avuga ko Imana yariko iramurenganya.

Umusore yitwa Elihu yari yagumye yihoreye, yumviriza ivyo bariko baravuga. Mu nyuma yaravuze, ababwira ati: ‘Ivyo mwese mwavuze si vyo. Yehova ntiyokwigera akora ikintu kibi. Arabona ibintu vyose kandi arafasha abantu bari mu ngorane.’

Yobo ari kumwe n’umugore wiwe bafise uruyoya

Yehova yahavuye avugisha Yobu. Yamubwiye ati: ‘Wari hehe igihe narema isi n’ijuru? Kubera iki uvuga ko ndakurenganya? Upfa kuvuga gusa, ariko ntuzi igituma washikiwe n’izo ngorane.’ Yobu yaremeye ikosa maze avuga ati: ‘Narihenze. Nari narumvise ibikwerekeye, ariko ubu ndakumenye vy’ukuri. Nta na kimwe udashoboye. Mbabarira ku vyo navuze.’

Izo ngorane zimaze guhera, Yehova yarakijije Yobu yongera aramuha ibintu vyinshi kuruta ivyo yari afise. Yobu yarabayeho imyaka myinshi kandi anezerewe. Yehova yarahezagiye Yobu kubera yagumye amwumvira naho yari mu ngorane. Woba uzomera nka Yobu, ukaguma usenga Yehova naho woba uri mu ngorane?

«Mwarumvise ibijanye n’ukwihangana kwa Yobu mwongera murabona ingene Yehova yamuhezagiye.»​—Yakobo 5:11

Ibibazo: Shetani yagerageje gute Yobu? Yehova yahezagiye gute Yobu?

Yobu 1:1–3:26; 4:7; 32:1-5; 34:5, 21; 35:2; 36:15, 26; 38:1-7; 40:8; 42:1-17

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika