Nitwumire ku Kwizera Kwacu kw’Igiciro!
‘Ku bahawe ukwizera, kugumirijwe mu gateka kangana n’akacu.’—2 PETERO 1:1, NW.
1. Ni ibiki Yezu yabwiye intumwa ziwe mu kubaburira, yamara Petero yishimirije ate?
KU MUGOROBA w’imbere y’urupfu rwa Yezu, uno yavuze yuko intumwa ziwe zose zomutaye. Umwe muri bo, ari we Petero, yarishimirije ati: “Ivyawe n’iyo vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza.” (Matayo 26:33) Ariko Yezu yari azi ko vyogenze ukundi. Ni co gituma yabwiye Petero ico gihe nyene, ati “Wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’uremeshe bagenzi bawe.”—Luka 22:32.
2. Naho Petero yiyemera birenze, ni ibiki yakoze vyagaragaje ko ukwizera kwiwe kwari goyigoyi?
2 Petero, uwari yiyemeye kurenza urugero ku biraba ukwizera kwiwe, yarihakanye Yezu iryo joro nyene. Incuro zitatu, yarahakanye ngo n’ukumenya Kirisitu ntamuzi! (Matayo 26:69-75) Aho ‘ahindukiye,’ ya majambo ya Shebuja ngo “uz’uremeshe bagenzi bawe,” ategerezwa kuba yarasamiriye mu matwi yiwe bimwe birangurutse. Ubuzima busigaye bwa Petero bwaranyengerewe cane n’iyo nkeburo, nk’uko vyerekanwa n’amabaruwa abiri yanditse, ayazigamwe muri Bibiliya.
Igituma Petero Yanditse Amabaruwa Yiwe
3. Ni kuki Petero yanditse ibaruwa ryiwe rya mbere?
3 Imyaka nka 30 inyuma y’urupfu rwa Yezu, Petero yaranditse ibaruwa ryiwe rya mbere, aryandikira abavukanyi biwe b’i Ponto, Galatiya, Kapadokiya, Aziya no muri Bituniya, ubu zikaba ari intara zigize uburaruko n’uburengero bwa Turukiya. (1 Petero 1:1) Abayuda, bamwe muri bo bakaba babaye Abakirisu kuri Pentekote yo mu 33 G.C., nta nkeka barimwo mu bo Petero yandikiye. (Ivyakozwe n’intumwa 2:1, 7-9) Benshi bari abaturuka mu gipagani bariko bashikirwa n’ibigeragezo bikaze cane bivuye ku babarwanya. (1 Petero 1:6, 7; 2:12, 19, 20; 3:13-17; 4:12-14) Niho rero Petero yandikira abo bavukanyi kugira abaremeshe. Ico yarondera kwari ukubafasha ngo baronke ‘ikizanwa n’ukwizera kwabo, agakiza k’ubugingo bwabo.’ Gutyo, mu nkeburo yabahaye y’ukubikebanura, yabahimirije ati: “Mumurwanye [umwe Diyǎbule] mufise ukwizera gushikamye.”—1 Petero 1:9; 5:8-10.
4. Ni kuki Petero yanditse ibaruwa ryiwe rigira kabiri?
4 Mu nyuma, Petero yarandikiye abo Bakirisu ibaruwa rigira kabiri. (2 Petero 3:1) Kubera iki? Kubera ko hari impanamizi mbere isumbirije. Abantu b’ibihumbu baragerageza gukomeza ingendo yabo ihumanya mu bizeye, kandi bakazimiza bamwebamwe! (2 Petero 2:1-3) Vyongeye, Petero yarababuriye ku vyerekeye abashinyaguzi. Yari yaranditse mw ibaruwa ryiwe rya mbere yuko “umuhero wa vyose uri hafi,” ico gihe na ho hakaba hariho bamwebamwe basa n’abatwengera mw ijigo iciyumviro mwen’ico. (1 Petero 4:7; 2 Petero 3:3, 4) Reka twihweze ibaruwa rigira kabiri rya Petero hanyuma turabe ukugene ryakomeje abavukanyi ngo bagume bashikamye mu kwizera. Muri iki kiganiro ca mbere, tuja kurimbura 2 Petero ikigabane ca 1.
Intego y’Ikigabane ca 1
5. Petero ategura ate abasomyi biwe ku bw’ukuyaga ivy’ingorane?
5 Petero ntashoka araba ivya nya ngorane zikomeye. Ahubwo, ategura inzira y’ukuyaga ivyerekeye izo ngorane, mu gukomeza ugushimishwa abasomyi biwe bafitiye ivyo baronse igihe baba Abakirisu. Arabibutsa ivy’imihango y’igitangaza Imana yatanze, n’ivy’uko ubuhanuzi bwa Bibiliya ari ubwo kwizigirwa. Ivyo abigira mu kuvuga ivya kwa guhinduka ukundi, bikaba ari ibintu we ubwiwe yeretswe vya Kirisitu ari mu bubasha bw’Ubwami.—Matayo 17:1-8; 2 Petero 1:3, 4, 11, 16-21.
6, 7. (a) Ni icigwa giki dushobora gukura ku ntangamarara y’ibaruwa rya Petero? (b) Iyo dutanga impanuro, rimwe na rimwe ni ukwiyemerera ibintu ukuhe twogira ugasanga kurafashije?
6 Hoba hari icigwa twokura ku ntangamarara ya Petero? Mbega impanuro ntirushiriza kuba iyemereka mu gihe tubanje gusubira kurabira hamwe n’abayumviriza imice y’icizigiro ca bwa Bwami bw’agahambaye twese dukundira hamwe? Kandi ugukoresha ikintu umuntu ubwiwe yiboneye kwo bite? Bisa n’uko inyuma y’urupfu rwa Yezu, Petero yakunda kuvuga ivy’uko yabonye iryo yerekwa ryerekeye Kirisitu ari mu buninahazwa bw’Ubwami.—Matayo 17:9.
7 Ibuka kandi yuko ivyo ari vyo vyose, igihe Petero yandika ibaruwa ryiwe rigira kabiri, Injili ya Matayo hamwe n’ibaruwa Paulo yandikiye Abagalatiya vyari bimaze gukwiragizwa henshi cane. Ni co gituma utunenge Petero yari afise twa kimuntu hamwe n’ibimuvugwako vyerekeye ukwizera kwiwe bishobora kuba vyaramenyekanye cane mu bantu bo mu gihe ciwe. (Matayo 16:21-23; Ab’i Galatiya 2:11-14) Ivyo ariko ntivyamwatse umwidegemvyo wiwe w’ukuvuga. Vy’ukuri, vyoba vyaratumye ibaruwa ryiwe riba irikwegera kuruta, ku bari bazi neza ubugoyagoye ubwabo bafise. None rero, mu gihe dufasha abafise ingorane, mbega ntivyoba kirumara twiyemereye yuko na twebwe nyene dushobora gukora ikosa?—Abaroma 3:23; Ab’i Galatiya 6:1.
Indamukanyo Ikomeza
8. Ni mu nsobanuro iyihe bisa n’uko Petero yakoresheje ijambo “ukwizera”?
8 Rimbura ubu na ho indamukanyo ya Petero. Aca aja ku kibazo c’ivy’ukwizera, akita abasomyi biwe ngo ‘abaronse ukwizera, kugumirijwe mu gateka kangana n’akacu.’ (2 Petero 1:1, NW) Ngaha imvugo ngo “ukwizera” bisa n’uko isobanura “ukwumvishwa gushikamye” kandi rikerekeza ku mugwi w’ivyemero canke inyigisho vya gikirisu, ari na vyo mu Vyanditswe vyitwa rimwe na rimwe “ukuri.” (Ab’i Galatiya 5:7; 2 Petero 2:2; 2 Yohana 1) Ijambo “ukwizera” kenshi rikoreshwa muri iyo nsobanuro kuruta mu nsobanuro mfatirahamwe y’ukwizigira cabure ukwishimira umuntu canke ikintu.—Ivyakozwe n’intumwa 6:7; 2 Ab’i Korinto 13:5; Ab’i Galatiya 6:10; Abanyefeso 4:5; Yuda 3.
9. Ni kubera iki indamukanyo ya Petero ishobora kuba yarumvikanyemwo igishika bidasanzwe ku baturuka mu gipagani?
9 Indamukanyo ya Petero itegerezwa kuba yarumvikanye ko ihimbaye bidasanzwe ku basomyi baturuka mu gipagani. Abayuda nta migenderanire bari bafitaniye n’Abapagani, n’ukubanena bakaba barabanena, kandi ukubabara uko batari kukaba kwarashishikaye mu Bayuda bari babaye Abakirisu. (Luka 10:29-37; Yohana 4:9; Ivyakozwe n’intumwa 10:28) Yamara Petero, uwari yavutse ari Umuyuda hanyuma akaba intumwa ya Yezu Kirisitu, yavuze yuko abasomyi biwe—Abayuda n’abaturuka mu gipagani—bari bafise ukwizera kumwe, bakaba kandi bari batewe agateka kangana n’akiwe.
10. Ni ivyigwa biki dushobora gukura ku ndamukanyo ya Petero?
10 Iyumvire ivyigwa vyiza indamukanyo ya Petero iduha kino gihe. Imana ntigira nkunzi; ntitonesha ubwoko bumwe canke ubwenegihugu bumwe ngo iburutishe ubundi. (Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35; 11:1, 17; 15:3-9) Nk’uko Yezu ubwiwe yigishije, Abakirisu bose ni abavukanyi, kandi nta n’umwe akwiye kwiyumvamwo ko aruta abandi. Uretse ivyo, indamukanyo ya Petero irashimika ku vy’uko mu vy’ukuri tugize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw isi hose, ufise ukwizera ‘mu gateka kameze kumwe,’ kwakundi Petero n’intumwa bagenziwe bari bafise.—Matayo 23:8; 1 Petero 5:9.
Ubumenyi n’Imihango y’Imana
11. Inyuma y’indamukanyo ya Petero, ni ibintu ibihe vya nkenerwa rwose ashimangira?
11 Inyuma y’indamukanyo yiwe, Petero yaranditse ngo “Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.” Ubuntu n’amahoro vyogwira muri twebwe gute? Petero yishura ko ari mu “kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.” Maze avuga ati: “Ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ubugingo no kwubaha Imana vyose.” Ariko none ivyo bintu vya nkenerwa tubironka dute? ‘Biciye mu kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.’ Gutyo Petero incuro zibiri arashimangira ivy’uko ukumenya neza Imana n’Umwana wayo ari ikintu kidahara.—2 Petero 1:2, 3; Yohana 17:3.
12. (a) Ni kuki Petero ashimika ku kamaro k’ubumenyi bwa neza? (b) Kugira turonke ivyo Imana yasezeranye, dushobora kubanza kuba twagize iki?
12 “Abigisha b’ibinyoma” Petero atangirako ingabisho mu kigabane ca 2 bakoresha “amagambo y’amaremano” kugira bahende Abakirisu. Muri ubwo buryo baragerageza kubakwegakwega babasubiza mu buhumbu bari barakuwemwo. Ingaruka zishikira abo bose bakijijwe biciye mu “kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu” maze mu nyuma bagatwarwa n’uruhendo mwen’urwo ni ubugesera. (2 Petero 2:1-3, 20) Biboneka ko mu kuba aravuga ivy’iyo ngorane iyagwa mu nyuma, Petero mu ntango nyene y’ibaruwa ryiwe ashimikira ku ruhara rw’ubumenyi bwa neza kugira ngo ku Mana bagume badahumanye. Petero aravuga yuko Imana ‘yaduhaye ku buntu ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo.’ Yamara, uko Petero abivuga, kugira turonke ivyo vyasezeranywe, ari na vyo bigize igihimba ntabanduka c’ukwizera kwacu, dutegerezwa kubanza “gucika [tu]kava [mu bwononekare bwo] mw isi no kwifuza.”—2 Petero 1:4.
13. Ni igiki Abakirisu basizwe hamwe n’ “izindi ntama” biyemeje kwumirako?
13 Wewe ivyo Imana yasezeranye ubibona ute? Hoba ari mu buryo ya masigarira y’Abakirisu basizwe abibona? Mu 1991, Frederic Franz, uwari ico gihe perezida w’Ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society, uwari yakoze igikenurwa c’igihe cose mu kiringo c’imyaka 75, yaraciye ku mayange inyiyumvo zifiswe n’abizigira guhangama hamwe na Kirisitu, ati: “Turumiyeko gushika kuri iyi saha nyene, kandi tugiye kuzokwumirako gushika Imana igaragaje vy’ukuri yuko ishitsa ‘ivyo yasezeranye vy’igiciro kandi vy’agahambaye.’ ” Umuvukanyi Franz yagumye yishimiye isezerano Imana yatanze ry’ukuzukira kuba mw ijuru, kandi yagumye yumiye ku kwizera gushika apfe amaze imyaka 99. (1 Ab’i Korinto 15:42-44; Ab’i Filipi 3:13, 14; 2 Timoteyo 2:10-12) Muri ubwo buryo nyene, hariho amamiliyoni bumiye ku kwizera, bakaguma bahanze ijisho isezerano Imana yatanze ry’iparadizo yo kw isi, aho abantu bazoba ibihe bidashira mu gahimbare. Muri abo none woba urimwo?—Luka 23:43; 2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe Yohana 21:3, 4.
Uko Amasezerano y’Imana Yakiriwe
14. Ni kuki Petero atondeka ingeso nziza nka kamere ya mbere ikwiye kwongerwa ku kwizera?
14 Twoba dukengurukira Imana kubera ivyo yadusezeraniye? Uko Petero avuga, ngo niba dukenguruka dukwiye kuvyerekana. “Mbere kubg’iyo [mpamvu] nyene” (kubera ko Imana yaduhaye imihango y’igiciro), dukwiye kugira akigoro nyako kugira tube inshirukabute. Ntidushobora kubumbwa n’ivy’ukuba turi mu kwizera gusa canke ukuba tuzi ukuri kwa Bibiliya gusa. Ivyo ntibihagije! Kumbure mu gihe ca Petero bamwe mu makorane baravugavuga ivyerekeye ukwizera ariko bakaja mu vy’ingendo y’ubuhumbu. Inyifato yabo yari ikwiye kuba iyirangwa ingeso nziza, ari co gituma Petero ahimiriza ati: “Ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso nziza.”—2 Petero 1:5; Yakobo 2:14-17.
15. (a) Ni kuki ubumenyi butondetswe inyuma y’ingeso nziza nka kamere ikwiye gushirwa ku kwizera? (b) Ni izindi kamere izihe zizoturonsa ivya ngombwa kugira twumire ku kwizera?
15 Amaze kuvuga ivy’ingeso nziza, Petero aratondekanya kamere zindi zitandatu zitegerezwa kuzanwa canke kwongerwa ku kwizera. Imwimwe yose muri izo irakenewe niba tugomba ‘gushikama mu kwizera.’ (1 Ab’i Korinto 16:13) Kubera ko abahuni bariko ‘bahotora Ivyanditswe’ bongera bandagaza ‘inyigisho zihendana,’ ubukurikira Petero atondeka ubumenyi nk’ikintu ca nkenerwa rwose, akavuga, ati “ingeso nziza muzongerek’[ubumenyi].” Maze arabandanya, ati “[ubumenyi] mubgongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana; ukwubaha Imana mukwongereko [igishika ca kivukanyi, ku gishika ca kivukanyi, NW] m[w]ongerek’urukundo.”—2 Petero 1:5-7; 2:12, 13; 3:16.
16. Hoba iki mu gihe kamere Petero atondekanya zongewe ku kwizera, ariko hoshika iki mu igihe zitakwongeweko?
16 Hoba iki mu gihe ivyo bintu indwi vyongewe ku kwizera kwacu? Petero arishura, ati “Namba mugira ivyo, bikagwira,” ngo “bituma mutaba abanyabute cank’ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.” (2 Petero 1:8) Ku rundi ruhande, Petero avuga ati: “Kuk’u[wu]tagira ivyo ar’impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w’ivyaha vyiwe vya kera.” (2 Petero 1:9) Urabona ko Petero ahindura akava ku gukoresha “mu-” na “-acu” akaja kuri ‘uwu-,’ “a-,” na “-iwe.” Ikibabaje, naho bamwebamwe usanga ari impumyi, abibagira, n’abahumanye, Petero mu buntu bwiwe ntavuga yuko umusomyi ari muri abo.—2 Petero 2:2.
Ukuremesha Abavukanyi Biwe
17. Ni igiki coba caratumye Petero yingingana ikibabarwe ngo hame ‘hakorwa ivyo’?
17 Kumbure kubera ko yari azi ko abashasha ari bo canecane bashobora guhendwa bitagoranye, Petero arabaremesha n’ikibabarwe ati: “Bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.” (2 Petero 1:10; 2:18) Abakirisu basizwe bongereza ivyo bintu ndwi ku kwizera kwabo bazoronka impera nini, nk’uko Petero abivuga, ati “Muzohabga rwose kwinjira mu bgami budashira bga Yesu Kristo, ni we Mwami n’Umukiza wacu.” (2 Petero 1:11) “Izindi ntama” bazoronka intoranwa y’ibihe bidashira mu karere ko kw isi k’Ubwami bw’Imana.—Yohana 10:16; Matayo 25:33, 34.
18. Ni kuki Petero ‘imisi yose adatenzura kwibutsa’ abavukanyi biwe?
18 Petero, ata buryarya, ashakira abavukanyi biwe impera y’agahambaye nk’iyo. Yaranditse, ngo “Ni co gituma imisi yose ntazotenzura kubibutsa ivyo, naho mubizi mukaba mushikamye mu kuri.” (2 Petero 1:12) Petero akoresha ijambo ry’Ikigiriki ste·riʹzo, ryahibanuwe ngaha ngo “mushikamye” ariko ryahinduwe ngo “uremeshe” mu nkeburo Yezu yari yarahaye Petero, ngo “uz’uremeshe bagenzi bawe.” (Luka 22:32) Ikoreshwa ry’iryo jambo rishobora gusa n’iryerekana yuko Petero yibuka ya nkeburo ikomeye yahabwa n’Umukama wiwe. Ubu na ho Petero avuga, ati “Ndiyumvira yuko nkwiye kubakangura mbibutsa, nkiri mur’uru rusago [umubiri wa kimuntu]. Kuko nzi yukw igihe co kwamburwa urusago rwanje kiza kuza gitebutse.”—2 Petero 1:13, 14.
19. Ni imfashanyo nki dukeneye kino gihe?
19 Naho Petero avugana ubuntu yuko abasomyi biwe ‘bashikamye mu kuri,’ arabona yuko ukwizera kwabo kwoshobora gushikirwa n’ugusāba. (1 Timoteyo 1:19) Kubera ko yari azi ko vuba agiye gupfa, yararemesheje abavukanyi biwe mu kuvuga ibintu bashobora kuzokwibuka mu nyuma, kugira ubwabo bagume bakomeye mu vy’impwemu. (2 Petero 1:15; 3:12, 13) Na twebwe nyene kino gihe turakeneye inyibutsa zamizako kugira tugume dushikamye mu kwizera. Twaba turi bande canke tukaba tumaze mu kuri igihe kingana iki, ntitwoshobora gufata minenegwe ugusoma Bibiliya kudahorereza, ukwiga kw’umuntu ukwiwe hamwe n’ukwitaba amakoraniro y’ikorane. Hari abiregura ku vy’uko batayitaba, bavuga ngo bararushe rwose birenze, canke ngo amakoraniro aguma asubiramwo vya bindi nyene canke ngo ntagirwa neza, ariko Petero yari azi ukuntu uwo ari we wese muri twebwe ashobora guta ukwizera kwiwe adatevye mu gihe ducitse abiyemera kurenza urugero.—Mariko 14:66-72; 1 Ab’i Korinto 10:12; Abaheburayo 10:25.
Ishingiro Rishikamye ry’Ukwizera Kwacu
20, 21. Kwa guhinduka ukundi [kwa Yezu] kwakomeje gute ukwizera kwa Petero hamwe n’abasomyi b’amabaruwa yiwe, gushiramwo na twebwe kino gihe?
20 Ukwizera kwacu kwoba gushingiye gusa ku bitito vyarementanijwe ku bwenge? Petero yishura ngo ‘Oya’ ashimitse, ati “[Ntitw]ākurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye.” Petero, Yakobo na Yohani bari kumwe na Yezu igihe berekwa ivyiwe ari mu bubasha bw’Ubwami. Petero asigura ati “Yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara. Iryo jwi twaryumvise rivuye mw ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera.”—2 Petero 1:16-18.
21 Igihe Petero, Yakobo na Yohani babona iryo yerekwa, nta gukeka Ubwami bwarababereye ikitari umugani! Petero aravuga, ati “Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’umutima.” Koko, abasomyi b’ibaruwa rya Petero, gushiramwo na twebwe kino gihe, barafise impamvu ikomeye yo gushira umutima ku buhanuzi bwerekeye Ubwami bw’Imana. Ni mu buryo ki dukwiye kubushirako umutima? Petero arishura, ati “Ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu.”—2 Petero 1:19; Daniyeli 7:13, 14; Yesaya 9:6, 7.
22. (a) Imitima yacu bikenewe ko iguma ibona iki? (b) Ni gute dushira umutima kw ijambo ry’ubuhanuzi?
22 Imitima yacu yocura umwiza mu gihe itakirijwe n’ijambo ry’ubuhanuzi. Ariko bivuye ku kurishirako umutma, imitima y’Abakirisu yaragumye iri maso kugeza mu mutwenzi igihe “ikinyenyeri co mu gaturuturu,” ari co Yezu Kirisitu, kibanduriye mu buninahazwa bw’Ubwami. (Ivyahishuriwe Yohana 22:16) Ni gute kino gihe dushira umutima kw ijambo ry’ubuhanuzi? Mu kwiga Bibiliya, mu kwitegurira amakoraniro no mu kugira uruhara muri yo, hamwe no mu ‘kurimbura ivyo bintu, no mu kuvyamamwo.’ (1 Timoteyo 4:15) Niba tugomba ko ijambo ry’ubuhanuzi riba nk’itara ryakira “ahacuze umwiza” (mu mitima yacu), dutegerezwa kuriha uburyo rikatunyengera bigera ibwina—rikanyengera ivyipfuzo vyacu, akanyengetera, ibidutera ingiro, hamwe n’amahangiro dufise. Dukwiye kuba abigishwa ba Bibiliya, kuko Petero asozera ikigabane ca 1 avuga, ati: “[N]ta jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryo mu vyanditswe rishobora gusobanurwa nk’uk’umuntu avyigombera, kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe n’[impwemu yera].”—2 Petero 1:20, 21.
23. Ikigabane ca mbere ca 2 Petero gituma abasomyi bitegurira iki?
23 Mu kigabane gitangurira ikete ryiwe rigira kabiri, Petero yaratuvyuriye ingoga bikomeye kugira twumire ku kwizera kwacu kw’igiciro. Ubu rero twiteguriye kurimbura nya bintu bikomeye bikurikira. Ikiganiro gikurikira kiraja kwihweza ikigabane kigira 2 ca 2 Petero, aho iyo ntumwa yihweza ingorane yaterwa n’utwosho tw’ivy’ubuhumbu twari twanyerurukiye mu makorane.
Mbega Uribuka?
◻ Ni kuki Petero ashimika ku kamaro k’ubumenyi bwa neza?
◻ Impamvu yoba ari iyihe yatumye ingeso nziza itondekwa nka kamere ya mbere ikwiye kwongerwa ku kwizera?
◻ Ni kuki Petero imisi yose adatenzura guha inyibutsa abavukanyi biwe?
◻ Ni ishingiro irihe rifashe ry’ukwizera kwacu Petero atanga?
[Ifoto ku rup. 16]
Utunenge twa Petero ntitwatumye ata ukwizera kwiwe