Tubeho Twisunga Ukwiyegura kwa Gikirisu mu Mwidegemvyo
‘Aho impwemu ya Yehova iri, ni ho haba umwidegemvyo.’—2 AB’I KORINTO 3:17.
1. Ivyabona vya Yehova biyeguriye nde, kandi ni kuki bakoresha inzego zemewe n’amategeko?
IVYABONA VYA YEHOVA baremera yuko idini yabo izokwamaho ibihe bidashira. Kubera ico, bariteze gukorera Imana “mu mpwemu no mu kuri” ibihe bihoraho. (Yohana 4:23, 24) Kubera ko abo Bakirisu ari abaremanywe uburenganzira bwo kwihitiramwo, bariyeguriye Yehova Imana batiziganya, kandi bariyemeje kubaho bavyisunga. Kugira ivyo babishikeko, biheka kw Ijambo ry’Imana no ku mpwemu yera yayo. Mu gihe Ivyabona babandanya ingendo yabo ijanye n’ukwiyegura kwabo kwa gikirisu mu mwidegemvyo watanzwe n’Imana, barerekana icubahiro gikwiriye bafitiye uruhara rw’ “abakuru ba rutura” bo mu ntwaro kandi bagakoresha mu nzira ibereye uburyo baronswa n’amategeko hamwe n’ivyo ano yatunganije. (Abaroma 13:1, NW; Yakobo 1:25) Nk’akarorero, Ivyabona bakoresha Watch Tower Society bwa gikoresho cemewe n’amategeko—kimwe mu bitari bike biri mu bihugu binyuranye—kugira bashobore kurangura igikorwa cabo co gufasha abantu nka bo, canecane mu buryo bw’impwemu. Ariko rero Ivyabona biyeguriye Imana, ntibiyeguriye urwego na rumwe rwemewe n’amategeko, kandi ukwiyegurira Yehova kwabo kuzomara ibihe bidashira.
2. Ni kuki Watch Tower Society n’izindi nzego zimeze nka yo zemewe n’amategeko bishimwa cane n’Ivyabona vya Yehova?
2 Kubera ko Ivyabona vya Yehova ari abasavyi biyeguriye Imana, bategerezwa gukurikira amabwirizwa Yezu yatanze yo ‘guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa, bababatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’impwemu yera, bakabigisha.’ (Matayo 28:19, 20) Ico gikorwa kizobandanya gushika kw iherezo ry’ivy’iyi si, kubera Yezu yongeye kuvuga ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kiber[a] icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:3, 14) Buri mwaka, amahinguriro y’ugucapura ibisohokayandikiro ya Watch Tower Society hamwe n’izindi nzego zimeze nka yo zemewe n’amategeko, biraronsa Ivyabona vya Yehova Bibiliya, ibitabu, amaboroshire hamwe n’ibinyamakuru amamiliyoni bikoreshwa mu gikenurwa cabo co kw isi yose co kwamamaza inkuru nziza. Kubera ico, ivyo bikoresho biri n’agaciro ntangere mu vy’ugufasha abasavyi b’Imana biyeguye ngo babeho bisunga ukumwiyegurira kwabo.
3. Kera Ivyabona vya Yehova bahora bakoresha ijambo “Sosayiti” bashaka kuvuga iki?
3 Hari uwoharira avuga ko uburyo Ivyabona bavuga ivya Sosayiti Watch Tower—canke kenshi na kenshi ngo “Sosayiti”—ngo bwerekana yuko bayibona nk’aho yoba atari igikoresho gusa cemewe n’amategeko. Mbega ntibayibona nka yo nkuru mu vy’ugutanga amategeko mu vy’ugusenga? Igitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu kiratomora ico kibazo mu gusigura giti: “Igihe Umunara w’Inderetsi [wo ku wa 1 Ruheshi 1938] werekeza kuri ‘Sosayiti,’ ivyo ntivyosobanura gusa ko ari igikoresho cemewe n’amategeko, ariko ko ari umugwi w’Abakirisu basizwe bari baragize ico gikoresho cemewe n’amategeko kandi bakagikoresha. Iryo Jambo rero ryashaka kuvuga wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.”a (Matayo 24:45) Mu bisanzwe ni muri iyo nsiguro Ivyabona vya Yehova bakoresha iryo jambo “Sosayiti.” Nka kwo nyene, iryo shirahamwe ryemewe n’amategeko hamwe na wa ‘mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge’ si amajambo yokwitiranwa. Abarongozi ba Watch Tower Society bagenwa biciye ku matora, mu gihe Ivyabona bagize wa ‘mushumba w’umwizerwa’ basīgwa n’impwemu yera ya Yehova.
4. (a) Ivyabona batari bake bisigura mu buryo ki kugirango birinde gutahurwa mu buryo butari bwo? (b) Ni kuki dukwiye kugira uburimbane ku biraba amajambo akoreshwa?
4 Kugirango Ivyabona vya Yehova birinde gutahurwa mu buryo butari bwo, baragerageza kwiyubara ku vy’ukuntu bisigura ku batari Ivyabona. Aho kuvuga ngo “Sosayiti yigisha ngo,” Ivyabona benshi bahitamwo gukoresha imvugo nka “Bibiliya ivuga ko” canke “ntahura ko Bibiliya yigisha ko.” Muri ubwo buryo barashimika ku ngingo Icabona wese yifatiye ubwiwe mu kwemera inyigisho za Bibiliya kandi bakaba birinze gutuma abantu bagira ivyiyumviro bitari vyo vy’uko hoba hari ukuntu Ivyabona bazirikiwe ku mategeko y’akadumbi kanaka k’idini. Birumvikana, inama zitangwa ku vyerekeye amajambo yokoreshwa ntizikwiye gucika ikibazo c’uguharirako. Nakare, amajambo akoreshwa agira akamaro gusa igihe atuma umuntu adatahura ibintu nabi. Uburimbane bwa gikirisu burakenewe. Bibiliya iradukebura ngo ‘ntiturwanire amajambo.’ (2 Timoteyo 2:14, 15) Ivyanditswe kandi biravuga iyi ngingo ngenderwako: “Ururimi rwanyu ni rutavuga ibimenyekana, bazomenya bate ivyo muvuga?”—1 Ab’i Korinto 14:9.
Impwemu y’Imana Iragerura Ivy’Ugukenera Amategeko
5. Muri 1 Ab’i Korinto 10:23 hakwiye gutahurwa gute?
5 Intumwa Paulo yavuze ati: “Vyose turavyemererwa, arikw ibitugirira ikimazi si vyose.” Yongeyeko ati: “Vyose turavyemererwa, arikw ivyubaka si vyose.” (1 Ab’i Korinto 10:23) Biragaragara ko Paulo atashaka kuvuga yuko umuntu yemererwa gukora ibintu Ijambo ry’Imana ribuza ridakikiriza. Ugereranije na ya mategeko nk’600 yari yahawe Isirayeli ya kera, usanga amabwirizwa atomoye agenga ubuzima bwa gikirisu ari make. Kubera ico, ibintu vyinshi birekerwa ijwi ryo mu mutima umuntu afise. Umuntu yiyeguriye Yehova arakoresha umwidegemvyo uva ku kuyoborwa n’impwemu y’Imana. Kubera yuko Umukirisu aba yariyinjijemwo ukuri, arakurikiza ijwi ryo mu mutima ryiwe ryamenyerejwe na Bibiliya kandi akisunga ubuyobozi Imana itanga biciye ku mpwemu yera. Ivyo birafasha Umukirisu yiyeguye kugenekereza ibintu ‘bizomwubaka’ kandi ‘bikamugirira ikimazi’ we ubwiwe hamwe n’abandi. Aratahura yuko ingingo afata zizogira ico zigize ku bucuti we ubwiwe afitaniye n’Imana, yo yiyeguriye.
6. Ku makoraniro ya gikirisu, ni gute dushobora kugaragaza yuko twiyinjijemwo ukuri?
6 Icabona agaragaza yuko yiyinjijemwo ukuri mu gutanga insobanuro ku makoraniro ya gikirisu. Mu ntango, ashobora gusubiramwo ibivuzwe mu gisohokayandikiro kiriko kirigwa. Ariko haheze igihe, azotera imbere ku buryo avuga ivy’inyigisho za Bibiliya mu majambo yiwe bwite. Gutyo aba atanze ikimenyamenya c’uko ariko arakomeza ubuhanga bwiwe bwo kwiyumvira, ntapfe gusubiramwo ivyo abandi bavuze. Yungunganije ivyiyumviro mu majambo yiwe bwite kandi agasohora amajambo y’ukuri agoroye mu buryo buvuye ku mutima, bizomuzanira akamwemwe kandi vyerekane yuko mu muzirikanyi wiwe bwite yanyuzwe.—Umusiguzi 12:10; gereranya n’Abaroma 14:5b.
7. Ni ingingo izihe abasavyi ba Yehova bafashe mu mwidegemvyo?
7 Ivyabona vya Yehova bakora babitumwe n’urwo bakunda Imana n’abantu bagenzi babo. (Matayo 22:36-40) Ego ni ko, bafatanijwe n’umugozi w’urukundo rumeze nk’urwa Kirisitu, bakaba bagize umuryango w’abavukanyi wo kw isi yose. (Ab’i Kolosayi 3:14; 1 Petero 5:9) Ariko, kubera ko umwe wese muri bo ari umuntu afise uburenganzira bw’ukwihitiramwo, yarafashe ingingo yiwe bwite yo gutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, kuguma ataho ahengamiye mu vya politike, kwirinda amaraso, kwirinda uburyo bumwebumwe bw’ukwinezereza, no kubaho akurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya. Izo si ingingo bahatirwa gufata. Ni ingingo ziri mu bigize umuce w’uburyo bwo kubaho abaraririye kuba Ivyabona bifatira ata gahato imbere yo gutera intambwe y’ukwiyegura kwa gikirisu.
Hoba Hari Ico Tubazwa n’Inama Nyobozi?
8. Ni ikibazo ikihe gikeneye gutomorwa?
8 Bibiliya irerekana neza yuko Abakirisu b’ukuri badakorera Imana ku kagobero. Ivuga iti: ‘Aho impwemu ya Yehova iri, ni ho haba umwidegemvyo.’ (2 Ab’i Korinto 3:17) Ariko ico kintu gishobora guhuzwa gute n’ivy’uko hariho ‘umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge’ n’Inama Nyobozi yiwe?—Matayo 24:45-47.
9, 10. (a) Ni gute ingingo ngenderwako yerekeye ukuba umutwe ikoreshwa mw ishengero rya gikirisu? (b) Ugukurikiza ingingo ngenderwako yerekeye ukuba hariho umutwe vyasaba iki mw ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere?
9 Kugirango twishure ico kibazo, dukwiye kugumiza mu muzirikanyi ya ngingo ngenderwako yo mu Vyanditswe yerekeye ivy’ukuba hariho umutwe. (1 Ab’i Korinto 11:3) Mu Banyefeso 5:21-24, Kirisitu agenekerezwa ko ari “umutwe w’ishengero,” uwo “rigamburukira.” Ivyabona vya Yehova baratahura yuko uwo mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge agizwe n’abavukanyi ba Kirisitu bo mu vy’impwemu. (Abaheburayo 2:10-13) Uwo mugwi ugize umushumba w’umwizerwa wagennywe kugirango uronse abantu b’Imana ‘ibifungurwa vy’impwemu mu gihe kibereye.’ Muri iki gihe c’iherezo, Kirisitu yaragennye uwo mushumba ngo “[agabe] ivy’afise vyose.” Ikibanza arimwo rero kirakwiye kwubahwa n’uwuvuga wese ko ari Umukirisu.
10 Intumbero y’ukuba hariho umutwe ni iy’ukuzigama ubumwe no kuraba neza yuko ‘vyose bitungana neza, ku rutonde.’ (1 Ab’i Korinto 14:40) Kugirango ivyo bishikweko mu kinjana ca mbere, hari Abakirisu basizwe bakeyi bo mu mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge bacaguwe kugirango baserukire uwo mugwi wose uko ungana. Nk’uko ivyabaye vyakurikiye vyabigaragaje, ubuhagarikizi bwagizwe n’iyo nama nyobozi yo mu kinjana ca mbere bwaremewe bwongera burahezagirwa na Yehova. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baremeranye umunezero iyo ndinganizo. Ni vyo, mu vy’ukuri barakirije yompi bongera barakenguruka ivyiza vyavuyemwo.—Ivyakozwe 15:1-32.
11. Inama Nyobozi yo mu gihe ca none ikwiye kubonwa gute?
11 Agaciro k’indinganizo mwen’iyo karacariho. Ubu Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova igizwe n’Abakirisu cumi basizwe, bose bakaba ari abamaze imyaka mirongo mu vy’Ubukirisu. Baraha Ivyabona vya Yehova ubuyobozi bwo mu vy’impwemu, nk’uko inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yabigira. (Ivyakozwe 16:4) Nk’uko Abakirisu ba kare babigira, Ivyabona n’akamwemwe kenshi bahanze amaso abavukanyi bahūmuye bo mu Nama Nyobozi kugirango baronke ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya hamwe n’uburongozi mu bintu vyerekeye ugusenga. Naho abagize Inama Nyobozi ari abashumba ba Yehova na Kirisitu, cokimwe n’Abakirisu bagenzi babo, Bibiliya itubwiriza iti: “Mwumvire ababa[ri imbere], mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.”—Abaheburayo 13:17.
12. Umukirisu wese ategerezwa kugira ico abazwa na nde?
12 Ikibanza c’ubucungezi Ivyanditswe biha Inama Nyobozi, coba gisobanura yuko umwe wese mu Vyabona vya Yehova ategerezwa kugira ico abazwa na yo ku vyerekeye ibikorwa akora? Oya si ukwo biri, nk’uko amajambo Paulo yabwiye Abakirisu b’i Roma avyerekana ngo: “N’iki gituma uhinyura mwene So? Kandi nawe, n’iki gituma ukēngēra mwene So? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana. . . . umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.”—Abaroma 14:10-12.
13. Ni kuki Ivyabona vya Yehova batanga raporo y’igikenurwa co kwamamaza inkuru nziza barangura?
13 Ariko none si ivy’ukuri yuko Ivyabona umwe wese ukwiwe bitezweko ugutanga raporo y’igikenurwa barangura co kwamamaza inkuru niza? Ni ivy’ukuri, ariko intumbero y’ivyo irasiguwe mu buryo butomoye mu gitabo kimwe c’irabiro c’Ivyabona kivuga giti: “Abayoboke ba kare ba Yezu Kirisitu baritaho amaraporo agaragaza iterambere mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. (Mariko 6:30) Uko igikorwa casagamba, amaraporo y’ibiharuro yarakorakoranywa ari kumwe n’inkuru z’ivyabaye zerekeye ibintu vyibonekeje vyabonywe n’abagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. . . . (Ivyakozwe 2:5-11, 41, 47; 6:7; 1:15; 4:4) . . . Ese ingene vyari ibiremesha kuri abo bakozi bizerwa b’Abakirisu kwumva amaraporo y’ivyariko birarangurwa! . . . Muri ubwo buryo nyene, ishirahamwe rya Yehova ryo mu misi ya none ririhata kugirango rigume rifise ivyegeranyo birashe vy’ibintu bikorwa mw iranguka rya Matayo 24:14.”
14, 15. (a) Ni gute 2 Ab’i Korinto 1:24 herekeye Inama Nyobozi? (b) Umukirisu ategerezwa gufata ingingo yiwe bwite yishimikije iki, akayifata yemera icese ikintu c’ukuri ikihe?
14 Inama Nyobozi ni ikintu catunganijwe kiranga urukundo, ikaba ari n’akarorero k’ukwizera gakwiye kwiganwa. (Ab’i Filipi 3:17; Abaheburayo 13:7) Mu kuba batadohoka kuri Kirisitu bakanamukurikira bwa ndabirwako, barashobora gusubiramwo aya majambo ya Paulo ngo: “S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ukwizera ari kwo muhagazemwo.” (2 Ab’i Korinto 1:24) Yihweje impengamiro ziriho, Inama Nyobozi irakwegera ubwenge ku nyungu ziva ku kwumvira impanuro ya Bibiliya, igatanga inama zerekeye ukuntu amategeko n’ingingo vya Bibiliya vyoshirwa mu ngiro, igatanga imburizi ku vy’ingeramizi zinyegeje, ikongera igaha ‘abakorana na bo’ indemesho zikenewe. Gutyo irashitsa ububwiriza bwa gikirisu yashinzwe, ikabafasha kugumana umunezero wabo, ikanabubaka mu kwizera kugirango bashobore kuguma bashikamye.—1 Ab’i Korinto 4:1, 2; Tito 1:7-9.
15 Igihe Icabona afashe ingingo yishimikije impanuro ya Bibiliya itanzwe n’Inama Nyobozi, ivyo abigira ku guhitamwo kwiwe kubera yuko ukwiga Bibiliya kwiwe kwatumye anyurwa yuko iyo ari yo ngendo ibereye. Buri Cabona wese yoshwa n’Ijambo ry’Imana ubwayo kugira ashire mu ngiro impanuro zitahurika zo mu Vyanditswe zitangwa n’Inama Nyobozi, akaba azi neza yuko ingingo afata zizogira ico zikoze ku bucuti we ubwiwe afitaniye n’Imana, iyo yiyeguriye.—1 Ab’i Tesalonike 2:13.
Abigishwa n’Abasoda
16. Naho ingingo umuntu afata zerekeye ukuntu yokwigenza ari ikibazo kimuraba ubwiwe, ni kuki bamwebamwe bacibwa?
16 Mugabo niba ingingo zerekeye ukuntu umuntu yokwigenza ari ikibazo kimuraba ku giti ciwe, ni kuki Ivyabona bamwebamwe bacibwa? Nta muntu n’umwe apfa kwishingira yuko ukumogorera icaha kinaka bikwiye gutuma umuntu acibwa. Ahubwo, Ivyanditswe bisaba yuko ico kintu gikorwa igihe gusa umwe mu bagize ishengero yisutse mu vyaha bikomeye ntiyihane, nka birya bivugwa mu kigabane ca 5 co muri 1 Ab’i Korinto. Gutyo, naho Umukirisu ashobora gucibwa kubera yamogoreye ubusambanyi, ivyo bishika gusa igihe uwo muntu yanse kwemera imfanshanyo yo mu vy’impwemu itangwa n’abungere banyarukundo. Vyongeye, Ivyabona vya Yehova si bo bonyene bakurikiza uwo mugenzo wa gikirisu. Igitabu The Encyclopedia of Religion kivuga giti: “Umuryango uwo ari wo wose urafise uburenganzira bwo kwikingira umuntu wo muri wo adakurikiza ibiwugenga kandi yohava abangamira ineza ya bose. Mu vy’idini ubwo burenganzira kenshi bukomezwa n’ukwemera yuko igihano [c’ukuvuma] kigira ico gikora ku buryo umuntu aboneka imbere y’Imana.”
17, 18. Ivy’uko uguca kubereye kugirwa vyoshobora gute gutangirwa ikigereranirizo?
17 Ivyabona vya Yehova ni abigishwa ba Bibiliya. (Yosuwa 1:8; Zaburi 1:2; Ivyakozwe 17:11) Porogarama y’ukwiga ivya Bibiliya itangwa n’Inama Nyobozi yogereranywa n’urutonde rw’ivyigwa vyo mu mashure rushingwa n’umugwi nshingwanyigisho. Naho uwo mugwi ubwawo atari wo soko ry’ibintu vyigishwa, urashinga urutonde rw’ivyigwa, ukagena uburyo inyigisho yotangwa, ukongera ugatanga amabwirizwa akenewe. Igihe hari umuntu agararije akanka kubaho yisunga ibisabwa n’urwo rwego, agateza ingorane abanyeshure bagenziwe, canke agateza isoni iryo shure, arashobora kwirukanwa. Abo bakuru b’ishure barafise uburenganzira bwo kugira ico bakoze ku neza y’abanyeshure bose.
18 Turetse kuba Ivyabona vya Yehova ari abanyeshure, ni abasoda ba Yezu Kirisitu bigishijwe “[ku]rwana intambara nziza yo kwizera.” (1 Timoteyo 6:12; 2 Timoteyo 2:3) Mu bisanzwe, ukubandanya kwigenza mu buryo butabereye umusoda w’Umukirisu birashobora gukwega ukudashimwa n’Imana. Kubera ko umusoda w’Umukirisu ari umuntu yahawe umwidegemvyo wo guhitamwo, arashobora gufata ingingo uko avyipfuza, ariko ategerezwa kwikorera ingaruka z’ingingo afata. Paulo yavuze ati: “Nta musoda yikwegera mu vy’ubu [buzima], ngw az’ahimbare uwamwandikiye ubusoda. Kand’iy’umuntu arushanywa, ntahabga igitsibo, shiti arushanijwe nk’uko vyagezwe.” (2 Timoteyo 2:4, 5) Abakirisu bahumuye, dushizemwo n’abari mu Nama Nyobozi, baguma bitangiye gukoreshwa na Ndongozi wabo Yezu Kirisitu mu buryo bwuzuye, bakaguma bakurikiza “uko vyagezwe” kugirango bashobore gutsindira impera y’ubuzima budashira.—Yohana 17:3; Ivyahishuriwe 2:10.
19. Ubu duhejeje kwihweza ibintu vyerekeye ukwiyegura kwa gikirisu, ni igiki dushobora kwemera tudakeka?
19 Ibintu none ntibigaragaza yuko Ivyabona vya Yehova ari abasavyi b’Imana, atari abaja b’abantu? Kubera ari Abakirisu biyeguye bifitiye umwidegemvyo Kirisitu yabagiriye abidegemvya, barareka impwemu y’Imana hamwe n’Ijambo ryayo bikarongora ubuzima bwabo uko bakora basenyera ku mugozi umwe n’abavukanyi babo mw ishengero ry’Imana. (Zaburi 133:1) Ibimenyamenya vy’ivyo bikwiye kandi gukuraho ugukekeranya kwose ku vyerekeye isoko ry’inkomezi zabo. Barashobora kuririmba bafatanije n’umwanditsi wa Zaburi bati: “[Yehova] ni we nkomezi zanje n’inkinzo yanje, umutima wanje uhora umwizigira, ngatabarwa: ni co gituma umutima wanje unezerwa cane, kandi nzomutazirisha indirimbo yanje.”—Zaburi 28:7.
Wokwishura Gute?
◻ Watch Tower Society n’inzego zimeze nka yo zemewe n’amategeko bifasha gute Ivyabona vya Yehova?
◻ Abakirisu bungukira gute ku ruhara rw’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova?
◻ Ni kuki abantu ba Yehova batanga raporo y’igikenurwa barangura co kwamamaza inkuru nziza?
◻ Uguca Umukirisu yiyeguye bishobora kuba bikwiriye mu gihe ibintu vyoba vyifashe gute?
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe mu 1993 na Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.
[Ifoto ku rup. 16]
Inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere yatumye haba ubumwe mu vy’inyigisho
[Ifoto ku rup. 19]
Ivyabona vya Yehova bo kw isi yose baranezererwa umwidegemvyo Kirisitu yabashizemwo