ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/4 rup. 13-18
  • Ukuntu Yehova Ariko Aratuyobora

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Yehova Ariko Aratuyobora
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwitaba Amakoraniro Kwawe Kwifashe Gute?
  • Nube Umwumviriji Mwiza
  • Nutume Ijwi Ryawe Ryumvikana
  • Abatazi Utuntu n’Utundi Bacika Inkerebutsi
  • Iyo Imana Ijana Hose, Tuzokurikira
  • Kubera iki dukwiye gukoranira hamwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni kubera iki twokwitaba amakoraniro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Amakoraniro Ari n’Ico Yungura Abakiri Bato
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/4 rup. 13-18

Ukuntu Yehova Ariko Aratuyobora

“Undōngōre mu nzira y’umuharuro.”​—ZABURI 27:11.

1, 2. (a) Yehova ariko ayobora abantu biwe gute muri iki gihe? (b) Bisaba iki kwungukira bimwe vyuzuye ku makoraniro?

YEHOVA ni we Soko ry’umuco n’ukuri, nk’uko twavyize mu kiganiro gikurikirwa n’iki. Ijambo ryiwe riramurikira inzira yacu uko tugendera mu nzira y’umuharuro. Yehova aratuyobora mu kutwigisha ivy’inzira ziwe. (Zaburi 119:105) Kumwe k’umwanditsi wa Zaburi wa kera, turakirana ugukenguruka ubuyobozi bw’Imana kandi tugasenga duti: “Ndangira inzira yawe, Uhoraho, undōngōre mu nzira y’umuharuro.”​—Zaburi 27:11.

2 Inzira imwe Yehova acishako mu gutanga inyigisho muri iki gihe ni amakoraniro ya gikirisu. Twoba twungukira bimwe vyuzuye kuri iyo ntunganyo iranga urukundo (1) mu kuyitaba ubudahorereza, (2) mu kwumviriza neza igihe c’iyo porogarama, be no (3) mu kwama tugira uruhara mu bihimba bisaba ko abumviriza bagira ico bavuze? Ikindi na co, twoba tuvyakirana umunezero igihe turonse impanuro zizodufasha kuguma “mu nzira y’umuharuro”?

Ukwitaba Amakoraniro Kwawe Kwifashe Gute?

3. Umusuku umwe w’igihe cose yatsimbataje gute akamenyero keza ko kwitaba amakoraniro adahorereza?

3 Abamamaji bamwebamwe b’Ubwami bitavye amakoraniro ubudahorereza kuva mu bwana. Umusuku w’igihe cose umwe w’Icabona ca Yehova aribuka ibi: “Igihe jewe hamwe n’abakobwa tuvukana twariko turakura mu myaka y’1930, ntitwirirwa turabaza abavyeyi bacu ko tuja kw’ikoraniro. Twari tuzi ko tugenda kiretse turwaye. Umuryango wacu ntiwarota usiba amakoraniro.” Nka kumwe kw’uwavugishwa n’Imana Ana, uwo muvukanyikazi “ntiyava” mu kibanza c’ugusengeramwo Yehova.​—Luka 2:36, 37.

4-6. (a) Ni kuki abamamaji bamwebamwe b’Ubwami bahomba amakoraniro? (b) Ni kuki bigoye kwitaba amakoraniro?

4 Woba uri muri abo bitaba amakoraniro ya gikirisu badahorereza, canke wacitse uwuyazako rimwerimwe? Abakirisu bamwebamwe bari bahoze biyumvira yuko bayitaba neza bafashe ingingo yo kuvyiyemeza. Mu mayinga makeyi, bagiye barandika ikoraniro ryose bitavye. Igihe bihweza ivyo banditse mu mpera y’ikiringo kanaka bari bashinze, baratangajwe n’igitigiri c’amakoraniro basanze barasivye.

5 Umuntu yoshobora kuvuga ati: ‘Ntibitangaje. Abantu bari mu mikazo myinshi muri iki gihe ku buryo bitaborohera kwitaba amakoraniro badahorereza.’ Ni ivy’ukuri ko tubayeho mu bihe bitesha umutwe. Vyongeye, nta gukeka ko iyo mikazo izorushiriza kwongerekana. (2 Timoteyo 3:13) Ariko none ivyo ntibizotuma birushiriza kugorana kwitaba amakoraniro ubudahorereza? Tutagumye tugaburirwa imfungurwa zo mu vy’impwemu zo kudutunga, ntidushobora kwizigira gutsinda umukazo uzanwa n’uru runkwekwe. Mbere, tutagiye turaja hamwe n’abandi ubudahorereza, twohava twoshwa guheba “inzira y’abagororotsi” buhere! (Imigani 4:18) Ego ni ko, igihe dushitse i muhira twari tumaze umusi mu bikorwa biruhisha, twoshobora kutama twumva twoja kw’ikoraniro. Ariko rero, igihe turigiyeko naho tuba turushe, turahungukira ubwacu, kandi tukaremesha n’Abakirisu bagenzi bacu ku Ngoro y’Ubwami.

6 Abaheburayo 10:25 haraduha iyindi mvo ihambaye ituma dukwiye kwitaba amakoraniro tudahorereza. Ngaho intumwa Paulo ahanura Abakirisu bagenziwe gukoranira hamwe ‘bakarushiriza kugenza bartyo uko babonye wa musi wegereza.’ Egome, dutegerezwa kutibagira yuko “umusi wa Yehova” wegereje. (2 Petero 3:12, NW) Hamwe twokwibwira yuko iherezo ry’uru runkwekwe riri kure cane, twohava dutangura kureka ugukurikirana ivyacu kukanyoha ibikorwa vya nkenerwa vyo mu vy’impwemu, nk’ukwitaba amakoraniro. Maze nk’uko Yezu yatuburiye, ‘uwo musi wotuzako giturumbuka, nk’umutego.’​—Luka 21:34.

Nube Umwumviriji Mwiza

7. Ni kuki ari ivy’ingirakamaro ko abana bumviriza neza ku makoraniro?

7 Kwitaba amakoraniro gusa ntibihagije. Dutegerezwa kwumviriza neza, tugashira umutima ku bihavugirwa. (Imigani 7:24) Aho harimwo n’abana bacu. Igihe umwana agiye kw’ishure, biba vyitezwe yuko yumviriza neza umwigisha, no mu gihe nyene icigwa kinaka kitamushimisha canke gisa n’ikimugora gutahura. Umwigisha arazi yuko mu gihe umwana agerageza gukurikira neza atazobura ivyiza akura kuri ico cigwa. Si ibitegereka none ko abana bari mu bigero vy’abanyeshure bumviriza neza inyigisho itangwa ku makoraniro y’ishengero aho kubareka ngo batwarwe n’agatiro ikoraniro rigitangura? Ego ni ko, mu bintu vyerekeye ukuri vy’agaciro dusanga mu Vyanditswe “harimwo bimwebimwe bigoye itahura.” (2 Petero 3:16) Ariko ntidukwiye gufatira mu rwara ubushobozi umwana afise bwo kwiga. N’Imana ntibufatira mu rwara. Mu bihe vya Bibiliya, yabwirije abasavyi biwe bakiri bato ‘kwumva, kwiga, kwubaha Uhoraho Imana no kwitondera amajambo yose y’ivyagezwe,’ kandi nta nkeka ko bimwe muri vyo vyagora abana kuvyumva. (Gusubira mu Vyagezwe 31:12; gereranya n’⁠Abalewi 18:1-30.) Yehova yoba yiteze ku bana ibiri musi y’ivyo muri iki gihe?

8. Ni ingingo izihe abavyeyi bamwebamwe bafashe kugira ngo bafashe abana babo kwumviriza ku makoraniro?

8 Abavyeyi b’Abakirisu barazi neza yuko ivyo abana babo bakenera mu vy’impwemu ahanini vyuzurizwa n’ivyo bigira ku makoraniro. Kubera ico, abavyeyi bamwebamwe bararinganiza ibintu ku buryo abana babo basinzira gatoyi imbere y’amakoraniro kugira ngo baze gushika ku Ngoro y’Ubwami bafise intege kandi biteguriye kwiga. Abavyeyi bamwe boshobora gushiriraho abana babo akarimbi ntabanduka canke mbere mu buryo buranga ubukerebutsi bagakuraho ivy’uko abana babo barorera televiziyo ku muhingamo uberako amakoraniro. (Abanyefeso 5:15, 16) Kandi mwene abo bavyeyi baragabanya rwose ibisamaza, bakaremesha abana babo kwumviriza no kwiga, bakurikije imyaka bafise hamwe n’ubushobozi bwabo.​—Imigani 8:32.

9. Ni igiki codufasha gutsimbataza ubushobozi bwacu bwo kwumviriza?

9 Yezu yariko abwira abakuze igihe yavuga ati: “Mwiyubare uburyo mwumva.” (Luka 8:18) Muri iyi misi, ivyo kenshi vyoroshe kuvuga ntivyoroshe gukora. Mu bisanzwe, kwumviriza ni igikorwa kigoye, ariko ubushobozi bwo kwumviriza burashobora gutsimbatazwa. Igihe wumviriza insiguro ishingiye kuri Bibiliya canke ikiganiro co kw’ikoraniro, nugerageze gukuramwo ivyiyumviro nyamukuru. Niwitege ico umushikirizansiguro agiye kuvuga. Nurondere ivyiyumviro woshobora gukoresha mu busuku bwawe canke wokurikiza mu buzima bwawe. Niwihweze mu bwenge ivyiyumviro uko biriko birimburwa. Nugire utwo wanditse muri make.

10, 11. Abavyeyi bamwebamwe bafashije gute abana babo kuba abumviriji beza kuruta, kandi ni uburyo ubuhe wewe wasanze ari ngirakamaro?

10 Utumenyero twiza two kwumviriza turigwa neza canecane igihe umuntu akiri mutoyi. N’imbere yuko biga gusoma no kwandika, bamwebamwe mu batarakwiza imyaka yo kuja kw’ishure bararemeshwa n’abavyeyi babo kugira “utwo bandika” mu gihe c’amakoraniro. Barashira ikimenyetso ku rupapuro igihe hakoreshejwe amajambo bamenyereye nka “Yehova,” “Yezu,” canke “Ubwami.” Muri ubwo buryo, abana barashobora kwiga kwitunira ku biriko biravugwa ku mukiruruko.

11 Abana bakuze na bo nyene rimwe na rimwe barakenera kuremeshwa kugira ngo bumvirize neza. Abonye agahungu kiwe k’imyaka 11 kariko karasinzira kw’iteraniro ry’Abakirisu, Serugo umwe yaciye ashikiriza ako gahungu gatoyi Bibiliya hanyuma agasaba kurondera ivyanditswe uko abashikirizansiguro babivuze. Se, uwariko yandika utuntu, yaritegereza igihe ako gahungu kiwe gatengatiye Bibiliya. Mu nyuma, ako gahungu karakurikiye porogarama y’iteraniro n’igishika cinshi kuruta.

Nutume Ijwi Ryawe Ryumvikana

12, 13. Ni kuki bihambaye kugira uruhara mu kuririmba kwo mw’ishengero?

12 Umwami Dawidi yaririmvye ati: “Nzobona gukikuza igicaniro cawe, Uhoraho; kugira ngo numvikanishe ijwi ry’ishimwe.” (Zaburi 26:6, 7) Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova araduha uturyo twiza ntangere two guserura n’ijwi ryumvikana ukwizera dufise. Uburyo bumwe ivyo dushobora kubigiramwo ni mu kugira uruhara mu kuririmba indirimbo mw’ishengero. Uwo ni umuce uhambaye w’ugusenga kwacu, ariko birashobora kworoha gufata minenegwe.

13 Abana bamwebamwe ntibashobora gusoma canke gufata ku mutwe amajambo y’indirimbo ziza zirakoreshwa ku makoraniro ku ndwi ku ndwi. Baranezerwa n’ukuba bashobora kuririmbira hamwe n’abakuze. Ariko rero, uko abana bakura begereza gatoyi kuba abakuze, barashobora kuza baragabanya ukwifatanya n’abandi mu kuririmba indirimbo z’Ubwami. Hari n’abakuze bamwebamwe usanga batinyatinya kuririmba ku makoraniro. Yamara, kuririmba ni umuce w’ugusenga kwacu, nka kumwe n’ubusuku bwo mu ndimiro ari umuce ugize ugusenga kwacu. (Abanyefeso 5:19) Turakora uko dushoboye kugira ngo dushemeze Yehova mu busuku bwo mu ndimiro. Ntitwoshobora none kandi kumuninahaza mu kuduza amajwi yacu, haba hari umuziki canke atawe, mu ndirimbo z’amashemezo zivuye ku mutima?​—Abaheburayo 13:15.

14. Ni kuki amayagwa twiga mu makoraniro y’ishengero akwiriye gutegurwa neza imbere y’igihe?

14 Turashemeza Imana kandi igihe dutanga insasanuro zubaka mu bihimba vy’amakoraniro yacu bisaba ko abumviriza bagira ico bavuze. Ivyo bisaba kwitegura. Bisaba umwanya kugira ngo uzirikane ku bintu bigera ibwina vy’Ijambo ry’Imana. Intumwa Paulo, uwari umutohoji abihahamiye w’Ivyanditswe, ivyo yaravyiboneye. Yanditse ati: “Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana!” (Abaroma 11:33) Yemwe baserugo, ni ivy’ingirakamaro yuko mufasha umwe wese mu bagize umuryango kugira ngo ashakashake mu bukerebutsi bw’Imana, nk’uko bihishurwa mu Vyanditswe. Nimushire ku ruhande umwanya mu gihe c’inyigisho ya Bibiliya y’umuryango, kugira ngo musigure ibintu bigoye gutahura mwongere mufashe umuryango wanyu kwitegurira amakoraniro.

15. Ni ivyiyumviro ibihe vyofasha umuntu gutanga insasanuro ku makoraniro?

15 Nimba woba ushaka gutanga insasanuro kenshi cane ku makoraniro, ni kuki utotegura imbere y’igihe ico wipfuza kuvuga? Ntihakenewe ibintu bihinguwe cane. Icanditswe ca Bibiliya kibereye gisomanywe ukujijuka, canke amajambo yacaguwe neza avuzwe avuye ku mutima azoshimwa. Abamamaji bamwebamwe barasaba uwurongora inyigisho kugira ngo ababikire insasanuro ya mbere ku ngingo yinaka kugira ngo ntibazobure akaryo ko kugaragaza ukwizera bafise.

Abatazi Utuntu n’Utundi Bacika Inkerebutsi

16, 17. Ni impanuro iyihe umukurambere umwe yahaye umukozi w’ishengero, kandi ni kuki yari kirumara?

16 Ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova, tuributswa kenshi gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi. Tubigenjeje gutyo biratweza umutima. Biradufasha kandi gufata ingingo ziranga ubukerebutsi, gukosora utunenge ubwacu dufise, kunanira inyosha mbi, kandi tukagarura uburimbane bwo mu vy’impwemu mu gihe twatirimukiye mu nzira mbi.​—Zaburi 19:7.

17 Abakurambere bazi utuntu n’utundi mu mashengero bama biteguye gutanga impanuro yo mu Vyanditswe ihuye n’ivyo dukeneye. Ico dusabwa kugira ni ‘ukuyivoma’ mu kurondera impanuro batanga zishingiye kuri Bibiliya. (Imigani 20:5) Umusi umwe umukozi w’ishengero akiri muto ashwashwanutse cane yasavye umukurambere ivyiyumviro vy’ukuntu yoba kirumara cane mw’ishengero. Uwo mukurambere, uwari azi uwo musore neza, yazinguruye Bibiliya yiwe muri 1 Timoteyo 3:3, ahavuga yuko abagabo bagenywe bakwiye kuba “[aba]gwaneza.” N’ukwiyorosha kwinshi, yarerekanye uburyo uwo musore yoshobora kugaragaza ubugwaneza mu migenderanire yiwe n’abandi. Uwo muvukanyi w’umusore yoba yarababajwe n’iyo mpanuro idakikiriza aronse? Haba n’intete! Yasiguye ati: “Uwo mukurambere yakoresheje Bibiliya, nca mbona yuko iyo mpanuro ivuye kuri Yehova.” Uwo mukozi w’ishengero n’ugukenguruka kwinshi yarakurikije nya mpanuro kandi ariko aragira iterambere riboneka.

18. (a) Ni igiki cafashije Umukirisu umwe akiri muto kunanira inyosha mbi mu mashure? (b) Ni Ivyanditswe vya Bibiliya ibihe wibuka igihe uhanganye n’inyosha mbi?

18 Ijambo ry’Imana rirashobora kandi gufasha abantu bakiri bato kugira ngo “kwifuza kw’ubusore [ba]guhunge.” (2 Timoteyo 2:22) Icabona ca Yehova umwe akiri muto aherutse gutsinda amashure yisumbuye yarashoboye kunanira inyosha mbi mu myaka yose yamaze kw’ishure, biciye ku kuzirikana no ku gushira mu ngiro Ivyanditswe bimwebimwe vya Bibiliya. Yariyumvira kenshi impanuro yanditse mu Migani 13:20 igira iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge.” Mu buryo buhuye n’iyo mpanuro, yaritondeye ugutsimbataza ubugenzi n’abantu gusa bubaha bimwe bigera ibwina ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Yiyumviriye uku: “Simeze neza gusumba abandi bose. Ninifatanya n’ishengero ry’abakora ibibi, nzoshima guhimbara abagenzi banje, ivyo na vyo bikaba vyoshobora kunshikana mu kaga.” Impanuro ya Paulo yanditse muri 2 Timoteyo 1:8 na yo nyene yaramufashije. Yanditse ati: “Ntugire isoni zo gushingira intahe Umwami wacu, . . . arik’ufatanye nanje kwihanganira imibabaro kubg’ubutumwa bgiza.” Mu guhuza n’iyo mpanuro ya Bibiliya, yarabwira abo bigana n’umutima rugabo ivyo yemera bishingiye kuri Bibiliya, uko akaryo kose kabereye kabonetse. Igihe cose yaba agenywe ngo ashikirize ikiganiro imbere y’abo bigana, yahitamwo ikiganiro kimutuma ashinga intahe yerekeye Ubwami bw’Imana ku bugenge.

19. Ni igiki catumye umusore umwe adashobora kunanira imikazo y’iyi si, ariko ni igiki camuhaye inkomezi zo mu vy’impwemu?

19 Nka hamwe vyoshika tugata “inzira y’abagororotsi,” Ijambo ry’Imana rirashobora kudufasha gukosora intambuko zacu. (Imigani 4:18) Ivyo ni vyo umuntu umwe akiri muto aba muri Afirika yiboneye. Igihe Icabona ca Yehova kimwe camugendera, yaremeye inyigisho ya Bibiliya. Yaranezerewe n’ivyo yariko ariga ariko mu nyuma yinjira mu vyo kwifatanya n’abagenzi babi kw’ishure. Amaherezo, yagiye mu buzima bw’ubushegabo. Yiyemereye ati: “Ijwi ryanje ryo mu mutima ryaguma rinkegeta, hanyuma ndahava mpeba kwitaba amakoraniro.” Mu nyuma, yaratanguye kwongera kwitaba amakoraniro. Uwo muntu akiri muto yatanze iyi nsasanuro ihishura ibintu igira iti: “Narubuye yuko impamvu nyamukuru yatumye ivyo vyose ari uko nari nishwe n’ikigoyi mu vy’impwemu. Nta kwiyigisha nagira. Ni co gituma ntashoboye kunanira inyosha mbi. Maze natanguye gusoma Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Intambwe ku yindi, narasubiye kuronka utuguvu mu vy’impwemu hanyuma ndasibura ubuzima bwanje. Iyo ni intahe nziza yashinzwe ku babonye amahinduka nagize. Narabatijwe, none ubu ndahiriwe.” Ni igiki cahaye uwo musore inkomezi zo gutsinda intege nke z’umubiri? Yasubiye kuronka inkomezi zo mu vy’impwemu biciye ku kwiyigisha Bibiliya ubudahorereza.

20. Umuntu akiri muto ashobora gute kunanira ibitero vya Shetani?

20 Yemwe Bakirisu mukiri bato, muraterwa ibitero muri iki gihe! Nimba mushaka kunanira ibitero vya Shetani, mutegerezwa kwihereza imfungurwa z’ivy’impwemu mudahorereza. Umwanditsi wa Zaburi, uwo bigaragara yuko ubwiwe yari umuntu akiri muto, ivyo yarabitahuye. Yarashimiye Yehova kuba yaramuronkeje Ijambo ryiwe, kugira ngo ‘umusore ashobore kuryezesha inzira ziwe.’​—Zaburi 119:9.

Iyo Imana Ijana Hose, Tuzokurikira

21, 22. Ni kuki tudakwiye kuvuga ko n’inzira y’ukuri na yo nyene igoye?

21 Yehova yarakuye ihanga rya Isirayeli mu Misiri arijana mu Gihugu c’Isezerano. Inzira yahisemwo ishobora kuba yasa mu maso y’abantu n’iyidakwiye kwirigwa iragora. Aho gufata iyisa n’iyoroshe, ya hafi ica ku Kiyaga Mediterane, Yehova yacanye abantu biwe mu nzira igoye ica mu bugaragwa. Ariko rero, ivyo mu vy’ukuri bwari ubuntu bw’Imana. Naho inzira ica ku Kiyaga yari ngufi, yari gucana Abisirayeli mu gihugu c’Abafilisitiya b’abansi. Mu guhitamwo iyindi nzira, Yehova yakingiye abantu biwe guterwa hakiri kare n’Abafilisitiya.

22 Muri ubwo buryo nyene, inzira Yehova ariko atuyoboramwo muri iki gihe yoshobora rimwe na rimwe gusa n’iyigoye. Ku ndwi ku ndwi turafise urutonde rwuzuye ibikorwa vya gikirisu, ushizemwo amakoraniro y’ishengero, ukwiyigisha, hamwe n’umurimo wo mu ndimiro. Izindi nzira zoshobora gusa n’izoroshe kuruta. Ariko iyo turiko twihatira gushika tuzoshikayo ari uko gusa dukurikiye ubuyobozi bw’Imana. Nimuze rero tubandanye kwihereza inyigisho zihambaye ziva kuri Yehova, kandi tugume mu “nzira y’umuharuro” ibihe bidahera!​—Zaburi 27:11.

Woshobora Kubisigura?

• Ni kuki dukeneye bimwe bidasanzwe kwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudahorereza?

• Ni igiki abavyeyi bashobora gukora kugira ngo bafashe abana babo kwumviriza neza ku makoraniro?

• Kuba umwumviriji mwiza bisaba iki?

• Ni igiki gishobora kudufasha gutanga insasanuro ku makoraniro?

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Kwitaba amakoraniro ya gikirisu biradufasha kugumiza mu muzirikanyi umusi wa Yehova

[Ifoto ku rup. 18]

Hariho uburyo butandukanye bwo gushemeza Yehova ku makoraniro ya gikirisu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika