Nutege Yompi Ijambo ry’Ubuhanuzi ry’Imana Ryerekeye Igihe Cacu
“Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’igihe c’iherezo.”—DANIYELI 8:17.
1. Yehova ashaka ko abantu bose bamenya iki ku vyerekeye igihe turimwo?
YEHOVA ntiyigungirako ivyo azi ku vyerekeye ibintu bizoshika muri kazoza. Ahubwo, ni Umuhishuzi w’ibihishijwe. Kukaba nkako, ashaka ko twese tumenya yuko tugeze kure mu “gihe c’iherezo.” Mbega ukuntu ubwo ari ubutumwa buhambaye ku bantu ubu baba kw’isi bagera ku miliyaridi zitandatu!
2. Ni kuki abantu barajwe ishinga na kazoza ka zina kiremwa muntu?
2 Mbega vyoba bitangaje kuba iyi si yegereje iherezo ryayo? Umuntu arashobora kugendagenda ku kwezi, ariko mu mihingo myinshi ntashobora kuyebayeba mu mabarabara yo kuri uyu mubumbe ata bwoba. Arashobora kwuzuza inzu yiwe ibikoresho bigezweko, ariko ntashobora guhagarika iyongerekana ry’ivy’ugusambuka kw’ingo. Vyongeye arashobora kuzana igihe c’iterambere mu vy’uguhanahana amakuru, ariko ntashobore kwigisha abantu kubana mu mahoro. Ukwo kunanirwa kurashigikira ibimenyamenya umuyoro vyo mu Vyanditswe bigaragaza ko tubayeho mu gihe c’iherezo.
3. Amajambo ngo “igihe c’iherezo” yatanguye gukoreshwa kw’isi ryari?
3 Ayo majambo akwegera ubwenge, ari yo “igihe c’iherezo,” haciye imyaka nk’2.600 akoreshejwe n’umumarayika Gaburiyeli ari bwo bwa mbere kw’isi. Umuhanuzi w’Imana yari yacitse ivutu yumvise Gaburiyeli amubwira ati: “Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’igihe c’iherezo.”—Daniyeli 8:17
Iki Ni co “Gihe c’Iherezo”!
4. Ni mu bundi buryo ubuhe Bibiliya yerekeza ku gihe c’iherezo?
4 Amajambo ngo “igihe c’iherezo,” n’“igihe c’iherezo cashinzwe,” aseruka incuro zitandatu mu gitabu ca Daniyeli (Daniyeli 8:17, 19; 11:35, 40; 12:4, 9) Yerekeye ya “misi y’iherezo” yabuwe n’intumwa Paulo. (2 Timoteyo 3:1-5) Yezu Kirisitu yarerekeje kuri ico kiringo nk’“ukuhaba” (NW) kwiwe ari Umwami yimitswe mw’ijuru.—Matayo 24:37-39.
5, 6. Ni bande ‘bayerereye irya n’ino’ mu gihe c’iherezo, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
5 Muri Daniyeli 12:4 hagira hati: “Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi [“bazoyerera irya n’ino,” NW], kand’ubgenge buzogwira.” Vyinshi mu vyo Daniyeli yanditse vyaramaze ibinjana n’ibindi bihishijwe kandi bidomweko ikimenyetso, ku buryo ata muntu yabitahura. Ariko none bimeze gute muri iki gihe?
6 Muri iki gihe c’iherezo, Abakirisu b’abizigirwa benshi bagiye ‘bayerera irya n’ino’ mu gitabu c’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Vyavuyemwo iki? Bivuye ku kuntu Yehova yahezagiye utwigoro twabo, ubumenyi nyakuri bwaragwiriye. Nk’akarorero, Ivyabona vya Yehova basizwe barahezagiwe mu kuronka ubumenyi bubashoboza gutahura yuko Yezu Kirisitu yabaye Umwami mw’ijuru mu mwaka w’1914. Mu buryo buhuje n’amajambo y’intumwa yanditswe muri 2 Petero 1:19-21, abo basizwe hamwe na bagenzi babo b’intadohoka ‘bariko baratega yompi ijambo ry’ubuhanuzi,’ bakongera bakemera ata gukeka na gato ko iki ari igihe c’iherezo.
7. Ni inkuru zimwezimwe izihe zituma igitabu ca Daniyeli kiba ntangere?
7 Igitabu ca Daniyeli ni igitabu ntangere mu buryo butari buke. Muri ico gitabu havugwamwo umwami agira iterabwoba ryo kwica abagabo b’abanyabwenge biwe kubera badashobora guhishura no gusobanura indoto ziwe zigoye itahura, ariko Umuhanuzi w’Imana aratorera inyishu ubwo bupfindo. Abasore batatu banse gusenga igishushanyo kigereza iyo bajugunywa mw’itanure rirurumba umuriro, ariko barivamwo ata n’ukubabuka. Mu gihe c’ibirori vy’umusi mukuru, abantu amajana babona igikonjo candika amajambo nsigabwenge ku ruhome rw’ingoro. Abantu b’inkozi z’ikibi bagira inama umugabo ageze mu zabukuru batuma ajugunywa mu rwobo rw’intambwe, ariko avamwo adora. Ibikoko bine bibonwa mw’iyerekwa kandi bitangwako insobanuro menyeshakazoza ibandanya gushika mu gihe c’iherezo.
8, 9. Igitabu ca Daniyeli gishobora kutwungura gute, na canecane ubu muri iki gihe c’iherezo?
8 Biragaragara ko igitabu ca Daniyeli kirimwo uburyo bubiri butandukanye cane bwo gushikiriza inkuru. Ubwa mbere ni ubw’inkuru z’ivyabaye, ubundi ni ubwo kubura ivya kazoza. Bwompi burashobora kwubaka ukwizera kwacu. Ubw’inkuru z’ivyabaye butwereka ko Yehova Imana ahezagira abagumana ukutadohoka kuri we. Ibihimba menyeshakazoza na vyo birubaka ukwizera mu kwerekana yuko Yehova amenya, ibinjana mbere n’ibimpumbi imbere y’igihe, uko ibintu bizomera.
9 Ubuhanuzi butandukanye bwanditswe na Daniyeli bwerekeza ivyiyumviro ku Bwami bw’Imana. Uko twitegereza ukuntu ubwo buhanuzi buranguka, ukwizera kwacu kurakomezwa kandi n’ukujijuka kwacu yuko tubayeho mu gihe c’iherezo ni ko kw’uko. Ariko rero abasesanguzi bamwebamwe barifatira mu gahanga Daniyeli, mu kuvuga yuko ubuhanuzi buri mu gitabu citiriwe izina ryiwe mu vy’ukuri bwanditswe inyuma y’ivyabaye vyasa n’ibiburangura. Ivyo bavuga hamwe vyoba ari vyo, vyovyura ibibazo bikomeye ku vyerekeye ivyo igitabu ca Daniyeli cabuye ku bijanye n’igihe c’iherezo. N’abakekereza baragira amakenga ku nkuru z’ivyabaye z’ico gitabu. Kubera ivyo, nimuze tubitohoze.
Mu Rubanza!
10. Ni mu buryo ki igitabu ca Daniyeli kiregwa?
10 Niwihe ishusho uri muri sentare, ukurikirana urubanza. Umushingwamanza aburanira leta ashimika avuga yuko nyene kuburanywa yagiriwe n’icaha ca forode. Yemwe, igitabu ca Daniyeli civuga ko ari igitabu co kwizigirwa, canditswe n’umuhanuzi w’Umuheburayo yabayeho mu kinjana c’indwi no mu ca gatandatu B.G.C. Ariko rero abasesanguzi bavuga yuko ico gitabu ari ica forode. Nimuze rero dusuzume ubwa mbere niba ico gihimba c’inkuru z’ivyabaye co muri ico gitabu gihuza n’ivya kahise.
11, 12. Vyahavuye bigenda gute ku vyerekeye ikirego c’uko Belushaza yari umuntu abantu biremaremeye?
11 Dufate ko dusuzumye icokwitwa ikintu cerekeye umwami abuze. Muri Daniyeli ikigabane ca 5, harerekana ko Belushaza yaganza bwa mwami i Babiloni igihe ico gisagara catembagazwa mu 539 B.G.C. Abasesanguzi barahaririye kuri ico ciyumviro kubera ko izina rya Belushaza ata handi ryabonetse uretse muri Bibiliya. Ahubwo, abatohozakahise bo barerekanye yuko Nabonide ari we yabaye umwami wa nyuma wa Babiloni.
12 Ariko rero, mu mwaka w’1854 hari utubumbano dutoduto twiburungushuye turiko ivyandiko bigizwe n’inyuguti zimeze nk’udusumari (cuneiform) twazukuruwe mu butaka, mu vyasenyuwe mu gisagara ca kera c’i Babiloni citwa Uri, muri Iraki y’ubu. Izo nzandiko zirimwo n’isengesho ry’aho Umwami Nabonide yerekeje kuri “Bel-sar-ussur, mfura yanje.” N’abasesanguzi bobwirijwe kuvyemera: Uwo yari wa wundi Belushaza wo mu gitabu ca Daniyeli. Gutyo rero, nya mwami yabuze ntiyari abuze vy’ukuri, ntiyari bwamenyekane gusa mu nzandiko zitari iz’ivy’Imana. Ico ni kimwe gusa mu bihinyuza vyinshi vy’uko ivyo Daniyeli yanditse ari ivy’ukuri koko. Ikimenyamenya nk’ico cerekana yuko igitabu ca Daniyeli koko kiri mu bigize Ijambo ry’Imana dukwiye kurimbura twitonze ubu bwa none, mu gihe c’iherezo.
13, 14. Nebukadinezari yari nde, kandi ni imana y’ikinyoma iyihe canecane yakunda gusenga?
13 Ubuhanuzi bwerekeye ukuntu intwaro z’ububasha z’isi zari gukurakuranwa be n’ibikorwa vya bamwebamwe mu bategetsi bazo, ni vyo bigwiriye mu gitabu ca Daniyeli. Umwe muri abo bategetsi ashobora kwitwa umurwanyi yashinze ubwami. Bwa muganwa samuragwa wa Babiloni, we n’ingabo ziwe barashwiragije ingabo za Farawo Neko wo mu Misiri, i Karikemishi. Mugabo, hari ubutumwa bwatumye uwo muganwa w’i Babiloni nyenintsinzi asigira intwazangabo ziwe ibikorwa vyo guherengeteza umwansi. Aho amariye kumenya ko se Nabopolasari yapfuye, uyo musore yitwa Nebukadinezari yaciye aja ku ngoma mu mwaka w’624 B.G.C. Ku ngoma yiwe yamaze imyaka 43, yarashinze ubwami bwarimwo intara zahoze zitwarwa na Ashuri, kandi yaguye akarere atwara kugeza muri Siriya hamwe no muri Palestina kugeza ku rubibe bahana na Misiri.
14 Nebukadinezari yakunda canecane gusenga Maraduki, kizigenza w’imana z’i Babiloni. Uwo mwami intsinzi zose yashitseko yemeza ko azikesha Maraduki. Muri Babiloni, Nebukadinezari yarubatse yongera araryohora ibisengero vya Maraduki n’ivy’izindi mana injojo z’Abanyababiloni. Ca gishushanyo c’inzahabu uwo mwami w’i Babiloni yahagaritse mu kiyaya c’i Dura gishobora kuba ceguriwe Maraduki. (Daniyeli 3:1, 2) Kandi bigaragara ko Nebukadinezari yoba yisunga cane ubupfumu mu gutegekanya ibikorwa vyiwe vya gisirikare.
15, 16. Nebukadinezari yakoreye iki Babiloni, kandi ni igiki cashitse igihe yiratira ubukuru bwiwe?
15 Igihe yaheza kwubaka vya bihome amahanga bigizwe na zibirizibiri vya Babiloni, izo se wiwe yari yaratanguye kwubaka, Nebukadinezari yatumye uwo murwa mukuru usa n’intamenwa. Kugira ngo anezereze umwamikazi wiwe w’Umunyamediyani, uwacambirwa imitumba n’amashamba vyo mu gihugu ciwe c’amavukiro, bavuga ko Nebukadinezari yubatse ico bise ubusitani bwenetse hejuru—bukaba ari kimwe muri vya bintu ndwi bitangaje vyo mu gihe ca kera. Babiloni yayigize igisagara gikikijwe n’impome, gikomeye kuruta ibindi vyose vyo muri ico gihe. Kandi ese ukuntu yari yishimiye ico cicaro c’ugusenga kw’ikinyoma!
16 “Mbeg’aha si Babiloni hahambaye aho niyubakiye?” Ukwo ni ko umusi umwe Nebukadinezari yirase. Ariko rero, nk’uko bivugwa muri Daniyeli 4:30-36, “iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa” yaciye afatwa n’ibisazi. Kubera yamaze imyaka indwi adashobora gutegeka, yarisha ubwatsi, nk’uko nyene Daniyeli yari yarabibuye. Hanyuma ubwami bwiwe arabusubizwa. Woba uzi insobanuro menyeshakazoza y’ivyo vyose? Woba ushobora gusobanura ukuntu iranguka rya bwo rihambaye ritujana gushika mu gihe c’iherezo?
Nidusuzume Ibihimba Vyerekeye Ubuhanuzi
17. Wodondora gute indoto menyeshakazoza Imana yarungikiye Nebukadinezari mu mwaka ugira kabiri w’ingoma yiwe ari umutegetsi w’isi yose?
17 Nimuze ubu dusuzume ibihimba bimwebimwe vyerekeye ubuhanuzi biri mu gitabu ca Daniyeli. Mu mwaka ugira kabiri w’ingoma ya Nebukadinezari ari umutegetsi w’isi yose wo mu buhanuzi bwa Bibiliya (hagati y’606 n’605 B.G.C.), Imana yaramurungikiye indoto y’agacavutu. Nk’uko Daniyeli ikigabane ca 2 habivuga, iyo ndoto yari yerekeye igishushanyo amahanga gifise umutwe w’inzahabu, igikiriza n’amaboko vy’ifeza, inda n’ibibero vy’umuringa, amaguru y’icuma, n’ibirenge bigizwe n’ivyuma bivangavanze n’ibumba. Ivyo bihimba bitandukanye vy’ico gishushanyo vyagereranya iki?
18. Umutwe w’inzahabu, igikiriza n’amaboko vy’ifeza hamwe n’inda be n’ibibero vy’umuringa vya ca gishushanyo co mu ndoto vyagereranya iki?
18 Umuhanuzi w’Imana yabwiye Nebukadinezari ati: “Nuko mugenzi, . . . uwo mutwe w’izahabu ni wewe.” (Daniyeli 2:37, 38) Nebukadinezari yari uwa mbere mu rukurikirane rw’abo mu muryango wa cami batwara Ubwami bwa Babiloni. Rwatembagajwe n’Abamedi be n’Abaperesi bagereranywa n’igikiriza be n’amaboko vy’ifeza vya nya gishushanyo. Inyuma y’aho haje Ubwami bw’Abagiriki bwashushanywa n’inda be n’ibibero vy’imiringa. Iyo ntwaro nganzasi yatanguye gute?
19, 20. Alegizandero Mukuru yari nde, kandi ni uruhara uruhe yagize mu gutuma Ubugiriki buba intwaro nganzasi?
19 Mu kinjana ca kane B.G.C., hari umusore yagize uruhara ruhambaye mw’iranguka ry’ubwo buhanuzi bwa Daniyeli. Yavutse mu 356 B.G.C., kandi abantu bahavuye bamwita Alegizandero Mukuru. Se wiwe Filipo akimara kugandagurwa mu 336 B.G.C., Alegizandero, uwari afise imyaka 20, yararazwe ingoma ya Makedoniya.
20 Mu ntango z’ukwa Rusama mu 334 B.G.C., Alegizandero yaratanguye intambara yo kwigarurira ibihugu. Yari afise ingabo nke ariko zikomeye zigizwe n’abasirikare 30.000 barwanira ku maguru n’5.000 barwanira ku mafarasi. Ku Ruzi rumwe (Granique) mu buraruko bushira uburengero bwa Aziya Ntoyi (ubu akaba ari muri Tirikiya), Alegizandero yaratsinze urugamba rwa mbere yarwanye n’Abaperesi mu 334 B.G.C. Mu 326 B.G.C., uwo murwanyi w’intatezura yari amaze kubashira hasi kandi yari yarashitse kure kugeza mu buseruko ku Ruzi Indus ruri muri Pakisitani ya none. Ariko rero, Alegizandero yaratsinzwe mu rugamba rwiwe rwa nyuma igihe bari i Babiloni. Ku wa 13 Ruheshi 323 B.G.C., igihe yari amaze gusa imyaka 32 n’amezi 8, Alegizandero yaraneshejwe n’umwansi ateye ubwoba kuruta, ari we rupfu. (1 Ab’i Korinto 15:55) Ariko rero, biciye ku ntambara zo kwigarurira ibihugu ziwe, Ubugiriki bwari bwacitse intwaro nganzasi, nk’uko vyari vyarabuwe mu buhanuzi bwa Daniyeli.
21. Turetse Ubwami bwa Roma, ni iyindi ntwaro nganzasi iyihe yagereranijwe na ya maguru y’icuma ya ca gishushanyo co mu ndoto?
21 Ya maguru y’icuma ya ca gishushanyo amahanga yagereranya iki? Yemwe, yagereranya Roma imeze nk’icuma, iyasiribanze yongera irajejanga Ubwami bw’Ubugiriki. Mu kutagaragaza ukwubaha Ubwami bw’Imana bwatangajwe na Yezu Kirisitu, Abaroma baramwiciye ku giti c’ukubabarizwako, muri 33 G.C. Mu kigoro ko guhonya Ubukirisu bw’ukuri, Roma yarahamye abigishwa ba Yezu. Ariko rero, amaguru y’icuma ya ca gishushanyo co mu ndoto za Nebukadinezari ntiyagereranya gusa Ubwami bw’Abaroma, mugabo kandi yagereranya umunago wabwo—na wo ukaba ari intwaro nganzasi igizwe n’urunani rw’Abongereza n’Abanyamerika.
22. Ca gishushanyo co mu ndoto kidufasha gute kubona ko tugeze kure mu gihe c’iherezo?
22 Umwihwezo witondewe ugaragaza ko tugeze kure mu gihe c’iherezo, kubera yuko twashikiriye vya birenge bigizwe n’ivyuma bivangavanze n’ibumba vyo muri ca gishushanyo co mu ndoto. Intwaro zimwezimwe zo mu gihe ca none zimeze nk’icuma, ni ukuvuga zitwaza umukazo, mu gihe izindi zimeze nk’ibumba. Naho ibumba “abantu” babumbwemwo ridakomera, intwaro zimeze nk’icuma vyabaye ngombwa ko zireka abantu banyarucari bakagira ico bavuga mu ntwaro zibatwara. (Daniyeli 2:43; Yobu 10:9) Ego ni ko, intwaro zitwaza umukazo be n’abantu banyarucari ntibanywana neza, nka kurya nyene icuma n’ibumba bidashobora kunywana. Mugabo Ubwami bw’Imana bugiye guherengeteza iyi si yigabaguye mu vya politike.—Daniyeli 2:44.
23. Wodondora gute indoto za Daniyeli be n’ivyo yeretswe, mu mwaka wa mbere w’ingoma ya Belushaza?
23 Ikigabane c’7 c’ubuhanuzi bwa Daniyeli ikigabane c’7bukwegera ubwenge na co kiratuzana mu gihe c’iherezo. Kivuga ikintu cabaye mu mwaka wa mbere w’ingoma y’Umwami Belushaza w’i Babiloni. Ico gihe Daniyeli yari ageze mu myaka 70, “yarose inzozi; abona ivyo yerekewe mu mutwe, ari ku buriri bgiwe.” Ese ukuntu ivyo yeretswe vyamuteye ubwoba! Yitangaje ati: “Nagize ntya, mbona imiyaga ine yo mu kirēre isenyeranira ku kiyaga kinini. Muri ico kiyaga hiburukamw’ibikōko binini bine bidasangiye ubgoko.” (Daniyeli 7:1-8, 15) Ese ukuntu ari inyamaswa zitangaje! Ica mbere ni intambwe ifise amababa, ica kabiri na co gisa n’idubu. Mu nyuma haza ingwe ifise amababa ane n’imitwe ine! Igikoko ca kane gikomeye bidasanzwe gifise ivyinyo bininibinini vy’ivyuma n’amahembe cumi. Hagati y’amahembe yaco icumi hamezemwo agahembe “gatoya” gafise “amaso asa n’ay’umuntu.” Mbega ibiremwa vy’ibiburirane!
24. Nk’uko muri Daniyeli 7:9-14 habivuga, Daniyeli abona iki mw’ijuru, kandi ivyo yeretswe vyerekeza ku biki?
24 Ivyo Daniyeli yeretswe inyuma yaho vyerekeza mw’ijuru. (Daniyeli 7:9-14) “Uwa mbere na mbere,” ari we Yehova Imana, abonwa yicaye afise ubuninahazwa ku ntebe y’icubahiro bwa Mucamanza. “Ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’amasinzi n’amasinzi bahagaze imbere yiwe.” Mu gukubita intahe mu gahanga ivyo bikoko, Imana ivyaka ubutegetsi maze igasangangura ca gikoko kigira kane. “Uwusa n’Umwana w’umuntu” ni we yeguriwe ubutware bwamaho ku “moko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe.” Ivyo vyerekeza ku gihe c’iherezo, no kw’iyimikwa ry’Umwana w’umuntu, ari we Yezu Kirisitu, mu mwaka w’1914.
25, 26. Ni ibibazo ibihe bishobora kuvyuka igihe dusoma igitabu ca Daniyeli, kandi ni igisohokayandikiro ikihe gishobora gufasha mu kuvyishura?
25 Abasomyi b’igitabu ca Daniyeli nta nkeka ko bagira ibibazo bibaza. Nk’akarorero, za nyamaswa zine zo muri Daniyeli ikigabane c’7 zigereranya iki? Ya “mayinga mirongwirindwi” yo mu buhanuzi yavuzwe muri Daniyeli 9:24-27 asobanura iki? Tuvuge iki kuri Daniyeli ikigabane c’11 be na wa mushamirano menyeshakazoza hagati y’“umwami w’i burārūko” n’“umwami w’i bumanuko”? Dushobora kwitega iki kuri abo bami muri iki gihe c’iherezo?
26 Yehova yarahaye ubumenyi abasavyi biwe basizwe bari kw’isi ku vyerekeye ivyo bibazo, ari bo muri Daniyeli 7:18 bitwa “abera b’Īsumba vyose.” Vyongeye, wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” hari intunganyo yadushiriyeho kugira ngo turushirize kuronka ubumenyi mu vyerekeye ivyanditswe vyahumetswe vy’umuhanuzi Daniyeli. (Matayo 24:45, NW) Iyo na yo ubu iboneka biciye kw’isohorwa riherutse ry’igitabu kivuga ngo Prêtons attention à la prophétie de Daniel! (Niwitondere Ubuhanuzi bwa Daniyeli!) Ico gisohokayandikiro c’impapuro 320 kirimwo amashusho aryoheye ijisho, kiraca irya n’ino ibihimba vyose vy’igitabu ca Daniyeli. Kirasigura ubuhanuzi bwose bwubaka ukwizera be n’inkuru z’ivyabaye zanditswe n’uwo muhanuzi mukundwa Daniyeli.
Insobanuro Nyayo Yerekeye Igihe Cacu
27, 28. (a) Twovuga iki kw’iranguka ry’ubuhanuzi bwo mu gitabu ca Daniyeli? (b) Tubayeho mu kiringo ikihe, kandi dukwiye gukora iki?
27 Rimbura iki ciyumviro gihambaye: Ubuhanuzi bwose bwo mu gitabu ca Daniyeli bwararangutse, kiretse gusa ido n’ido ry’utuntu dukeyi. Nk’akarorero, ubu turabona ukuntu ivy’isi vyifashe mu buryo bwadondowe n’ibirenge vya ca gishushanyo co mu ndoto kiri muri Daniyeli ikigabane ca 2. Ca gishitsi c’igiti co muri Daniyeli ikigabane ca 4 carahamburuwe n’iyimikwa rya wa Mwami Mesiya Yezu Kirisitu mu mwaka w’1914. Egome, nk’uko vyari vyarabuwe muri Daniyeli ikigabane c’7, wa wundi wa Mbere na Mbere ico gihe yarahaye ubutegetsi Umwana w’Umuntu.—Daniyeli 7:13, 14; Matayo 16:27–17:9.
28 Imisi 2.300 yo muri Daniyeli ikigabane c’8 n’iyindi 1.290 hamwe n’1.335 yo mu Dn kigabane c’12, yose yararenganye, igihe cayo twarakirenganye. Umwihwezo wa Daniyeli ikigabane c’11 werekana yuko wa mushamirano w’“umwami w’i burārūko” n’“umwami w’i bumanuko” washitse ku ntambwe yawo ya nyuma. Ivyo vyose birongereza ikimenyamenya co mu Vyanditswe c’uko ubu tugeze kure mu gihe c’iherezo. Turimbuye ikibanza ntangere dufise mu rukurikirane rw’ibihe, dukwiye kwiyemeza gukora iki? Nta woharira ko dukwiye gutega yompi ijambo ry’ubuhanuzi rya Yehova Imana.
Wokwishura Gute?
• Imana ishaka ko abantu bose bamenya iki ku vyerekeye igihe cacu?
• Igitabu ca Daniyeli gishobora gute kwubaka ukwizera kwacu?
• Ca gishushanyo co mu ndoto ya Nebukadinezari cari kigizwe n’ibintu ibihe, kandi ivyo vyagereranya iki?
• Ni igiki cibonekeje ku vyerekeye iranguka ry’ubuhanuzi dusanga mu gitabu ca Daniyeli?