Umuziki Uhimbara Imana
Umuziki wadondowe ko ari “uwa kera kandi ukaba ari ikintu kiturimwo kuruta utundi tugenegene twiza twose.” Nka kurya kw’ururimi, ni ingabirano y’igitangaza ituma abantu batandukana n’inyamaswa. Umuziki uravyura utunyengetera. Urashobora kuryohera ugutwi, ukamara igihe mu muzirikanyi kandi ikiruta vyose, umuziki urashobora guhimbara Imana.
NK’UKO Bibiliya ivyerekana, Abisirayeli cari igisata gikunda umuziki. Inyizamvugo y’ivya Bibiliya imwe (Unger’s Bible Dictionary) ivuga yuko umuziki “wari ugize utugenegene twibonekeje mu bihe vya kera vya Bibiliya.” Kubera yuko umuziki wo kwikora mu gahogo n’uwukoreshwa ibicurarangisho yompi yakoreshwa mu gusenga kwabo, yari mu bigize ubuzima bwa misi yose. Mugabo agahogo k’abantu ni ko kakoreshwa mu buryo bwibonekeje kuruta ibindi.
Umwami Dawidi yaragenye abaserukizi mu Balewi kugira ngo “baganze ivyo kuririmba” mw’ihema, imbere yuko rwa rusengero rwubatswe na Salomo umuhungu wiwe rwinjirwa. (1 Ngoma 6:31, 32) Igihe rya sandugu ry’isezerano, iryagereranya ko Yehova ahari, ryashika i Yeruzalemu, Dawidi yararinganije ivy’uko Abalewi bamwebamwe “bibuts[a] abantu ivy’Uhoraho . . . bamukengurukire, bamu[shemeze].” Amashemezo batura mu kwikora mu gahogo bayuhiriza “amakembe n’inanga, . . . [n’]ivyitwa matowazi . . . [n’]inzumbete.” Abo bagabo “batōwe, bavuzwe amazina, kugira ngo bashimire Uhoraho y’ukw imbabazi ziwe zamah’ibihe bidashira.”—1 Ngoma 16:4-6, 41; 25:1.
Icitabirizo ngo “Imbabazi z[a Yehova] zamah’ibihe bidashira” giseruka incuro nyinshi muri Zaburi, ari co gitabu ca Bibiliya citirirwa umuziki kuruta ibindi. Nk’akarorero, ico citabirizo kigize agace ka kabiri k’imirongo yose ya Zaburi y’136 uko ari 26. Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga yuko “ubugufi bwako butuma koroha kuza karasubirwamwo, umuntu wese yaba yakumvise yarashobora kukibuka.”
Amajambo y’intangamarara y’amazaburi yerekana yuko ibicurarangisho vyakoreshwa cane. Zaburi y’150 iravuga ivy’inzamba, inanga, agashako k’ingoma, umwironge, ivyitwa matowazi, biza vyiyongera ku bifise imirya. Naho ari uko, icakwegera canecane ni agahogo k’abantu. Zb 150 Umurongo wa 6 uhimiriza uti: “Igihumeka cose ni gish[emeze] Uhoraho. [“Nimushemeze Yah yemwe bantu,” NW!]”
Kubera yuko umuziki userura inyiyumvo zacu, ivyiyumviro vy’intuntu mu bihe vya Bibiliya vyatuma haba ugucura intimba canke ukuririmba bisubiriza. Ariko, ubwo buryo bw’ukuririmba ntibwari bwinshi mu rutonde rw’umuziki wa Isirayeli. Igitabu kimwe gitohoza amajambo ya Bibiliya, Étude perspicace des Écritures,a kivuga yuko “mu gucura intimba ari ho ukuririmba bisubiriza kwakoreshwa aho gukoresha akajwi k’umuziki canke imihibongozo be n’ugushimika kw’imvugo isanzwe.”
Yezu n’abatumwa biwe b’abizerwa bararirimbiye Yehova amashemezo mw’ijoro rya buca Yezu apfa, tukaba tutokeka ko batera amajambo y’Amazaburi yitwa Haleli. (Zaburi 113-118) Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarakomeje abigishwa ba Yezu kugira ngo bahangane n’ukubura Shebuja wabo! Ikirushirije, umwiyemezo wabo wo kuguma ari abasavyi b’abizerwa ba Segaba Kaminuza w’ijuru n’isi, Yehova, utegerezwa kuba warongerekanye igihe baririmba incuro zitanu ca citabirizo kigira giti: “Kukw imbabazi ziwe zamah’ibihe bidashira.”—Zaburi 118:1-4, 29.
Abakirisu ba kare b’i Efeso n’ab’i Kolosayi bararirimbira ‘Imana amazaburi . . . n’amashemezo’ (ijambo ku rindi “indirimbo z’Imana”). Kuri izo bongerako ‘indirimbo z’ivy’impwemu’ zaririmbirwa mu mitima yabo. (Abanyefeso 5:19, UB; Ab’i Kolosayi 3:16) Biciye mu ndirimbo n’ukuvuga, barakoresheje mu buryo bukwiriye iminwa yabo kugira ngo bature amashemezo. Mbega Yezu ntiyavuze yuko “ibibōgabōga mu mutima [ar]i vyo akanwa kavuga”?—Matayo 12:34.
Umuziki Udahimbara Imana
Si imiziki yose ivugwa muri Bibiliya yahimbaye Imana. Rimbura ikintu cabaye ku musozi wa Sinayi, aho Musa yariko arahabwa Ivyagezwe, harimwo na ya Mabwirizwa Cumi. Igihe Musa yamanuka ava kuri uwo musozi yumvise iki? “S’urwamo rw’abadēdēsha akarūru ko kunesha,” “s’urw’abatakambishwa no kuneshwa,” mugabo “n’urw’abavyina.” Uwo wari umuziki ufitaniye isano n’ivy’ugusenga ibigirwamana, ikaba yari ingeso yatuma Imana idahimbarwa kandi yakwegeye urupfu nk’abantu 3.000 bawucuraranze.—Kuvayo 32:18, 25-28.
Naho abantu bashobora gutegura, gucuraranga no kunezererwa ubwoko bwose bw’umuziki, ivyo ntibica bituma bwose buhimbara Imana. Kubera iki? Paulo, intumwa y’Umukirisu asigura ati: “Bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana.” (Abaroma 3:23) Imihamuro y’ivy’irondoka y’abapagani, inyigisho y’ukudahwera kw’ubugingo bw’umuntu be n’ugusenga Mariya bwa “nyina w’Imana,” kenshi na kenshi bikoreshwa bwa vyiyumviro nyamukuru bishikirizwa mu miziki itunganywa. Yamara rero, ivyo abantu bemera hamwe n’iyo migenzo biratesha iteka ya Mana y’ukuri, kubera yuko binyuranye n’ibihishurwa mw’Ijambo ryayo ryahumetswe, ari ryo Bibiliya.—Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12; Ezekiyeli 18:4; Luka 1:35, 38.
Gukoresha Ubukerebutsi mu Guhitamwo Umuziki
Guhitamwo mu miziki ihari biratesha umutwe. Ibipfukisho vy’amadisiki bikorwa kugira ngo abaguzi bareshareshwe kugura ubwoko bwose bw’imiziki ifatwa. Mugabo, nimba umuntu asenga Imana yipfuza kuyihimbara, azokoresha ukwiyubara yongere ahitemwo n’ubukerebutsi kugira ngo yirinde imiziki ikoresha indirimbo canke ibicurarangisho ishingiye ku vyizerwa vy’idini y’ikinyoma canke yibanda canecane ku buhumbu no ku gusenga abadayimoni.
Albert, uwahoze akora bwa mumisiyonari w’Umukirisu muri Afirika, yiyemerera yuko igihe yariyo yari afise umwanya muto cane wo gucuraranga piyano. Ariko rero, yarumviriza yisubiriza kenshi ivyafashwe ku madisiki yagiye ajanye. Ubu yasubiye mu gihugu ciwe c’amavukiro, Albert agendera amashengero ya gikirisu bwa mucungezi w’ingenzi. Nta mwanya mwinshi aronka wo kwumviriza umuziki. Avuga ati: “Umucuraranzi nkunda cane ni Beethoven. Mu myaka n’iyindi, narakorakoranije amakaseti arimwo ubwoko butandukanye bw’Imiziki yiwe igizwe n’ihurirana ry’amajwi menshi, iy’ubwoko bwa concerto, sonate, canke iy’amajwi anane.” Kwumviriza ayo makaseti vyaramutera umunezero mwinshi. Ego ni ko, umuntu wese ari n’umuziki umuryohera, mugabo kubera turi Abakirisu, tugumiza mu muzirikanyi impanuro ya Paulo igira iti: “Iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.”—1 Ab’i Korinto 10:31.
Umuziki n’Ukwiyegura
Ikintu ca mbere Susie yakunda ni umuziki. Asigura ati: “Natanguye gucuraranga ipiyano mfise imyaka 6, igicurarangisho kivuzwa nk’indonongo (violon) mfise imyaka 10, ikivuzwa nk’inanga mfise 12. Mu nyuma Susie yinjiye ishure rikuru ry’umuziki ry’i Londre mu Bwongereza kugira ngo yige gucuraranga iyo nanga. Yigishijwe mu myaka ine n’umucuraranzi umwe rurangiranwa w’Umunyesupanyekazi, maze uwundi mwaka awumara kw’ishure ry’umuziki ry’i Paris, aronka urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza (licence) mu vy’umuziki be n’impapuro z’umutsindo mu vy’ukuvuza inanga n’ukwigisha piyano.
Susie yarifatanije n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova i Londre. Aho yarahasanze ukwitwararikana be n’urukundo nyakuri mu Vyabona. Buhorobuhoro, urukundo yakunda Yehova rwarongerekanye kandi umwete yari afitiye umurimo wamuvyurira kurondera uburyo bwo kumukorera. Ivyo vyashikanye ku kwiyegurira Imana no kubatizwa. Susie avuga ati: “Umuziki kuwugira umwuga ni uburyo bwo kubaho burimwo kwiyegura, ari co gituma ubuzima bwo kwiyegura butari bushasha kuri jewe.” Umwanya yamara mu kuremesha ibiteramo acuraranga wagiye uragabanuka uko yaja mu gikorwa ca gikirisu co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kugira ngo akurikize amabwirizwa ya Yezu.—Matayo 24:14; Mariko 13:10.
Muri iki gihe amara umwanya muto gusa acuraranga umuziki, yumva amerewe gute? Yiyemerera ati: “Rimwe na rimwe numva mbabajwe n’uko ntaronka umwanya mwinshi wo kwimenyereza, mugabo ndacivugiriza ibicurarangisho vyanje gutyo nkinovora akaziki. Umuziki ni ingabirano iva kuri Yehova. Ubu nashize umurimo wiwe mu kibanza ca mbere mu buzima bwanje, ndawinovora kuruta.”—Matayo 6:33.
Umuziki Uhimbara Imana
Albert na Susie kumwe n’ibindi Vyabona vya Yehova bababa imiliyoni zitandatu, ntibahorereza gushemeza Yehova Imana n’umuziki. Ku makoraniro ya gikirisu agirwa ku Ngoro z’Ubwami mu bihugu 234, aho bishoboka batangura bakongera bakarangiza amakoraniro yabo mu kuririmbira Yehova indirimbo. Mw’ijwi ryo hejuru n’iryo hasi, indirimbo ziryoheye ugutwi ziba zirimwo amajambo ashingiye ku Vyanditswe yo gushemeza Yehova Imana.
Abahari bose bararangurura amajwi yabo kugira baririmbane igishika yuko Yehova ari Imana itubungabunga (Ururirimbo 44). Bararirimba ururirimbo rwo gushemeza Yehova (Ururirimbo 190). Mu ndirimbo zabo, haremezwa icese iminezero n’amabanga bijana no kuba mu muryango w’abavukanyi b’Abakirisu, ukubaho rukirisu na kamere za gikirisu. Icongereza ukuryoherwa kwabo ni ubwoko butandukanye bw’umuziki Ivyabona vyo muri Aziya, Ostraliya, i Buraya no muri Amerika yo mu Buraruko n’iyo mu Bumanuko bakoresheje mu gutegura amajwi y’izo ndirimbo.b
“Ni muririmbire Uhoraho indirimbo nsha: yemwe abari mw isi mwese, muririmbire Uhoraho. Muririmbire Uhoraho, mushemagize izina ryiwe,” ni amajambo atangurira amashemezo ahambaye y’umwami yanditswe mu misi y’umwanditsi wa Zaburi. “Mumenyekanishe agakiza kiwe uko bukeye. Mwamamaze mu mahanga ubgiza bgiwe, n’ibikorwa bitangaje yakoze muvyamamaze mu moko yose.” (Zaburi 96:1-3) Ivyo ni vyo Ivyabona vya Yehova bariko barakora mu karere k’aho iwanyu, kandi baraguteye akamo ngo wifatanye na bo mu kuririmba ayo mashemezo. Urahawe ikaze ku Ngoro z’Ubwami zabo, aho ushobora kwigira ukuntu woshemeza Yehova ukoresheje umuziki umuhimbara.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Izo ndirimbo ziserurwa mu gitabu Louons Jéhovah par nos chants (Ririmbira Amashemezo Yehova), casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 20]
Ririmbira Amashemezo Yehova