ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/10 rup. 3-5
  • Woba Uri Umukirisu “Akuze”?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Uri Umukirisu “Akuze”?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Abakuze mu Bubasha bwo Gutahura”
  • Abamamaji n’Abigisha b’Abanyamwete
  • Abaguma Ari Intadohoka
  • Intahemuka
  • Tugaragaze Urukundo mu Bikorwa Dukora
  • Dukoreshe Ubutunzi Dufise Kugira Duteze Imbere Ugusenga Gutyoroye
  • Nutere Imbere Ugana ku Buhumure!
  • ‘Nutere uja imbere ugana ku buhumure’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Woba uriko urihatira kwigana Kristu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Nutume Iterambere Ryawe Riboneka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/10 rup. 3-5

Woba Uri Umukirisu “Akuze”?

“IGIHE nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya, nkibwira nk’uruyoya.” Ukwo ni ko intumwa Paulo yanditse. Mu vy’ukuri, twese twarigeze kuba inzoya ata co zishoboza. Ariko rero, ntitwagumye gutyo ibihe vyose. Paulo yavuze ati: “Ubu nacitse umugabo, narikuyeko uturanga tw’uruyoya.”​—1 Ab’i Korinto 13:11, NW.

Muri ubwo buryo nyene, Abakirisu bose batangura nk’inzoya zo mu vy’impwemu. Mugabo mu nyuma, bose barashobora “[gushika] ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho [ba]zoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo.” (Abanyefeso 4:13) Mu 1 Ab’i Korinto 14:20 (NW), dukeburwa duti: “Bavukanyi, ntimucike abana batoyi mu bubasha bwo gutahura . . . Mucike abakuze mu bubasha bwo gutahura.”

Ukuba hariho Abakirisu bahumuye, bakuze, ni umuhezagiro ku basavyi b’Imana muri iki gihe, canecane kubera hariho abashasha benshi. Abakirisu bakuze barongereza itekane ry’ishengero. Baragira akosho keza ku gatima ari yo nyifato yiganje y’ishengero iryo ari ryo ryose bakukira.

Naho ugukura mu buryo bw’umubiri hari ukuntu kwizana, ugukura kwo mu vy’impwemu kwo kuza gusa haciye igihe kandi hagizwe akigoro. Ntibitangaje rero kubona mu gihe ca Paulo, Abakirisu bamwebamwe barananiwe no ‘gutera imbere bagana ku buhumure’ (NW), naho bari barakoreye Imana imyaka myinshi. (Abaheburayo 5:12; 6:1) Weho bite? Waba umaze gukorera Imana imyaka myinshi canke mu gihe gito gusa, vyoba bibereye wisuzumye utibesha. (2 Ab’i Korinto 13:5) Woba vy’ukuri uri mu bashobora kwitwa Abakirisu bahumuye, canke bakuze? Nimba atari ukwo, ni gute ushobora kuba Umukirisu akuze?

“Abakuze mu Bubasha bwo Gutahura”

Uruyoya mu vy’impwemu biroroha ko ‘ruzungazungishwa n’imipfunda, ngo rujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kuruzimiza.’ Kubera ico, Paulo yahimirije ati: “Turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo.” (Abanyefeso 4:14, 15) Umuntu abigira gute? Mu Baheburayo 5:14 havuga hati: “Ivyo kurya bigumye n’ivy’abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.”

Urabona yuko ububasha bwo gutegera bw’abantu bahumuye bumenyerezwa biciye ku kubukoresha, canke ku tuntu n’utundi bibonera mu gushira mu ngiro ingingo za Bibiliya. Gutyo biragaragara yuko umuntu adacika uwuhumuye nk’aka kanya, bifata igihe kugira ngo akure mu vy’impwemu. Naho ari ukwo, urashobora gukora vyinshi kugira ngo utume ikura ryawe ryo mu vy’impwemu ryoroha, mu kwiyigisha​—canecane ibintu bigera ibwina vyo mw’Ijambo ry’Imana. Mu bihe vy’ejobundi Umunara w’Inderetsi warashikirije ibiganiro vyinshi bigoye kwumva. Abantu bahumuye ntibirinda ibiganiro nk’ivyo kubera birimwo “bimwebimwe bigoye itahura.” (2 Petero 3:16) Ahubwo, bamiragura mwene izo mfungurwa zigumye babishashaye!

Abamamaji n’Abigisha b’Abanyamwete

Yezu yabwirije abigishwa biwe ati: “Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza na vyonyene birashobora kunyarutsa ikura ryawe ryo mu vy’impwemu. Ni kuki none utokwihatira kukigiramwo uruhara mu buryo bwuzuye mu gihe uko ivyawe vyifashe bigukundiye?​—Matayo 13:23.

Rimwe na rimwe, imikazo yo mu buzima irashobora gutuma kuronka umwanya wo kwamamaza biba urugamba. Yamara rero, bivuye ku ‘kwihata’ (UB) bwa mwamamaji, uba ugaragaje agaciro uha “ubutumwa bgiza.” (Luka 13:24; Abaroma 1:16) Gutyo urashobora kubonwa nk’“[uwu]bereye abizera icitegererezo.”​—1 Timoteyo 4:12.

Abaguma Ari Intadohoka

Gukura gushika ku buhumure na vyo nyene bisaba kugira akigoro ko kuzigama ukutadohoka kwawe. Nk’uko vyanditswe muri Zaburi 26:1, Dawidi yavuze ati: “Uhoraho, uncire urubanza, kuk’ukugororoka kwanje ari kwo ngenderamwo.” Ukutadohoka ni ukudora mu vy’inyifato, ata gahaze. Ariko rero, ukutadohoka ntigusobanura ukutagira agasembwa. Dawidi ubwiwe yarakoze ivyaha nka bingahe bikomakomeye. Mugabo kubera yemeye igikangiro kandi agakosora inzira yiwe, yaragaragaje yuko umutima wiwe wari ugifitiye Yehova Imana urukundo rutagira uburyarya. (Zaburi 26:2, 3, 6, 8, 11) Ukutadohoka gusaba umutima wibanda ku Mana mu buryo bwuzuye, ata gahaze. Dawidi yabwiye umuhungu wiwe Salomo ati: “Ukwiye kumenya Imana ya so, uyisabane umutima utunganye.”​—1 Ngoma 28:9.

Kuguma uri intadohoka bisaba ‘kutaba uw’isi,’ mu kuguma witandukanije n’amapolitike y’amahanga be n’intambara zayo. (Yohana 17:16) Utegerezwa kandi kuzibukira ingeso zononekaye, nk’ubusambanyi, kurenga ibigo no gufata ibiyayura umutwe. (Ab’i Galatiya 5:19-21) Naho ari ukwo, kuguma uri intadohoka ntibisobanura gusa kwirinda ivyo bintu. Salomo yabuye ati: “Isāzi zipfuye zituma amavuta yinjijwe n’abahinga babimogoreye anuka umuduhu: ni ko n’ubupfu naho bgoba buke bgonona ubgenge n’icubahiro.” (Umusiguzi 10:1) Egome, “ubupfu naho bgoba buke,” nk’inyifato y’uguteburana mu buryo butabereye n’abo mudasangiye igitsina canke gukwegana na bo, bwoshobora gusiga iceyi umuntu w’“ubgenge.” (Yobu 31:1) Ni co gituma wogaragaza ko uhumuye mu kurondera kuba intangakarorero mu buryo bwose wigenza, mbere ukirinda “icitwa ikibi cose.”​—1 Ab’i Tesalonike 5:22.

Intahemuka

Umukirisu akuze kandi ni intahemuka. Nk’uko tubisoma mu Banyefeso 4:24, intumwa Paulo ahimiriza Abakirisu ati: “[Mwambare] wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu [“kudahemuka,” NW] kw’ukuri.” Mu Vyanditswe vy’Ikigiriki, ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ngo “ukudahemuka” ritanga iciyumviro c’ubweranda, ubugororotsi, ukwubaha cane. Umuntu w’intahemuka aribanga Imana cane, akayisenga; arakurikiza yitonze ibikorwa vyose ajejwe ku Mana.

Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe wotsimbataza ukudahemuka nk’ukwo? Uburyo bumwe bwoba mu gufashanya n’abakurambere bo mw’ishengero ukukira. (Abaheburayo 13:17) Kubera bemera icese yuko Kirisitu ari we Mutwe yagenywe w’ishengero rya gikirisu, Abakirisu bahumuye ni intahemuka ku bagenywe kugira ngo “[ba]ragire ishengero ry’Imana.” (Ivyakozwe 20:28) Ese ukuntu vyoba bitabereye guhigisha canke kubangamira ubukuru bw’abakurambere bagenywe! Ukwiye kandi kwiyumvamwo ukudahemuka kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” be no ku nzego zikoreshwa kugira ngo zikwiragize “imfungurwa [z’ivy’impwemu zitangwa] ku gihe kibereye.” (Matayo 24:45, NW) Niwihutire gusoma no gushira mu ngiro amayagwa usanze mu Munara w’Inderetsi no mu bisohokayandikiro bigenzi vyawo.

Tugaragaze Urukundo mu Bikorwa Dukora

Paulo yandikiye Abakirisu b’i Tesalonike ati: “Urukundo rw’umuntu wese muri mwebge mukundana ru[ra]gwira.” (2 Ab’i Tesalonike 1:3) Kwongerereza urukundo ni umuce uhambaye bidasanzwe w’ikura ryo mu vy’impwemu. Nk’uko vyanditswe muri Yohana 13:35, Yezu yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” Urukundo nk’urwo rwa kivukanyi ntirurangwa n’akanyengetera canke inyiyumvo gusa. Inyizamvugo imwe (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) ivuga iti: “Urukundo rushobora kumenyekanira gusa ku bikorwa rutuma umuntu akora.” Egome, utera imbere agana ku buhumure muri ivyo mu gushira mu ngiro urukundo!

Nk’akarorero, mu Baroma 15:7, dusoma uku: ‘Mwakirane.’ (UB) Uburyo bumwe bwo kugaragaza urukundo ni mu kuramutsa abo musangiye ukwizera n’abashasha baza ku makoraniro y’ishengero​—ubigiranye igishika n’ugushwangamuka! Nurondere kumenyana na bo umwe wese ukwiwe. “Niwiyumvire” ivy’abandi. (Ab’i Filipi 2:4) Kumbure urashobora mbere kwerekana ubwakiranyi, ugatumira abantu batandukanye muhira iwawe. (Ivyakozwe 16:14, 15) Udusembwa tw’abandi turashobora rimwe na rimwe kugerageza urukundo ubafitiye, niba rugera ibwina, mugabo uko wiga ‘kubababarira mu rukundo,’ uba ugaragaje yuko uriko urakura.​—Abanyefeso 4:2.

Dukoreshe Ubutunzi Dufise Kugira Duteze Imbere Ugusenga Gutyoroye

Mu bihe vya kera, si abasavyi b’Imana bose bashitsa ibanga bajejwe ryo gushigikira urusengero rwa Yehova. Ni co gituma Imana yarungitse abahanuzi, nka Hagayi na Malaki kugira ngo bakabure abasavyi bayo mu bijanye n’ivyo. (Hagayi 1:2-6; Malaki 3:10) Abakirisu bahumuye muri iki gihe barakoresha n’umunezero ubutunzi bafise mu gushigikira ugusenga Yehova. Niwigane abantu nk’abo mu gukurikiza ingingo yo mu 1 Ab’i Korinto 16:1, 2, yo kugira ico ‘ubitse’ ubudahorereza kugira ngo uterere ishengero wongere uterere igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose. Ijambo ry’Imana risezerana ibi: “Ūbiba nyinshi azokwimbura vyinshi.”​—2 Ab’i Korinto 9:6.

Ntiwirengagize ubundi butunzi ufise, nk’umwanya wawe n’inguvu zawe. Nugerageze ‘kugura umwanya,’ (NW) uwukura ku bikorwa bihambaye buhoro. (Abanyefeso 5:15, 16; Ab’i Filipi 1:10) Niwige kurushiriza kuba kirumara mu buryo ukoresha umwanya. Ivyo ubigize, vyotuma ushobora kugira uruhara mu migambi yo kubungabunga Ingoro z’Ubwami no mu bindi bikorwa nk’ivyo nyene biteza imbere ugusenga Yehova. Ukoresheje ubutunzi ufise muri ubwo buryo bizotanga ikindi kimenyamenya c’uko uriko uraba Umukirisu akuze.

Nutere Imbere Ugana ku Buhumure!

Abagabo n’abagore bashirutse ubute mu kwiga kandi bafise ubumenyi, ari abamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete, batagira akanenge mu kudahemuka kwabo, ari intahemuka kandi b’abanyarukundo, bafise n’umutima ukunze wo gushigikira mu vy’umubiri no mu vy’amahera igikorwa c’Ubwami, mu vy’ukuri ni umuhezagiro ukomeye. Ntibitangaje rero kubona intumwa Paulo yahimirije ati: “Ubu ko twaretse inyigisho y’intango yerekeye Kirisitu, dutere imbere tugana ku buhumure!”​—Abaheburayo 6:1, NW.

Woba uri Umukirisu akuze, ahumuye? Canke mu buryo kanaka uracari nk’uruyoya mu vy’impwemu? (Abaheburayo 5:13) Uko biri kwose, niwiyemeze kwijukira kwiyigisha, kwamamaza inkuru nziza no kugaragariza urukundo abavukanyi bawe. Niwakirize yompi impanuro n’ugukosorwa kwose uhabwa n’abantu bahumuye. (Imigani 8:33) Niwikorere umuzigo wose w’ibanga ry’Ubukirisu. Haciye igihe kandi ugize akigoro, na wewe urashobora “[gushika] ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho [u]zoshikira kuba [um]untu [a]kuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo.”​—Abanyefeso 4:13.

[Ifoto ku rup. 5]

Abahumuye baraterera ku gatima ishengero rifise mu kwitwararika abandi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika