Abakirisu Nyakuri Bose Ni Abamamaji b’Inkuru Nziza
“Muririmbire Uhoraho, mushemagize izina ryiwe: mumenyekanishe agakiza kiwe uko bukeye.”—ZABURI 96:2.
1. Ni inkuru nziza iyihe abantu bakeneye kwumva, kandi Ivyabona vya Yehova babaye akarorero gute mu vy’ugukwiragiza mwene iyo nkuru?
MW’ISI, aho usanga ivyago vyaduka ku musi ku musi, mu vy’ukuri birahumuriza kumenya yuko nk’uko Bibiliya ibivuga, indwano, ubugizi bwa nabi, inzara be n’agahahazo bigiye kuvaho. (Zaburi 46:9; 72:3, 7, 8, 12, 16) Kukaba nkako, iyo none si inkuru nziza umuntu wese akeneye kwumva? Ivyabona vya Yehova bibaza ko umuntu wese akeneye kuyumva. Barazwi hose ko ari abantu bamamaza “inkuru nziza z’ivyiza.” (Yesaya 52:7) Ego niko, Ivyabona benshi barahamwe bahorwa umwiyemezo bafise wo kuvuga inkuru nziza. Mugabo ico bafise ku mutima ni ineza y’abantu. Vyongeye, ese ukuntu Ivyabona bamenyekanye ko ari abanyamwete kandi ko bakomeye ku muheto!
2. Imwe mu mvo zituma Ivyabona vya Yehova bagira umwete ni iyihe?
2 Umwete Ivyabona vya Yehova bafise muri iki gihe umeze nk’uwo Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bafise. Ku vyerekeye abo Bakirisu bo mu kinjana ca mbere, ikinyamakuru kimwe ca Gatolika ya Roma (L’Osservatore Romano) caravuze ukuri giti: “Abakirisu ba mbere, igihe babatijwe baca bumva ko bajejwe ibanga ryo gukwiragiza Injili. Abashumba Injili barayivuga ku munwa.” Ni kuki Ivyabona vya Yehova ari abanyamwete gutyo, cokimwe n’Abakirisu bo mu ntango? Ica mbere co, bitumwa n’uko inkuru nziza batangaza iva kuri Yehova Imana ubwiwe. Mbega hoba hari iyindi mvo nziza kuruta iyo yotuma bagira umwete? Igihe bamamaza, baba bariko bashira mu ngiro amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Muririmbire Uhoraho, mushemagize izina ryiwe: mumenyekanishe agakiza kiwe uko bukeye.”—Zaburi 96:2.
3. (a) Ni imvo igira kabiri iyihe ituma Ivyabona vya Yehova bagira umwete? (b) ‘Ubukiriro bw’Imana’ ni kimwe mu biki?
3 Ayo majambo y’umwanditsi wa Zaburi aratwibutsa imvo igira kabiri ituma Ivyabona vya Yehova bagira umwete. Ubutumwa bashikiriza ni ubutumwa bw’ubukiriro. Abantu bamwebamwe usanga bakora mu vy’ubuvuzi, mu vy’imibano, mu vy’ubutunzi canke mu zindi nzego kugira ngo abandi bantu nka bo barushirize kubaho neza, kandi utwigoro nk’utwo turashimwa. Mugabo ikintu ico ari co cose umuntu ashobora gukorera uwundi usanga ari gitoyi cane ukigereranije n’“agakiza k’[Imana].” Biciye kuri Yezu Kirisitu, Yehova azokiza abagwaneza icaha, indwara n’urupfu. Abazobigirirwa bazobaho ibihe bidahera! (Yohana 3:16, 36; Ivyahishuriwe 21:3, 4) Muri iki gihe, ubukiriro ni kimwe mu “bikorwa bitangaje” Abakirisu bayagira abandi, igihe bashira mu ngiro aya majambo avuga ngo: “Mwamamaze mu mahanga ubgiza [bw’Imana], n’ibikorwa bitangaje yakoze muvyamamaze mu moko yose. Kuk’Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: n’uw’igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose.”—Zaburi 96:3, 4.
Akarorero ka Databuja
4-6. (a) Ni imvo iyihe igira gatatu ituma Ivyabona vya Yehova baba abanyamwete? (b) Yezu yerekanye gute ko afitiye umwete igikorwa co kwamamaza inkuru nziza?
4 Ivyabona vya Yehova ni abanyamwete kubera iyindi mvo igira gatatu. Bakurikira akarorero ka Yezu Kirisitu. (1 Petero 2:21) Uwo muntu atagira agasembwa yaremeye n’umutima wiwe wose igikorwa co “[kubwira] abaciye bugufi ubutumwa bgiza.” (Yesaya 61:1; Luka 4:17-21) Gutyo yaracitse umwamamaji w’inkuru nziza. Yaragendagenze i Galilaya n’i Yudaya hose “ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami.” (Matayo 4:23) Ikindi na co, kubera yari azi yuko benshi bokwakiriye neza iyo nkuru nziza, yabwiye abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”—Matayo 9:37, 38.
5 Mu buryo buhuje n’isengesho ubwiwe yatuye, Yezu yaramenyereje abandi kugira babe abamamaji b’inkuru nziza. Mu nyuma, yararungitse intumwa ziwe zirijana, azibwira ati: “Uko mugenda kwose mwigishe, mut’Ubgami bgo mw ijuru buri hafi.” Mbega vyoba vyari kurushiriza kuba ngirakamaro iyo bishingira imigambi yo kugabanya ingorane zo mu kibano zariho ico gihe? Canke boba bari bakwiye kwisuka mu vya politike kugira ngo barwanye ibiturire vyari vyabaye ndanse muri ico gihe? Oya. Ahubwo, Yezu yarerekanye ico Abakirisu bose b’abamamaji b’inkuru nziza bakwiye gukora, igihe yabwira abayoboke biwe ati: “Uko mugenda kwose mwigishe.”—Matayo 10:5-7.
6 Mu nyuma, Yezu yararungitse uwundi mugwi w’abigishwa gutangaza bati: “Ubgami bg’Imana bur[e]gere[j]e.” Igihe bagaruka baje gutanga raporo yuko berewe mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, Yezu yaragize umunezero ntangere. Yasenze ati: “Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.” (Luka 10:1, 8, 9, 21) Abigishwa ba Yezu, abahoze bakora bagatama ari abarovyi, abarimyi canke bagakora ubundi buzi, bari bameze nk’inzoya ubagereranije n’indongozi z’idini z’iryo hanga zari zarize amashure ahanitse. Mugabo abo bigishwa baramenyerejwe gutangaza inkuru nziza iruta izindi zose.
7. Yezu amaze kuduga mw’ijuru, ni bande abayoboke biwe babanje kubwira inkuru nziza?
7 Yezu amaze kuduga mw’ijuru, abayoboke biwe barabandanije gukwiragiza inkuru nziza y’ubukiriro. (Ivyakozwe 2:21, 38-40) Ni bande abo bigishwa babanje kubwira inkuru nziza? Boba bagiye ku mahanga atari azi Imana? Oyaye, indimiro babanje gukoreramwo yari Isirayeli, ahari abantu bari bamaze imyaka irenga 1.500 bazi Yehova. Boba bari bafise uburenganzira bwo kwamamaza mu gihugu abaho bari basanzwe basenga Yehova? Egome. Yezu yari yababwiye ati: “Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.” (Ivyakozwe 1:8) Isirayeli yari ikeneye kwumva inkuru nziza cokimwe n’irindi hanga iryo ari ryo ryose.
8. Ivyabona vya Yehova muri iki gihe bigana gute abayoboke ba Yezu bo mu kinjana ca mbere?
8 Muri ubwo buryo nyene, Ivyabona vya Yehova muri iki gihe baramamaza inkuru nziza kw’isi yose. Bakorana na wa mumarayika Yohani yabona “afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.” (Ivyahishuriwe 14:6) Mu mwaka w’2001, bakoreye mu bihugu n’ivyibare 235 ushizemwo na bimwebimwe bikunda kubonwa ko bitsimbatayemwo ubukirisu. Mbega Ivyabona vya Yehova boba bagira amakosa mu kwamamaza inkuru nziza mu mihingo aho Abiyita Abakirisu bamaze gushinga amashengero yabo? Bamwebamwe bavuga ko ari amakosa kandi mbere bagashobora gufata ko mwene ukwo kwamamaza inkuru nziza ari “ukwiba intama.” Ariko rero, Ivyabona vya Yehova baribuka inyiyumvo Yezu yagirira Abayuda bicisha bugufi bo mu gihe ciwe. Naho bari basanzwe bafise ubuherezi, Yezu ntiyagonanwa kubabwira inkuru nziza. “[Ba]mutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Matayo 9:36) Igihe Ivyabona vya Yehova baronse abantu bicisha bugufi batazi ivyerekeye Yehova n’Ubwami bwiwe, boba bakwiye kureka kubwira inkuru nziza abantu nk’abo kubera amadini amwamwe yivugisha yuko ari yo abafiseko ubukuru? Dukurikije akarorero k’intumwa za Yezu, ntitworeka kuyibabwira. Inkuru nziza itegerezwa kwamamazwa “mu mahanga yose,” ata na hamwe havuyemwo.—Mariko 13:10.
Abakirisu bo mu Ntango Bose Baramamaza Inkuru Nziza
9. Mu kinjana ca mbere, ni bande mw’ishengero rya gikirisu bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza?
9 Ni bande mu kinjana ca mbere bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza? Ivyabaye vyerekana yuko Abakirisu bose bari abamamaji b’inkuru nziza. Umwanditsi umwe W. S. Williams avuga ati: “Ikizwi ni uko muri rusangi Abakirisu bose bo mw’ishengero ryo mu yo mu ntango . . . bamamaza injili.” Ku vyerekeye ibintu vyabaye ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C., Bibiliya ivuga iti: “Bose [abagabo n’abagore] buzuzwa [im]pwemu [y]era, batangura kuvuga izindi ndimi, uko [im]pwemu [i]bahaye kuzivuga.” Mu bamamaji b’inkuru nziza hahavuye hajamwo abagabo n’abagore, abato n’abakuze, abashumba n’abidegemvya. (Ivyakozwe 1:14; 2:1, 4, 17, 18; Yoweli 2:28, 29; Ab’i Galatiya 3:28) Igihe uruhamo rwatuma biba ngombwa ko Abakirisu benshi bahunga bakava i Yeruzalemu, “abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana.” (Ivyakozwe 8:4) “Abāsābagiye” bose baramamaza inkuru nziza, ntivyagirwa gusa n’abantu bakeyi bagenywe.
10. Ni igikorwa ikihe kirimwo bibiri caranguwe imbere yuko ivyo mu gihe c’Abayuda biherengetezwa?
10 Ivyo ni ko vyagenze muri iyo myaka yose yo mu ntango. Yezu yari yaramenyesheje ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Ayo majambo yararangutse mu kinjana ca mbere mu buryo bw’uko inkuru nziza yari yaramamajwe hose imbere yuko ingabo z’Abaroma zikuraho ivy’idini ry’Abayuda be na politike yabo. (Ab’i Kolosayi 1:23) Ikindi kandi, abayoboke ba Yezu bose baragamburutse ibwirizwa ryiwe rigira riti: “Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu m]ahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Abakirisu bo mu ntango ntibahimiriza abantu b’abagwaneza kwizera Yezu, hanyuma ngo bace babareka ngo bitorere uburyo bokorera Imana, nk’uko abavugabutumwa bamwebamwe bo mu gihe ca none babigira. Ahubwo, barabigisha gucika abigishwa ba Yezu, bakabakorakoraniriza mu mashengero, hanyuma bakabamenyereza kugira ngo na bo bazoshobore kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa. (Ivyakozwe 14:21-23) Ivyabona vya Yehova muri iki gihe bakurikira ico citegererezo.
11. Ni bande muri iki gihe bagira uruhara mu gutangariza abantu inkuru nziza iruta izindi zose?
11 Ivyabona vya Yehova batari bake baragiye gukorera mu bihugu vyo mu mahanga ari abamisiyonari, bakurikiza uturorero tw’abo mu kinjana ca mbere nka Paulo, Barunaba n’abandi. Igikorwa cabo carabaye ngirakamaro koko, kubera batisutse mu vya politike canke mu bundi buryo ngo bace kubiri n’igikorwa bashinzwe co kwamamaza inkuru nziza. Ico bakoze gusa, ni ukugamburuka ibwirizwa rya Yezu rigira riti: “Uko mugenda kwose mwigishe.” Ariko rero, abatari bake mu Vyabona vya Yehova si abamisiyonari bakorera mu mahanga. Benshi muri bo baronka ikibabeshaho mu gukora akazi k’umubiri, abandi na bo baracari ku ntebe y’ishure. Bamwebamwe bareze abana babo. Mugabo Ivyabona bose barabwira abandi inkuru nziza bamenye. Abato n’abakuze, abagabo n’abagore, barakurikiza banezerewe ico Bibiliya iduhimiriza iti: “Uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye.” (2 Timoteyo 4:2) Nka kumwe kwa ba bandi babatangurira bo mu kinjana ca mbere, barabandanya “[ba]dahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu, kw ari we Kristo.” (Ivyakozwe 5:42) Bariko baratangariza abantu inkuru nziza iruta izindi zose.
Boba Bakwegera Abantu mw’Idini Ryabo Canke Bamamaza Inkuru Nziza?
12. Ivyo gukwegera abantu mw’idini vyahavuye bibonwa gute?
12 Mu bihe vya none, bamwebamwe bavuga ko gukwegera abantu mw’idini ari bibi. Hari icete casohowe n’Inama y’Amadini yo kw’Isi kivuga mbere ivyerekeye ‘icaha co gukwegera abantu mw’idini.’ Kubera iki? Ikinyamakuru kimwe (Catholic World Report) kivuga giti: “Bivuye ku myidogo y’urutavanako y’Aborotodogisi, ‘gukwegera abantu mw’idini’ vyahavuye bivugwa ko ari guhindura abantu ku gahato.”
13. Ni uturorero tumwetumwe utuhe tw’abakwegeye abantu mw’idini mu buryo bubi?
13 Gukwegera abantu mw’idini vyoba ari bibi? Birashobora kuba bibi. Yezu yavuze yuko ugukwegera abantu mw’idini kwagirwa n’abanyabwenge b’ivyanditswe be n’Abafarizayo kwagirira nabi abantu bahindurwa. (Matayo 23:15) Nta nkeka, ‘guhindura abantu ku gahato’ vyovyo biragaragara ko ari bibi. Nk’akarorero, dukurikije uko umutohozakahise Josèphe abivuga, igihe Jean Hyrcan wo mu bakomoka kuri Maccabée yatsinda Abanyadumaya, “yabemereye kuguma mu gihugu cabo mu gihe gusa baba bemeye gukebwa kandi biteguriye kwitondera ivyagezwe vy’Abayuda.” Abanyadumaya bashatse kubaho batwarwa n’Abayuda, botegerejwe gukurikira idini y’Abayuda. Abatohozakahise batubwira yuko mu kinjana kigira umunani mu G.C., Charlemagne yanesheje abantu bitwa aba Saxons b’abapagani bo mu Buraya bwo mu buraruko hanyuma abahatira ku guhindura idini abacunaguza.a Ariko none aba Saxons canke Abanyadumaya boba bahinduye idini bivuye ku mutima? Nk’akarorero, mbega Umwami Herode w’Umunyadumaya yoba yari afise umutima utagira uburyarya wo kwumira ku Vyagezwe vya Musa vyahumetswe n’Imana, n’ingene yagerageje kwicisha akana Yezu?—Matayo 2:1-18.
14. Abamisiyonari bamwebamwe bo mu Biyita Abakirisu bahatira abantu gute ku guhindura idini?
14 Abantu boba bahindurwa ku gahato muri iki gihe? Kuri bamwebamwe ni ko bigenda. Abamisiyonari bamwe bo mu Biyita Abakirisu bivugwa ko baha abemeye kuba abanywanyi uburyo bwo kuja kwiga mu mahanga. Canke naho, barashobora kubanza gushikiriza impunzi ziriko zicwa n’ikigoyi insiguro y’ivy’Imana imbere yuko zironka udufungurwa. Nk’uko vyashikirijwe mu 1992 n’inama y’Abasenyeri b’Aborotodogisi, “ugukwegera abantu mw’idini rimwe na rimwe bigirwa biciye ku kubahendahendesha ibintu vy’umubiri rimwe na rimwe bigaca mu buryo butandukanye bw’ubukazi.”
15. Ivyabona vya Yehova boba bakwegera abantu mw’idini ryabo? Sigura.
15 Guhatira abantu ku guhindura idini yabo ni bibi. Nta nkeka, Ivyabona vya Yehova ntibakora muri mwene ubwo buryo.b Ni co gituma tutovuga ko bakwegera abantu mw’idini ryabo. Ahubwo, nka kumwe kw’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, bamamaza inkuru nziza ku muntu wese. Umuntu wese avyakiriye neza avyigombeye, aratumirwa kwironsa ubumenyi bwiyongereye biciye ku kwiga Bibiliya. Abantu mwene abo bashimishwa bariga kwizera Imana n’imigambi yayo, ukwo kwizera kwabo kukaba gushingira ku bumenyi ntagakosa bwa Bibiliya. Bituma bambaza izina ry’Imana Yehova kugira ngo baronke ubukiriro. (Abaroma 10:13, 14, 17) Ni bo bihitiramwo kwemera canke kutemera inkuru nziza. Nta gahato karimwo. Iyaba harimwo agahato, uguhindura abantu nta co kwoba kumaze. Kugira ngo ugusenga kw’umuntu kwemerwe n’Imana, gutegerezwa kuba kuvuye ku mutima.—Gusubira mu Vyagezwe 6:4, 5; 10:12.
Kwamamaza Inkuru Nziza mu Bihe vya None
16. Igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza c’Ivyabona vya Yehova congerekanye gute muri ibi bihe vya none?
16 Muri ibi bihe vya none, Ivyabona vya Yehova baramamaje inkuru nziza y’Ubwami ku buryo icanditswe co muri Matayo 24:14 cagize iranguka rinini kuruta. Igikoresho cibonekeje bakoresheje mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza cabaye ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi.c Igihe inomero za mbere z’Umunara w’Inderetsi zasohorwa mu 1879, hakwiragizwa nk’ibinyamakuru 6.000 mu rurimi rumwe. Mu mwaka w’2001, ni ukuvuga inyuma y’imyaka irenga 122, ivyakwiragijwe vyashitse ku 23.042.000 mu ndimi 141. Iryo yongerekana ryagiye ribangabangana n’iterambere ryo mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza Ivyabona vya Yehova barangura. Raba ubudasa buri hagati y’amasaha ibihumbi nka bingahe bamara uko umwaka utashe mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu kinjana ca 19 be n’amasaha 1.169.082.225 bahebeye ico gikorwa co kwamamaza mu mwaka w’2001. Rimbura incahagati y’inyigisho za Bibiliya 4.921.702 zarongowe ku buntu ku kwezi ku kwezi. Ese ukuntu ari igikorwa ciza kinini caranguwe! Kandi cakozwe n’abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete 6.117.666.
17. (a) Ni imana zitari zo izihe zisengwa muri iki gihe? (b) Umuntu wese yaba avuga ururimi uruhe, afise ubwenegihugu ubuhe canke ari uwo mu rwego uruhe mu kibano, akeneye kumenya iki?
17 Umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Ibigirwamana vyose vy’amahanga [ni] ubusa, arik’Uhoraho ni we yaremye amajuru.” (Zaburi 96:5) Mw’isi yo muri iki gihe, ukwiratira igihugu, ibimenyetso biranga ibihugu, abantu bakomakomeye, ibintu vy’umubiri eka n’ubutunzi ubwabwo, abantu basigaye babisenga. (Matayo 6:24; Abanyefeso 5:5; Ab’i Kolosayi 3:5) Mohandas K. Gandhi igihe kimwe yavuze ati: “Iciyumviro mfise ntakekeranya ni uko . . . muri iki gihe, mu buraya hatsimbataye Ubukirisu bwo kw’izina gusa. Mu vy’ukuri basenga amaronko [itunga].” Ikizwi co ni uko inkuru nziza ikeneye kwumvikana ahantu hose. Umuntu wese yaba avuga ururimi uruhe, afise ubwenegihugu ubuhe canke ari uwo mu rwego uruhe mu kibano, arakeneye kumenya ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe. Twipfuza yuko bose bokurikiza amajambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Mwaturire Uhoraho ingen’afise icubahiro n’inkomezi. Mwaturire Uhoraho ingen’izina ryiwe ribereye icubahiro.” (Zaburi 96:7, 8) Ivyabona vya Yehova barafasha abandi kwiga ivyerekeye Yehova kugira ngo bashobore kumuninahaza mu buryo bubereye. Abavyakira neza na bo barahungukira cane. Ni ivyiza ibihe binovora? Ivyo ni vyo ikiganiro gikurikira gica irya n’ino.
[Utujambo tw’epfo]
a Nk’uko inkoranyabumenyi imwe (The Catholic Encyclopedia) ibivuga, muri ca gihe c’Ishingwa ry’Ubuporotisanti, uguhatira abantu kw’idini kwaraseruwe n’icivugo co mu Kilatini kigira giti: Cuius regio, illius et religio (Ahanini kikaba gisobanura ngo: “Umuntu wese ategeka igihugu ni we kandi afata ingingo y’idini abakibamwo bakurikira.”)
b Mu nama yabaye ku wa 16 Munyonyo 2000 yagizwe n’Umugwi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika Ujejwe Umwidegemvyo w’Amadini yo mu Mahanga Yose, hari umwe mu bari bayitavye yerekanye itandukaniro riri hagati y’abagerageza guhatira abantu ku guhindura idini be n’igikorwa Ivyabona vya Yehova bakora. Bavuze yuko igihe Ivyabona vya Yehova bamamaza ku bandi, babigira mu buryo umuntu ashobora kuvuga gusa ngo “Ntibinshimisha” agaheza akiyugarira urugi.
c Umutwe wose w’ico kinyamakuru ni Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova.
Woba Ushobora Kubisigura?
• Ni kuki Ivyabona vya Yehova ari abamamaji b’inkuru nziza b’abanyamwete?
• Ni kuki Ivyabona vya Yehova bamamaza n’ahantu Abiyita Abakirisu bamaze gushinga amashengero?
• Ni kuki tutovuga ko Ivyabona vya Yehova bakwegera abantu mw’idini ryabo?
• Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza c’Ivyabona vya Yehova cateye imbere gute mu bihe vya none?
[Ifoto ku rup. 19]
Yezu yari umwamamaji w’inkuru nziza w’umunyamwete vyongeye yaramenyereje abandi gukora igikorwa nk’ico nyene
[Ifoto ku rup. 20]
Abantu bose bo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere baragira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza
[Ifoto ku rup. 21]
Guhatira abantu ku guhindura idini barimwo ni bibi