ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/2 rup. 27-31
  • Mwoba Mwararonse ‘Impwemu y’Ukuri’?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mwoba Mwararonse ‘Impwemu y’Ukuri’?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impwemu Irashinga Intahe
  • Impwemu be n’Izindi Ntama
  • Kugirira Neza Abavukanyi ba Kirisitu
  • ‘Ntibatunganywa Rwose Tutari Kumwe’
  • Kunywana mu Mpwemu ku Cibutso
  • “Impwemu ubwayo irashinga intahe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ugukoraniriza hamwe ibiri mw’ijuru n’ibiri mw’isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • ‘Ngize Isezerano Namwe ry’Ivy’Ubwami’
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Imfungurwa Z’umukama Zo Ku Mugoroba Zisigura Iki Kuri Wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/2 rup. 27-31

Mwoba Mwararonse ‘Impwemu y’Ukuri’?

“Data . . . azobaha uwundi [m]witsa, ngw az’abane namwe ibihe bidashira, ni [yo m]pwemu [y]’ukuri.”​—YOHANA 14:16, 17.

1. Ni amakuru ahambaye ayahe Yezu yahaye abigishwa biwe mu gihe c’amasaha ya nyuma yamaranye na bo muri ca cumba co hejuru?

“MUGENZI, uja hehe?” Ico ni kimwe mu bibazo intumwa za Yezu zamubajije mu gihe c’amasaha ya nyuma yamaranye na bo muri ca cumba co hejuru i Yeruzalemu. (Yohana 13:36) Igihe iryo koraniro ryari rigeze kure, Yezu yarabamenyesheje yuko vyari ngombwa ko abavamwo agasubira kwa Se. (Yohana 14:28; 16:28) Ntiyobaye akiri kumwe na bo, babonana amaso mu yandi kugira ngo abigishe yongere yishure ibibazo vyabo. Ariko rero, yarabasubirije umutima mu nda, avuga ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi [m]witsa [canke kiremesha], ngw az’abane namwe ibihe bidashira.”​—Yohana 14:16.

2. Ni igiki Yezu yasezeranye kurungikira abigishwa biwe amaze kugenda?

2 Yezu yaramenyesheje uwo mwitsa uwo ari we yongera arasigura ukuntu yosahirije abigishwa biwe. Yababwiye ati: “Uhereye ubga mbere sinaribgabibabgire, kuko nari nkiri kumwe namwe. None ngira ngende ku wantumye, . . . Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, [u]mwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira. . . . [Iyo m]pwemu [y]’ukuri ni yaza, [i]zobarōngōra [i]bashitse ku kuri kwose.”​—Yohana 16:4, 5, 7, 13.

3. (a) ‘Impwemu y’ukuri’ yarungikiwe Abakirisu bo mu ntango ryari? (b) Ni mu buryo bumwe buhambaye ubuhe impwemu yabaye “umwitsa” kuri bo?

3 Uwo muhango warangutse kuri Pentekote yo mu 33 G.C., nk’uko intumwa Petero yavyemeje ati: “Uwo Yesu Imana yaramuzuye, natwe twese tur’ivyabona vyo gushingira intahe ivyo. Nukw amaze gushirwa hejuru n’ukuboko kw’i buryo kw’Imana, kand’ashikirijwe na Se isezerano, ari ryo [m]pwemu [y]era, non’asutse ico muriko murabona kandi mwumva.” (Ivyakozwe 2:32, 33) Nk’uko tuja kubibona handi hato, impwemu yera yasutswe kuri Pentekote, yararanguriye ibintu vyinshi Abakirisu bo mu ntango. Mugabo Yezu yasezeranye yuko ‘impwemu y’ukuri yobibukije ivyo yari yarababariye vyose.’ (Yohana 14:26) Yotumye bashobora kwibuka ubusuku bwa Yezu be n’inyigisho ziwe, mbere bakibuka n’amajambo yavuze hanyuma bakayashira mu nyandiko. Ivyo vyobaye ngirakamaro canecane ku ntumwa Yohani yari yisaziye, igihe ku mpera z’ikinjana ca mbere G.C. yatangura kwandika inkuru yo mu Njili yiwe. Iyo nkuru irimwo za mpanuro z’agaciro Yezu yatanze igihe yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe.​—Yohana, ikigabane ca 13 gushika ku 17.

4. ‘Impwemu y’ukuri’ yafashije gute Abakirisu basizwe bo mu ntango?

4 Yezu kandi yasezeraniye abo bigishwa bo mu ntango yuko impwemu ‘yobigishije vyose’ kandi ‘ikabarongora ku kuri kwose.’ Impwemu yobafashije gutahura ibintu bigera ibwina vyo mu Vyanditswe no kuzigama ubumwe bafitaniye mu guhuza ivyiyumviro, ugutahura be n’imigambi. (1 Ab’i Korinto 2:10; Abanyefeso 4:3) Gutyo impwemu yera yarahaye abo Bakirisu bo mu ntango ububasha bwo gukora nk’umugwi ugize “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” kugira ngo uhe umwumwe wese mu Bakirisu basizwe “imfungurwa [z’ivy’impwemu] ku gihe kibereye.”​—Matayo 24:45, NW.

Impwemu Irashinga Intahe

5. (a) Ni icizigiro gishasha ikihe Yezu yahishuriye abigishwa biwe mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani, mu 33 G.C.? (b) Ni uruhara uruhe impwemu yera yogize mu vy’ukurangura umuhango Yezu yatanze?

5 Mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani, mu 33 G.C., Yezu yarabwiye abigishwa biwe adakikiriza yuko mu nyuma yobakiriye hanyuma bakabana na we bari kumwe na Se mw’ijuru. Yababwiye ati: “I muhira kwa Data har’amazu menshi, iy’aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu. Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.” (Yohana 13:36; 14:2, 3) Bofatanije na we kuganza mu Bwami bwiwe. (Luka 22:28-30) Kugira ngo bagire ico cizigiro c’ijuru, botegerejwe ‘kuvyarwa n’impwemu’ bakaba abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu kandi botegerejwe gusigwa impwemu kugira ngo bakore ari abami n’abaherezi bafatanije na Kirisitu mw’ijuru.​—Yohana 3:5-8; 2 Ab’i Korinto 1:21, 22; Tito 3:5-7; 1 Petero 1:3, 4; Ivyahishuriwe 20:6.

6. (a) Uguhamagarirwa ijuru kwatanguye ryari, kandi ni bangahe barihamagariwe? (b) Abo bahamagawe babatijwe mu biki?

6 Ukwo ‘guhamagarirwa ijuru’ (UB) kwatanguye kuri Pentekote mu 33 G.C., ahanini biboneka ko kwarangiye hagati y’imyaka y’1930. (Abaheburayo 3:1) Igitigiri c’abashizweko ikimenyetso n’impwemu yera kugira ngo babe abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ni 144.000, “bācunguwe mu bantu.” (Ivyahishuriwe 7:4; 14:1-4) Abo bantu babatijwe mu mubiri wa Kirisitu w’impwemu, mw’ishengero ryiwe, no mu rupfu rwiwe. (Abaroma 6:3; 1 Ab’i Korinto 12:12, 13, 27; Abanyefeso 1:22, 23) Bamaze kubatizwa mu mazi no gusigwa impwemu yera, baciye baja mu ngendo yo kwitanga, akaba ari ukubaho batadohoka gushika ku gupfa kwabo.​—Abaroma 6:4, 5.

7. Ni kuki Abakirisu basizwe ari bo bonyene bakwiriye kwihereza ku bimenyetso ku Cibutso?

7 Bwa Bisirayeli bo mu vy’impwemu, abo Bakirisu basizwe bari mw’isezerano rishasha ryagizwe hagati ya Yehova na “Isiraeli y’Imana.” (Abagalati 6:16, UB; Yeremiya 31:31-34) Isezerano rishasha ryemejwe n’amaraso ya Kirisitu yasheshwe. Yezu ivyo yarabicishijemwo igihe yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe. Luka yandika ati: “Yābīra umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababgira, at’Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe: murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje. N’igikombe akigenza artyo bahejeje kurya, arababgira, at’Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.” (Luka 22:19, 20) Abagisigaye kw’isi muri ba bandi 144.000, ni bo bonyene bakwiriye kwihereza ku bimenyetso bigizwe n’umukate be n’umuvinyu ku Cibutso c’urupfu rwa Kirisitu.

8. Abasizwe bamenya gute yuko bahamagariwe ijuru?

8 Abasizwe bamenya gute yuko bahamagariwe ijuru? Impwemu Yera irabashingira intahe ata kwihenda. Intumwa Paulo yandikiye mwene abo bantu ati: “Abarōngōrwa [n’im]pwemu [y]’Imana bose ni bo bana b’Imana. . . . [Im]pwemu ubg[ayo] [i]bgiririkanya n’impwemu yacu, ar’icabona, yuko tur’abana b’Imana. Ariko ko tur’abana bayo, tur’abaragwa; tur’abaragwa b’Imana, tur’abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubgiza na we.” (Abaroma 8:14-17) Iyo ntahe ishingwa n’impwemu irakomeye cane ku buryo abafise amakenga na makeyi yo kumenya niba barahamagariwe ijuru, bashobora gushika ku ciyumviro cumvikana c’uko batarihamagariwe, maze gutyo bigatuma bareka kwihereza kuri ivyo bimenyetso ku Cibutso.

Impwemu be n’Izindi Ntama

9. Ni imigwi ibiri iyihe itandukanye ivugwa mu Njili no mu gitabu c’Ivyahishuriwe?

9 Kubera Yezu yari azi ko Abakirisu bahamagariwe kugira Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ari bake, yabise “ubusho buto.” Baremererwa kuja mu “rugo” rw’isezerano rishasha, rutajamwo “izindi ntama” zidaharurwa abo Yezu yavuze ko ategerezwa na bo kubatororokanya. (Luka 12:32; Yohana 10:16) Abo mu zindi ntama batororokanywa mu gihe c’iherezo bazogira “ishengero ryinshi” rigenewe kurokoka wa “mubabaro mwinshi,” bafise ivyizigiro vyo kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo kw’isi. Birashimishije kubona ivyo Yohani yeretswe ku mpera z’ikinjana ca mbere G.C. vyerekana ko ishengero ryinshi ritandukanye na vya 144.000 bagize Isirayeli yo mu vy’impwemu. (Ivyahishuriwe 7:4, 9, 14) Mbega izindi ntama na zo zoba zironka impwemu yera? Kandi nimba ziyironka, igira ico ikoze gute ku buzima bwazo?

10. Izindi ntama babatizwa gute “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era”?

10 Impwemu yera iragira uruhara ruhambaye koko mu buzima bw’abagize izindi ntama. Bagereranya ukwiyegurira Yehova kwabo mu kubatizwa “mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era.” (Matayo 28:19) Baremera icese ubusegaba bwa Yehova, bakagamburukira Kirisitu ko ari we Mwami wabo akaba n’Umucunguzi wabo, kandi mu buzima bwabo bakorohera igikorwa c’impwemu y’Imana, ari yo nguvu yayo ikora. Ku musi ku musi, baragerageza gutsimbataza mu buzima bwabo ‘ivyamwa vy’impwemu,’ ni ukuvuga “urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda.”​—Ab’i Galatiya 5:22, 23.

11, 12. (a) Abasizwe bezwa gute mu buryo budasanzwe? (b) Ni mu buryo ki izindi ntama zezwa kandi zikagirwa zeranda?

11 Izindi ntama zitegerezwa kandi kureka Ijambo ry’Imana n’impwemu yera yayo bikazityorora, canke bikazeza. Abasizwe basanzwe bejejwe mu buryo budasanzwe, bakitwa abagororotsi n’abera, bagize umugeni wa Kirisitu. (Yohana 17:17; 1 Ab’i Korinto 6:11; Abanyefeso 5:23-27) Umuhanuzi Daniyeli avuga ko ari “abera b’Īsumba vyose,” baronka Ubwami barongowe n’“Umwana w’umuntu,” ari we Kirisitu Yezu. (Daniyeli 7:13, 14, 18, 27) Imbere y’aho, biciye kuri Musa na Aroni, Yehova yamenyesheje ihanga rya Isirayeli ati: “Nd’Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’uwera.”​—Abalewi 11:44.

12 Ijambo “iyezwa” mu bisanzwe risobanura “igikorwa canke uburyo bwo guhindura ikintu icera, kugitandukanya n’ibindi, canke ku gishira ku ruhande ku bw’umurimo wa Yehova Imana canke kugira agikoreshe; ni ukuba uwera, uwejejwe canke uwutyoroye.” Guhera mu 1938, Umunara w’Inderetsi wavuze yuko ba Yonadabu, canke izindi ntama, “bategerezwa kumenya yuko ukwiyegura be n’ukwiyeza bisabwa umuntu wese azocika uwo mu bagize ya masinzi menshi kandi azoba kw’isi.” Muri rya yerekwa ry’ishengero ryinshi ryanditswe mu gitabu c’Ivyahishuriwe, bavugwa ko “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi” kandi ko barangurira Yehova “[“umurimo mweranda,” NW] mu rusengero rwiwe ku murango no mw’ijoro.” (Ivyahishuriwe 7:9, 14, 15) Bafashijwe n’impwemu yera, izindi ntama barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bashitse ivyo Yehova asaba mu bijanye n’ukuba abera.​—2 Ab’i Korinto 7:1.

Kugirira Neza Abavukanyi ba Kirisitu

13, 14. (a) Dukurikije umugani wa Yezu werekeye intama be n’impene, ubukiriro bw’izindi ntama buhagaze ku ki? (b) Muri iki gihe c’iherezo, izindi ntama zagiriye neza gute abavukanyi ba Kirisitu?

13 Yezu yarashize ahabona ubucuti bwa somambike buri hagati y’izindi ntama be n’ubusho buto muri wa mugani yaca werekeye intama n’impene, urimwo na bwa buhanuzi bwiwe bwerekeye “insozero ry’urunkwekwe rw’ibintu.” (NW) Muri uwo mugani, Kirisitu yarerekanye mu buryo butomoye yuko ubukiriro bw’izindi ntama bufitaniye isano cane n’uburyo bafata abasizwe, abo yise “bene Data.” Yavuze ati: “Umwami azobgira abar’i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi. . . . Ndababgire ukuri: ko mwabigiriye umwe mur’aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.”​—Matayo 24:3; 25:31-34, 40.

14 Ayo majambo ngo “ko mwabigiriye” yerekeza ku bikorwa vyo gushigikira bimwe biranga urukundo abavukanyi ba Kirisitu bavyawe n’impwemu, abo isi ya Shetani yafashe nka ba kavantara, mbere igata bamwebamwe muri bo mu munyororo. Barakenye imfungurwa, ivyambarwa bikwiye be n’ukubungwabungwa mu vy’amagara. (Matayo 25:35, 36) Muri iki gihe c’iherezo, guhera mu 1914, benshi mu basizwe baramerewe gutyo. Inkuru yo mu gihe ca none y’Ivyabona vya Yehova iremeza yuko bashigikiwe na bagenzi babo b’intahemuka, ni ukuvuga izindi ntama, uko basunikwa n’impwemu.

15, 16. (a) Izindi ntama zafashije canecane abavukanyi basizwe ba Kirisitu bari kw’isi mu kihe gikorwa? (b) Abasizwe baseruye gute ugukenguruka bafitiye izindi ntama?

15 Abavukanyi ba Kirisitu basizwe bari kw’isi muri iki gihe c’iherezo barashigikiwe bimwe biboneka n’izindi ntama, mu kurangura ibanga bashinzwe n’Imana ryo ‘[kwamamaza] ubutumwa bwiza bw’ubwami mw’isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose.’ (Matayo 24:14; Yohana 14:12) Naho igitigiri c’abasizwe bari kw’isi cagiye kigabanuka uko imyaka yagiye irahera, ic’abo mu zindi ntama carongerekanye ku buryo bashika ku mamiliyoni. Ibihumbi n’ibihumbi muri abo barakoze ari abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose, bakora ari abatsimvyi n’abamisiyonari, barakwiragiza inkuru nziza y’Ubwami “gushitsa ku mpera y’isi.” (Ivyakozwe 1:8) Abandi baragira uruhara mu gikorwa co gushinga intahe uko bashoboye kwose kandi babigiranye umunezero bagashigikira mu vy’amahera ico gikorwa gihambaye.

16 Ese ukuntu abavukanyi basizwe ba Kirisitu bakurira ubwatsi bagenzi babo bo mu zindi ntama kubera babashigikira badahemuka! Inyiyumvo zabo zaraseruwe neza mu gitabu Sécurité universelle sous le Règne du “Prince de paix” casohowe n’umugwi w’umushumba mu 1986. Kivuga giti: “Guhera ku Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose, iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye ‘insozero y’urunkwekwe rw’ibintu,’ ahanini ryavuye ku ruhara ‘ishengero ryinshi’ ryo mu ‘zindi ntama’ ryaranguye. . . . Turakengurukiye rwose rero ‘ishengero ryinshi’ riva mu mahanga yose, mu ndimi zose kubera uruhara ruhambaye ryagize mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwa [Yezu] buvugwa muri Matayo 24:14!”

‘Ntibatunganywa Rwose Tutari Kumwe’

17. Ni mu buryo ki abizerwa ba kera bazozurirwa kw’isi ‘badatunganywa batari kumwe’ n’abasizwe?

17 Intumwa Paulo ariko yivuga nk’umwe wo mu basizwe yongera yerekeza ku bagabo n’abagore b’intahemuka babayeho imbere ya Kirisitu, yanditse ati: “Abo bose bamaze gushingirwa intahe kubg’ukwizera kwabo, ntibahabga ivyasezeranywe, kukw Imana yatuboneye kera ikirushiriza kuba ciza, kugira ngw abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe.” (Abaheburayo 11:35, 39, 40) Mu gihe ca ya Ntwaro y’Ikimpumbi, Kirisitu n’abavukanyi biwe basizwe 144.000 bazoba bari mw’ijuru, bazokora ari abami n’abaherezi bongere bashikane kw’isi ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Kirisitu. Gutyo izindi ntama bazoba ‘batunganijwe rwose’ ku mubiri no mu muzirikanyi.​—Ivyahishuriwe 22:1, 2.

18. (a) Ukuri kwo muri Bibiliya gukwiye gufasha izindi ntama gutahura iki? (b) Izindi ntama zirindiriye “uguhishurwa kw’abana b’Imana” zizigiye iki?

18 Ivyo vyose bikwiye gutuma izindi ntama batahura igituma Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu vyibanda cane kuri Kirisitu n’abavukanyi biwe basizwe be n’uruhara nyamukuru bafise mw’iranguka ry’imigambi ya Yehova. Izindi ntama rero babona ko ari agateka gushigikira mu buryo bwose bushoboka wa mugwi w’umushumba wasizwe, mu gihe ukirindiriye “uguhishurwa kw’abana b’Imana” kuri Harumagedoni no mu gihe ca ya Ntwaro y’Ikimpumbi. Barashobora kwitegana umushasharo ‘kuzocungurwa ngo ntibabe abaja bo kubora, no guhabwa ukwidegemvya gufatana n’ubwiza bw’abana b’Imana.’​—Abaroma 8:19-21.

Kunywana mu Mpwemu ku Cibutso

19. Ni ibiki ‘impwemu y’ukuri’ yakoreye abasizwe be na bagenzi babo, kandi bazonywana gute mu buryo budasanzwe kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante ku mugoroba?

19 Mw’isengesho ryo gusozera yatuye mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani, mu 33 G.C., Yezu yavuze ati: “[Ndabasabira] . . . kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.” (Yohana 17:20, 21) Bivuye ku rukundo, Imana yararungitse Umwana wayo kugira ngo atange ubuzima bwiwe ku bw’ubukiriro bw’abasizwe be no ku bw’isi y’abantu bagamburuka. (1 Yohana 2:2) ‘Impwemu y’ukuri’ yaratumye abavukanyi ba Kirisitu banywana na bagenzi babo. Kw’igenekerezo rya 28 Ntwarante ku mugoroba, izuba ricokeye, iyo migwi yompi izohurira hamwe kugira ngo yibuke urupfu rwa Kirisitu yongere yibuke ibintu vyose Yehova yabakoreye biciye ku nkuka y’Umwana wiwe mukundwa, Kirisitu Yezu. Twipfuza ko ukuba ari ho bari kuri urwo rubanza ruhambaye vyokomeza ubumwe bwabo bikongera bikanagura umwiyemezo wabo wo kuguma bakora ukugomba kw’Imana, gutyo bagatanga ikimenyamenya c’uko banezererewe kuba mu bantu Yehova akunda.

Mu Buryo bw’Isubiramwo

• ‘Impwemu y’ukuri’ yarungitswe ryari ku Bakirisu bo mu ntango, kandi vyagaragaye gute ko ari “umwitsa”?

• Abasizwe bamenya gute ko bahamagariwe ijuru?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe impwemu y’Imana ikora ku zindi ntama?

• Izindi ntama zagiriye neza gute abavukanyi ba Kirisitu, kandi ni kuki “batazotunganywa batari kumwe” n’abasizwe?

[Ifoto ku rup. 29]

‘Impwemu y’ukuri’ yarasutswe ku bigishwa kuri Pentekote mu 33 G.C.

[Amafoto ku rup. 31]

Izindi ntama zaragiriye neza abavukanyi ba Kirisitu mu kubashigikira mu vy’ukurangura ibanga bashinzwe n’Imana ryo kwamamaza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika