ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/4 rup. 20-25
  • Ni Kuki Wobatizwa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Kuki Wobatizwa?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukubatizwa​—Gute?
  • Imvo Nshasha Ituma Haba Ibatisimu
  • Ubumenyi Ntagakosa Ni Ntahara
  • Akamaro ko Kwigaya no Guhindukira
  • Ukwiyegura n’Umutima Wose Birahambaye
  • Hoba Hari Ikigutuma Ugonanwa?
  • Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ibatisimu ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ico Ibatisimu Yawe Isobanura
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/4 rup. 20-25

Ni Kuki Wobatizwa?

“Ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza.”​—MATAYO 28:19.

1, 2. (a) Ni mu bihe ibihe ibatisimu zimwezimwe zagizwe? (b) Ni ibibazo ibihe bivyuka ku biraba ibatisimu?

UMWAMI Charlemagne wo mu bantu bitwa aba Francs yarahase aba Saxons yari yanesheje mu ntambara kubatizwa ikivunga mu 775-777 mu G.C. Umutohozakahise John Lord yanditse ati: “Yabahatiye guhindukirira Ubukirisu bwo kw’izina.” Muri ubwo buryo nyene, amaze kurongora umuganwakazi wo mu Barotodogisi bo mu Buseruko mu 987 mu G.C., Vladimir wa 1 umutegetsi w’Umurusiya yafashe ingingo yuko abo atwara bategerezwa gucika “Abakirisu.” Yavumereye yuko abantu babatizwa ikivunga, n’inkota iri ku mutwe igihe bikenewe.

2 Ibatisimu nk’izo zoba zari zibereye? Zoba zari zifise insobanuro nyakuri? Umuntu uwo ari we wese yoba akwiye gupfa kubatizwa?

Ukubatizwa​—Gute?

3, 4. Ni kuki kumijagira utuzi ku bantu canke kutubasuka ku mutwe atari ibatisimu ya gikirisu ibereye?

3 Igihe Charlemagne na Vladimir wa 1 bahatira abantu ku kubatizwa, abo bategetsi bariko bakora mu buryo bunyuranye n’Ijambo ry’Imana. Kukaba nkako, nta ciza baba bakoze igihe ibatisimu batanga ari ukumijagira utuzi ku bantu, ukutubasuka ku mutwe canke mbere kubibiza mu mazi batigishijwe ukuri kwo mu Vyanditswe.

4 Rimbura ivyabaye igihe Yezu yaja i Nazareti kwa Yohani Umubatizi mu 29 G.C. Yohani yariko arabatiza abantu mu Ruzi Yorodani. Baraza bavyishakiye kuri we kugira ngo ababatize. Yoba yabasaba gusa guhagarara muri Yorodani, agasuka ku mitwe yabo utuzi dukeyi akuye mu ruzi canke akatubamijagirako? Ni ibiki vyabaye igihe Yohani yabatiza Yezu? Matayo yigana yuko amaze kubatizwa, ‘Yezu yaciye ava mu mazi.’ (Matayo 3:16) Yari mu mazi, yibijwe mu Ruzi Yorodani. Muri ubwo buryo nyene, ya nkone y’Umunyetiyopiya yakunda Imana cane yarabatijwe mu “mazi.” Mwene ayo mazi yari akenewe kubera ibatisimu Yezu yatanga hamwe n’iyatangwa n’abigishwa biwe yagirwa mu kwibiza umuntu wese uko yakabaye.​—Ivyakozwe 8:36.

5. Abakirisu bo mu ntango babatiza abantu gute?

5 Amajambo y’Ikigiriki yahinduwe ngo “kubatiza,” “ibatisimu,” hamwe n’ayandi, yerekeza ku kwibiza, kudibika, canke gucokeza mu mazi. Inyizamvugo imwe (Smith’s Bible Dictionary) ivuga iti: “Ibatisimu mu buryo bubereye no mu buryo bw’urudome ku rundi isobanura kwibiza.” Ni co gituma impinduro zimwezimwe za Bibiliya zivuga ngo “Yohani Umwibizi” hamwe na “Yohani umudibitsi.” (Matayo 3:1, Rotherham; Diaglott interlinear) Igitabu kimwe (History of the Christian Religion and Church, During the Three First Centuries) ca Augustus Neander kivuga giti: “Ibatisimu mu ntango yagirwa mu kwibiza.” Igitabu kimwe kizwi cane co mu Gifaransa [Larousse du XXe Siècle (Paris, 1928)] kivuga giti: “Abakirisu ba mbere baronka ibatisimu mu kwibizwa ahantu hose basanga amazi.” Bisubiye inkoranyabumenyi imwe (New Catholic Encyclopedia) ivuga iti: “Biragaragara yuko ibatisimu yo mw’ishengero ryo mu ntango yatangwa mu kwibiza.” (1967, Volume II, page 56) Ni co gituma muri iki gihe, ibatisimu umuntu ahabwa ngo abe Icabona ca Yehova ari intambwe umuntu atera avyishakiye isaba ko yibizwa mu mazi wese uko yakabaye.

Imvo Nshasha Ituma Haba Ibatisimu

6, 7. (a) Ibatisimu Yohani yatanga yari ifise intumbero iyihe? (b) Ni igiki cari gishasha ku vyerekeye ibatisimu abayoboke ba Yezu batanga?

6 Ibatisimu yatangwa na Yohani n’ibatisimu yatangwa n’abayoboke ba Yezu zari zifise intumbero zitandukanye. (Yohana 4:1, 2) Yohani yabatiza abantu bwa kimenyetso co kumugaragaro cerekana ko bigaye ibicumuro bakoze mu kurenga ku Vyagezwe.a (Luka 3:3) Mugabo ibatisimu yatangwa n’abayoboke ba Yezu yarimwo ikintu gishasha. Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., intumwa Petero yahimirije abamwumviriza ati: “Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu.” (Ivyakozwe 2:37-41) Naho yariko arabwira Abayuda hamwe n’abahindukiriye idini yabo, Petero ntiyariko aravuga ivyerekeye ibatisimu igereranya ukwigaya ibicumuro bakoze mu kurenga ku Vyagezwe; eka kandi ntiyashaka gusigura yuko kubatizwa mw’izina rya Yezu bigereranya guhanagurwa kw’ivyaha.​—Ivyakozwe 2:10.

7 Ico gihe, ni ho Petero yakoresha ari bwo bwa mbere “impfunguzo z’ubgami.” Ku bw’iyihe ntumbero? Kugira ngo atume abamwumviriza bamenya ko baronse akaryo ko kwinjira mu Bwami bw’ijuru. (Matayo 16:19) Kubera Abayuda bari barateye akagere Yezu ngo si Mesiya, ukwigaya be n’ukugaragaza ukwizera muri we cari ikintu gishasha kandi ntahara mu vyo kurondera no kuronka uguharirwa n’Imana. Boshoboye gutanga ikimenyamenya co kumugaragaro c’ukwo kwizera, mu kwibizwa mu mazi mw’izina rya Yezu Kirisitu. Muri ubwo buryo bobaye bagereranije ukwiyegurira Imana kwabo biciye kuri Kirisitu. Abipfuza bose kwemerwa n’Imana muri iki gihe, bategerezwa kugaragaza ukwizera nk’ukwo nyene, bakiyegurira Yehova Imana, kandi bakaronka ibatisimu ya gikirisu bwa kimenyetso c’uko biyeguriye Imana Musumbavyose ataco bisigarije.

Ubumenyi Ntagakosa Ni Ntahara

8. Ni kuki ibatisimu ya gikirisu idahabwa umuntu uwo ari we wese?

8 Ibatisimu ya gikirisu ntihabwa umuntu uwo ari we wese. Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.” (Matayo 28:19, 20) Imbere yo kubatizwa, abantu bategerezwa ‘kwigishwa kwitondera ibintu vyose Yezu yageze abigishwa biwe.’ Kubera ico, ukubatiza kugahato abantu batagira ukwizera gushingiye ku bumenyi ntagakosa bw’Ijambo ry’Imana nta co kumaze kandi kurahushanye n’ibwirizwa Yezu yahaye abayoboke biwe nyakuri.​—Abaheburayo 11:6.

9. Kubatizwa “mw’izina rya Data wa twese” bisobanura iki?

9 Kubatizwa “mw’izina rya Data wa twese” bisobanura iki? Bisobanura yuko uwushaka kubatizwa yemera icese ikibanza Data wa twese wo mw’ijuru afise be n’ubukuru bwiwe. Gutyo, Yehova Imana aba yemewe icese ko ari we Muremyi wacu, kw’ari we “[A]sumba vyose, [a]kaganza isi,” kandi ko ari we Segaba w’ijuru n’isi.​—Zaburi 83:18; Yesaya 40:28; Ivyakozwe 4:24.

10. Kubatizwa ‘mw’izina ry’Umwana’ bisobanura iki?

10 Kubatizwa ‘mw’izina ry’Umwana’ bisobanura kwemera icese ikibanza Yezu afise n’ubukuru bwiwe ko ari Umwana w’Imana w’ikenege. (1 Yohana 4:9) Abakwije ibisabwa kugira babatizwe baremera Yezu ko ari we Imana yacishijeko kugira ngo atange “incungu ya benshi.” (Matayo 20:28; 1 Timoteyo 2:5, 6) Abashaka kubatizwa bategerezwa kandi kwemera icese ‘ikibanza kiri hejuru cane’ Imana yashimagirishijemwo Umwana wayo.​—Ab’i Filipi 2:8-11; Ivyahishuriwe 19:16.

11. Kubatizwa ‘mw’izina ry’impwemu yera’ bisobanura iki?

11 Kubatizwa ‘mw’izina ry’impwemu yera’ bisobanura iki? Ivyo vyerekana yuko abashaka kubatizwa bemera icese yuko impwemu yera ari inguvu ikora ya Yehova, yakoreshejwe mu buryo butandukanye mu bijanye n’umugambi wiwe. (Itanguriro 1:2; 2 Samweli 23:1, 2; 2 Petero 1:21) Abakwije ibisabwa kugira babatizwe baremera icese yuko impwemu yera ibafasha gutahura “ibintu [“vyimbitse,” NW] vy’Imana,” kurangura igikorwa co kwamamaza Ubwami no kugaragaza ivyamwa vy’impwemu, “urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda.”​—1 Ab’i Korinto 2:10; Ab’i Galatiya 5:22, 23; Yoweli 2:28, 29.

Akamaro ko Kwigaya no Guhindukira

12. Ibatisimu ya gikirisu ifitaniye isano gute n’ukwigaya?

12 Uretse Yezu we yari umuntu atagira igicumuro, ibatisimu ni ikigereranyo cemewe n’Imana gifitaniye isano no kwigaya. Igihe twigaye, turumva twicujije ku vyo twahora dukora canke twananiwe gukora. Abayuda bo mu kinjana ca mbere bashaka guhimbara Imana bategerezwa kwigaya ibicumuro bacumura kuri Kirisitu. (Ivyakozwe 3:11-19) Abizera bamwebamwe b’Abanyamahanga b’i Korinto barigaye ubusambanyi, ugusenga ibigirwamana, kwiba n’ibindi bicumuro bikomakomeye. Kubera ukwigaya bagize, “baruhagiwe” mu maraso ya Yezu; “[b]arejejwe” canke barashizwe ku ruhande, kugira ngo barangurire umurimo Imana; kandi ‘baratangajwe ko ari abagororotsi’ mw’izina rya Kirisitu no mu mpwemu y’Imana. (1 Ab’i Korinto 6:9-11) Ukwigaya ni intambwe ihambaye ishikana ku kuronka ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi kandi ituma Imana igukurako ukwagirwa n’igicumuro.​—1 Petero 3:21.

13. Mu vyerekeye kubatizwa, uguhindukira gusaba iki?

13 Uguhindukira gutegerezwa kuba imbere yuko tubatizwa ngo tube Ivyabona vya Yehova. Uguhindukira ni igikorwa umuntu agira avyishakiye, yafashe ingingo n’umutima wiwe wose yo gukurikira Kirisitu Yezu. Abantu nk’abo bariyamiriza ingendo mbi bahoramwo kandi bakiyemeza gukora ibigororotse mu nyonga z’Imana. Mu Vyanditswe, amavuga y’Igiheburayo n’ay’Ikigiriki ajanye no guhindukira afise insobanuro yo gutera umugongo, guca kure. Ico gikorwa cerekana uguhindukirira Imana ukava mu nzira mbi. (1 Abami 8:33, 34) Uguhindukira gusaba “gukora ibikorwa bikwiranye n’ukwi[gay]a.” (Ivyakozwe 26:20) Bisaba yuko duheba ugusenga kw’ikinyoma, tugakora ibihuje n’amabwirizwa y’Imana, kandi tugakora ibiranga ko twibanda kuri Yehova. (Gusubira mu Vyagezwe 30:2, 8-10; 1 Samweli 7:3) Guhindukira kuva ku mahinduka tugira mu vyiyumviro vyacu, mu migambi twishingira no kuri kamere yacu. (Ezekiyeli 18:31) ‘Turahindukira’ tugaheba ingeso zidahimbara Imana tukazisubiriza wa muntu mushasha.​—Ivyakozwe 3:19; Abanyefeso 4:20-24; Ab’i Kolosayi 3:5-14.

Ukwiyegura n’Umutima Wose Birahambaye

14. Ukwiyegura kw’abayoboke ba Yezu gusobanura iki?

14 Ibatisimu y’abayoboke ba Yezu itegerezwa kandi gutangurira ku kwiyegurira Imana n’umutima wose. Kwiyegura bisobanura gushirwa ku ruhande ku bw’umugambi mweranda. Iyo ntambwe irahambaye cane ku buryo dukwiye guserurira Yehova mw’isengesho ingingo twafashe yo kumwibandako ibihe bidahera. (Gusubira mu Vyagezwe 5:9) Birumvikana ko ukwiyegura kwacu atari ukwiyegurira igikorwa kinaka canke umuntu kanaka mugabo ko ari ukwiyegurira Imana ubwayo.

15. Ni kuki abashaka kubatizwa bibizwa mu mazi?

15 Igihe twiyeguriye Imana biciye kuri Kirisitu, turaserura umwiyemezo wo gukoresha ubuzima bwacu mu gukora ivyo Imana igomba nk’uko biri mu Vyanditswe. Mu kugereranya ukwo kwiyegura, abashaka kubatizwa baribizwa mu mazi, nk’uko na Yezu yabatijwe mu Ruzi Yorodani kugira ngo agereranye ko yishikanye ubwiwe ku Mana. (Matayo 3:13) Kuba Yezu yariko arasenga muri ico gihe nyene gihambaye turakwiye kuvyitwararika.​—Luka 3:21, 22.

16. Umunezero wacu dushobora kuwuserura gute mu buryo bubereye igihe tubona abantu babatizwa?

16 Ibatisimu Yezu yaronse cari ikintu gikomeye mugabo giteye umunezero. Ni ko biri no kw’ibatisimu ya gikirisu yo muri iki gihe. Igihe tubona abantu bagereranya ukwiyegurira Imana kwabo, turashobora guserura umunezero dufise mu kubakomera amashi tubigiranye icubahiro kandi tukabakeza n’igishika cinshi. Mugabo kuvuza impundu, kwishongora, n’ibindi nk’ivyo umuntu aravyirinda bivuye ku guha icubahiro ubweranda bw’ukwo guserura ukwizera. Umunezero dufise tuwuserura mu buryo buranga urupfasoni.

17, 18. Ni igiki gifasha kumenya nimba abantu bakwije ibisabwa vyo guhabwa ibatisimu?

17 Mu buryo buhushanye na bamwe bamijagira utuzi ku nzoya canke bahatira abantu ku kubatizwa ikivunga ataco bazi ku Vyanditswe, Ivyabona vya Yehova ntibigera bahatira umuntu n’umwe ku kubatizwa. Kukaba nkako, ntibabatiza abantu badakwije ibisabwa mu buryo bw’impwemu. Imbere yuko umuntu uwo ari we wese ashobora gucika umwamamaji w’inkuru nziza atarabatizwa, abakurambere b’Abakirisu bararaba neza yuko atahura inyigisho z’ishimikiro za Bibiliya, bakaraba ko abaho azisunga, kandi ko atanga inyishu nziza ku kibazo nk’iki: “Woba vy’ukuri ushaka kuba Icabona ca Yehova?”

18 Turetse bakeyi gusa, igihe abantu bariko baragira uruhara ruboneka mu gikorwa co kwamamaza Ubwami kandi bagaserura icipfuzo co kubatizwa, abakurambere b’Abakirisu baraganira na bo kugira ngo barabe neza yuko ari abantu bafise ukwemera, biyeguriye Yehova kandi bashitsa ivyo Imana isaba kugira babatizwe. (Ivyakozwe 4:4; 18:8) Inyishu umuntu yishura ku bibazo birenga 100 bishingiye ku nyigisho zo muri Bibiliya birafasha abakurambere kumenya nimba abo bantu bakwije ibisabwa vyo mu Vyanditswe kugira ngo bibizwe. Bamwebamwe usanga badakwije ibisabwa, ico gihe rero ntibaheza ngo bemererwe guhabwa ibatisimu ya gikirisu.

Hoba Hari Ikigutuma Ugonanwa?

19. Uravye ibiri muri Yohana 6:44, ni bande bazoba abaraganwa na Yezu?

19 Abanywanyi benshi bahatiwe ku kubatizwa ikivunga bashobora kuba babwiwe yuko bogiye mw’ijuru bamaze gupfa. Mugabo Yezu mu kuvuga ivyerekeye abayoboke biwe bogeze ikirenge mu ciwe, yagize ati: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye.” (Yohana 6:44) Yehova yarakwegereye kuri Kirisitu abantu 144.000 bazoba abaraganwa na we mu Bwami bwo mw’ijuru. Ibatisimu yo ku gahato ntiyigeze yeza umuntu n’umwe ngo aje muri ico kibanza c’ubuninahazwa mu ndinganizo y’Imana.​—Abaroma 8:14-17; 2 Ab’i Tesalonike 2:13; Ivyahishuriwe 14:1.

20. Ni ibiki vyoshobora gufasha abantu bamwebamwe batarabatizwa?

20 Canecane kuva hagati y’imyaka y’1930, amasinzi n’amasinzi y’abantu bizigiye kurokoka wa “mubabaro mwinshi” maze bakabaho ibihe bidahera kw’isi baragiye mu murongo w’“izindi ntama” za Yezu. (Ivyahishuriwe 7:9, 14; Yohana 10:16) Barakwije ibisabwa kugira bahabwe ibatisimu kubera bahuje ubuzima bwabo n’Ijambo ry’Imana kandi bakaba bamukunda n’‘umutima wabo wose, n’ubugingo bwabo bwose, n’inkomezi zabo zose n’ubwenge bwabo bwose.’ (Luka 10:25-28) Naho abantu bamwebamwe batahura yuko Ivyabona vya Yehova ‘basenga Imana mu mpwemu no mu kuri,’ ntibarakurikira akarorero ka Yezu kandi ntibaratanga ikimenyamenya c’uko bafitiye urukundo nyakuri Yehova, kandi ko ari we bibandako mu guhabwa ibatisimu. (Yohana 4:23, 24; Gusubira mu Vyagezwe 4:24; Mariko 1:9-11) Isengesho rituranywe ubwira kandi ritomoye ryerekeye iyo ntambwe ihambaye ryoshobora kubasunikira ku kugira ico bakoze kandi bakagira uburindutsi kugira ngo bahuze bimwe bishitse n’Ijambo ry’Imana, bakiyegurira Yehova Imana ata kwiziganya hanyuma bakabatizwa.

21, 22. Ni imvo izihe zituma bamwebamwe bagonanwa kwiyegura no kubatizwa?

21 Bamwebamwe baragonanwa kwiyegura no kubatizwa kubera batwarwa cane n’ibintu vy’isi canke ivyo gukurikirana amatungo ku buryo bagira umwanya mutoyi w’ibintu vy’impwemu. (Matayo 13:22; 1 Yohana 2:15-17) Mbega ukuntu bogira agahimbare igihe bohindura uburyo babona ibintu be n’imigambi yabo! Kwiyegereza Yehova vyobagira abatunzi mu buryo bw’impwemu, vyobafasha kugabanya amaganya, kandi bigatuma bagira amahoro n’ugushira akanyota biva ku gukora ivyo Imana igomba.​—Zaburi 16:11; 40:8; Imigani 10:22; Ab’i Filipi 4:6, 7.

22 Abandi bavuga yuko bakunda Yehova mugabo ntibamwiyegurire ngo babatizwe kubera biyumvira yuko gutyo bazoba birinze kugira ico babazwa. Mugabo umwe wese muri twebwe ategerezwa kugira ico abazwa n’Imana. Turagira ico tubazwa igihe twumvise Ijambo rya Yehova. (Ezekiyeli 33:7-9; Abaroma 14:12) Bwa ‘hanga yirobanuriye,’ Abisirayeli ba kera bavukira mw’ihanga ryiyeguriye Yehova, ico gihe rero ryategerezwa kumukorera ridahemuka mu buryo buhuje n’ivyagezwe vyiwe. (Gusubira mu Vyagezwe 7:6, 11) Nta n’umwe avukira mw’ihanga nk’iryo muri iki gihe, mugabo nimba twararonse inyigisho ntagakosa yo mu Vyanditswe, dukeneye gukora tuyisunga mu buryo buranga ukwizera.

23, 24. Ni ubwoba ubuhe budakwiye gutuma abantu bagonanwa kubatizwa?

23 Ugutinya yuko batoba bafise ubumenyi bukwiye vyoshobora gutuma bamwebamwe bagonanwa kubatizwa. Yamara, twese turafise vyinshi vyo kwiga kubera ‘umuntu atazokwigera ashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw’itanguriro ugashitsa kw’iherezo.’ (Umusiguzi 3:11) Rimbura ivya ya nkone y’Umunyetiyopiya. Bwa wahindukiriye idini y’Abayuda, yari afise ubumenyi bunaka bw’Ivyanditswe, mugabo ntiyashobora kwishura ikibazo cose cerekeye imigambi y’Imana. Ariko rero, amaze kwiga ivyerekeye intunganyo Yehova yagize y’ubukiriro biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu, iyo nkone yaciye ubwo nyene ija kubatizwa mu mazi.​—Ivyakozwe 8:26-38.

24 Bamwebamwe barijijanya imitima mu vyerekeye kwiyegurira Imana kubera batinya ko bizohava bibananira. Monique, umukobwa w’imyaka 17 avuga ati: “Naguma ngonanwa kubatizwa ntinya ko ntazohava nshobora kubaho nisunga ukwiyegura kwanje.” Ariko rero, mu gihe twizigiye Yehova n’umutima wacu wose, ‘azogorora inzira zacu.’ Azodufasha “[ku]gendera mu kuri” turi abasavyi biwe bamwiyeguriye b’abizerwa.​—Imigani 3:5, 6; 3 Yohana 4.

25. Ni ikibazo ikihe bikwiriye ko turimbura ubu?

25 Kubera ukwizigira Yehova bafise muri bo kandi bakamukunda n’umutima wabo wose, uko umwaka utashe abantu ibihumbi n’ibihumbi baravyurirwa umutima wo kwiyegura no kubatizwa. Nta gukeka ko abasavyi b’Imana bose biyeguye na bo nyene bashaka kuguma ari abizerwa kuri yo. Yamara, tubayeho mu bihe bigoye, kandi duhangana n’ibigeragezo bitandukanye vy’ukwizera. (2 Timoteyo 3:1-5) Dushobora gukora iki kugira ngo tubeho twisunga ukwiyegurira Yehova kwacu? Ivyo ni vyo turimbura mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Kubera Yezu ata caha yari afise, ntiyabatijwe bwa kimenyetso c’uko yigaye. Ibatisimu yiwe yagereranya yuko yishikanye ubwiwe ku Mana kugira ngo akore ivyo Se agomba.​—Abaheburayo 7:26; 10:5-10.

Woba Wibuka?

• Ibatisimu ya gikirisu igirwa gute?

• Ni ubumenyi ubuhe bukenewe kugira ngo umuntu abatizwe?

• Ni intambwe izihe zishikana kw’ibatisimu y’Abakirisu b’ukuri?

• Ni kuki bamwebamwe bagonanwa kubatizwa, mugabo boshobora gufashwa gute?

[Amafoto ku rup. 24]

Woba uzi ico bisobanura kubatizwa ‘mw’izina rya Data wa twese, n’iry’Umwana n’iry’impwemu yera’?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika