Ivyagezwe vy’Imana Biriho ku bw’Ineza Yacu
“Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!”—ZABURI 119:97.
1. Ni agatima akahe kiganje ku vyerekeye ukugamburuka ivyagezwe vy’Imana?
KUGAMBURUKA ivyagezwe vy’Imana si ikintu kigirwa n’abantu benshi muri iki gihe. Ku batari bake, kugamburuka ubukuru buri hejuru ya vyose butaboneka bisa n’uko ataco bimaze. Tuba mu kiringo aho ata vy’ukwigenza runtu ntabanduka bibaho, aho ivy’ugutandukanya ikibi n’iciza bidatomoye, eka aho kubimenya usanga bigoye. (Imigani 17:15; Yesaya 5:20) Mu kugaragaza uburyo bw’ukwiyumvira bwiganje mu bibano vyinshi vyo mw’isi, itohoza riheruka kugirwa ryerekanye ko “Abanyamerika benshi bashaka kwihitiramwo, ikintu citwa ko kigororotse, ko ari ciza kandi gifise akamaro.” Bahitamwo kuvuga ngo “nta Mana ikomeye iriho. Nta mategeko akomeye ariho. Nta bakuru bakomeye bariho, nta vy’ukwigenza runtu canke ibindi biriho.” Hari uwutohoza ivy’ikibano yabonye ko muri iki gihe, “abantu vyitezwe ko ari bo bishingira ico bisobanura kugira ubuzima bwiza kandi butanduye.” Yabandanije ati: “Ubukuru ubwo ari bwo bwose buri hejuru ya vyose butegerezwa guhuza amabwirizwa yabwo n’ivyo abanyagihugu bwite bakeneye.”
2. Ahavugwa icagezwe ari bwo bwa mbere muri Bibiliya hafitaniye isano rwose gute n’umuhezagiro w’Imana be n’ukwemerwa nayo?
2 Kubera ko abantu benshi cane bariko barakekeranya niba ivyagezwe vya Yehova bifise agaciro, turakeneye gukomeza ukujijuka kwacu yuko ingingo mfatirwako z’Imana ziriho ku bw’ineza yacu. Ni vyiza ko turimbura inkuru icagezwe kivugwamwo ari bwo bwa mbere muri Bibiliya. Mw’Itanguriro 26:5, turahasoma amajambo Imana yavuze agira ati: “Aburahamu . . . [yabandanije gu]shitsa ivyo namwihanikirije n’amabgirizwa yanje n’ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje.” Ayo majambo yavuzwe ibinjana n’ibindi imbere yuko Yehova aha abakomoka kuri Aburahamu ido n’ido ry’ivyagezwe ngenderwako. Imana yahereye gute ukugamburuka kwa Aburahamu, harimwo n’ukugamburuka ivyagezwe vyayo? Yehova Imana yamusezeraniye ati: “Mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azo[kwi]hē[sh]a umu[hezagiro].” (Itanguriro 22:18) Gutyo, ukugamburuka ivyagezwe vy’Imana kurafitaniye isano rwose n’umuhezagiro w’Imana be n’ukwemerwa nayo.
3. (a) Ni inyiyumvo iyihe umwanditsi wa Zaburi umwe yaseruye ku vyerekeye ivyagezwe vya Yehova? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwitwararika?
3 Umwe mu banditsi ba Zaburi, bishoboka ko yari umuganwa w’Ubuyuda kandi yobaye umwami, yaraseruye inyiyumvo akenshi itama ijana n’ivyagezwe. Yabwiye Imana ati: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe!” (Zaburi 119:97, ni twe tubihiritse.) Ukwo ntikwari uguserura akanyengetera gukaze gusa. Kwari uguserura urwo akunda ivyo Imana igomba nk’uko biri mu vyagezwe vyayo. Yezu Kirisitu, wa Mwana w’Imana atagira agasembwa yari afise inyiyumvo nk’izo nyene. Yezu yadondowe mu buryo menyeshakazoza avuga ati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; mber’ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.” (Zaburi 40:8; Abaheburayo 10:9) Tweho bite? Twoba duhimbarwa no gukora ivyo Imana igomba? Twoba tujijuka ko ivyagezwe vya Yehova ari ngirakamaro kandi ko bizana ivyiza? Ni ikibanza ikihe ukugamburuka ivyagezwe vy’Imana gufise mu gusenga kwacu, mu buzima bwacu bwa misi yose, mu ngingo dufata no mu bucuti tugirana n’abandi? Kugira dukunde ivyagezwe vy’Imana, vyoba vyiza dutahuye igituma Imana ifise uburenganzira bwo gushinga no gushimangira ivyagezwe.
Yehova—Umutanzi w’Ivyagezwe Abikwiriye
4. Ni kubera iki Yehova ari we Mutanzi w’Ivyagezwe w’agaheta, abikwiriye?
4 Kubera ko ari we Muremyi, Yehova ni we Mutanzi w’ivyagezwe w’agaheta abikwiriye mw’isi no mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 4:11) Umuhanuzi Yesaya yavuze ati: “Uhoraho ni we adushingira ivyagezwe.” (Yesaya 33:22) Yarashinze amategeko agenga ivyaremwe, ibihumeka n’ibidahumeka. (Yobu 38:4-38; 39:1-12; Zaburi 104:5-19) Kubera ko umuntu ari ikiremwa c’Imana, araganzwa n’amategeko ya Yehova agenga ibiriho. Ikindi kandi, naho umuntu afise uburenganzira bwo kwihitiramwo, ashoboye kuzirikana ubwiwe ibintu mu buryo bwumvikana, agira ubuhirwe igihe gusa ubwiwe agamburuka ivyagezwe vy’Imana biraba ivy’ukwigenza runtu be n’ivy’impwemu.—Abaroma 12:1; 1 Ab’i Korinto 2:14-16.
5. Ingingo ngenderwako iri mu B’i Galatiya 6:7 igaragaza gute ko ari iy’ukuri ku bijanye n’ivyagezwe vy’Imana?
5 Nk’uko tubizi, amategeko ya Yehova agenga ibiriho ni ntayegayezwa. (Yeremiya 33:20, 21) Mu gihe umuntu yoca kubiri n’amwamwe mu mategeko agenga ibiriho, nka rimwe ry’uko isi yikwegerako ibintu, yokwibonera inkurikizi. Muri ubwo buryo nyene, ivyagezwe vy’Imana biraba ukwigenza runtu ni ntabanduka, kandi umuntu ntashobora kubica iruhande canke ngo abirengeko ngo abure guhanwa. Birashimangiwe nk’uko nyene amategeko agenga ibiriho ari, n’aho nyene ingaruka yavyo ishobora kudaca iboneka ubwo nyene. “Imana yo nticokorwa; kukw ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura.”—Ab’i Galatiya 6:7; 1 Timoteyo 5:24.
Imice Imwimwe Ivyagezwe vya Yehova Bikorako
6. Ivyagezwe vy’Imana bishiramwo ibiki?
6 Uburyo bwibonekeje bw’uguserura ivyagezwe vy’Imana bwari Ivyagezwe vya Musa. (Abaroma 7:12) Haciye igihe, Ivyagezwe vya Musa Yehova Imana yabisubirije “ivyagezwe na Kristo.”a (Ab’i Galatiya 6:2; 1 Ab’i Korinto 9:21) Kubera ko Abakirisu bagengwa n’“ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo,” turatahura yuko Imana itagarukiriza ubuyobozi bwayo ku mice imwimwe y’ubuzima bwacu, nk’ivyo twemera mu vy’inyigisho canke imigenzo. Ingingo mfatirwako zayo ziraba imice yose y’ubuzima, harimwo ibiraba umuryango, ivy’ubucuruzi, inyifato umuntu yogira ku wo badasangiye igitsina, ukuntu umuntu yobona Abakirisu bagenziwe, be n’ukugira uruhara mu gusenga kw’ukuri.—Yakobo 1:25, 27.
7. Tanga uburorero bw’ivyagezwe vy’Imana bihambaye.
7 Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Abashakanyi, cank’abasenga ibigirwamana, cank’abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo bendana, cank’ibisuma, cank’abifuza, cank’imborerwa, cank’abatukana, cank’abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana.” (1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Egome, ubusambanyi n’ubushakanyi si ivyobonwa nk’“ibintu vy’urukundo” gusa. Ubusambanyi bw’abasangiye igitsina si “ubundi buryo gusa bwo kubaho.” Ivyo ni ukurenga ku vyagezwe vya Yehova. Kandi ni na kwo biri no kuri mwene ibi bintu nk’ubusuma, ukubesha be no kwambika ibara umuntu. (Zaburi 101:5; Ab’i Kolosayi 3:9; 1 Petero 4:15) Yakobo yariyamirije ukwihayagiza mu gihe Paulo na we yaduhanuye kwirinda amajambo y’ubupfu n’ibitwenza bibi. (Abanyefeso 5:4; Yakobo 4:16) Ku Bakirisu, ayo mategeko yose yerekeye inyifato ari mu bigize icagezwe gitunganye c’Imana.—Zaburi 19:7.
8. (a) Icagezwe ca Yehova ni ubwoko ki? (b) Ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwemwo “i[c]agezwe” rifise insobanuro y’ishimikiro iyihe?
8 Amabwirizwa y’ishimikiro nk’ayo ari mw’Ijambo rya Yehova arahishura ko icagezwe ciwe atari urutonde gusa rw’amategeko atagiramwo inyiyumvo, akurikizwa urudome ku rundi. Ico cagezwe ni ryo shimikiro ry’ukugira ubuzima burimbanye, bugira ico buvamwo, gituma imice yose y’inyifato imera neza. Icagezwe c’Imana kirubaka, gitanga indero runtu, kandi kirigisha. (Zaburi 119:72) Ijambo “i[c]agezwe” nk’uko ryakoreshejwe n’umwanditsi wa Zaburi rihinduwe rikuwe mw’ijambo ry’Igiheburayo toh·rah.’ Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga iti: “Iryo jambo ryubatswe rikuwe mu rivuga risobanura kwerekeza, kuyobora, gutumbereza, kurungika. Insobanuro yaryo rero ishobora kuba ari itegeko rigenga inyifato.” Ku mwanditsi wa Zaburi, icagezwe cari ingabire iva ku Mana. None tweho ntidukwiye kugiha agaciro muri ubwo buryo nyene, tukareka kigasena uburyo bwacu bwo kubaho?
9, 10. (a) Ni kuki dukeneye ubuyobozi twokwisunga? (b) Ni mu buryo ubuhe gusa dushobora kugira ubuzima buhimbaye kandi butunganiwe?
9 Ivyaremwe vyose birakeneye ubuyobozi bwokwizigirwa n’uburongozi bubereye. Ivyo ni ko biri kuri Yezu no ku bandi bamarayika, abasumba kure n’iyo umuntu. (Zaburi 8:5; Yohana 5:30; 6:38; Abaheburayo 2:7; Ivyahishuriwe 22:8, 9) Niba ivyo biremwa bitagira agasembwa bishobora kwungukira ku burongozi bw’Imana, ese ukuntu ku bantu b’abanyagasembwa biba ibirushirije! Kahise k’abantu be n’ivyo twiboneye ubwacu vyaragaragaje ko umwihwezo umuhanuzi Yeremiya yagize ari uw’ukuri. Yavuze ati: “Uhoraho, nzi yukw inzira umuntu yogenderamwo atari we ashobora kuyigaba; ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.”—Yeremiya 10:23.
10 Niba twipfuza kugira ubuzima buhimbaye kandi butunganiwe, dutegerezwa guhanga amaso Imana kugira ngo iturongore. Umwami Salomo yaremeye icese ingeramizi iri mu kubaho umuntu akurikiza ingingo mfatirwako yishingira ubwiwe, atisunga uburongozi bw’Imana. Avuga ati: “Harih’inzira umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu.”—Imigani 14:12.
Imvo Zituma Dukunda Ivyagezwe vya Yehova
11. Ni kuki dukwiye kwipfuza gutahura icagezwe c’Imana?
11 Vyoba vyiza dutsimbataje icipfuzo cimbitse co gutahura icagezwe ca Yehova. Umwanditsi wa Zaburi yaraseruye icipfuzo nk’ico igihe yavuga ati: “Hwezesha amaso yanje, kugira ngo mbone ibitangaza vyo mu vyagezwe vyawe.” (Zaburi 119:18) Uko turushiriza kumenya Imana n’inzira zayo, ni ko ugukenguruka ukuri kw’amajambo ya Yesaya kuzorushiriza kuba ukwimbitse. Agira ati: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo. [Ese] iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje”! (Yesaya 48:17, 18) Yehova aripfuza cane yuko abasavyi biwe birinda ivyago bakinovora ubuzima mu kwitondera amabwirizwa yiwe. Reka dusuzume imvo zimwezimwe zihambaye zituma dukunda ivyagezwe vy’Imana.
12. Ukuba Yehova atuzi ni gute bituma aba Umutanzi w’Ivyagezwe w’agakura?
12 Icagezwe c’Imana kiva kuri Umwe atuzi neza. Kubera ko Yehova ari Umuremyi wacu, birumvikana ko azi abantu neza bimwe bishitse. (Zaburi 139:1, 2; Ivyakozwe 17:24-28) Abagenzi somambike, incuti, eka mbere n’abavyeyi ntibashobora kutumenya neza nk’uko Yehova atuzi. Kanatsinda, Imana iratuzi kuruta uko twiyizi ubwacu! Umuremyi wacu afise ugutahura ntangere mu vyerekeye ivyo dukeneye mu vy’impwemu, mu vy’akanyengetera, mu vy’ubwenge be no mu vy’umubiri. Kubera yuko atwitwararika, aragaragaza ko atahura neza ukuntu turemwe, ivyipfuzo vyacu be n’ivyo turondera gushikako. Yehova aratahura aho tugeza, ariko kandi arazi aho ubushobozi bwacu bwo gukora iciza bugera. Umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “[Ar]azi iremwa ryacu, yibuka ko tur’umukungugu.” (Zaburi 103:14) Gutyo, turashobora kwiyumvamwo umutekano wo mu vy’impwemu uko turondera kugendera mu cagezwe ciwe, tukagamburuka n’umutima ukunze ubuyobozi bw’Imana.—Imigani 3:19-26.
13. Ni kuki dushobora kwizigira ko Yehova arajwe ishinga n’ineza yacu?
13 Icagezwe c’Imana kiva kuri Umwe adukunda. Imana irarazwa ishinga cane n’ineza yacu yamaho. Mbega ntiyemeye gutanga Umwana wiwe kw’“incungu ya benshi” naho vyamutwaye vyinshi? (Matayo 20:28) Mbega Yehova ntiyadusezeraniye yuko ‘atazodukundira ko tugeragezwa n’ibiruta ivyo dushobora’? (1 Ab’i Korinto 10:13) None Bibiliya ntidukura amazinda yuko ‘atubabara’? (1 Petero 5:7) Nta muntu n’umwe, abitumwe n’urukundo yitwararika ivyo kuronsa inyobozo ngirakimazi ibiremwa-bantu kurusha uko Yehova avyitwararika. Arazi icotubera ciza n’itandukaniro riri hagati y’ubuhirwe n’intuntu. Naho turi abanyagasembwa kandi twama twakoze amakosa, mu gihe dukurikiranye ubugororotsi aratwereka urukundo adukunda mu buryo buzotuviramwo ubuzima n’imihezagiro.—Ezekiyeli 33:11.
14. Ni mu buryo buhambaye ubuhe icagezwe c’Imana gitandukanye n’ivyiyumviro vy’abantu?
14 Icagezwe c’Imana nta ho cigera gihinduka. Muri ibi bihe bidurumbanye tubayemwo, Yehova ni igitandara kitanyiganyiga, camaho uhereye ibihe bidahera ugashitsa ibihe bidahera. (Zaburi 90:2) Yivuze ati: “Jewe Uhoraho [n]ta ho mpinduka.” (Malaki 3:6) Ingingo mfatirwako z’Imana, nk’uko zanditswe muri Bibiliya ni izo kwizigira tugaherezako—zo ntizimeze nk’ivyiyumviro vy’abantu vyama birahindagurika. (Yakobo 1:17) Nk’akarorero, mu myaka n’iyindi abatohoza ivy’inyifato bagumye bashigikira uburyo bwo kurera umwana ukamurekerana, ariko mu nyuma bamwebamwe barahinduye ivyiyumviro vyabo, bariyemerera yuko impanuro batanze itari yo. Ingingo mfatirwako z’isi n’inyobozo zayo kuri ico kintu ntiziragama zimeze nk’aho zoba zizungazungishwa n’imiyaga. Ariko rero, Ijambo rya Yehova ntirinyiganyiga. Mu binjana n’ibindi Bibiliya yamye itanga impanuro ku kuntu abana bakwiye kureranwa urukundo. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba.” (Abanyefeso 6:4) Ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kumenya yuko dushobora kwiheka ku ngingo mfatirwako za Yehova; ntizizohinduka!
Imihezagiro Abagamburuka Ivyagezwe vy’Imana Baronka
15, 16. (a) Turamutse dushize mu ngiro ingingo mfatirwako za Yehova, hazovamwo ibiki? (b) Ivyagezwe vy’Imana bigaragara gute ko ari inyobozo yumvikana mu mubano w’ababiranye?
15 Ibicishije ku mumenyeshakazoza wayo Yesaya, Imana yavuze iti: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . rizosozera ico naritumye.” (Yesaya 55:11) Nk’uko biri koko, mu gihe twihata ata gufyina kugira dukurikire ingingo mfatirwako ziri mw’Ijambo ryayo, tuzokwererwa, tuzorangura ibintu ivyiza kandi turonke ubuhirwe.
16 Rimbura ukuntu ivyagezwe vy’Imana ari inyobozo yumvikana kugira umubano w’ababiranye uroranirwe. Paulo yanditse ati: “Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.” (Abaheburayo 13:4) Abubakanye bategerezwa kwubahana kandi bagakundana: “Umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe [“cane,” NW] umugabo wiwe.” (Abanyefeso 5:33) Ubwoko bw’urukundo rukenewe buradondowe mu 1 Ab’i Korinto 13:4-8: “Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu, ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri: rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose. Urukundo nta ho rushira.” Umubano w’ababiranye urangwa n’ubwo bwoko bw’urukundo, ntuzosambuka.
17. Ni ivyiza nyabaki biva mu gukurikiza ingingo mfatirwako za Yehova ku biraba ukunywa inzoga?
17 Ikindi kimenyamenya c’uko ingingo mfatirwako za Yehova ari nzanakunguko ni uko yiyamiriza akaborerwe. Mbere aranka ko umuntu ‘atwarwa na vino nyinshi.’ (1 Timoteyo 3:3, 8; Abaroma 13:13) Abantu benshi biyobagiza ingingo mfatirwako z’Imana kuri ico kintu barasinzikazwa n’indwara ziterwa canke zunyurwa n’ukunywa birenze urugero. Kubera biyobagiza impanuro ya Bibiliya ivuga ivyo kwigerera, bamwe baragize akamenyero ivyo kunywa cane kugira ngo “bibafashe kwiruhura.” Ingorane ziva mu kunywa birenze urugero ni nyinshi, harimwo ugutakaza icubahiro, ubucuti bwo mu rugo burononekara canke mbere urugo rugasambuka, ugusesagura itunga ry’urugo be n’ugutakaza akazi. (Imigani 23:19-21, 29-35) None ingingo mfatirwako za Yehova ku biraba ukunywa inzoga si uburinzi?
18. Ivyagezwe vy’Imana vyoba ari kirumara mu bijanye n’amahera? Sigura.
18 Ingingo mfatirwako z’Imana zaragaragaye kandi ko ari ngirakamaro mu bijanye n’amahera. Bibiliya ihanura Abakirisu kuba inzirabugunge n’abanyamwete. (Luka 16:10; Abanyefeso 4:28; Ab’i Kolosayi 3:23) Kubera yuko bakurikiza iyo mpanuro, Abakirisu benshi barahawe akazi karuta ako bari bafise canke mbere bagumye mu kazi mu gihe abandi bahagaritswe. Biravamwo kandi ivyiza mu vy’amahera mu gihe umuntu yirinze imigenzo nk’iyo be n’ukwizizirwa nk’ukwo biteye kubiri n’Ivyanditswe; nk’akamari, ukunywa itabi, n’ukwihereza ibiyayura umutwe. Nta nkeka ko ushobora kwiyumvira utundi turorero tw’ukuntu ingingo mfatirwako z’Imana ari kirumara mu vy’ubutunzi.
19, 20. Ni kuki ari ingendo iranga ubukerebutsi kwemera no kwumira ku vyagezwe vy’Imana?
19 Biroroshe ku bantu b’abanyagasembwa guca kubiri n’ivyagezwe vy’Imana be n’ingingo mfatirwako zayo. Niwiyumvire Abisirayeli ku Musozi Sinayi. Imana yababwiye iti: ‘Ni mwanyumvira vy’ukuri, mukitondera isezerano ryanje, muzombera inyegu niharije, nitoranirije mu mahanga yose.’ Bishuye bati: “Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.” Ariko rero, ese ingene bahisemwo gukurikira ingendo ihushanye n’ivyo bemeye! (Kuvayo 19:5, 8; Zaburi 106:12-43) Aho kugira iyo nyifato, nimuze twemere ingingo mfatirwako z’Imana kandi tuzumireko.
20 Ingendo iranga ubukerebutsi kandi y’ubuhirwe ni iyo kwumira ku vyagezwe ntangere Yehova yatanze bifasha kuyobora ubuzima bwacu. (Zaburi 19:7-11) Kugira ngo twererwe mu kubigira, turakeneye kandi gukenguruka agaciro k’ingingo ngenderwako ziva ku Mana. Ivyo ni vyo ikiganiro gikurikira gishingiyeko.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya ido n’ido ku bijanye n’“ivyagezwe na Kristo,” raba Umunara w’Inderetsi, wo ku wa 1 Nyakanga 1996, urupapuro rwa 21-31.
Woba Wibuka?
• Ni kuki dushobora kwizigira ko ivyagezwe vy’Imana biriho ku bw’ineza yacu?
• Dukwiye gukunda icagezwe ca Yehova kubera imvo izihe?
• Ni mu buryo ubuhe ivyagezwe vy’Imana bitugirira akamaro?
[Ifoto ku rup. 7]
Aburahamu yarahezagiwe cane kubera ukugamburuka icagezwe ca Yehova
[Amafoto ku rup. 9]
Imyitwarariko y’ubuzima burimwo vyinshi bwa kino gihe irasamaza benshi ntibiteho icagezwe c’Imana
[Ifoto ku rup. 11]
Nka kumwe kw’umunara uriko itara riyobora ubwato wubatswe ku gitandara, icagezwe c’Imana ni ntabanduka kandi ntigihindagurika