ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/5 rup. 3-6
  • Ukuntu Ubumuga Buzohera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Ubumuga Buzohera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibitangaro vya Yezu Kwari Ukwerekana Imbere y’Igihe ivy’Ugukizwa Kuzoba ku Mubumbe Wose
  • Bakijijwe Batarinze Kubabara Kandi ku Buntu
  • Ugukizwa mu vy’Impwemu Ni kwo Gutegerezwa Kuza Imbere!
  • Yarakunda abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ibitangaro bigiye kuba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ugukizwa kw’Abantu ku Gitangaro Kuregereje
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Yezu Ashobora Gute Guhindura Ubuzima Bwawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/5 rup. 3-6

Ukuntu Ubumuga Buzohera

NIWIHE ishusho ubona amaso y’impumyi ahumuka, amatwi y’uwutumva yumva amajwi yose, ururimi rw’ikiragi ruririmbana umunezero, ukabona n’ibirenge vy’uwucumbagira bikomera agashobora kugendagenda! Ntituriko tuvuga ivyerekeye amaterambere yo mu vy’ubuvuzi, mugabo turiko tuvuga ivyerekeye ibizoshika igihe Imana ubwayo izohagurukira gutabara umuryango w’abantu. Bibiliya ibura iti: “Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe.” (Yesaya 35:5, 6) Mugabo, dushobora gute kudakeka ko ubwo buhanuzi vy’ukuri butangaje buzoranguka?

Ubwa mbere, igihe Yezu Kirisitu yari kw’isi, si ivy’imbeshere ko yakijije abantu ubwoko bwose bw’indwara n’ubumuga. Ikindi kandi, vyinshi mu bitangaro yakora vyabonwa n’abantu benshi, eka mbere n’abansi biwe bakavyibonera. Kukaba nkako, n’imiburiburi igihe kimwe, abamurwanya bafise agatima ko guharira baraperereje bitonze igihe Yezu yari yakijije umuntu, kugira ngo bamutyoze. Mugabo, basanze bakoze ubusa kubera yuko ivyo bakoze vyose vyaje kwemeza igitangaro ciwe. (Yohana 9:1, 5-34) Yezu amaze gukora ikindi gitangaro ntaharirwa, bavuze n’umubabaro n’akantu bati: “Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi.” (Yohana 11:47) Ariko rero abanyagihugu basanzwe ntibari n’imitima ikomantaye nk’abo, kubera yuko benshi batanguye kwizera Yezu.​—Yohana 2:23; 10:41, 42; 12:9-11.

Ibitangaro vya Yezu Kwari Ukwerekana Imbere y’Igihe ivy’Ugukizwa Kuzoba ku Mubumbe Wose

Ibitangaro vya Yezu ntivyatanze gusa icemeza c’uko Yezu yari Mesiya akaba n’Umwana w’Imana. Vyaranatanze ishingiro ryo kwizera imihango yo muri Bibiliya yuko umuryango w’abantu ugamburuka uzokizwa muri kazoza. Iyo mihango irimwo n’ubuhanuzi buri muri Yesaya ikigabane ca 35, ubwavuzwe mu ngingo itangura. Ku vyerekeye amagara abantu batinya Imana bazogira muri kazoza, muri Yesaya 33:24 havuga hati: “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye.” Muri ubwo buryo nyene, mu Vyahishuriwe 21:4 hasezerana hati: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere [ibigeragezo n’ugucumukura vyo muri iki gihe] bishize.”

Abantu ntibahengeshanya gusenga basaba yuko ubwo buhanuzi buranguka, igihe basubiramwo isengesho ry’akarorero rya Yezu, irivuga riti: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.” (Matayo 6:10) Emwe, ivyo Imana igomba birerekeye isi be n’umuryango w’abantu. Indwara n’ubumuga, naho vyaretswe bikabaho ku bw’imvo yinaka, vuba bigiye guhera; ntibizoguma nantaryo vyonona “indava y’ibirenge” y’Imana.​—Yesaya 66:1.a

Bakijijwe Batarinze Kubabara Kandi ku Buntu

Naho abantu baba basinzikaye gute, Yezu yarabakiza batarinze kubabara, nk’aka kanya, kandi ku buntu. Inkuru yerekeye ivyo bintu ntiyabura gukwiragira hose nk’umuriro wa Nyakanga, maze bidatevye “abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’abandi benshi, babashira imbere y’ibirenge vyiwe, arabakiza.” Abantu bavyakiriye gute? Inkuru ya Matayo yavyiboneye ibandanya igira iti: “Ishengero ri[ra]tangara ribonye ibiragi bivuga n’ibimuga bikomera n’abacumbagira bagenda neza n’impumyi zibona; bahimbaza Imana y’Abisirayeli.”​—Matayo 15:30, 31.

Urabona ko abakijijwe na Yezu batarobanuwe mw’ishengero mu buryo bwitondewe, ayo akaba ari amayeri abangushi bakoresha. Ahubwo, incuti nyinshi z’abarwaye canke abagenzi benshi bazo “babashira imbere y’ibirenge vy[a Yezu], a[k]abakiza.” Ubu na ho nimuze twihweze uturorero tunaka tumwetumwe tw’ubushobozi Yezu yari afise bwo gukiza.

Ubuhumyi: Igihe Yezu yari i Yeruzalemu, yarahumuye umugabo umwe yari “yavutse ar’impumyi.” Uwo mugabo yari azwi cane muri ico gisagara ko yari impumyi isegerereza. Urashobora rero kwiha ishusho ry’ukuntu abantu baryohewe hakaba uruyogoyogo igihe bamubona agendagenda abona! Yamara rero, si bose bahimbawe. Kubera bamwebamwe mu banywanyi b’akadumbi k’Abayuda bakomakomeye kandi bafise akosho bitwa Abafarizayo, imbere y’aho agashavu kari kabariye igihe Yezu yashira ku kabarore ububisha bwabo, bariko bararondera babuze ukuntu boronka ibimenyamenya vy’uko Yezu ari umwangushi. (Yohana 8:13, 42-44; 9:1, 6-31) Ni co gituma bacucagiye ibibazo uwo mugabo yari yakijijwe, hanyuma babicucagira abavyeyi biwe, bongera kandi kugaruka kuri nya mugabo. Mugabo, ibibazo vy’abo Bafarizayo vyemeje gusa igitangaro ca Yezu, bituma riniga. Kubera yuko uyo mugabo yakijijwe yabuze ico afata n’ico areka bivuye ku vy’uko izo ndyadya zo mu madini zari zononekaye, ubwiwe yivugiye ati: “Uhereye kera hose ntihumvikanye ko har’umuntu yahumūye amaso y’uwavutse ar’impumyi. Iyaba uyo atāvuye ku Mana, nta co yoshoboye gukora.” (Yohana 9:32, 33) Kubera ayo majambo aranga ukwizera avuye ku mutima kandi y’ubwenge uwo yahoze ari impumyi yavuze, Abafarizayo “bamuhindi[ye] hanze,” bikaba bisobanura ko bamwirukanye mw’isinagogi.​—Yohana 9:22, 34.

Ukutumva: Igihe Yezu yari i Dekapoli, akaba ari intara yo mu buseruko bw’Uruzi Yorodani, “bamuzani[ye] igipfamatwi kidatobora neza.” (Mariko 7:31, 32) Yezu ntiyakijije gusa uwo muntu, mugabo kandi yaraseruye ko abona mu buryo bugera kure ivy’inyiyumvo z’ico gipfamatwi, uwoshoboye guterwa ubuyega no kuba mw’ishengero ry’abantu. Bibiliya itubwira yuko Yezu yafashe nya gipfamatwi, “agikūra mw ishengero, aracihererana” maze aragikiza. No muri ico gihe abavyiboneye “baratanga[ye] cane” mu kuvuga bati: “Akoze vyose neza: azibūra n’ibipfamatwi, kand’avugisha ibiragi.”​—Mariko 7:33-37.

Ukumugara: Igihe Yezu yari i Kaperinawumu, abantu baraje kuri we bazanye umugabo yamugaye aryamye ku nderuzo. (Matayo 9:2) Ku murongo wa 6 gushika ku 8, haradondora ivyabaye. Hagira hati: “[Yezu] abgira ikimuga, ati Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe. Aravyuka arataha. Ishengero ribibonye, riratinya, rihimbaza Imana yahaye abantu ububasha ben’ubgo.” Ico gitangaro na co nyene cakozwe mu maso y’abigishwa ba Yezu be n’imbere y’abatamwerekwa. Urabona yuko abo bigishwa, kubera bo batari abahumye bitewe n’urwanko be n’umwikeko, “[b]ahimba[je] Imana” ku bw’ivyo biboneye.

Indwara: “Haza umunyamibembe kuri [Yezu], a[ra]mwinginga amupfukamiye, at’Ukunze, woshobora kumpumanura. Amugirira akagongwe, aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. Imibembe ica imuvako, arakira.” (Mariko 1:40-42) Urabona ko Yezu atakijije uwo muntu mu kwikurayo gusa, mugabo ko yabitumwe n’ikibabarwe nyakuri. Ibaze iyo uba wari umunyamibembe. Wokwiyumvise umerewe gute iyo uba wakijijwe bukwi na bukwi kandi utababaye, indwara iteye ubwoba, iyagiye buhorobuhoro ironona umubiri wawe kandi igatuma uharirwa ivomo? Nta nkeka ko ushobora gutahura igituma uwundi munyamibembe yari yakijijwe ku gitangaro “yikubi[se] imbere y’ibirenge [vya Yezu], a[k]amushima.”​—Luka 17:12-16.

Gukomereka: Igitangaro ca nyuma Yezu yakoze imbere yuko afatwa maze akamanikwa, cari igikorwa co gukiza. Intumwa Petero yaragize igihababu co kurwanya abagira bafate Yezu, kubera “yari n’inkota, arayisokōra, aca ugutwi kw’i buryo kw’umuntu w’umuherezi mukuru.” (Yohana 18:3-5, 10) Luka ashikiriza iyo nkuru nyene atubwira yuko Yezu “[yakoze] ku gutwi kwiwe, aramukiza.” (Luka 22:50, 51) No muri ico gihe nyene, ico gikorwa c’ubugiraneza cakozwe mu maso y’abagenzi ba Yezu be n’abansi biwe, muri ico gihe bakaba bari abaje kumufata.

Emwe, uko turushiriza kwihweza ibitangaro Yezu yakoze, ni ko turushiriza gutegera ibintu bigaragaza ko vyabaye koko. (2 Timoteyo 3:16) Nk’uko twamaze kubivuga, umwihwezo nk’uyo ukwiye gukomeza ukwizera kwacu mu muhango w’Imana wo gukiza abantu bagamburuka. Bibiliya isobanura yuko ukwizera kw’Umukirisu ari: “ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kand’ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ivy’ukuri.” (Abaheburayo 11:1, ni twe tubihiritse.) Biragaragara rero ko Imana itaremesha gupfa kwemera nk’impumyi canke gupfa kwizigira ibintu ngo bizoba, mugabo iremesha kugira ukwizera gukomeye gushingiye ku bimenyamenya. (1 Yohana 4:1) Uko turonka ukwizera nk’ukwo, dusanga turiko turarushiriza gukomera mu vy’impwemu, kugira amagara meza, no guhimbarwa.​—Matayo 5:3; Abaroma 10:17.

Ugukizwa mu vy’Impwemu Ni kwo Gutegerezwa Kuza Imbere!

Abantu benshi bafise amagara meza y’umubiri, usanga badahimbawe. Bamwebamwe baranagerageza kwiyahura kubera yuko ata cizigiro ca kazoza bafise, canke kubera bumva barengewe n’ingorane. Ku bwa ngingo, ni ibimuga mu buryo bw’impwemu, mu nyonga z’Imana bukaba ari ubumuga bukomeye kuruta kure n’iyo ubumuga bwo ku mubiri. (Yohana 9:41) Ku rundi ruhande, abantu benshi bamugaye ku mubiri, bafise ubuzima buranga agahimbare kandi bumara akanyota. Uti kuki? Kubera yuko bafise amagara meza mu buryo bw’impwemu kandi bagahabwa ingoga n’icizigiro ntakekeranywa gishingiye kuri Bibiliya.

Igihe Yezu yariko aravuga inkenero twebwe abantu twisangije, yagize ati: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.” (Matayo 4:4) Egome, mu buryo butandukanye n’ibikoko, abantu ntibakenera gusa ibibungabunga imibiri yabo. Kubera ko twaremwe “mw ishusho” y’Imana, turakenera imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ubumenyi bwerekeye Imana n’ukuntu tugira uruhara mu mugambi wayo, hamwe n’ugukora ivyo igomba. (Itanguriro 1:27; Yohana 4:34) Ubumenyi bwerekeye Imana buratuma ubuzima bwacu bugira ico buvuze kandi bukaduha ingoga zo mu vy’impwemu. Burashinga kandi ishingiro ry’ubuzima budahera mw’iparadizo kw’isi. Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.”​—Yohana 17:3.

Biri n’ico bivuze kubona abantu bo mu gihe ca Yezu batamwita “Uwukiza,” mugabo bakamwita “Mwigisha.” (Luka 3:12; 7:40) Kubera iki? Kubera yuko Yezu yigishije abantu ivyerekeye umuti wamaho w’ingorane z’abantu, na wo akaba ari Ubwami bw’Imana. (Luka 4:43; Yohana 6:26, 27) Iyo ntwaro yo mw’ijuru iri mu minwe ya Yezu Kirisitu, izotegeka isi yose yongere ishitse imihango yose ya Bibiliya yerekeye ugusubiza umutamana mu buryo bunonosoye kandi buramba abantu b’abagororotsi be n’isi babako. (Ivyahishuriwe 11:15) Ni co gituma mw’isengesho ryiwe ry’akarorero, Yezu yerekanye ko ukuza kw’Ubwami gufitaniye isano n’ivyo gukora igomba ry’Imana kw’isi.​—Matayo 6:10.

Ku bantu benshi bamugaye, kwiga ivyerekeye ico cizigiro ceza umutima vyatumye amosozi y’umubabaro bakorora ahinduka amosozi y’umunezero. (Luka 6:21) Kukaba nkako, Imana ntizogarukira gusa ku gukuraho indwara n’ubumuga, izorandura n’inkwezi nyene y’ugucumukura kw’abantu, ni ukuvuga icaha ubwaco. Kukaba nkako, muri Yesaya 33:24 no muri Matayo 9:2-7 twasubiyemwo, herekana ko indwara ifitaniye isano n’ukuba turi abanyavyaha. (Abaroma 5:12) Ni co gituma, icaha kimaze gutsindwa, umuryango w’abantu uzoba ugiye washika ku kwinovora “ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana,” akaba ari umwidegemvyo urimwo n’ukutagira agasembwa mu muzirikanyi no ku mubiri.​—Abaroma 8:21.

Abafise amagara meza ku rugero runaka, barashobora kutabona akamaro kavyo. Mugabo, abasinzikajwe n’ubumuga bo si ukwo. Barazi ukuntu amagara n’ubuzima ari ivy’agaciro, be n’ukuntu ibintu bishobora guhinduka bukwi na bukwi bitari vyitezwe. (Umusiguzi 9:11) Ni co gituma twizigiye yuko mu basomyi bacu, abamugaye bazorimbura bimwe bidasanzwe imihango y’akaroruhore y’Imana nk’uko yanditse muri Bibiliya. Yezu yatanze ubuzima bwiwe kugira ngo atume iyo mihango iranguka. None ga yemwe, hari ikindi cemeza kiruta ico dufise?​—Matayo 8:16, 17; Yohana 3:16.

[Akajambo k’epfo]

a Niba ushaka kumenya ido n’ido ry’igituma Imana yaretse hakabaho ugucumukura, raba agatabu Dieu se soucie-t-il vraiment de nous? (Imana Yoba Itwitwararika Koko?) kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika