Nukurikire Icitegererezo c’Abami
“Aze yiyandikishirize ibi vyagezwe mu gitabo, . . . Ico gitabo az’acamane, agisome imisi yose y’ukubaho kwiwe.”—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 17:18, 19.
1. Umukirisu yoshaka kumera nka bande?
BIRAGOYE ko wokwiyumvira uri umwami canke umwamikazi. Ni uwuhe Mukirisu kandi w’umutohoji w’umwizerwa wa Bibiliya yokwiha ishusho ariko akorana ububasha bwa cami, nk’aba Bami beza Dawidi, Yosiya, Hezekiya canke Yehoshafati? Yamara, urashobora kumera nka bo n’imiburiburi mu buryo budasanzwe bumwe kandi urabikwiye. Ubwo buryo ni ubuhe? Kandi ni kuki ukwiye gushaka kumera nka bo muri ivyo?
2, 3. Ni ibiki Yehova yari yarabonye imbere y’igihe ku bijanye n’umuntu yobaye umwami, kandi ni ibiki umwami nk’uyo yokoze?
2 Mu misi ya Musa, imbere cane yuko Imana yemera ko haba umuntu aba umwami w’Abisirayeli, yari yaramaze kubona ko icipfuzo co kuronka umwami cokwadutse mu basavyi bayo. Ni co gituma yahumekeye Musa kugira ashire mw’isezerano ry’Ivyagezwe amabwirizwa ajanye n’ivyo. Ayo yari amabwirizwa ya cami, ni ukuvuga inyobozo z’umwami.
3 Imana yavuze iti: “Ni mwamara gushika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abaha, . . . mukiyumvira, muti Reka twishirireh’umwami wo kutuganza, nk’uko bimeze mu yandi mahanga yose adukikije; umwami muzoshiraho ntaz’abure kuba uwo Uhoraho Imana yanyu azotoranya; . . . Maze ni yamara kuja ku ngoma, aze yiyandikishirize ibi vyagezwe mu gitabo, . . . Ico gitabo az’acamane, agisome imisi yose y’ukubaho kwiwe: kugira ngo yige kwubaha Uhoraho Imana yiwe, yitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe n’aya mabgirizwa, abishitse.”—Gusubira mu Vyagezwe 17:14-19.
4. Amabwirizwa Imana yahaye abami yarimwo ibiki?
4 Egome, umwami Yehova yocaguriye abasavyi biwe yategerezwa kwigirira ikopi yiwe bwite y’ivyanditswe, ivyo ushobora gusanga muri Bibiliya yawe. Hanyuma nya mwami yategerezwa gusoma iyo kopi yimuye ku musi ku musi, yisubiriza. Ukwo ntikwari ukwimenyereza gufata ku mutwe. Kwari ukwiga, kandi vyari bifise intumbero ngirakimazi. Umwami yokwemewe na Yehova yari akeneye kubandanya kwiyigisha nk’ukwo kugira atsimbataze yongere agumye inyifato ibereye yo mu mutima. Yari akeneye kandi kwiga ivyo vyanditswe vyahumetswe kugira ngo yererwe yongere abe umwami aciye mu kajisho.—2 Abami 22:8-13; Imigani 1:1-4.
Niwige nka Kumwe kw’Umwami
5. Umwami Dawidi yari afise ibihe bice vya Bibiliya vyo kwimura no gusoma, kandi ivyo yabibonye gute?
5 Wiyumvira ko Dawidi yokoze iki amaze kuba umwami wa Isirayeli? Niko, yari gutegerezwa kwigirira ikopi y’ibitabu bigize Pentateki, ni ukuvuga ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya (Itanguriro, Kuvayo, Abalewi, Guharūra no Gusubira mu Vyagezwe). Iyumvire ico bitegerezwa kuba vyarakoze ku muzirikanyi wa Dawidi no ku mutima wiwe mu gukoresha amaso be n’iminwe vyiwe bwite mu kwiyandikira ikopi y’Ivyagezwe. Bisa n’uko Musa yanditse kandi igitabu ca Yobu cokimwe na Zaburi ya 90 n’iya 91. Dawidi yoba yarimuye n’ivyo na vyo? Kumbure. Vyongeye, ashobora kuba yari afise igitabu ca Yosuwa, c’Abacamanza n’ica Rusi. Gutyo, urashobora kubona ko Umwami Dawidi yari afise igice kitari gito ca Bibiliya co gusoma no kwiyinjizamwo. Kandi urafise imvo yo kwemera ko ivyo yabigize, kuko raba ivyo avuga ku bijanye n’Ivyagezwe vy’Imana, dusanga ubu muri Zaburi 19:7-11.
6. Dushobora gute kumenya tudakekeranya yuko Yezu, nka kumwe kwa sekuruza wiwe Dawidi yashimishwa n’Ivyanditswe?
6 Dawidi Mukuru, ari we Yezu Umwana wa Dawidi, yarakurikiye icitegererezo nk’ico. Yezu yari afise umugenzo wo kugenda mw’isinagogi y’aho yaba ku ndwi ku ndwi. Aho, yarumva Ivyanditswe bisomwa vyongeye bigasasanurwa. Bisubiye, igihe kimwe Yezu ubwiwe yarasomye ku mugaragaro n’ijwi ryumvikana ibiri mw’Ijambo ry’Imana yongera arasigura ukuntu vyoshirwa mu ngiro. (Luka 4:16-21) Urashobora gutahura bitagoranye ingene yari amenyereye Ivyanditswe. Pfa gusa gusoma inkuru zo mu Njili maze urabe incuro Yezu yavuze ati: “Vyanditswe ng[o]” canke mu bundi buryo incuro yerekeje ku mirongo izwi yo mu Vyanditswe. Nk’akarorero, nk’uko vyanditswe na Matayo, mu Nsiguro ya Yezu yo ku Musozi yarasubiyemwo Ivyanditswe vy’Igiheburayo incuro 21.—Matayo 4:4-10; 7:29; 11:10; 21:13; 26:24, 31; Yohana 6:31, 45; 8:17.
7. Yezu yari atandukaniye he n’indongozi z’amadini?
7 Yezu yarakurikije impanuro iri muri Zaburi 1:1-3 igira iti: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, . . . Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo [“asoma n’ijwi ritoyi,” NW] ku murango no mw ijoro. . . . Ic’azokora cose kizomubera ko.” Ese ukuntu ivyo vyari bitandukanye n’indongozi z’amadini zo mu gihe ciwe, zari “[z]icaye ku ntebe ya Mose” ariko zikiyobagiza ‘icagezwe ca Yehova’!—Matayo 23:2-4.
8. Ni kuki indongozi z’amadini y’Abayuda zasomye kandi zikiga Bibiliya ataco vyazunguye?
8 Ariko rero, bamwebamwe boshobora kuzazanirwa n’umurongo umwe woshobora gusobanurwa nk’aho Yezu yoba yariko abuza abantu kwiga Bibiliya. Muri Yohana 5:39, 40, tuhasoma ivyo Yezu yabwiye bamwebamwe bo mu gihe ciwe ati: “Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubu[zima] budashira, kand’ari vyo binshingira intahe, ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubu[zima].” Ayo majambo ya Yezu ntiyerekana ko yariko abuza Abayuda bamwumviriza kwiga Ivyanditswe. Ahubwo yariko ashira ku kabarore uburyarya bwabo canke ukuba mahindagu kwabo. Baratahura ko Ivyanditswe ari vyo vyoshoboye kubashikana ku buzima budahera, ariko nya Vyanditswe nyene bariko barondera ni vyo vyari bikwiye kandi kubayobora kuri Mesiya ari we Yezu. Yamara rero, baranse kumwemera. Ku bw’ico, ukwiga ntaco vyabunguye kubera ko bari indyarya, bari bagoye kwigisha.—Gusubira mu Vyagezwe 18:15; Luka 11:52; Yohana 7:47, 48.
9. Ni akarorero keza akahe intumwa be n’abahanuzi bo mu ntango basize?
9 Ese ukuntu bitandukanye n’uko ivy’abigishwa ba Yezu vyari bimeze, udasize inyuma intumwa! Barize “ivyanditswe vyera bishobora [kumenyesha umuntu] ubgenge bgo ku[mu]zanira agakiza.” (2 Timoteyo 3:15) Muri ivyo, babaye nk’abahanuzi bo mu ntango ‘barondera bagasesa.’ Abo bahanuzi ubwo bushakashatsi ntibabufata nk’ukwiga gusa ushirutse umwete mu kanya gato nko mu mezi makeyi canke mu mwaka umwe gusa. Intumwa Petero ivuga ko “[baguma] basesa” canecane ku vyerekeye Kirisitu n’ubuninahazwa yari kugira mu bijanye n’uruhara rwiwe rwo kurokora umuryango w’abantu. Mw’ikete ryiwe rya mbere, Petero yasubiyemwo incuro 34 ibiri mu bitabu cumi vya Bibiliya.—1 Petero 1:10, 11.
10. Kubera iki umwe wese muri twebwe akwiye kwitwararika ivy’ukwiga Bibiliya?
10 Biratomoye rero ko ukwiga Ijambo ry’Imana umuntu avyitondeye cari igikorwa abami bari barashinzwe mu gihe ca Isirayeli ya kera. Yezu yakurikije ico citegererezo. Kandi kuryiga cari igikorwa abotegetse ari abami bari kumwe na Kirisitu mw’ijuru bokoze. (Luka 22:28-30; Abaroma 8:17; 2 Timoteyo 2:12; Ivyahishuriwe 5:10; 20:6) Ico citegererezo abami basize kirakenewe ku bantu bose muri kino gihe barindiriye imihezagiro yo kw’isi izoba mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami, nk’uko nyene vyari biri ku bami.—Matayo 25:34, 46.
Ni Igikorwa c’Abami Kikaba n’Icawe
11. (a) Ni ingeramizi iyihe ihari ku Bakirisu mu bijanye n’ivy’ukwiyigisha? (b) Vyoba vyiza twibajije ibibazo ibihe?
11 Turashobora kuvuga dushimitse kandi tutarya umunwa yuko Umukirisu wese w’ukuri akwiye kwama yihweza Bibiliya. Ico si ikintu gikenewe gusa igihe wigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere. Umwe wese muri twebwe abwirizwa kugira umwiyemezo wo kwirinda kumera nka bamwebamwe bo mu gihe c’intumwa Paulo, haciye igihe bafashe minenerwe ivy’ukwiyigisha. Barize “ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana,” nk’“inyigisho y’intango yerekeye Kirisitu.” (NW) Ariko rero, ntibagumye biyigisha maze kubera ico ‘ntibateye imbere bagana ku buhumure.’ (NW) (Abaheburayo 5:12–6:3) Ku bw’ivyo dushobora kwibaza duti: ‘Mbona gute ivyerekeye ukwiyigisha Ijambo ry’Imana, naba maze igihe gito canke imyaka mirongo nifatanije n’ishengero rya gikirisu? Paulo yasenze asaba ko Abakirisu bo mu gihe ciwe boguma “[ba]gwizwa no kumenya Imana.” Noba nerekana ko mfise icipfuzo nk’ico?’—Ab’i Kolosayi 1:9, 10.
12. Ni Kubera iki kubandanya gukunda Ijambo ry’Imana bihambaye?
12 Ikintu nyamukuru cotuma ugira utumenyero twiza two kwiga ni ugutsimbataza ugukunda Ijambo ry’Imana. Zaburi 119:14-16 herekeza ku kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana ubudahorereza, kandi ubigiranye intumbero ko ari bwo buryo bwotuma ushika ku kumva ko riguhimbara. Tubivuge tubisubire, ivyo ni ko biri utaravye igihe umaze uri Umukirisu. Mu gushimika kuri ivyo, niwibuke akarorero ka Timoteyo. Naho uwo mukurambere w’Umukirisu yari asanzwe asukura ari “umusoda mwiza wa Kristo Yesu,” Paulo yamuhimirije kugira uko ashoboye kugira ngo “aramiriz[e] neza mw ijambo ry’ukuri.” (2 Timoteyo 2:3, 15; 1 Timoteyo 4:15) Biragaragara ko gukora uko ‘ushoboye’ birimwo kugira utumenyero twiza two kwiga.
13. (a) Umwanya wiyongereye wo kwiga Bibiliya woboneka gute? (b) Ni ibiki ubona ko ushobora guhindura kugira uronke umwanya wo kwiga?
13 Intambwe wogira ku bijanye n’utumenyero twiza two kwiga ni ukwama ushira ku ruhande umwanya wo gusoma Bibiliya. Woba wahora uvyifatamwo gute? Ukwo wokwishura kwose, woba none wiyumvira ko wokwungukira ku kumara umwanya munini wiyigisha? Ushobora kwibaza uti: ‘Noba nkwiye kuringaniza umwanya ku bw’ico?’ Emwe, bamwebamwe barongereje umwanya kirumara wo kwiga Bibiliya mu kuvyuka hakiri kare mu gitondo. Barashobora gusoma Bibiliya mu minuta 15 canke bagashobora kwitunira ku mugambi wo kwiyigisha. Ubundi buryo bushoboka, ubona gute ugize utwo uhinduye mu rutonde ufise rwo ku ndwi ku ndwi? Nk’akarorero, niba ufise akamenyero ko gusoma ibinyamakuru vyo mw’isi imisi myinshi canke uraba amakuru yo ku mugoroba kuri televiziyo, vyoba bishoboka ko uheba kugira ivyo n’umusi umwe gusa mu ndwi? Ushobora gukoresha umwanya w’uwo musi mu kurushiriza kwiga Bibiliya. Uramutse usubirije umwanya w’amakuru umusi umwe, maze ugahebera umwanya ungana n’iminuta 30 canke irenga ukwiyigisha, woronka amasaha arenga 25 mu mwaka. Iyumvire ivyo wokwunguka mu masaha 25 y’ugusoma canke kwiga Bibiliya kwiyongereye! Ngiki ikindi ciyumviro: Uko indwi iza izoba iriko irengana, nusuzume ibikorwa vyawe ku mpera y’umusi umwumwe wose. Raba niba hari ikintu gishobora gukurwamwo canke kugabanywa kugira bikuronse umwanya wo kurushiriza gusoma canke kwiga Bibiliya.—Abanyefeso 5:15, 16.
14, 15. (a) Ni kuki amahangiro ahambaye mu bijanye no kwiyigisha? (b) Ni amahangiro ayahe ashoboka ku bijanye n’ugusoma Bibiliya?
14 Ni igiki kizotuma kwiyigisha birushiriza kukworohera, bikuryohera gusumba? Ni amahangiro wishingira. Ni amahangiro nyayo ayahe yo kwiga ushobora kwishiriraho? Kuri benshi, ihangiro rya mbere ryiza bashiraho ni iry’ugusoma Bibiliya yose uko ingana. Kumbure gushika ubu, uramaze gusoma ibice vya Bibiliya mu gihe kinaka kandi waravyungukiyeko. Ubu naho woba ushobora kugira umwiyemezo wo gusoma Bibiliya yose uko ingana? Ku bw’ivyo ihangiro rya mbere rishobora kuba iryo gusoma za Njili zine, hagakurikira ihangiro nk’iry’uguca usoma Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu bisigaye. Umaze kubona ugushira akanyota be n’ivyiza bivamwo, ihangiro ryawe rikurikira rishobora kuba iryo kubandanya gusoma ibitabu vya Musa be n’ibitabu vyigana inkuru za kahise gushika kuri Esiteri. Umaze kurangiza ivyo, uzobona ko ushobora gusozera igice ca Bibiliya gisigaye. Umukenyezi umwe yari afise nk’imyaka 65 igihe yaba Umukirisu, yaranditse ku gipfukisho ca Bibiliya yiwe imbere itariki yatanguye kuyisomerako hamwe n’itariki yayirangirijeko. Ubu akaba amaze gusoma Bibiliya incuro zitanu! (Gusubira mu Vyagezwe 32:45-47) Kandi aho kuyisomera kuri orodinateri canke ngo asome ibisohowe muri yo, yaba afise Bibiliya mu minwe.
15 Abamaze gushitsa ihangiro ryo gusoma Bibiliya yose, baratera izindi ntambwe kugira ngo ukwiga kwabo kubandanye kurushiriza kuvamwo ivyiza n’impera. Uburyo bumwe ni ukwongeramwo amayagwa yo kwiga yacaguwe imbere y’ugusoma igitabu ca Bibiliya kimwekimwe cose uko bikurikirana. Mu gitabu “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile” na Étude perspicace des Écritures, umuntu arashobora kuronkamwo amakuru meza yerekeye ukuntu kahise kari kifashe, ukuntu igitabu canditswe, n’inyungu umuntu ashobora gukura mu gitabu kimwekimwe cose ca Bibiliya.a
16. Dukwiye kwirinda gukurikira akahe karorero ku bijanye n’ukwiga Bibiliya?
16 Mu gihe wiga, niwirinde inyifato abenshi bitwa ngo ni incabwenge mu vya Bibiliya bakunda kugira. Baritunira bimwe birenze urugero ku gusuzuma ibisomwa nk’aho Bibiliya yoba ikomoka ku muntu. Bamwebamwe muri bo baragerageza kwishingira ku gitabu kimwekimwe cose imigwi y’abantu batandukanye biraba, canke kwiyumvira intumbero be n’icokwitwa ko ari ukubona ibintu, umwanditsi w’igitabu kimwekimwe cose yari afise mu muzirikanyi. Ikiva mu kwiyumvira nk’ukwo kw’abantu gishobora kuba ukubona ibitabu bigize Bibiliya nk’inkuru z’ivya kahise gusa, canke kubibona nk’aho vyoba bigaragaza ibintu vyashitsweko n’idini. Izindi ncabwenge zitwarwa n’ivyo gutohoza amajambo, nk’ukwiga amajambo y’ururimi Bibiliya yanditswemwo. Bitunira cane ku kwiga inkomoko y’amajambo no ku kuvuga insobanuro afise mu Giheburayo no mu Kigiriki aho kwitunira ku kamaro ubutumwa bw’Imana bufise. Wibaza ko kubigira mwene ukwo vyongereza kandi bigakabura ukwizera?—1 Ab’i Tesalonike 2:13.
17. Ni kuki dukwiye kubona ko Bibiliya ifise ubutumwa bugenewe abantu bose?
17 None ivyo incabwenge zishikako vyoba vyumvikana? Vyoba ari ivy’ukuri yuko igitabu ca Bibiliya kimwekimwe cose gifise iciyumviro nyamukuru kimwe gusa, canke ko kiraba gusa umugwi kanaka w’abasomyi? (1 Ab’i Korinto 1:19-21) Ikizwi co, ni uko ibitabu bigize Ijambo ry’Imana vyama bifitiye akamaro abantu b’imyaka itandukanye kandi bakuriye mu bintu bitandukanye. Naho igitabu mu ntango cari cerekejwe ku muntu umwe, nka Timoteyo canke Tito, canke ku mugwi w’abantu kanaka, kumbure nk’Abagalatiya canke Abafilipi, twese turashobora kandi turakwiye kwiga ivyo bitabu. Birafitiye akamaro umwumwe wese muri twebwe kandi igitabu kanaka kirashobora kuvuga ibintu vyinshi, maze kikungura abasomyi benshi. Emwe, ubutumwa buri muri Bibiliya ni ubw’abantu bose, ivyo bikaba bidufasha gutahura igituma yahinduwe mu ndimi zivugwa n’abantu bo hirya no hino kuri uwu mubumbe.—Abaroma 15:4.
Irakwungura Ubwawe Ikungura n’Abandi
18. Ni ibiki ukwiye kuzirikanako uko usoma Ijambo ry’Imana?
18 Uko wiga, uzosanga ari nzanakunguko cane kurondera gutahura Bibiliya hamwe no kugerageza kuraba ukuntu ido n’ido ry’ibiyirimwo bifitaniye isano. (Imigani 2:3-5; 4:7) Ivyo Yehova yahishuye biciye kw’Ijambo ryiwe birafitaniye isano cane n’umugambi wiwe. Igihe rero usoma, ibintu vyabaye be n’impanuro zitangwa nubihuze n’umugambi w’Imana. Ushobora kuzirikana ukuntu ikintu cabaye, iciyumviro, canke ubuhanuzi bijanye n’umugambi wa Yehova. Niwibaze uti: ‘Ibi binyigisha iki ku vyerekeye Yehova? Bifitaniye isano gute n’ishitswa ry’umugambi w’Imana biciye ku Bwami bwayo?’ Ushobora kandi kwiyumvira uti: ‘Aya makuru noyakoresha gute? Noba nshobora kuyakoresha mu kwigisha canke mu guhanura abandi nisunze Ivyanditswe?’—Yosuwa 1:8.
19. Ni nde yunguka mu gihe wiganira abandi ivyo wize? Sigura.
19 Kwiyumvira abandi na vyo nyene birungura mu bundi buryo. Mu gihe uzogenda usoma kandi wiga Bibiliya, uzokwiga ibintu bishasha wongere ubone ibintu mu buryo bushasha. Ivyo wize nugerageze kubishira mu biyago vyubaka ugirana n’abo mu rugo iwanyu canke abandi. Niwabigira uko mu gihe kibereye kandi mu buryo buranga ukwifata ruto, ibiyago nk’ivyo nta nkeka ko bizoba ibihesha impera. Kwigāna ivyo wize canke ivyo wasanze bishimishije ata buryarya kandi ubigiranye ubushwashwanutsi, bishobora kuzotuma ayo makuru arushiriza gushimisha abandi. Ikiruta vyose, azokwungura wewe ubwawe. Mu buhe buryo? Abahinga bavuze ko umuntu azorushiriza kwibuka ivyo yize canke yasomye mu gihe abikoresha canke aguma abisubiramwo akivyibuka neza, nk’igihe avyiganira abandi.b
20. Ni kubera iki ari nzanakunguko gusoma Bibiliya wisubiriza?
20 Igihe cose usomye igitabu ca Bibiliya, nta nkeka uzokuramwo amakuru mashasha. Uzotangazwa n’imirongo ubuheruka ata kintu kinini yari yakubwiye. Izogira insobanuro nshasha. Ivyo birashimika ku vy’uko aho kuba ibitabu vy’abantu gusa, ibitabu bigize Bibiliya ari ubutunzi bubereye ko uza uriga wongera ubwungukirako. Niwibuke umwami nka Dawidi yategerezwa “[ku]gisom[a] imisi yose y’ukubaho kwiwe.”
21. Ni impera iyihe ushobora kwitega ivuye mu kurushiriza kwiyigisha Ijambo ry’Imana?
21 Egome, abafata umwanya wo kwiga Bibiliya bimwe bishika i bwina barahungukira vyinshi. Barunguka ibintu vy’agaciro be n’uguca mu kajisho mu vy’impwemu. Ubucuti bafitaniye n’Imana burarushiriza gukomera, bukarushiriza kuba ubwa somambike. Baca baba kandi ubutunzi burushirije kuba ubw’agaciro ku bagize umuryango, ku bavukanyi n’abavukanyikazi bo mw’ishengero rya gikirisu, be no ku bataracika abasenga Yehova.—Abaroma 10:9-14; 1 Timoteyo 4:16.
[Utujambo tw’epfo]
a Ivyo bikoresho bifasha kwiga vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova kandi biraboneka mu ndimi nyinshi.
b Raba Umunara w’Inderetsi wo muri Myandagaro 1993, urupapuro rwa 22-23.
Woba Uvyibuka?
• Abami bo muri Isirayeli vyari vyitezwe ko bakora iki?
• Ni akarorero akahe mu vy’ukwiyigisha Bibiliya, Yezu be n’intumwa batanze?
• Ushobora guhindura ibiki kugira wongerereze umwanya wo kwiyigisha?
• Ukwiye kwiga Ijambo ry’Imana ufise agatima akahe?
[Uruzitiro ku rup. 11]
“Mu Minwe Yacu”
“Niba dushaka . . . urutonde ku majambo yo muri Bibiliya, nta gikoresho ciza dushobora kuronka coza kiruta Internet. Ariko niba dushaka gusoma Bibiliya, kuyiga, kuyiyumvira, kuyizirikanako, dukwiye kuba tuyifise mu minwe yacu, kubera yuko ari bwo buryo bwonyene bwo kuyinjiza mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu.”—Gertrude Himmelfarb, umwigisha wa rurangiranwa yakukurutse wo muri kaminuza imwe y’i New York (City University).