ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/9 rup. 13-18
  • ‘Nta Co Yababwira Adakoresheje Ikigereranirizo’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nta Co Yababwira Adakoresheje Ikigereranirizo’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Yezu Yigisha Akoresheje Ibigereranirizo
  • Ntiyapfa Kuvuga Ibintu Vyose Ido n’Ido
  • Yabikura mu Buzima bwa Misi Yose
  • Yabikura mu Vyaremwe
  • Yabikura mu Bintu Vyabaye Bizwi n’Abamwumviriza
  • «Nta kintu yababwira adakoresheje ikigereranyo»
    “Ingo unkurikire”
  • Uburorero bwigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ibigereranyo vyerekeye Ubwami
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Niwigane wa Mwigisha Ahambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/9 rup. 13-18

‘Nta Co Yababwira Adakoresheje Ikigereranirizo’

“Yesu yabibgiye ishengero mu [“bigereranirizo,” “NW”], [kandi] nta co yababgiye [“adakoresheje ikigereranirizo,” “NW”].”​—MATAYO 13:34.

1, 2. (a) Ni kubera iki ibigereranirizo kirumara bitoroshe kwibagira? (b) Ni ibigereranirizo bwoko ki Yezu yakoresheje, kandi ni ibibazo ibihe bivyuka ku vyerekeye ukuntu yabikoresha? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

WOBA ushobora kwibuka ikigereranirizo wumvise kumbure mu nsiguro y’icese ubu haciye imyaka myinshi kivuzwe? Ibigereranirizo kirumara umuntu ntavyibagira ningoga. Umwanditsi umwe yavuze yuko ibigereranirizo “bihindura ivyo umuntu yumvise agasa n’uwushobora kubibona, bikanatuma abavyumvise biyumvira bakoresheje amashusho babona mu bwenge.” Kubera ko kenshi amashusho tubona mu bwenge ari co kintu ciza kidufasha gutahura, ibigereranirizo birashobora gutuma ivyiyumviro birushiriza kworoha gutahura. Ibigereranirizo birashobora gutuma umuntu atahura amajambo, ico vyigisha kikatuguma mu bwenge.

2 Nta mwigisha n’umwe kw’isi yigeze kuba umuhanga mu vyo gukoresha ibigereranirizo kurusha uko Yezu Kirisitu yabikoresheje. Imigani myinshi Yezu yakoresheje, barayibuka bitagoranye n’aho ubu haciye hafi imyaka ibihumbi bibiri ivuzwe.a Ni kubera iki Yezu yifashisha canecane ubwo buryo bwo kwigisha? Kandi ni igiki catumye ibigereranirizo vyiwe biba kirumara cane?

Igituma Yezu Yigisha Akoresheje Ibigereranirizo

3. (a) Nk’uko muri Matayo 13:34, 35 habivuga, ni imvo imwe iyihe yatumye Yezu akoresha ibigereranirizo? (b) Ni igiki cerekana yuko Yehova ategerezwa kuba aha agaciro ubwo buryo bwo kwigisha?

3 Bibiliya iratanga imvo zibiri nyamukuru z’igituma Yezu yakoresha ibigereranirizo. Ubwa mbere, kubigenza gutyo vyarashikije ubuhanuzi. Intumwa Matayo yanditse ati: “Yesu yabibgiye ishengero mu [“bigereranirizo,” NW], [kandi] nta co yababgiye [“adakoresheje ikigereranirizo,” NW]. Ni co catumye ivyo umuntu yavugishwa n’Imana yavuze biboneka, ngo Nzoteranura akanwa kanje, [mvuge] [“ibigereranirizo,” NW], nzovuga ivyahishijwe uhereye ku kuremwa kw’isi.” (Matayo 13:34, 35) “Umuntu yavugishwa n’Imana” yavuzwe na Matayo yari uwatunganije Zaburi ya 78:2. Uwo mwanditsi wa Zaburi yavyanditse ahumekewe n’impwemu y’Imana hagisigaye ibinjana n’ibindi ngo Yezu avuke. Ntibitangaje none kubona Yehova yaramenyesheje hagisigaye imyaka amajana yuko Umwana wiwe yokwigishije akoresheje ibigereranirizo? Nta gukeka, Yehova ategerezwa kuba aha agaciro ubwo buryo bwo kwigisha!

4. Yezu yasiguye gute igituma yakoresha ibigereranirizo?

4 Ubwa kabiri, Yezu ubwiwe yasiguye yuko yakoresha ibigereranirizo kugira ngo agosore ab’imitima ikomantaye. Amaze kubwira “ishengero ryinshi” wa mugani w’umubivyi, abigishwa biwe babajije bati: “Mbeg’ikigutera kubigishiriza mu [bigereranirizo] n’iki?” Yezu yishuye ati: “Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe. Igituma mbabgirira mu [bigereranirizo], n’ukw iyo barāba batabona; kand’iyo bumva batumva, badatahura. Kand’ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze, bibashitseko, ngo Kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura; kurāba muzorāba, ariko ntimuzoruha muvyihweza. Kuk’umutima w’ubu bgoko ucuramye.”​—Matayo 13:2, 10, 11, 13-15; Yesaya 6:9, 10.

5. Ibigereranirizo vya Yezu vyagosoye gute abumviriza bicisha bugufi be n’abantu b’imitima y’ubwibone?

5 Ni igiki cari mu bigereranirizo vya Yezu catuma abantu batandukana? Mu bihe bimwebimwe, abamwumviriza bategerezwa kwimba kugira ngo batahure amajambo yiwe bimwe bishitse. Abantu bicisha bugufi baravyurirwa umutima wo gusaba izindi nsobanuro. (Matayo 13:36; Mariko 4:34) Ibigereranirizo vya Yezu vyarahishurira rero ukuri abantu bafise imitima ikunyotewe; muri ico gihe nyene, bigahisha ukuri abantu bafise imitima y’ubwibone. Ese ukuntu Yezu yari umwigisha w’igitangaza! Reka dusuzume bimwebimwe mu bintu vyatuma ibigereranirizo vyiwe biba kirumara cane.

Ntiyapfa Kuvuga Ibintu Vyose Ido n’Ido

6-8. (a) Ni akunguko akahe abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere batari bwaronke? (b) Ni uburorero ubuhe bwerekana yuko Yezu atapfa kuvuga ido n’ido ibintu vyose?

6 Woba urigera wibaza ukuntu bitegerezwa kuba vyari bimeze ku bigishwa bo mu kinjana ca mbere biyumvira neza na neza Yezu yigisha? Naho bari batewe agateka ko kwumva ijwi rya Yezu, ntibari bwaronke akunguko ko gusuzuma inkuru yanditse kugira ngo ibibutse ibintu yavuze. Ahubwo, batagerezwa kugumiza amajambo ya Yezu mu mizirikanyi yabo no mu mitima yabo. Biciye ku gukoresha ibigereranirizo abigiranye ubuhanga, Yezu yatumye birushiriza kuborohera kwibuka ivyo yigishije. Mu buhe buryo?

7 Yezu ntiyapfa kuvuga ibintu vyose ido n’ido. Mu gihe ido n’ido ry’ukuntu ibintu biri ryaba ribereye ku nkuru yinaka canke bikaba bikenewe gushimikwako, yaritwararika cane kubishiramwo. Ku bw’ico yaravuze neza na neza ukuntu intama nyenezo yasize zangana mu gihe ari kurondera iyazimiye, ukuntu amasaha abakozi bakoze mu murima w’umuzabibu yangana, be n’ukuntu italanto zabikijwe zangana.​—Matayo 18:12-14; 20:1-16; 25:14-30.

8 Muri ico gihe nyene, Yezu ntiyashizemwo ibintu vy’ido n’ido bidakenewe vyotumye tudatahura ico ivyo bigereranirizo bisobanura. Nk’akarorero, mu mugani werekeye wa mushumba w’imburakigongwe, nta nsobanuro n’imwe yatanzwe y’ukuntu vyagenze ngo uwo mushumba aje mw’ideni ry’amadenariyo 60.000.000. Yezu yariko ashimika ku vy’uko bikenewe ko umuntu aharira abandi. Ikintu cari gihambaye, si ukuntu uwo mushumba yakorokeye muri iryo deni, ahubwo ni ukuntu iryo deni yarihebewe be n’ukuntu na we yafashe umushumba mugenzi we yari amufitiye amahera make ugereranije n’ayiwe. (Matayo 18:23-35) Muri ubwo buryo nyene, muri ca kigereranirizo c’umwana w’icangazi, Yezu ntiyasiguye igituma wa muhererezi ubwo nyene yaciye asaba iragi ryiwe n’igituma yarisesaguye. Mugabo Yezu yaravuze ido n’ido ukuntu se yiyumvise be n’ukuntu yavyakiriye igihe umuhungu wiwe yari yahinduye umutima akagaruka i muhira. Ido n’ido nk’iryo ku biraba ukuntu se yavyakiriye ryari rikenewe ku ciyumviro Yezu yariko arashikiriza, ari co c’uko Yehova aharira “mu buryo bwagutse.”​—Yesaya 55:7, NW; Luka 15:11-32.

9, 10. (a) Mu gihe yaba ariko adondora abavugwa mu bigereranirizo vyiwe, Yezu yashimika ku biki? (b) Ni gute Yezu yatumye abamwumviriza be n’abandi boroherwa no kwibuka ibigereranirizo vyiwe?

9 Yezu kandi yari incabwenge mu buryo yadondora abavugwa mu migani yiwe. Aho kuvuga ido n’ido ry’ukuntu abavugwa mu mugani basa, Yezu kenshi yashimika ku vyo bakoze canke ku kuntu bavyifashemwo ku bintu vyabaye yigana. Kubera ico, aho kudondora ukuntu wa Musamariya w’imbabazi yasa, Yezu yavuze ikintu cari gihambaye cane, na co kikaba ari ukuntu nya Musamariya, abigiranye imbabazi, yafashije wa Muyuda bari bagiriye nabi akaba yari arambaraye mw’ibarabara. Yezu yaravuze ido n’ido ryari rikenewe kugira ngo yigishe yuko gukunda umuntu nkatwe bidakwiye kugarukira ku bantu dusangiye ubwoko canke ubwenegihugu.​—Luka 10:29, 33-37.

10 Kuba Yezu yavuga ibintu ido n’ido avyitondeye vyatumye ibigereranirizo vyiwe biguma ari bigufi kandi bitaremerejwe n’ibintu vyinshi. Gutyo yatumye abamwumviriza bo mu kinjana ca mbere be n’abandi badaharurwa bosomye mu nyuma Injili zahumetswe boroherwa no kuvyibuka, bongera baribuka ivyigwa vy’agaciro vyigisha.

Yabikura mu Buzima bwa Misi Yose

11. Nutange uturorero tw’ukuntu ibigereranirizo vya Yezu vyagaragaza ibintu ashobora kuba yari yarihweje igihe yariko arakurira i Galilaya.

11 Yezu yari umuhanga mu vyo gukoresha ibigereranirizo bijanye n’ubuzima abantu bafise. Vyinshi mu bigereranirizo vyiwe vyagaragaza ibintu ashobora kuba yarihweje igihe yariko arakurira i Galilaya. Iyumvire gatoyi, ivyerekeye ubuzima yagize mu ntango. Ni kangahe yabona nyina ategura umukate wambiye mu gufata igipande c’igikandu cambiye yabitse igihe yaba aherutse kwotsa imikate hanyuma akaba ari co akoresha bwa mwambiro? (Matayo 13:33) Ni kangahe yitegereje abagabo baroba ukuntu baterera insenga zabo mu mazi abonerana kandi y’ubururu yo mu Kiyaga c’i Galilaya? (Matayo 13:47) Ni kangahe yitegereje abana bariko barakinira mu kaguriro? (Matayo 11:16) Birashoboka ko Yezu yihweza ibindi bintu vyakunda kuba agahava akabikoresha mu bigereranirizo vyiwe, nk’imbuto zabibwa, imisi mikuru y’ubugeni irangwa umunezero be n’imirima y’ubuheke yera mu gihe c’izuba.​—Matayo 13:3-8; 25:1-12; Mariko 4:26-29.

12, 13. Umugani wa Yezu werekeye uburo n’urwamfu ugaragaza gute yuko yari amenyereye ibintu vy’aho yaba?

12 Ntibitangaje rero, kubona ibintu vyo mu buzima bwa misi yose bikwiragiye mu bigereranirizo vyinshi vya Yezu. Kubera ico, kugira ngo turushirize gutahura bimwe bishitse ubuhanga bwiwe mu gukoresha ubwo buryo bwo kwigisha, vyoba rufasha turimbuye ico amajambo yiwe yasobanura ku Bayuda bamwumviriza. Reka turabe uturorero tubiri.

13 Ubwa mbere, mu mugani werekeye uburo n’urwamfu, Yezu yaravuze ivyerekeye umugabo yabivye uburo bwiza mu murima wiwe mugabo haza “umwansi” muri wa murima hanyuma awubibamwo urwamfu. Ni kubera iki Yezu yahisemwo canecane ico gikorwa kiranga ububisha? Emwe, nugumize mu muzirikanyi yuko ico kigereranirizo yaciganye ari hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya, igikorwa nyamukuru c’Abanyagalilaya na co bikaba biboneka ko bwari uburimyi. Ni ikindi giki cari gushobora kubabaza cane umurimyi kiruta ic’uko umwansi aza yihishije mu murima wiwe akawubibamwo urwamfu rwonona? Amategeko yakora ico gihe yerekana yuko mwene ubwo bubisha bwabaho. Ntivyibonekeza none yuko Yezu yakoresha ibintu abamwumviriza bashobora gutahura?​—Matayo 13:1, 2, 24-30.

14. Muri wa mugani werekeye Umusamariya w’imbabazi, ni kubera iki biri n’ico bivuze kubona Yezu yakoresheje inzira yava “i Yerusalemu [igashika] i Yeriko” kugira ngo ashikirize iciyumviro ciwe?

14 Ubwa kabiri, ibuka wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi. Yezu yatanguye mu kuvuga ati: “Hābaye umuntu yar’avuye i Yerusalemu, arikw aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barīgīra, basiga ashigaje gatoya agahwera.” (Luka 10:30) Mu buryo buri n’ico buvuze, Yezu yakoresheje inzira yava “i Yerusalemu [igashika] i Yeriko” kugira ngo ashikirize iciyumviro ciwe. Igihe yaca uwo mugani, yari i Yudaya, atari kure uvuye i Yeruzalemu; gutyo abamwumviriza bishoboka ko bari bazi iyo nzira. Iyo nzira yavuga vyari bizwi ko irimwo ingeramizi, canecane ku muntu yaba ariko ayicamwo ari wenyene. Yaca mu gahinga, bigatuma habaho ahantu henshi hihishije abambuzi binyegeza.

15. Ni kubera iki ata n’umwe yari gushobora gusigura mu buryo bwumvikana ukwo kutanegwa ibintu kw’uwo muherezi n’uwo Mulewi bavugwa muri ca kigereranirizo cerekeye Umusamariya w’imbabazi?

15 Hari ikindi kintu cibonekeje catumye Yezu akoresha iyo nzira yava “i Yerusalemu [igashika] i Yeriko.” Nk’uko iyo nkuru ibivuga, ubwa mbere umuherezi be n’Umulewi yakurikiye mu nyuma na bo nyene bariko baca muri iyo nzira, naho nyene ata n’umwe yahagaze ngo afashe uwo muntu yagiriwe nabi. (Luka 10:31, 32) Abaherezi bakorera ku rusengero i Yeruzalemu, Abalewi na bo bakabasahiriza. Abaherezi benshi be n’Abalewi benshi baba i Yeriko igihe bataba bariko barakorera ku rusengero, kubera ko i Yeriko hari ku birometero 23 gusa uvuye i Yeruzalemu. Ku bw’ivyo, nta gukeka ko baronka akaryo ko guca muri iyo nzira. Urabona kandi yuko uwo muherezi n’uwo Mulewi bariko baca muri iyo nzira “[iva] i Yerusalemu,” gutyo bakaba bari bavuye ku rusengero.b Nta n’umwe rero yari gushobora gusigura mu buryo bwumvikana igituma abo bagabo bagaragaje ukwo kutanegwa ibintu ngo avuge ati: ‘Birinze uwo muntu yamerewe nabi kubera yasa n’uwapfuye, kandi gukora ku muvyimba vyotumye baba abatabereye gukora ku rusengero mu gihe gitoyi.’ (Abalewi 21:1; Guharūra 19:11, 16) Ntibitomoye none yuko ikigereranirizo ca Yezu cagaragaza ibintu abamwumviriza bari bamenyereye?

Yabikura mu Vyaremwe

16. Ni kubera iki bidatangaje kubona Yezu yari amenyereye cane ivy’irema?

16 Ibigereranirizo be n’imigani vya Yezu bitari bike bihishura yuko yari amenyereye ibiterwa, ibikoko be n’ibintu bidukikije. (Matayo 6:26, 28-30; 16:2, 3) Ubwo bumenyi yabukura hehe? Igihe yakurira i Galilaya, ntiyabuze kuronka akaryo gahagije ko kwihweza ivyo Yehova yaremye. Ikigeretseko, Yezu ni “[i]mfura mu vyaremwe vyose,” Yehova akaba yaramukoresheje bwa “mukozi w’umuhanga” mu kurema ibintu vyose. (Ab’i Kolosayi 1:15, 16; Imigani 8:30, 31) Hari igitangaje none kubona Yezu yari azi cane ivy’irema? Reka turabe ukuntu yakoresheje ubwo bumenyi abigiranye ubuhanga mu kwigisha kwiwe.

17, 18. (a) Amajambo ya Yezu yanditse muri Yohana ikigabane c’⁠10 ahishura gute ko yari amenyereye ukuntu intama zimeze? (b) Ni ibiki abagendeye ibihugu bivugwa muri Bibiliya bihweje ku vyerekeye ubucuti buri hagati y’abungere n’intama zabo?

17 Kimwe mu bigereranirizo Yezu yatanze biranga ikibabarwe kurusha ibindi, ni kimwe canditswe muri Yohana ikigabane c’⁠10, aho ubucuti bwa hafi afitaniye n’abayoboke biwe abugereranya na bumwe buba hagati y’umwungere n’intama ziwe. Amajambo ya Yezu arahishura yuko yari amenyereye cane ukuntu intama zimeze. Yarerekanye yuko intama zireka ubwazo zikayoborwa, kandi yuko zikurikira umwungere wazo zidahemuka. (Yohana 10:2-4) Ubucuti budasanzwe buri hagati y’abungere be n’intama bwarihwejwe n’ingenzi zagendeye ibihugu bivugwa muri Bibiliya. Mu kinjana ca 19, uwitwa H. B. Tristram, akaba ari umuhinga mu vy’ibidukikije, yavuze ati: “Igihe kimwe naritegereje umwungere ariko arakina n’umukuku wiwe. Yameze nk’uwiruka; intama zica zirakurikira hanyuma ziramukikuza. . . . Amaherezo intama zose zaciye zigira umuzingi, zikina amatavu hirya no hino yiwe.”

18 Ni kubera iki intama zikurikira umwungere wazo? Yezu yavuze ati: “Kuko zizi ijwi ryiwe.” (Yohana 10:4) Intama zoba vy’ukuri zizi ijwi ry’umwungere wazo? Afatiye ku vyo yiboneye ubwiwe, George A. Smith yanditse mu gitabu ciwe (The Historical Geography of the Holy Land) ati: “Rimwe na rimwe twaranezerwa mu karuhuko kacu ko ku mutaga hampande ya rimwe mu mariba y’i Yudaya, aho wasanga abungere batatu canke bane bamanukana imikuku yabo. Imikuku yose yaravangana, hanyuma tukibaza ukuntu umwungere wese yosubira kumenya iziwe. Mugabo zimaze guhodoka no gukina, abungere baca bakurikirana umwumwe wese akajana inzira yiwe muri nya kabande, hanyuma umwe wese agahamagara uko asanzwe ahamagara; maze intama z’umwungere wese zaca zisobanura mu zindi zigakurikira umwungere wazo, hanyuma ya mikuku ikagenda ku rutonde nk’uko nyene yaje.” Nta bundi buryo bwiza buruta ubwo Yezu yarigukoresha kugira ngo yerekane iciyumviro ciwe. Nimba dutahura kandi tukagamburuka inyigisho ziwe, vyongeye nimba dukurikira uburongozi bwiwe, turashobora rero kwitwararikanwa ikibabarwe be n’urukundo na wa “mwungere mwiza.”​—Yohana 10:11.

Yabikura mu Bintu Vyabaye Bizwi n’Abamwumviriza

19. Kugira ngo yiyamirize iciyumviro kitari co, Yezu yakoresheje neza gute icago cari carabaye aho hantu yari?

19 Ibigereranirizo kirumara birashobora gushirwamwo ibintu vyabaye canke uturorero bishobora kuvamwo ivyigwa. Igihe kimwe, Yezu yakoresheje ikintu cari giherutse kuba kugira ngo yiyamirize iciyumviro kitari co c’uko ngo icago gishikira abari bagikwiriye. Yavuze ati: “Ba bandi cumi n’umunani, abo umutara muremure w’amatafari w’i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?” (Luka 13:4) Yezu yaratanze ikimenyamenya gikomeye kirwanya ca ciyumviro c’uko ngo hari ivyo umuntu yandikirwa. Ubwo bugingo 18 ntibwapfuye buzize igicumuro kinaka coba catumye Imana ishavura. Ahubwo, urwo rupfu rwabo rw’agaterabwoba rwari ruvuye ku vy’uko ibihe n’ibiza bipfa gushika. (Umusiguzi 9:11) Gutyo yarabeshuje inyigisho y’ikinyoma mu kwerekeza ku kintu cari kizwi neza n’abamwumviriza.

20, 21. (a) Ni kubera iki Abafarizayo bagirije abigishwa ba Yezu? (b) Ni inkuru iyihe yo mu Vyanditswe Yezu yakoresheje kugira ngo yerekane yuko Yehova atigeze agira umugambi w’uko icagezwe ciwe cerekeye Isabato gikurikizwa mu buryo bukabije? (c) Ni ibiki biganirwako mu kiganiro gikurikira?

20 Mu kwigisha kwiwe, Yezu kandi yarakoresha uturorero two mu Vyanditswe. Ibuka igihe Abafarizayo bagiriza abigishwa ko bamyoje ingano bakazihekenya kw’Isabato. Mu vy’ukuri, abigishwa ntibari barenze ku Vyagezwe vy’Imana, mugabo barenze ku vyo Abafarizayo basigura mu buryo bukabije ku vyerekeye igikorwa Ivyagezwe vyavuga ko kitemewe gukorwa kw’Isabato. Kugira ngo yerekane yuko Imana itigeze igira intumbero nk’iyo yo gukurikiza mu buryo bukaze kandi butabereye icagezwe cayo cerekeye Isabato, Yezu yerekeje ku kintu cabaye canditswe muri 1 Samweli 21:3-6. Igihe bari bashonje, Dawidi n’abagabo bari kumwe barahagaze ku rusengero hanyuma barafungura ku mikate yo gushikana yari yasubirijwe iyindi. Imikate ya kera mu bisanzwe yabikirwa abaherezi ngo abe ari bo bayifungura. Yamara, kubera ibihe barimwo, Dawidi n’abagabo bari kumwe ntibaciriwe urubanza ngo ni uko bayiriye. Igitangaje, iyo nkuru ni ko karorero konyene kanditswe muri Bibiliya ku biraba ikoreshwa ry’imikate ya kera n’abatari abaherezi. Yezu yaramenya neza inkuru ibereye gukoreshwa, kandi Abayuda bamwumviriza nta gukeka ko baba bayimenyereye.​—Matayo 12:1-8.

21 Mu vy’ukuri, Yezu yari Umwigisha Ahambaye! Ntitwobura gutangazwa n’ubushobozi bwiwe ntangere bwo gushikiriza ukuri guhambaye mu buryo abamwumviriza bagutahura. Ariko none, dushobora kumwigana gute mu kwigisha kwacu? Ivyo biraganirwako mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Ibigereranirizo vya Yezu vyari mu buryo bwinshi, tudasize inyuma uturorero, imvugo ngereranyo be n’imvugo mberanya. Yari azwi neza ko akoresha umugani, uwasiguwe ko ari “inkuru ngufi, kenshi iba ari iyo umuntu yiyumviriye, akaba ari yo akuramwo ukuri kwerekeye inyifato runtu canke kwerekeye ivy’impwemu.”

b Yeruzalemu hari hakirurutse kurusha Yeriko. Ku bw’ivyo, igihe umuntu afashe inzira iva “i Yerusalemu [igashika] i Yeriko,” nk’uko vyavuzwe muri uwo mugani, yagenda ‘amanuka.’

Woba Uvyibuka?

• Ni kubera iki Yezu yigisha akoresheje ibigereranirizo?

• Ni akarorero akahe kerekana yuko Yezu yakoresha ibigereranirizo abamwumviriza bo mu kinjana ca mbere bashobora gutahura?

• Yezu yakoresheje gute abigiranye ubuhanga ubumenyi yari afise bwerekeye irema mu bigereranirizo vyiwe?

• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yezu yakoresheje ibintu vyabaye abamwumviriza bari bazi?

[Ifoto ku rup. 15]

Yezu yaravuze ivy’umushumba yanse guheba umwenda usa n’uwari mutoyi be n’ivyerekeye sebibondo yahariye umuhungu yari yarayayishije intoranwa yiwe yose

[Ifoto ku rup. 16]

Ni iciyumviro ikihe cari mu mugani Yezu yaciye werekeye wa Musamariya w’imbabazi?

[Ifoto ku rup. 17]

Intama zoba vy’ukuri zizi ijwi ry’umwungere wazo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika