ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/11 rup. 24-25
  • “Muragire Ubusho bg’Imana”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Muragire Ubusho bg’Imana”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Bafise Vyinshi Bakora’
  • Abungere Bigana Imana na Kirisitu
  • Barashigikirwa n’Abakenyezi Babo Bimwe vy’Agaciro
  • “Muragire ubusho bw’Imana mujejwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Abakurambere bakora iki mw’ishengero?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ingene ishengero ritunganijwe
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/11 rup. 24-25

“Ni Muze Kuri Jewe, . . . Ndabaruhura”

“Muragire Ubusho bg’Imana”

“Mwama muhari kugira ngo mudutege ugutwi mwongere mutubwire amajambo yo muri Bibiliya aturemesha.”​—Pamela.

“Ndabashimiye ku vyo mudukorera vyose. Mu vy’ukuri biragira akosho gakomeye kuri twebwe.”​—Robert.

PAMELA na Robert baravyuriwe umutima wo kwandika ayo majambo yo gukengurukira abakurambere bakirisu bo mu mashengero bakukira. N’abandi basavyi b’Imana kw’isi yose barakenguruka kubera baguma bashigikirwa kandi bitwararikwa n’“[aba]ragir[a] ubusho bg’Imana.” (1 Petero 5:2) Nkako, abasavyi ba Yehova barakenguruka kubera ibintu vyinshi abakurambere babakorera be n’uburyo babikora.

‘Bafise Vyinshi Bakora’

Abakurambere bakirisu bajejwe amabanga menshi. (Luka 12:48) Barategura insiguro zo gushikiriza mu makoraniro y’ishengero kandi bakagira uruhara mu kwamamaza ku mugaragaro inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Mu vyo bajejwe, harimwo ukugendera cungere abo basangiye ukwemera. Abakurambere barahebera umwanya abakeneye kwitwararikwa bidasanzwe, ni ukuvuga abageze mu zabukuru n’abandi bari n’ivyo bakeneye, vyose bakabigira batirengagije ukumererwa neza mu vy’impwemu no mu vy’umubiri kw’imiryango yabo bwite. (Yobu 29:12-15; 1 Timoteyo 3:4, 5; 5:8) Abakurambere bamwebamwe barafasha kwubaka Ingoro z’Ubwami. Abandi bakorera muri ya Makomite Aja Inama n’Ibitaro canke bari mu bagize Imigwi Igendera Ivyabona Barwaye. Kandi benshi muri bo barakora bavyishakiye ku materaniro no ku mahwaniro. Vyemere, abakurambere barafise ‘vyinshi bakora mu gikorwa c’Umukama.’ (1 Ab’i Korinto 15:58, NW) Ntibitangaje kubona abakurambere nk’abo bakora bagatama, bashimirwa cane n’abo bajejwe kwitwararika!​—1 Ab’i Tesalonike 5:12, 13.

Abakurambere bagendera ubudahorereza Abakirisu bagenzi babo i muhira canke ahandi hantu kugira ngo babakomeze mu buryo bw’impwemu ni isoko ry’indemesho. Thomas, uwakuze atabona se muhira yavuze ati: “Iyo ntaza gushigikirwa kandi ngo ndemeshwe mu buryo buranga urukundo n’abakurambere, sinibaza ko ubu mba ndiko ndasukurira Yehova ndi umusuku w’igihe cose.” Abakiri bato benshi bakuriye mu ngo zirimwo umuvyeyi umwe baremera icese yuko ukwitwararikwa n’abakurambere kwabafashije gutsimbataza ubucuti bagiriranira n’Imana.

Abashaje bo mw’ishengero na bo nyene baraha agaciro cane ukugendera intama cungere. Umugabo n’umugore b’abamisiyonari bageze nko mu myaka 85, bamaze kugenderwa n’abakurambere babiri, banditse bati: “Dushaka guserura ugukenguruka dufise kubera ukuntu twanezerejwe n’uko mwatugendeye. Mumaze kuhava, twarasubiye gusoma ivyanditswe mwasuzumiye hamwe natwe. Ntituzigera twibagira amajambo yanyu y’indemesho.” Hari umupfakazi umwe afise imyaka 70 y’amavuka yandikiye abakurambere ati: “Nahora nsenga Yehova ndamusaba imfashanyo, maze andungikira mwebwe abakurambere babiri i muhira. Kuba mwarangendeye, wabaye umuhezagiro uva kuri Yehova!” Woba uheruka kwungukira ku kugenderwa n’abakurambere bo mw’ishengero urimwo? Nta mazinda, twese turakenguruka utwigoro bagira mu kuragira ubusho bajejwe kwitwararika!

Abungere Bigana Imana na Kirisitu

Yehova ni umwungere munyarukundo. (Zaburi 23:1-4; Yeremiya 31:10; 1 Petero 2:25) Yezu Kirisitu na we nyene ni Umwungere ntangere yitwararika ivyo dukeneye mu vy’impwemu. Nkako, yitwa “[u]mwungere mwiza,” “Umwungere [“ahambaye,” NW],” “Umwungere mukuru.” (Yohana 10:11; Abaheburayo 13:20; 1 Petero 5:4) Yezu yafashe gute abantu bipfuza gucika abigishwa biwe? Yabahaye ubutumire buranga igishika bugira buti: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura.”​—Matayo 11:28.

Muri iki gihe, abakurambere barihatira kuba isoko ry’ukuruhurirwa n’uburinzi ku busho muri mwene ubwo buryo. Abagabo nk’abo “[baragaragaza ko ari] nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; [ari] nk’inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.” (Yesaya 32:2) Abarinzi bameze nk’ukwo barazana ukuruhurirwa, bakubahwa n’ubusho, kandi bagashimwa n’Imana.​—Ab’i Filipi 2:29; 1 Timoteyo 5:17.

Barashigikirwa n’Abakenyezi Babo Bimwe vy’Agaciro

Abasavyi b’Imana barakengurukira abakurambere bakirisu bakongera bagakenguruka n’ukuntu abakenyezi bashigikira abo bagabo babo mu buryo buranga urukundo. Kugira abagore nk’abo bashigikire abagabo babo, bisaba ko bagira utwigoro dukomeye. Mu bihe bimwebimwe, baba bari i muhira mu gihe abanega babo baba bariko baritwararika ivyo mw’ishengero canke baba bariko baragendera intama cungere. Rimwe na rimwe, imigambi iba yarashinzwe mu buryo bwitondewe irahindurwa bivanye n’uko hari ingorane ivyutse mw’ishengero. Michelle yavuze ati: “Naho biri ukwo, igihe mbonye ukuntu umunega wanje afise vyinshi akora mu bijanye n’ugutegura amakoraniro canke kugendera intama cungere, nca ngumiza mu muzirikanyi yuko ariko akora igikorwa ca Yehova, hanyuma nkagerageza kumushigikira uko nshoboye kwose.”

Cheryl, na we nyene yubakanye n’umukurambere, yavuze ati: “Ndazi ko abavukanyi n’abavukanyikazi mw’ishengero bakeneye abakurambere bayagira, kandi nshaka ko bumva ko bashobora kuza kuraba umunega wanje igihe ico ari co cose bamukeneye.” Abagore bashigikira abagabo babo, nka Michelle na Cheryl, baragira akigoro gakomeye babigiranye umutima ukunze kugira ngo abanega babo bashobore kwitwararika intama z’Imana. Abakenyezi b’abakurambere barashimwa kubera agatima bafise ko gushigikira abanega babo.

Yamara, umukurambere afise vyinshi akora ntakwiye kwirengagiza ivyo umukenyezi wiwe n’abana biwe bakenera mu vy’impwemu no mu bindi. Umukurambere yubatse ategerezwa kuba “atabonekak’umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa kw ar’ibihumbu cank’ibiganda.” (Tito 1:6) Ategerezwa kwitwararika umuryango wiwe mu buryo bushimwa n’Imana nk’uko bisabwa n’Ivyanditswe ku bacungezi bakirisu.​—1 Timoteyo 3:1-7.

Ku mukurambere afise vyinshi akora, umugore ashigikira umugabo wiwe ni uw’agaciro ntangere! Ukwo ni ko abakurambere bubatse biyumvira babibona. Ni nk’uko nyene Bibiliya ivuga iti: “Ūronse umugore aba aronse ikintu ciza.” (Imigani 18:22) Abakurambere nk’abo baragaragaza ko bakengurukira abakenyezi babo bimwe bivuye ku mutima mu vyo bavuga no mu vyo bakora. Uretse isengesho baturana ubwira bari kumwe be n’ukwiga kunezereye bagirira hamwe, abo Bakirisu bubatse barashira ku ruhande umwanya wo kunezerererwa ibintu nk’ibi: kugendagenda ku nkengera y’ikiyaga, gutembera mu biti, canke gutembera mu mashamba atungiwemwo ibikoko. Vyemere, abakurambere bararonkera umunezero mu kwitwararika abakenyezi babo.​—1 Petero 3:7.

Abakurambere baragira ubusho bw’Imana batabigiranye ubwikunzi ni isoko ry’ukuruhurirwa mu vy’impwemu ku basavyi ba Yehova. Mu vy’ukuri ni “abantu b’ingabirano,” bakaba ari umuhezagiro kw’ishengero!​—Abanyefeso 4:8, 11-13, NW.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika