“Mwame Mugavye”!
“Ico mbabariye, ndakibarira bose, nti Mwame mugavye.” —MARIKO 13:37.
1, 2. (a) Ni icigwa ikihe umugabo umwe yize ku vyerekeye kurinda amatungo yiwe? (b) Dufatiye ku kigereranirizo ca Yezu cerekeye igisuma, ni igiki twigira ku bijanye n’ukuguma tugavye?
JUAN yabika ibintu vyiwe vy’agaciro i muhira. Yabishira munsi y’igitanda, yiyumvira ko ari ho hantu hihishije kuruta ahandi hose mu nzu. Ariko rero, umusi umwe mw’ijoro, mu gihe we n’umukenyezi wiwe bari basinziriye, umusuma yarinjiye mu cumba bari baryamyemwo. Biboneka ko nya musuma yari azi neza aho arabira. Yarakuye munsi y’igitanda yombotsa ikintu cose c’agaciro cari yo, n’amahera Juan yari yashize mu kabati k’imeza yari hambavu y’igitanda. Bukeye mu gitondo ni ho Juan yamenye ko bamusahuye. Azoguma yibuka iki cigwa kibabaje yahigiye: Umuntu asinziriye ntashobora kurinda amatungo yiwe.
2 Ivyo ni ko biri no mu buryo bw’impwemu. Ntidushobora kurinda icizigiro cacu be n’ukwizera kwacu mu gihe dutwawe n’itiro. Ni co gituma Paulo atanga iyi nkeburo igira iti: “Ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, twirinde ibiboreza.” (1 Ab’i Tesalonike 5:6) Kugira Yezu yerekane ukuntu bihambaye cane kuguma tugavye, yakoresheje ikigereranirizo c’igisuma. Yaradondoye ibintu vyoshikanye ku kuza kwiwe ari Umucamanza, maze aca atanga iyi mburizi: “Nuko mwame mugavye, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozako. Arikw ibi mubimenye: iyaba nyen’urugo yar’asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga. Nuko namwe mwame mwiteguye, kuk’Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.” (Matayo 24:42-44) Igisuma ntigiteguza igihe kizirako. Cipfuza gushika mu gihe ata n’umwe aciteze. Muri ubwo buryo nyene, nk’uko Yezu yabivuze, iherezo ry’uru runkwekwe rizoshika ‘mu gihe tutiyumvira.’
“Mwame Mugavye, Mushikame mu Kwizera”
3. Akoresheje ikigereranirizo c’abashumba barindiriye ko shebuja agaruka avuye ku bukwe, Yezu yerekanye gute akamaro ko kuguma umuntu agavye?
3 Mu majambo yanditswe mu Njili ya Luka, Yezu yagereranije Abakirisu n’abashumba barindiriye ko shebuja agaruka avuye mu bukwe. Bakeneye kuguma bagavye kugira ngo niyashika bazobe bari maso, biteguriye kumwakira. Mu buryo nk’ubwo, Yezu yavuze ati: “Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.” (Luka 12:40) Bamwebamwe bamaze imyaka myinshi basukurira Yehova boshobora kutabona ko ibintu vyihutirwa ku bijanye n’ibihe tubayemwo. Boshobora mbere gushika ku ciyumviro c’uko iherezo rikiri kure cane. Ariko rero, ukwiyumvira nk’ukwo kwoshobora gutuma tudashira umutima ku bintu vy’impwemu, tukawushira ku vyo gukurikirana amaronko, ku bintu vyo kwinezereza bishobora gutuma dusinzira mu buryo bw’impwemu.—Luka 8:14; 21:34, 35.
4. Ni ukujijuka ukuhe kuzodusunikira ku kuguma tugavye, kandi ivyo Yezu yavyerekanye gute?
4 Turashobora gukura ikindi cigwa mu kigereranirizo ca Yezu. Naho nya bashumba batari bazi isaha shebuja yoshikiyeko, biboneka ko bari bazi ijoro yoshikiyeko. Vyari kubagora kuguma bari maso iryo joro ryose iyo biyumvira yuko shebuja yoje nko mu rindi joro. Mugabo rero, bari bazi ijoro yari kuziramwo, kandi ico carabahaye imvo ikomeye ituma baguma bagavye. Mu buryo busa n’ubwo, ubuhanuzi bwa Bibiliya burahishura mu buryo butomoye yuko tubayeho mu gihe c’iherezo; ariko ntibutubwira umusi canke isaha iherezo ubwaryo rizoshikirako. (Matayo 24:36) Kuba twemera yuko iherezo ryegereje, biradufasha kuguma tugavye, mugabo niba twarajijutse ko umusi wa Yehova uri hafi vy’ukuri, tuzorushiriza kugira imvo ikomeye ituma tuguma tugavye.—Zefaniya 1:14.
5. Dushobora gukurikiza gute inkeburo ya Paulo yo ‘kuguma umuntu agavye’?
5 Igihe Paulo yandikira Abanyakorinto, yabahimirije ati: “Mwame mugavye, mushikame mu kwizera.” (1 Ab’i Korinto 16:13) Vyemere, kuguma tugavye birafitaniye isano n’ukugira impagararo ishikamye mu kwizera kwa gikirisu. Dushobora gute kuguma tugavye? Mu kurushiriza kwironsa ubumenyi bugera ibwina bw’Ijambo ry’Imana. (2 Timoteyo 3:14, 15) Kugira utumenyero twiza two kwiyigisha be n’ukwitaba amakoraniro ubudahorereza birafasha gukomeza ukwizera kwacu, eka kandi no kugumiza hafi mu muzirikanyi umusi wa Yehova ni umuce uhambaye w’ukwizera kwacu. Gutyo, kuza turasubiramwo ibimenyamenya vyo mu Vyanditswe bitwereka yuko tubayeho mu gihe ca nyuma c’iherezo ry’uru runkwekwe, bizodufasha kutibagira ibintu vy’ukuri bihambaye vyerekeye iryo herezo ryimirije.a Ni vyiza kandi ko twihweza ibintu biba kw’isi biri n’ico bihishura, bishitsa ubuhanuzi bwa Bibiliya. Umuvukanyi umwe wo mu Budagi yanditse ati: “Igihe cose ndavye amakuru, nkabona intambara, vya nyamugigima, ubukazi be n’ugutosekara kw’umubumbe wacu, bica binyereka ko iherezo riri hafi.”
6. Ni mu buhe buryo Yezu yerekanye impengamiro umuntu yohava agira yo kutaba akiba maso mu buryo bw’impwemu uko igihe kirengana?
6 Muri Mariko ikigabane ca 13, tuhasanga iyindi nkuru yerekana inkeburo Yezu yahaye abayoboke biwe yo kuguma bagavye. Nk’uko ico kigabane kibivuga, Yezu agereranya ivyabo be n’ivy’umuteramyi w’irembo arindira yuko shebuja agaruka avuye mu rugendo rwa kure. Nya muteramyi w’irembo ntiyari azi isaha shebuja yogarukiyeko. Yategerezwa gusa kuguma ari maso. Yezu yarerekeje ku biringo bitandukanye bine vy’iterama shebuja yoshoboye kuziramwo. Iterama rya kane ryatangura nk’isaha icenda z’ubuca gushika izuba riserutse. Kuri iryo terama rya nyuma, umuteramyi w’irembo yari gushobora gutwarwa n’ugutura ingiga bitagoranye. Bivugwa yuko igihe c’imbere y’umutwenzi abasoda babona ko ari wo mwanya mwiza wo gucakira umwansi atabizi. Muri ubwo buryo nyene, muri iki gihe ca nyuma, aho isi idukikije isinziriye umukondorazosi mu buryo bw’impwemu, hari aho vyosaba ko turwana urugamba rukomeye kuruta ikindi gihe cose kugira tugume tugavye. (Abaroma 13:11, 12) Ni co gituma muri ico kigereranirizo ca Yezu, aguma aduhimiriza ati: “Mwiyubare, mube maso . . . Nuko mwame mugavye . . . Ico mbabariye, ndakibarira bose, nti Mwame mugavye.”—Mariko 13:32-37.
7. Ni ingeramizi iyihe iriho koko, kandi kubera ko ihari, ni indemesho iyihe kenshi dusoma muri Bibiliya?
7 Incuro zitari nke mu gihe c’ubusuku bwiwe be n’inyuma y’aho azukiye, Yezu yarahimirije ivy’uko umuntu yoguma agavye. Kukaba nkako, nk’igihe cose Ivyanditse bivuga ivy’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu, dusanga hari imburizi ivuga ko umuntu yoguma ari maso canke agavye.b (Luka 12:38, 40; Ivyahishuriwe 3:2; 16:14-16) Biratomoye yuko gutura inginga mu buryo bw’impwemu ari ingeramizi nyayo koko. Twese turakeneye izo mburizi!—1 Ab’i Korinto 10:12; 1 Ab’i Tesalonike 5:2, 6.
Intumwa Zitatu Zitashoboye Kuguma Ziri Maso
8. Muri rya tongo ry’i Getsemane, za ntumwa zitatu za Yezu zakiriye gute ivyo yari yazisavye vy’uko ziguma ziri maso?
8 Kuguma umuntu ari maso ntibisaba gusa kugira imigabo myiza, nk’uko tubibonera ku karorero ka Petero, Yakobo na Yohani. Bano bari abagabo batatu bakomeye mu vy’impwemu bayobokeye Yezu badahemuka, bongera baramugirira igishika kigera ibwina. Naho biri ukwo, mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani mu 33 G.C., barananiwe kuguma bari maso. Bamaze kuva mu cumba co hejuru aho bari bahejeje guhimbariza Pasika, izo ntumwa zitatu zaraherekeje Yezu mw’itongo ry’i Getsemane. Yezu yababwiriyeyo ati: “Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica: ba muragumye aha, mubane maso nanje.” (Matayo 26:38) Yezu yasenganye ubwira Se wo mw’ijuru incuro zitatu, yongera agaruka incuro zitatu aho abagenzi biwe bari, agasanga bisinziririye.—Matayo 26:40, 43, 45.
9. Ni igiki gishobora kumbure kuba caratumye za ntumwa zitura inginga?
9 Ni kubera iki abo bagabo b’abizerwa batatu batashikije ivyo Yezu yari abitezeko iryo joro? Uburuhe bwo ku mubiri ni bwo bwabitumye. Amasaha yari yitereye, kumbure hari inyuma y’isaha zitandatu z’ijoro, gutyo “amaso yabo yar’aremerewe” n’itiro. (Matayo 26:43) Yamara, Yezu yavuze ati: “Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, arik’umubiri ufise intege nke.”—Matayo 26:41.
10, 11. (a) Naho Yezu yari arushe, ni igiki camufashije kuguma ari maso igihe yari mw’itongo ry’i Getsemane? (b) Dushobora kwigira iki ku vyashikiye za ntumwa zitatu igihe Yezu yazisaba kuguma ziri maso?
10 Nta gukeka ko na Yezu yari arushe muri iryo joro ry’intibagirwa. Ariko rero, aho guhunikira, yamaze ivyo bihe vya nyuma bihambaye vy’umwidegemvyo atura isengesho n’ubwira. Imisi mikeyi imbere y’aho, yari yarahimirije abayoboke biwe gusenga, avuga ati: “Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.” (Luka 21:36; Abanyefeso 6:18) Turamutse twumviye impanuro ya Yezu kandi tugakurikira akarorero keza yatanze mu bijanye n’isengesho, ukwinginga Yehova kuvuye ku mutima kuzodufasha kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu.
11 Birumvikana ko Yezu yatahura yuko vuba yofashwe hanyuma agacirwa urwo gupfa, naho abigishwa biwe batabitahura ico gihe. Ibigeragezo yarimwo vyomushikanye ku kiringo c’agaheta kibabaza ari ku giti c’ukubabarizwako. Yezu yari yaraburiye intumwa ziwe ivyo bintu, ariko ntizari zaratahuye ico yariko aravuga. Ari na co gituma zatwawe n’agatiro mu gihe we yaguma ari maso asenga. (Mariko 14:27-31; Luka 22:15-18) Nk’uko vyari biri ku ntumwa, umubiri wacu na wo nyene uragoyagoya kandi hariho ibintu tutaramenya. Naho biri ukwo, turamutse dutakaje agatima ko kubona yuko ibihe tubayemwo vyihuta, twoshobora gutwarwa n’itiro mu buryo bw’impwemu. Tubaye maso ni ho gusa tuzoguma tugavye.
Kamere Zitatu Zihambaye
12. Ni kamere zitatu izihe Paulo asanisha n’ukuguma turi maso?
12 Dushobora gute kugumana agatima ko kubona ko ibintu vyihutirwa? Twamaze kubona akamaro k’isengesho be n’uko bikenewe kugumiza hafi mu muzirikanyi umusi wa Yehova. Vyongeye, Paulo aravuga kamere zitatu zihambaye dukwiye gutsimbataza. Avuga ati: “Tweho, ko tur’ab’umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikīngīra igikiriza c’ukwizera n’urukundo, kandi twambaye nk’inkofero ukwizigira agakiza.” (1 Ab’i Tesalonike 5:8) Nimuze turimbure muri make uruhara ukwizera, ukwizigira be n’urukundo bifise mu vyo gutuma tuguma turi maso mu buryo bw’impwemu.
13. Ukwizera kugira uruhara uruhe mu vyo kuguma tugavye?
13 Dutegerezwa kugira ukwizera kutanyiganyiga yuko Yehova abaho be n’uko ‘aha impera abamurondera.’ (Abaheburayo 11:6) Iranguka rya mbere, ari ryo ranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu bwerekeye iherezo ryo mu kinjana ca mbere, rirakomeza ukwizera dufise mw’iranguka nyaryo rihambaye ryo muri iki gihe cacu. Kandi ukwizera kwacu gutuma tuguma twiteganye umushasharo umusi wa Yehova, tuzi tudakekeranya yuko “[ibintu menyeshakazoza vyerekanywe] bitazobura kuza, bi[ta]zoteba.”—Habakuki 2:3.
14. Ukwizigira guhambaye gute niba tugomba kuguma turi maso?
14 Icizigiro cacu ntakekeranywa kimeze nk’“inănga y’ubugingo” ituma twihanganira ingorane naho dutegerezwa kurindira iranguka nyaryo ry’ivyo Imana yasezeranye. (Abaheburayo 6:18, 19, NW) Margaret, umuvukanyikazi yasizwe impwemu ageze mu myaka 90 y’amavuka, amaze imyaka irenga 70 abatijwe yiyemerera ibi: “Igihe umunega wanje yariko acikana ahitanywe na kanseri mu 1963, numva yuko vyari kuba ari vyiza iyo iherezo rica riza ako kanya. Mugabo ubu ndatahura yuko nariko niyumvira canecane inyungu zanje bwite. Ico gihe ntitwari tuzi ingene igikorwa cokwiragiye kw’isi yose. Mbere n’ubu, haracariho ibibanza vyinshi aho igikorwa kigitangura. Ku bw’ivyo ndanezerwa kubona Yehova yaragaragaje ukwihangana.” Intumwa Paulo idukura amazinda iti: ‘Ukwihangana gutera ukwemerwa; ukwemerwa kugatera kwizigira ibitaraba.’—Abaroma 5:3-5.
15. Urukundo ruzotuvyurira ingiro gute naho vyoba bisa n’uko tumaze igihe kirekire turindiriye?
15 Urukundo rwa gikirisu ni kamere yibonekeje kubera yuko ari co kintu c’ishimikiro kidusunika mu vyo dukora vyose. Dusukurira Yehova kubera ko tumukunda, tutaravye ingengabihe yiwe. Urukundo dukunda mugenzi wacu rutuma twamamaza inkuru nziza y’Ubwami, naho igihe Imana yoba ishaka ko tubikora coba kingana gute, naho incuro twosubira kugendera nya mihana nyene zoba zingana gute. Nk’uko Paulo yanditse, ‘hagumaho ukwizera, ivyizigiro n’urukundo, ivyo ukwo ari bitatu, ikibiruta kikaba ari urukundo.’ (1 Ab’i Korinto 13:13) Urukundo rutuma tuguma twihangana kandi rukadufasha kuguma turi maso. “[Urukundo] rwizigira vyose, rwihanganira vyose. [“Urukundo ntirwigera runanirwa,” NW].”—1 Ab’i Korinto 13:7, 8.
“Wumire ku Co Ufise”
16. Aho kurera amaboko, ni agatima akahe dukwiye gutsimbataza?
16 Tubayeho mu bihe bihambaye aho ibiba kw’isi biguma bitwibutsa ko turi mu gice ca nyuma c’imisi y’iherezo. (2 Timoteyo 3:1-5) Ubu si co gihe co kurera amaboko, mugabo ni igihe co ‘kuguma twumiye ku co dufise.’ (Ivyahishuriwe 3:11) Tubaye ‘maso tugashishikara gusenga’ kandi tugatsimbataza ukwizera, icizigiro be n’urukundo, ubwacu tuzoba twiteguye mu gihe c’ikigeragezo. (1 Petero 4:7) Turafise vyinshi vyo gukora mu gikorwa c’Umukama. Kugira vyinshi dukora mu bikorwa biranga ukwubaha Imana bizodufasha kuguma turi maso mu buryo bwuzuye.—2 Petero 3:11.
17. (a) Ni kubera iki ivyo twizigira rimwe na rimwe ntibiranguke bidakwiye kuduca intege? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro 21.) (b) Dushobora gute kwigana Yehova, kandi ni imihezagiro iyihe irindiriye ababigira?
17 Yeremiya yanditse ati: “Uhoraho ni we mugabane wanje . . . ni co gituma nzohora mmwizigira. Uhoraho agirira neza abamwiteze, n’imitima imurondera. Ni vyiza k’umuntu yizigira, akitega agakiza k’Uhoraho atekereje.” (Gucura Intimba 3:24-26) Bamwebamwe muri twebwe bamaze igihe gito gusa barindiriye. Abandi na bo bamaze imyaka myinshi barindiriye kugira babone ubukiriro bwa Yehova. Ariko rero, ese ukuntu ico kiringo c’ukurindira ari gito ukigereranije n’ibihe bidahera bikiri imbere! (2 Ab’i Korinto 4:16-18) Magingo rero tukirindiriye igihe Yehova yashinze, turashobora gutsimbataza kamere za gikirisu za nkenerwa tukongera tugafasha abandi kwungukira ku kwihangana kwa Yehova no kwakira ukuri. Ese rero twese twoguma tugavye! Nimuze twigane Yehova hanyuma tube abihangana, abakenguruka ku bw’icizigiro yaduhaye. Kandi uko tuguma turi maso tubigiranye ubwizerwe, nimuze tugume twumiye ku cizigiro c’ubuzima budahera. Maze, iyi mihango menyeshakazoza izoheza iturangukireko: “[Yehova] azogushira hejuru ng’uragwe igihugu: abanyakibi bazorandurwa ubirorēra.”—Zaburi 37:34.
[Utujambo tw’epfo]
a Birashobora kuba ngirakamaro gusubira kwihweza ibimenyamenya bitandatu vyerekana ko tubayeho mu “misi y’iherezo” vyerekanywe mu nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Ruhuhuma 2000, urupapuro rwa 6-7.—2 Timoteyo 3:1.
b Mu kuvuga ivy’irivuga ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “mwame mugavye,” umwanditsi w’inyizamvugo William E. Vine asigura yuko urudome ku rundi iryo rivuga risobanura ‘kwirukana itiro,’ kandi “ntiriserura ukuguma umuntu arikanuye gusa, mugabo kandi riserura ukuntu abantu bitwararitse ikintu kanaka baguma bagavye.”
Wokwishura Gute?
• Dushobora gute gukomeza ukujijuka kwacu yuko iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu ryegereje?
• Ni igiki umuntu ashobora kwigira ku karorero ka Petero, Yakobo na Yohani?
• Ni kamere zitatu izihe zizodufasha kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu?
• Ni kubera iki iki ari co gihe co ‘kwumira ku co dufise’?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 21]
‘Hahiriwe Uwuguma Arindiriye.’—Daniyeli 12:12
Dufate ko umunyezamu yicuze ko hari igisuma kiriko gishaka kwinjira gusahura ivyo acunze. Igihe ijoro ritanguye, uwo munyezamu arumviriza agavye ijwi iryo ari ryo ryose rishobora kuba ryerekana ko hari ca rusenyanzugi. Uko isaha irengana, aguma abanze amatwi kandi arikanuye. Biroroshe gutegera ukuntu yoshobora kwikanga ingeramizi kandi ata yihari, nk’ukwumva umuyaga uhuhuta mu biti canke akayabu gaciye ku kintu.—Luka 12:39, 40.
Ikintu nk’ico kirashobora gushikira abantu ‘biteganye umushasharo uguhishurwa kw’Umwami wacu Yesu Kristo.’ (1 Ab’i Korinto 1:7) Intumwa ziyumvira yuko Yezu ‘yogarukanye ingoma y’Abisirayeli’ haciye igihe gitoyi azutse. (Ivyakozwe 1:6) Hashize imyaka, Abakirisu b’i Tesalonike bategerejwe kwibutswa yuko ukuhaba kwa Yezu kwobaye mu gihe kinaka muri kazoza. (2 Ab’i Tesalonike 2:3, 8) Naho ari ukwo, ivyari vyitezwe ku vyerekeye umusi wa Yehova ariko ntibiranguke, ntivyatumye abo bayoboke ba Yezu bo mu ntango baheba inzira ijana mu buzima.—Matayo 7:13.
Muri iki gihe cacu, kubona ko iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu ryimirije risa n’uko ritevye gushika ntibikwiye gutuma tureka kuba maso. Umunyezamu yama agavye yoshobora kwikanga ingeramizi kandi ata yihari, yamara ategerezwa kuguma agavye! Ico ni co gikorwa ciwe. Ni ko biri no ku Bakirisu.
[Ifoto ku rup. 18]
Woba wemera udakeka ko umusi wa Yehova wegereje?
[Ifoto ku rup. 19]
Amakoraniro, isengesho be n’utumenyero twiza two kwiga biradufasha kuguma tugavye
[Ifoto ku rup. 22]
Nka kumwe kwa Margaret, ese twoguma tugavye tubigiranye ukwihangana kandi turi n’umwete