ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/2 rup. 25-30
  • Narageragejwe n’Amarushwa Ameze nk’Itanure ry’Umuriro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Narageragejwe n’Amarushwa Ameze nk’Itanure ry’Umuriro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nari Agahungu Kigorewe Ariko Nkagira Umugambi Uhanitse
  • “Ni Ishetani!”
  • Ntangura Kurwanywa
  • Mu Minwe y’Inkozi z’Ikibi
  • Mw’Itanure ry’Umuriro
  • Narahezagiwe Ntari Ndavyiteze, Ariko mu Nyuma Nshikirwa n’Ayandi Marushwa
  • Utundi Duteka n’Izindi Ngorane
  • Yehova Yaratubungabunze
  • Nariyemeje kuba umusoda wa Kristu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Impfuvyi yigorewe yironkera umuvyeyi w’umunyarukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Narihanganye nk’umusoda wa Kirisitu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/2 rup. 25-30

Inkuru y’Ubuzima

Narageragejwe n’Amarushwa Ameze nk’Itanure ry’Umuriro

NK’UKO VYAVUZWE NA PERICLES YANNOURIS

Ubukanye bwari mu kumba nari mpfungiwemwo bwatuma nkongatara. Haheze imisi ibiri nicaye aho hantu jenyene, nipfutse akarengeti gahwahutse, naguma mbona ukuntu umukenyezi wanje yaguma andaba atanezwe igihe abaporisi bankwega bankuye mu nzu yanje, mbona ukuntu nasize umukenyezi wanje n’utwana twacu tubiri turwaye. Haciye igihe, umukenyezi wanje, uwo tutari dusangiye ukwizera, yarandukingikiye agapaki k’imikate hamwe n’agakete kagira gati: “Ndakurungikiye iyi mikate kandi niteze yuko uzorwara nk’uko abana bawe barwaye.” Ubwo nari kuzopfa nsubiye kubona umuryango wanje?

ICO cari ikiringo kimwe gusa mu ntambara yamaze igihe kirekire kandi itoroshe yo kurwanira ukwizera kwa gikirisu, rukaba rwari urugamba rwarimwo ukurwanywa n’umuryango, ugukumirwa mu kibano, urugamba rujanye n’ivy’amategeko, hamwe n’uruhamo rukaze. None jewe umuntu atekereje kandi atinya Imana, vyagenze gute ngo nshike aho hantu h’agaterantimba kandi nashitseyo kubera iki? Hinge ndabibasigurire.

Nari Agahungu Kigorewe Ariko Nkagira Umugambi Uhanitse

Igihe navuka mu 1909 i Stavromeno mu ntara y’i Kirete, igihugu cari gisinzikajwe n’intambara, ubukene hamwe n’ikigoyi. Haciye igihe, jewe na batoyi banje bane, ntivyatworoheye kwikingira ya nyonko ya Esupanye yaduka igatikiza inganda. Ndibuka yuko abavyeyi bahora batwugaranira mu nzu tukamara indwi nka zingahe kugira ngo iyo nyonko ntitwandukire.

Dawe yari umurimyi akenye. Yarakunda cane idini yiwe ariko ntiyarwanya ivyiyumviro vy’ayandi madini. Kubera ko yari yarabaye mu Bufaransa no muri Madagasikari, yari yararonse akaryo ko kumenya ivyiyumviro bitomoye ku vyerekeye amadini. Ariko rero, umuryango wacu wagumye wumiye kw’Idini ry’Aborotodogisi ryo mu Bugiriki, tukama tuja mu Misa imisi yose ku w’Iyinga kandi tukama duha indaro umusenyeri w’aho iwacu igihe yaba ari mu rugendo yagira uko umwaka utashe. Nari mu mugwi w’abaririmvyi kandi nta kindi narota atari kuzoba patiri.

Mu 1929, narinjiye mu giporisi. Igihe Dawe yapfa, nakorera i Tesalonike mu gice c’uburaruko c’Ubugiriki. Kubera nariko ndondera icompumuriza n’icomurikira mu vy’impwemu, nahavuye nunguruza nja gukorera mu giporisi kiri ku Musozi Athos, hakaba hari hafi y’ikigo c’abamonaki. Abakirisu b’Aborotodogisi barahubaha cane ku buryo bahita “umusozi mweranda.”a Aho hantu narahakoreye mu kiringo c’imyaka ine, maze nditegereza nitonze ubuzima bw’abamonaki. Aho kurushiriza kwiyegereza Imana, narashishwa n’ubushegabo abamonaki bagira ku mugaragaro be n’ukuntu bari barononekaye. Naraguye mu gahundwe igihe umupatiri nubaha yangobera ngo tugirane ubushegabo. Naho nari maze kuvunika umutima gutyo, nagumye mfise icipfuzo co gukorera Imana no kuba umupatiri. Mbere narigeze kwambara ikanzu y’abapatiri maze ndifotoza kugira nzoze ndayiraba. Amaherezo narasubiye i Kirete.

“Ni Ishetani!”

Mu 1942, narubakanye n’umwigeme yasa n’irirenga yitwa Frosini, akaba yava mu muryango wubahwa. Kwubakana n’uwo mwigeme vyarakomeje umwiyemezo wanje wo kuzoba patiri kubera yuko ab’iwabo bari abantu bakunda cane ivy’Imana.b Nari nariyemeje kuja kwiga mw’iseminari y’ i Athènes. Mu mpera z’umwaka w’1943, naragiye gufata ubwato ku kivuko c’i Iráklion muri Kirete ngo ngende i Athènes, ariko sinabaye nkigenda. Bishobora kuba vyatumwe n’uko muri uwo mwanya nyene, nari naronse irindi soko rihumuriza ry’ivy’impwemu. None vyari vyagenze gute?

Uwitwa Emmanuel Lionoudakis, umwamamaji w’umunyamwete akiri muto yifatanya n’Ivyabona vya Yehova, yari amaze imyaka mikeyi yigisha ukuri guhumura amaso kwo muri Bibiliya mu ntara yose ya Kirete.c Abantu bamwebamwe barakwegerwa n’ukuntu batahura Ijambo ry’Imana mu buryo butomoye bafashijwe n’Ivyabona vya Yehova maze bagaheba idini y’ikinyoma. Mu gisagara citwa Sitía cari mu micungararo ya Kirete, harungunganijwe umugwi w’Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete. Ivyo vyarashavuje cane umusenyeri w’aho hantu. Kubera ko yari yarabaye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yari azi neza ukuntu Ivyabona vya Yehova bererwa mu kwamamaza. Yari yiyemeje kuzimanganya abo bantu yita ko ari abamenja mu karere yatwara. Bitewe na nya musenyeri, abaporisi ntibasiba gushira Ivyabona vya Yehova mu mabohero bongera babashengeza mu masentare babagiriza ibinyoma bitandukanye.

Umwe muri ivyo Vyabona yaragerageje kunsigurira ukuri kwa Bibiliya mugabo aca ashika ku ciyumviro c’uko ntari nashimishijwe. Yaciye arungika umusuku arushirije kuba uwuciye uruma. Ukuntu nishuye ico Cabona agira kabiri ndamukankamira vyatumye asubira kuri wa mugwi muto w’Ivyabona vya Yehova maze ababwira ati: “Pericles ntashobora kuba Icabona. Ni ishetani!”

Ntangura Kurwanywa

Ndanezerewe kubona Imana itabona ko nari ishetani. Muri Ruhuhuma 1945, mwenewacu yitwa Demosthenes, uwari yarashwirutse yuko Ivyabona vya Yehova bigisha ukuri, yarampaye agatabu Comfort All That Mourn.d (Nuhumurize Abatuntuye Bose) Ivyari muri ako gatabu vyarantangaje cane. Twaciye duhagarika kuja gusenga mw’Idini y’Aborotodogisi, duca twifatanya na wa mugwi mutoyi w’Ivyabona wari i Sitía, maze dushinga intahe ku bo tuvukana tubabwira ivyerekeye ukwizera gushasha twari twaronse. Bose baremeye ukuri kwa Bibiliya. Nk’uko nari ndavyiteze, ingingo nafashe yo kuvavanura n’idini y’ikinyoma yatumye umugore wanje n’umuryango wiwe bankumira bongera barandwanya. Databukwe yaramaze igihe no kumvugisha atanamvugisha. Muhira hama ukutumvikana n’uguhazuka. Naho vyari ukwo, jewe na mwene wacu Demosthenes twabatijwe ku wa 21 Rusama 1945, tubatizwa n’umuvukanyi Minos Kokkinakis.e

Amaherezo narashoboye kurangura icipfuzo nari mfise, mu gukora ndi umusuku nyakuri w’Imana. Ndacibuka umusi wa mbere nagize uruhara mu busuku bw’inzu ku nzu. Narafashe udutabu 35 ndadushira mw’isakoshi yanje, ndaheza nja gutegera umuduga ndi jenyene, nja mu gasagara kamwe. N’isoni n’akantu, naciye ntangura kwamamaza inzu ku nzu. Uko nabandanya nkora niko narushiriza kurinduka. Igihe umupatiri umwe yaza n’ishavu n’akantu, narashoboye guhagarara rugabo, ndirengagiza ukuntu yaguma ambwira ngo ndamukurikire ku biro vy’abaporisi. Naciye ndamwishura yuko nza kuva ngaho ari uko mpetuye ako gasagara kose, kandi ukwo niko nyene nabigize. Naranezerewe cane gushika n’aho ntanarindiriye ko umuduga ushika, ngenda ibirometero 15 n’amaguru nsubira i muhira.

Mu Minwe y’Inkozi z’Ikibi

Muri Nyakanga 1945, narashinzwe ayandi mabanga mw’ishengero ryacu ryari riherutse gushingwa i Sitía. Budakeye na kabiri, mu Bugiriki haciye haduka intambara y’abanyagihugu. Abanywanyi b’imigwi yariko irarwana baratabaguranye. Wa musenyeri yaciye yikika mu kiza, ahimiriza umugwi witwaje ibirwanisho wo ngaho ngo bazimanganye Ivyabona vya Yehova bakoresheje uburyo ubwo ari bwo bwose babona ko bubereye. (Yohana 16:2) Igihe uwo mugwi wari mu muduga werekeza mu gasagara twabamwo, sinzi ukuntu umugore w’umutima mwiza yari muri uwo muduga yumvise bariko baja inama yo gushitsa igikorwa bo bavuga ko bategetswe n’Imana, aca aratuburira. Twaciye twinyegeza maze umwe mu ncuti zacu abijamwo aradufasha, tuba turarusimvye.

Ivyo vyaraciriye inzira ayandi marushwa yari araririye gushika. Nta musi wijana tudakubiswe canke ngo batugireko iterabwoba. Abaturwanya baragerageje kuduhata ngo dusubire mw’idini twahoramwo, tubatirishe abana bacu, kandi ngo dukubite urumenyetso rw’umusaraba. Igihe kimwe barakubise mwenewacu gushika aho biyumvira ko yapfuye. Naratuntujwe no kubona bashiki banje babiri babataburirako impuzu maze bakabakubita. Muri ico gihe, idini ry’aho ryarabatije ku nguvu abana umunani b’Ivyabona vya Yehova.

Mu 1949 mawe yarapfuye. Wa mupatiri yaciye asubira kudukurikirana atwagiriza ngo ntitwakurikije amategeko ajanye n’ivyo gufuba abapfuye. Narashengejwe muri sentare mugabo ndambikwa izera. Ivyo vyarashinze intahe ikomeye kubera yuko izina rya Yehova ryumvikanye mu majambo yavuzwe mu gutangura urubanza. Uburyo bumwe abansi bacu bari basigaranye kugira ngo batume twisubirako kwari ukudufata maze bakatwangaza mu mahanga. Ivyo babigize muri Ndamukiza 1949.

Mw’Itanure ry’Umuriro

Nari umwe mu bavukanyi batatu bari bafashwe. Umugore wanje ntiyigeze mbere aza kundaba ku biro vy’igiporisi. Twabanje kujanwa kw’ibohero ry’ahitwa Iráklion. Nk’uko nabivuze mu ntango, nari jenyene kandi nihebuye. Nari nasize umugore akiri muto tudasangiye ukwemera hamwe n’utwana tubiri. Narasenze cane nsaba Yehova ngo amfashe. Naciye nibuka amajambo y’Imana yanditswe mu Baheburayo 13:5, avuga ati: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.” Nariboneye ingene biranga ubukerebutsi kwizigira Yehova n’umutima wanje wose.​—Imigani 3:5.

Twaramenye yuko twari tugiye kurungikwa i Makrónisos, kakaba kari akazinga kameze nk’ubugaragwa kari kure y’intara yitwa Attica, mu Bugiriki. Gucisha mu kanwa ijambo Makrónisos vyari bihagije kugira umuntu ace aranduka umutima, kubera ko ibohero ryari ngaho ryagirirwamwo ibikorwa vyo gusinzikaza ubuzima bw’abantu be n’ibikorwa vy’ubuja. Igihe bari batujanye muri iryo bohero, ubwato bwari budutwaye bwarahagaze mu gisagara c’i Piraeus. Naho twari tuboshwe, twararemeshejwe igihe twabona bamwe mu bo dusangiye ukwemera baza mu bwato twarimwo bakatugumbira.​—Ivyakozwe 28:14, 15.

Kuba i Makrónisos vyari biteye ubwoba. Abasoda bafata nabi imbohe kuva mu gitondo gushika mw’ijoro. Imbohe nyinshi zitari Ivyabona zarabaye nk’izisara, izindi zirapfa, nyinshi muri zo zisigara ari ibimuga. Mw’ijoro, twarumva induru n’imiborogo vy’ababa bariko basinzikarizwa ubuzima. Akarengeti gahwahutse nipfuka ntikansusurutsa bihagije mw’ijoro hakanye.

Uko igihe cagiye kirarengana, Ivyabona vya Yehova baramenyekanye cane muri iyo kambi kubera ko buri gitondo mu gihe co gutonda iperu, mu kuduhamagara bongerako yuko turi Ivyabona vya Yehova. Ku bw’ivyo, twararonse uturyo twinshi two gushinga intahe. Mbere naratewe agateka ko kubatiza imbohe yari ipfungiwe ivya politike, ikaba yari yateye imbere gushika aho yiyegurira Yehova.

Igihe nari mw’ibohero, naguma nandikira umugore wanje nakunda ariko ntiyigeze anyishura. Ivyo ntivyigeze bimbuza kumwandikira n’ikibabarwe, nkamuhumuriza, nkamusubiriza umutima mu nda yuko ayo marushwa narimwo yari ay’akanya gato kandi yuko twosubiye kubonana tukanezeranwa.

Muri ico gihe, twaguma twiyongera uko abandi bavukanyi bazanwa muri iryo bohero. Kubera nakora ku biro, narashoboye kumenyana n’umukoroneri yatwara iyo kambi. Kubera ko yubaha Ivyabona, narariye umutima amenyo ndamutumbera ndamubaza nimba vyari gushoboka ko turungikirwa ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bivuye ku biro vyacu vy’i Athènes. Yaciye anyishura ati: “Ivyo ntibishoboka. Ni kubera iki abo bantu banyu b’i Athènes batobibatekerera, bakavyandikako izina ryanje maze bakabindungikira?” Emwe vyambereye nk’igitangaro! Haheze imisi mikeyi, igihe twariko turapakurura ubwato bwari buhejeje gushika, nagiye mbona umuporisi akubitira isaluti wa mukoroneri maze amumenyesha ati: “Nyakwubahwa, umuzigo wawe washitse.” Nya mukoroneri aca yishura ati: “Umuzigo nyabaki?” Nari nibereye i ruhande maze sinzi ingene ringuye mu gutwi, nca ndamwongorera nti: “Ubwo si vya bintu vyacu vyarungitswe kw’izina ryawe nk’uko wari wasavye ko tubigira?” Ubwo bwari bumwe mu buryo Yehova yitwararitse ivy’uko tugaburirwa mu vy’impwemu.

Narahezagiwe Ntari Ndavyiteze, Ariko mu Nyuma Nshikirwa n’Ayandi Marushwa

Mu mpera z’umwaka w’1950, naravuye mw’ibohero. Nasubiye i muhira nsinzikaye, neyutse umubiri wose, nonze biteye ubwoba, nibaza nimba baza kunyakira. Ese ukuntu nanezerewe nsubiye kubona umugore wanje n’abana banje! Icanshimishije kuruta, naratangaye nsanze urwanko umugore wanje Frosini yari afise rwaragabanutse. Ya makete naza ndamwandikira ndi mw’ibohero yaragize ico amara. Frosini yari yakozwe ku mutima n’ukwihangana nagize be n’ukuntu nashikamye. Inyuma y’aho gato, twaraganiriye umwanya muremure turondera gusubiza hamwe. Yaremeye kwiga Bibiliya maze aratsimbataza ukwizera Yehova n’ivyo yasezeranye. Umwe mu misi yanejereje kuruta iyindi mu buzima bwanje, ni igihe namubatiza mu 1952 ari umusavyi wa Yehova yiyeguye!

Mu 1955 twaragize isekeza ryo gushikiriza abapatiri bose agatabu kavuga ngo Qui est “ la lumière du monde ”, la chrétienté ou le christianisme ? (Umuco w’isi ni bande​—Ni Abiyita Abakirisu canke ni Ubukirisu?) Narafashwe maze baranshengeza ndi kumwe n’abandi bavukanyi. Imanza zerekeye Ivyabona vya Yehova zari nyinshi cane ku buryo bw’uko sentare yategerejwe gufata ikiringo kidasanzwe kugira ngo ishobore kubumviriza bose. Kuri uwo musi, abajejwe intwaro bose bo muri iyo ntara niho bari, kandi icumba bumviririzamwo imanza cari cuzuyemwo abapatiri. Wa musenyeri n’ishavu n’akantu yaguma agendagenda muri ico cumba. Umwe mu bapatiri bari ngaho yanyagirije yuko mpata abantu kugira bahindure idini. Umucamanza yaciye amubaza ati: “Ukwizera kwawe kwoba kugoyagoya ku buryo ushobora guhindura idini usomye agatabu gusa?” Nya mupatiri ubwanwa bwaciye bupfuka umunwa. Narambitswe izera, ariko abavukanyi bamwebamwe baciriwe umunyororo w’amezi atandatu.

Mu myaka yakurikiye, twaza turafatwa, imanza nazo zikiyongera. Gutunganya izo manza vyatumye abashingwamanza bacu badahumeka. Narengukijwe incuro 17. Naho baturwanya, twaguma turangura igikorwa cacu c’ukwamamaza. Twaremeye n’umutima ukunze izo ngorane, gutyo ivyo bigeragezo bimeze nk’itanure birakomeza ukwizera kwacu.​—Yakobo 1:2, 3.

Utundi Duteka n’Izindi Ngorane

Mu 1957, twarimukiye i Athènes. Bidatevye, barangenye ngo nkorere mw’ishengero ryari riherutse gushingwa. Umukenyezi wanje yaranshigikiye n’umutima wiwe wose, bituma tuguma tworoheje ubuzima maze dushira imbere ibikorwa bijanye n’ivy’impwemu. Gutyo, umwanya wacu munini twarashoboye kuwuhebera igikorwa co kwamamaza. Haciye imyaka itari mike, twarasabwe kwimukira mu mashengero atandukanye ahari inkenero.

Mu 1963, umuhungu wanje yarashikanye imyaka 21 gutyo akaba yategerezwa kuja mu gisoda. Kubera yuko Ivyabona vya Yehova bagumanye impagararo yabo yo kutagira aho begamiye, barakubiswe, baratyekezwa bongera barashinyagurirwa. Ivyo ni na vyo vyashikiye umuhungu wanje. Kugira ngo mu buryo bw’ikigereranyo ndamuremeshe gukurikira akarorero k’abagumye ari intadohoka, naciye ndamuha ka karengeti nakura i Makrónisos. Abavukanyi barengukijwe muri sentare ya gisirikare, akenshi bacibwa umunyororo uva ku myaka ibiri gushika ku myaka ine. Bamaze gupfungurwa, baca basubira kubarengutsa bagasubira kubapfunga. Kubera yuko nari umusuku mu vy’Imana, narashoboye kugendera amabohero atandukanye maze nkibanda cane ku muhungu wanje no ku bandi bizerwa b’Ivyabona vya Yehova. Umuhungu wanje yamaze imyaka irenga itandatu mw’ibohero.

Yehova Yaratubungabunze

Tumaze kuronka umwidegemvyo wo gusenga mu Bugiriki, naratewe agateka ko gusukura nd’umutsimvyi adasanzwe w’igihe gito mw’izinga rya Rhodes. Hanyuma mu 1986, muri Sitía, i Kirete, aho nari natanguriye igikorwa canje ca gikirisu vyarabonetse ko hakenewe abakozi. Narakirije yompi ico gikebere co gusubira gusukura ndi kumwe n’abavukanyi banje bakundwa tukaba twari tuzinanye kuva nkiri muto.

Kuba ndi sekuruza w’umuryango wanje, ndanezerwa kubona abashika 70 mu ncuti zanje basukurira Yehova badahemuka. Kandi ico gitigiri kirabandanya kwiyongera. Bamwe bamaze igihe basukura ari abakurambere, abakozi b’ishengero, abatsimvyi, Abanyabeteli n’abacungezi b’ingenzi. Ukwizera kwanje kwamaze imyaka irenga 58 kugeragezwa n’amarushwa ameze nk’itanure ry’umuriro. Ubu mfise imyaka 93 kandi iyo nsubije amaso inyuma, sinicuza kuba nsukurira Imana. Yarampaye inkomezi kugira ngo nitabe akamo adutera karangwa urukundo kagira gati: “Mwana wanje, mpa umutima wawe, kand’amaso yawe ahimbarwe n’inzira zanje.”​—Imigani 23:26.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Kigarama 1999, ku rupapuro rwa 30-31.

b Abapatiri bo mw’Idini y’Aborotodogisi yo mu Bugiriki baremererwa kurongora.

c Ku vyerekeye inkuru y’ubuzima ya Emmanuel Lionoudakis, raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1999, ku rupapuro rwa 25-29.

d Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova ariko ubu ntikigicapurwa.

e Ushaka kumenya ukuntu Minos Kokkinakis yatahukanye intsinzi mu vy’imanza, raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1993, urupapuro rwa 27-31.

[Uruzitiro ku rup. 27]

Makrónisos Ryari Izinga Riteye Ubwoba

Mu kiringo c’imyaka cumi, kuva mu 1947 gushika mu 1957, izinga rya Makrónisos rimeze nk’ubugaragwa, ritagiramwo abantu ryarabayemwo imbohe zirenga 100.000. Muri izo mbohe harimwo Ivyabona b’abizerwa benshi cane bari bararungitswe muri iryo zinga bazize ukutagira aho bahengamiye kwa gikirisu. Abakuru b’idini ry’Aborotodogisi ryo mu Bugiriki ni bo batuma Ivyabona vya Yehova barungikwa ngaho, mu kubadodobereza ngo ni Abakomunisita.

Ku vyerekeye uburyo bwo gukosora imbohe bwakoreshwa i Makrónisos, inkoranyabumenyi imwe yo mu Bugiriki (Papyros Larousse Britannica) ivuga iti: “Uburyo bwakoreshwa mu gusinzikaza ubuzima bw’imbohe bunyamaswa, . . . ukuntu izo mbohe zari zibayeho mu buryo butemewe mu gihugu giteye imbere hamwe n’inyifato iteye isoni yagaragajwe n’abacunga imbohe . . . ni agaterasoni kuri kahise k’Ubugiriki.”

Ivyabona bamwebamwe barababwira yuko batokwigeze bapfungurwa kiretse mu gihe bokwihakana ivyo bemera mu vy’idini. Naho vyari ukwo, Ivyabona bagumye ari intadohoka. Vyongeye, imbohe zimwezimwe zari zipfungiwe ivya politike zaremeye ukuri kwa Bibiliya kubera ko zaganiriye n’Ivyabona.

[Ifoto ku rup. 27]

Minos Kokkinakis (agira gatatu uhereye iburyo) nanje (nkagira kane uhereye ibubamfu), twari muri iryo zinga ryo guhaniramwo abantu rya Makrónisos

[Ifoto ku rup. 29]

Aha nariko nkorana n’Icabona mugenzanje i Sitía muri Kirete, aho nakoreye nkiri muto

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika