ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/3 rup. 23-29
  • Kubanza kwitwararika ubwami bizana ubuzima butekanye kandi buhimbaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubanza kwitwararika ubwami bizana ubuzima butekanye kandi buhimbaye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bwacu bwo kubaho bwarahindutse
  • Na bo nyene bahisemwo umurimo w’igihe cose
  • Mu murimo w’ubumisiyonari
  • Naho hari ukubuzwa twarabandanije ubusuku
  • Umunezero udasanzwe w’igikorwa c’ubugenduzi
  • Uko ivyacu vyari vyifashe kwarahindutse
  • Ubwami buracari mu kibanza ca mbere
  • N’ubu ndaciga
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • Naragiraniye amahoro n’Imana hamwe na mawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Kuba nahisemwo neza vyatumye ngira imihezagiro mu buzima bwanje bwose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/3 rup. 23-29

Inkuru y’Ubuzima

Kubanza kwitwararika ubwami bizana ubuzima butekanye kandi buhimbaye

NK’UKO VYAVUZWE NA JETHA SUNAL

Tugiheza kwitanga umusase twaje twumva itangazo mw’iradiyo rivuga riti: “Ivyabona vya Yehova ntibemewe n’amategeko, kandi igikorwa cabo kirabujijwe.”

HARI mu mwaka w’1950, kandi twari abigeme bane bafise imyaka nka 20 n’iyindi, twariko dukora turi abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova muri République Dominicaine. Hari haheze umwaka dushitseyo.

Igikorwa c’ubumisiyonari nticamye ari yo ntumbero yanje mu buzima. Mvugishije ukuri, naragenda mu misa nkiri umwana. Ariko rero, dawe yahagaritse kuja mu misa mu gihe c’Intambara ya Mbere y’Isi Yose. Mu mwaka w’1933, umusi nahabwa ikonfirimasiyo mw’idini y’Abangirikani, umusenyeri yasomye umurongo umwe gusa wo muri Bibiliya, hanyuma aca atangura kuvuga ivya politike. Mawe vyaramuciye intege cane ku buryo atigeze yongera gusubira mu misa.

Uburyo bwacu bwo kubaho bwarahindutse

Abavyeyi bacu ari bo William Karl na Mary Adams bavyaye abana batanu. Abahungu bari Don, Joel na Karl. Murumunanje Joy ni we yari umuhererezi nanje nkaba nari imfura. Nshobora kuba nari mfise imyaka 13 igihe umusi umwe nava kw’ishure ngasanga mawe ariko arasoma agatabu kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Ako gatabu kari gafise umutwe uvuga ngo le Royaume, l’Espérance du Monde. Yaciye ambwira ati: “Uku ni ukuri.”

Mawe yaratwiganira twese ibintu yagenda ariga muri Bibiliya. Mu vyo yavuga no mu karorero yatanga, yaradufashije gutahura akamaro k’impanuro Yezu yatanze igira iti: ‘Mubanze mwitwararike ubwami n’ukugororoka kwabwo.’​—Matayo 6:33.

Kenshi sinakunda kuvyumviriza. Igihe kimwe navuze ngo: “Ma, reka kuza uranyigisha, canke naho sinzosubira kukwogereza amasahani.” Ariko abigiranye ubugenge yarabandanije kubituyagira. Twese uko turi abana biwe yama adutwara ku makoraniro yabera mu nzu ya Clara Ryan, uwo na we akaba yaba hafi y’i muhira mu gisagara c’i Elmhurst muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Uwo Clara kandi yarigisha gucurarangisha inanga y’ikizungu (piano). Igihe abanyeshure biwe bamaze kubimenya, baracuraranga uko umwaka utashe, na we agaca aboneraho akaryo ko kubayagira ivyerekeye Ubwami bw’Imana n’icizigiro c’izuka. Kubera yuko nakunda umuziki, nkaba narize kuvuza igicurarangisho kivuzwa nk’indonongo (violon) kuva ngifise imyaka indwi, narumvirije ivyo Clara yavuga.

Bidatevye twese abana twaciye dutangura kwitaba amakoraniro y’ishengero yabera mu gice co mu burengero bwa Chicago turi kumwe na mawe. Rwari urugendo rurerure umuntu agendeye mu miduga yunguruza abantu, mugabo kari agace ko mu ntango ko kutumenyereza ico bisobanura kubanza kwitwararika Ubwami. Mu 1938, inyuma y’imyaka itatu mawe abatijwe, narajanye na we kw’ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Chicago. Ico cari igisagara kimwe mu bisagara 50 vyakurikiriye hamwe iryo hwaniro hakoreshejwe iradiyo. Ivyo nahumviye vyaranshitse ku nyota.

Yamara rero, urukundo nakunda umuziki na rwo nyene rwarankwegereye cane. Naronse urupapuro rw’umutsindo mu mashure yisumbuye mu 1938, dawe na we yari yarantegekanirije kwiga mw’ishure rinonosora ivy’umuziki ry’i Chicago muri Amerika. Gutyo narize umuziki mu myaka ibiri yakurikiye, ndavugiriza mu migwi ibiri y’abacuraranzi, maze nca niyumvira ko nokora akazi kajanye n’ivyo.

Uwanyigishije indonongo, ari we Herbert Butler yari yaravuye i Buraya aza kwibera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Naciye ndamuha agatabu gafise umutwe uvuga ngo Réfugiés,a niyumvira ko yogasomye. Yaragasomye, maze mu ndwi yakurikiye, ahejeje kunyigisha yavuze ati: “Jetha, ucuraranga neza, kandi wobandanya ivyigwa vyawe, woshobora kuzoronka akazi mu mugwi ucurarangira kw’iradiyo canke mu bijanye no kwigisha umuziki. Mugabo!” Yaciye akorakora ka gatabu nari namuhaye, yongerako ati: “Niyumvira ko umutima wawe uri kuri aka gatabu. Ni kubera iki utokora ico gikorwa nyene mu buzima bwawe?”

Narazirikanye rwose kuri ico kintu. Aho kubandanya kuri iryo shure ry’umuziki, naremeye ubutumire mawe yampaye bwo kuja kw’ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye muri Detroit (Michigan) muri Mukakaro 1940. Ahantu twashikiye twaba mu mahema. Mugabo ntiwumve, indonongo yanje ntitwavana, kandi naracuraranze mu mugwi w’abacuraranzi b’iryo hwaniro. Ariko kandi, aho hantu twashikiye, narahamenyeye abatsimvyi benshi (abamamaji b’igihe cose). Bose bari bahimbawe cane. Naciye mfata ingingo yo kubatizwa hanyuma nca nuzuza ifomu yo gusaba gukora umurimo w’ubutsimvyi. Narasenze nsaba Yehova ngo amfashe mbandanye ubusuku bw’igihe cose ubuzima bwanje bwose.

Natanguye gukorera ubutsimvyi mu gisagara nabamwo. Mu nyuma, narakoreye i Chicago. Mu 1943, nimukiye i Kentucky. Muri iryo ci, imbere gatoyi yuko ihwaniro ry’intara riba, nararonse ubutumire bwo kuja mw’ishure rigira kabiri ry’i Gileyadi, aho noronkeye ukumenyerezwa mu bijanye n’igikorwa c’ubumisiyonari. Iryo shure ryari gutangura muri Nyakanga 1943.

Mu gihe c’iryo hwaniro, nabanye n’Icabona umwe yampaye impuzu yose nashaka mu mpuzu z’umukobwa wiwe. Umukobwa wiwe yari yaragiye mu gisoda, kandi akaba yari yarabwiye nyina ngo azotange ibintu vyiwe vyose. Kuri jewe, ivyo bintu naronse vyabaye iranguka ry’ibi Yezu yasezeranye: “Ariko mubanze mwitwararike ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.” (Matayo 6:33) Amezi atanu twamaze i Gileyadi yarihuse, hanyuma tumaze kuronka impapuro z’imitsindo kw’igenekerezo rya 31 Nzero 1944, nari ndindiranye umushasharo gutangura umurimo w’ubumisiyonari.

Na bo nyene bahisemwo umurimo w’igihe cose

Mawe yari asanzwe ari mu murimo w’ubutsimvyi mu 1942. Muri ico gihe, basazanje batatu na murumunanje bari bakiri ku ntebe y’ishure. Mawe kenshi yarabahitana ivyigwa biheze maze bakajana mu busuku bwo mu ndimiro. Yarabigishije kandi kugira uruhara mu bikorwa vyo mu rugo. We nyene ubwiwe kenshi yaryama atevye ariko aragorora yongera akora n’utundi dukorwa dukenewe kugira ngo ashobore kuja mu busuku bukeye.

Muri Nzero 1943, igihe nariko nkorera ubutsimvyi i Kentucky, musazanje Don na we nyene yaratanguye gukora ubutsimvyi. Ico kintu caraciye intege dawe, we yari yizigiye yuko abana biwe bose bokwize kaminuza, nk’uko we na mawe bari barayize. Don amaze gukora ubutsimvyi nk’imyaka ibiri, yaciye atumirwa kubandanya ubusuku bw’igihe cose ari mu bagize icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn mu gisagara ca New York.

Joel yatanguye gukora ubutsimvyi muri Ruheshi mu 1943 igihe yari akiba muhira. Muri ico gihe, yaragerageje kujijura dawe kugira ngo yitabe ihwaniro ariko nta co vyashitseko. Ariko rero, Joel amaze kugerageza gutanguza inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana muri ako karere bikanka, dawe yaciye amwemerera ko amurongorera inyigisho mu gitabu gifise umutwe uvuga ngo “La vérité vous affranchira.” Yaratanga inyishu bitagoranye, mugabo yarahatira Joel gutanga ibimenyamenya vyo mu Vyanditswe bijanye n’ivyavuzwe muri ico gitabu. Ivyo vyarafashije Joel gutuma ukuri kwa Bibiliya akugira ukwiwe.

Joel yari yizigiye yuko urwego rujejwe gucagura abaja mu gisoda n’abatagenda rwomuhaye urupapuro rwemeza ko ari umusuku nk’uko rwari rwarabigiriye Don. Mugabo urwo rwego rubonye ukuntu Joel yari akiri muto, rwaranse kumushira mu mugwi w’abasuku, hanyuma ruca rumurungikira urwandiko rumusaba kuja mu gisoda. Igihe yanka kujayo, baciye barungika icete co kumufata. Ibiro vy’iperereza bimaze kumufata, yaciye amara imisi itatu mw’ibohero ry’i Cook County.

Dawe yaragwatirije inzu yacu kugira ngo arekurwe. Inyuma y’aho, yarabigiriye n’abandi bakiri bato b’Ivyabona bari muri iyo ngorane nyene. Ako karenganyo karababaje dawe, hanyuma ajana na Joel i Washington, D.C. gusaba ko bohindura ingingo yari yafashwe. Amaherezo, Joel yararonse icemeza ko ari umusuku, maze ivy’urwo rubanza biba biraheze. Dawe yaranyandikiye iyo nari ndi mu gikorwa c’ubumisiyonari avuga ati: “Emwe, iyo ntsinzi niyumvira ko dukwiye kuyitirira Yehova!” Mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro 1946, Joel na we nyene yari yaratumiwe gukora ari umwe mu bagize icicaro gikuru i Brooklyn.

Igihe Karl yaba ari mu buruhuko, yarakora kenshi ubutsimvyi imbere yuko arangiza amashure yisumbuye mu ntango yo mu mwaka w’1947, hanyuma aca atangura umurimo w’ubutsimvyi busanzwe. Ico gihe amagara ya dawe yaratanguye kumera nabi, gutyo Karl yaciye afasha dawe mu gihe gitoyi mu bikorwa yahora akora, imbere yuko arungikwa gukorera igikorwa c’ubutsimvyi ahandi hantu. Mu mpera z’umwaka w’1947, Karl yaratanguye gukorana na Don be na Joel ku cicaro gikuru i Brooklyn bari mu bagize umuryango wa Beteli.

Joy amaze kurangiza amashure yisumbuye, yaciye atangura ubutsimvyi. Maze mu 1951, yarasanze basazawe muri Beteli. Yarakoze mu vy’isuku yongera akorera no mu rwego rujejwe amabonema. Mu 1955, yarubakanye na Roger Morgan, akaba yari mu bagize umuryango wa Beteli. Haciye nk’imyaka indwi, bahisemwo kuvyara abana, baca barava muri Beteli. Mu nyuma, barareze abana babo babiri, na bo nyene bakaba basukurira Yehova.

Igihe abana bose bari mu murimo w’igihe cose, mawe yaratanze indemesho yari ikenewe, ku buryo dawe na we nyene yaciye afata ingingo yo kwegurira Yehova ubuzima bwiwe hanyuma aca arabatizwa mu 1952. Mu myaka 15 yamaze abatijwe gushika apfe, yaragaragaje ko ari umuntu abishoboye mu kurondera akaryo ko kubwira abandi ukuri kw’Ubwami, naho ata vyinshi yakora kubera indwara.

Amaze guhagarika ubutsimvyi igihe gitoyi kubera indwara za dawe, mu nyuma mawe yarabandanije gukora ubutsimvyi gushika we nyene apfuye. Mawe ntiyigeze atunga umuduga; eka nta n’ikinga yigeze agenderako. Yari umuntu mugufi kandi mutomuto, yagenda ahantu hose kurongora inyigisho za Bibiliya, kenshi yaranagenda kure mu misozi.

Mu murimo w’ubumisiyonari

Tumaze kuronka impapuro z’umutsindo kw’ishure ry’i Gileyadi, umugwi wacu warakoreye ubutsimvyi mu buraruko bwo mu gisagara ca New York umwaka umwe kugeza turonse ivyangombwa vyo gufata urugendo. Mu nyuma, mu 1945, twaravuye aho twari turi turungikwa gukorera muri Cuba aho twagiye turamenyera uburyo bushasha bwo kubaho. Abantu barakiriye neza igikorwa twakora co kwamamaza, maze bidatevye twese twararongora inyigisho nyinshi za Bibiliya. Twarahakoreye imyaka itari mike. Hanyuma twarungitswe gukorera muri République Dominicaine. Umusi umwe, narahuye n’umukenyezi anyinginga ngo nje kumurabira umukiriya wiwe w’Umufaransakazi yitwa Suzanne Enfroy yashaka uwumufasha gutahura Bibiliya.

Suzanne yari Umuyahudikazi, maze igihe Hitler yatera Ubufaransa, umugabo wiwe yaciye amuhungisha be n’abana babo babiri baja mu kindi gihugu. Bidatevye, Suzanne yaciye abwira abandi ivyo yariko ariga. Yatanguriye kuri wa mugore yari yansavye ngo nje kumugendera, hanyuma abwira umugenzi wiwe Blanche yaturuka mu Bufaransa. Bompi barateye imbere gushika barabatizwa.

Suzanne yarambajije ati: “Nokora iki kugira ngo mfashe abana banje?” Umuhungu wiwe yariko yiga ivy’ubuganga, umukobwa wiwe na we yariko ariga intambo yitwa ballet yizigiye kuzoja mu mugwi w’abatambira ahitwa Radio City Music Hall mu gisagara ca New York. Suzanne yarabarungikiye abonema y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Ico vyavuyemwo, umuhungu wa Suzanne, umugore wiwe be n’abakobwa b’amahasa bavukana n’umugore wiwe bose baracitse Ivyabona. Kubera yuko intwaro ya République Dominicaine yari yabujije igikorwa cacu, umugabo wa Suzanne ari we Louis yarababajwe n’ukubona umugore wiwe yarashimishijwe n’Ivyabona vya Yehova. Mugabo umuryango wose umaze kwimukira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, amaherezo uwo mugabo na we nyene yarabaye Icabona.

Naho hari ukubuzwa twarabandanije ubusuku

Naho igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari cabujijwe muri République Dominicaine ata gihe kinini kihaciye turungitswe gukorerayo mu 1949, umwiyemezo wacu kwari ukugamburukira Imana bwa Mutegetsi kuyirutisha abantu. (Ivyakozwe 5:29) Twarabandanije kwitwararika Ubwami bw’Imana mu kumenyekanisha inkuru nziza ibwerekeye, nk’uko Yezu yabitegetse abayoboke biwe. (Matayo 24:14) Ariko rero, twarize ‘kugira ubwenge nk’inzoka no kumera nk’inuma ata karohe’ uko twaja mu gikorwa co kwamamaza. (Matayo 10:16) Nk’akarorero, ya ndonongo yanje yaramfashije cane. Narayitwara igihe naba ngiye kurongora inyigisho za Bibiliya. Abo nigisha ntibabaye abacuraranzi, ariko imiryango itari mike yaracitse abasavyi ba Yehova!

Igikorwa kimaze kubuzwa, twese uko turi bane, ni ukuvuga jewe, Mary Aniol, Sophia Soviak na Edith Morgan twaravuye mu nzu y’abamisiyonari twabamwo yari i San Francisco de Macorís tuja mu nzu imwe ahari ishami ku mugwa mukuru i Santo Domingo. Uko ukwezi gutashe, narafata urugendo ngasubira iyo nahora nkorera kugira ngo nje kwigisha umuziki. Ivyo vyatuma nshobora gutwara imfungurwa z’ivy’impwemu z’abavukanyi bacu bakirisu mu gasaho nabikamwo ya ndonongo yanje, hanyuma ngasubira inyuma ntwaye amaraporo y’igikorwa cabo c’ukwamamaza.

Igihe abavukanyi b’i San Francisco de Macorís bari bapfungiwe i Santiago bahorwa ko batagira aho bahengamiye, narasabwa kubashira amahera, igihe bishobotse na ho nkabashira Bibiliya nkongera nkagaruka nzaniye amakuru imiryango yabo. Nshitse kw’ibohero ry’i Santiago, igihe abacungereye iryo bohero babona mfise mu kwaha agasaho k’indonongo yanje, bambajije bati: “Ico ni ic’iki?” Naciye nishura nti: “Ni ico kubanezereza.”

Imwe mu ndirimbo naririmvye ni ya yindi yandikwa n’Icabona umwe igihe yari mw’ikambi yitunatuniro y’Abanazi. Iyo ndirimbo ubu akaba ari inomero 29 mu gitabu c’indirimbo c’Ivyabona vya Yehova. Narayiririmvye gushika aho abavukanyi bacu bari bapfunzwe bashoboye kumenya kuyiririmba.

Ivyabona benshi nari nzi, bari barimuriwe mw’itongo ry’uburimyi n’ubworozi rya Trujillo, uwo na we akaba yari umukuru mu vy’intwaro. Bari bambwiye yuko aho hantu hari hafi y’ibarabara ry’imiduga yunguruza abantu. Nk’isaha zitanu, ni ho nururuka umuduga hanyuma mbaza inzira ijayo. Umuntu umwe yari afise akaduka gatoyi yaranyeretse hirya y’imisozi itonze umurongo maze aca yemera ko yontiza indogoba yiwe n’agahungu gatoyi ko kunyobora mu gihe nomusigira ya ndonongo yanje kw’ingwati.

Inyuma y’iyo misozi, twategerejwe kujabuka uruzi twe n’ako gahungu twicaye kuri iyo ndogoba yagenda nk’iyiriko iroga. Kuri urwo ruzi twarabonye umugwi w’inyoni za gasuku, zifise amababa asa n’akatsi kabisi n’ay’ubururu aca ibibatsi ku zuba. Vyari ibintu biryoheye ijisho! Naciye nsenga mvuga nti: “Ewe Yehova warakoze kubona waziremye ari nziza cane.” Amaherezo isaha cumi zo ku muhingamo twarahashitse. Umusoda yari ahajejwe yarandetse n’umutima mwiza ndavugana n’abo bavukanyi yongera arampa uruhusha rwo kubaha ibintu vyose nari nabazaniye, mbere ndabaha n’aka Bibiliya gatoyi.

Mu gusubira inyuma, narasenze inzira yose kubera yuko ico gihe hari mu mwiza. Twagiye gushika kuri ka kaduka twajovye kubera imvura. Kubera yuko nasanze umuduga wa nyuma wunguruza abantu uyo musi wamaze kugenda, naciye nsaba nyene ka kaduka ngo ansabire uwonyunguruza ku gikamyo kirengana. Ubwo nari gushobora kujana n’abagabo babiri bari muri ico gikamyo umutima uri mu nda? Umwe muri bo yambajije ati: “Woba uzi umuntu yitwa Sophie? Yigana na mushikanje.” Naciye mbona ko Yehova yishuye isengesho ryanje! Baranshikanye ata nkomanzi i Santo Domingo.

Mu 1953, nari mu bavuye muri République Dominicaine bitavye ihwaniro mpuzamakungu ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye ku kibuga c’i Yankee mu gisagara ca New York. Umuryango wanje wose ni ho wari uri, ushizemwo na dawe. Hamaze gutangwa raporo y’ukuntu igikorwa co kwamamaza cariko kiratera imbere muri République Dominicaine, jewe na Mary Aniol umumisiyonari twakorana twari dufise ikigabu gitoyi kuri iyo porogaramu c’ukwerekana ukuntu twamamaza igihe igikorwa cari cabujijwe.

Umunezero udasanzwe w’igikorwa c’ubugenduzi

Muri iryo ci, narahuye na Rudolph Sunal, uwahavuye aba umugabo wanje mu mwaka wakurikiye. Abo mu muryango wiwe bari babaye Ivyabona bari mu ntara ya Allegheny, i Pennsylvania, hakaba hari haciye igihe gitoyi Intambara ya Mbere y’Isi Yose ibaye. Amaze igihe akorera mw’ibohero ari Umukirisu ata ho ahengamiye mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose, yaciye aja gukorera kuri Beteli i Brooklyn, mu gisagara ca New York. Haciye igihe gito twubatse, yaratumiwe kugendera amashengero ari umucungezi w’ingenzi. Mu myaka 18 yakurikiye naramuherekeje mu gikorwa co kugendera umuzunguruko.

Ico gikorwa cacu catumye dushika i Pennsylvania, mu Burengero bwa Virginia, i New Hampshire, muri Massachusetts, eka no mu zindi ntara. Kenshi twahabwa indaro n’abavukanyi bacu bakirisu mu nzu zabo. Kubamenya neza no gukorana na bo mu gikorwa ca Yehova, wari umunezero udasanzwe. Urukundo n’ubwakiranyi batugaragarije vyamye birimwo igishika kandi bitagiramwo uburyarya. Joel amaze kwubakana na Mary Aniol wa mugenzi wanje twahorana mu gikorwa c’ubumisiyonari, baciye bamara imyaka itatu mu gikorwa c’ubugenduzi, bagendera amashengero y’i Pennsylvania n’i Michigan. Inyuma y’aho, mu 1958, Joel yarasubiye gutumirwa ngo abe umwe mu bagize umuryango wa Beteli, ico gihe hoho yari kumwe na Mary.

Karl yari amaze kuri Beteli imyaka indwi igihe yarungikwa mu gikorwa co kugendera umuzunguruko amezi makeyi kugira ngo arushirize kumenya utuntu n’utundi. Inyuma y’aho, yaciye aba umwigisha wo kw’ishure ry’i Gileyadi. Mu 1963 yarubakanye na Bobbie, uwakoreye kuri Beteli ari umwizerwa gushika aho apfiriye muri Gitugutu 2002.

Mu myaka myinshi Don yamaze kuri Beteli, rimwe na rimwe yaragendera ibindi bihugu kugira ngo afashe abakorera ku biro vy’ishami n’abari mu gikorwa c’ubumisiyonari. Ivyo bikorwa yari ashinzwe vyatumye ashika mu bihugu vyo mu Buseruko, muri Afirika, i Buraya no mu bindi bice bitandukanye vya Amerika. Kenshi muri izo ngendo, Don yarajana n’umugore wiwe w’intahemuka Dolores.

Uko ivyacu vyari vyifashe kwarahindutse

Haheze igihe kirekire dawe arwaye, yarapfuye, mugabo imbere yuko apfa yarambwiye yuko anezerewe cane kubona twari twarahisemwo gukorera Yehova Imana. Yavuze yuko twaronse imihezagiro myinshi iruta iyo twari kuronka iyo tuja mu vyo gukurikirana amashure ya kaminuza nk’uko yari yarabidutegekanirije. Maze gufasha mawe kwimukira hafi y’aho murumunanje Joy yaba, jewe n’umugabo wanje twaremeye gukorera ubutsimvyi muri Nouvelle-Angleterre kugira ngo dushobore kwegera nyina wiwe, uwari akeneye ko tumufasha muri ico gihe. Nyina wiwe amaze gupfa, mawe yaciye aza tubana imyaka 13. Maze kw’igenekerezo rya 18 Nzero 1987, yararangije igikorwa ciwe co kw’isi afise imyaka 93 y’amavuka.

Kenshi igihe abagenzi bamukeje kubona yarareze abana biwe bose bagakunda Yehova bakongera bakamukorera, mawe yaca yishura abigiranye ukwifata ruto ati: “Vyarashitse gusa nkorera mw’‘ivu’ ryiza.” (Matayo 13:23) Ese ingene ari umuhezagiro kubona twararonse abavyeyi batinya Imana baduhaye akarorero keza mu kugira umwete be no mu kwicisha bugufi!

Ubwami buracari mu kibanza ca mbere

Twabandanije gushira Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu kandi tugerageza gushira mu ngiro impanuro ya Yezu yerekeye gusangira n’abandi ivyo dufise. (Luka 6:38; 14:12-14) Mu nyuma, Yehova na we yaraturonkeje ivyo dukeneye. Twaratekaniwe kandi turahimbarwa mu buzima.

Twe n’umugabo wanje Rudolph ntitwahevye gukunda umuziki. Turahimbarwa cane igihe abandi bakunda umuziki nka twebwe baje i muhira iwacu ku mugoroba tugacurarangira hamwe. Ariko rero umuziki si wo mwuga wanje. Ni ikindi kintu kinyongerereza agahimbare mu buzima. Ubu twe n’umugabo wanje turanezerwa no kubona ivyamwa vyavuye mu busuku bw’ubutsimvyi twaranguye, ni ukuvuga abantu twafashije mu myaka n’iyindi.

Naho ubu dufise ingorane z’amagara, ndashobora kuvuga yuko ubuzima bwacu bwabaye ubuhimbaye kandi burimwo itekane muri iyi myaka irenga 60 tumaze mu busuku bw’igihe cose. Imisi yose mu gitondo mvyutse, ndakengurukira Yehova kubona yarishuye isengesho namutuye igihe natangura ubusuku bw’igihe cose ubu hakaba haheze imyaka myinshi. Ubu na ho ndiyumvira nti: ‘Noshobora gute gushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere muri iki gihe?’

[Utujambo tw’epfo]

a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ubu ntikagicapurwa.

[Ifoto ku rup. 24]

Umuryango wacu mu 1948 (uhereye ibubamfu uja iburyo): Joy, Don, mawe, Joel, Karl, jewe na dawe

[Ifoto ku rup. 25]

Mawe yaratanze akarorero mu kugira umwete mu busuku

[Ifoto ku rup. 26]

Karl, Don, Joel, Joy na jewe ubu, haciye imyaka irenga 50

[Ifoto ku rup. 27]

Uhereye ibubamfu uja iburyo: Jewe, Mary Aniol, Sophia Soviak, na Edith Morgan turi abamisiyonari muri République Dominicaine

[Ifoto ku rup. 28]

Turi kumwe na Mary (ibubamfu) ku kibuga c’i Yankee mu 1953

[Ifoto ku rup. 29]

Turi kumwe n’umugabo wanje igihe yari mu gikorwa co kugendera umuzunguruko

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika