Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki ibitigiri vyerekana ibigabane n’imirongo vyo mu gitabu ca Zaburi usanga bitandukanye mu mpinduro za Bibiliya zitari zimwe?
Bibiliya yabaye iya mbere ikwiye ifise ibigabane n’imirongo ni impinduro y’Igifaransa yasohowe n’uwitwa Robert Estienne mu 1553. Ariko rero, biboneka yuko imbere y’aho, igitabu ca Zaburi cari kigizwe n’ibice bitandukanye, kubera yuko cari icegeranyo c’amazaburi atandukanye canke indirimbo zitandukanye zateguwe n’abantu batari bake.
Bisa n’uko Yehova yabanje kuyobora Dawidi ngo akorakoranye amazaburi yo gukoresha mu gusenga kugirirwa ku mugaragaro. (1 Ngoma 15:16-24) Birazwi yuko Ezira, umuherezi akaba n’‘umwandikuzi w’umuhanga,’ ari we yahavuye afata ibanga ryo kwegeraniriza hamwe igitabu ca Zaburi cose uko kingana mu mero kirimwo ubu. (Ezira 7:6) Gutyo rero, igitabu ca Zaburi cabonetse begeranirije hamwe amazaburi atandukanye.
Mu nsiguro intumwa Paulo yashikirije mw’isinagogi y’i Antiyokiya (i Pisidiya) ku rugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari, yarasubiyemwo amajambo yo mu gitabu ca Zaburi avuga ati: “Kandi ni ko vyanditswe muri Zaburi ya kabiri, ng’Ur’Ubura bganje, uyu musi ndakuvyaye.” (Ivyakozwe 13:33) Muri Bibiliya zitandukanye muri iki gihe, ayo majambo aracaboneka muri zaburi ya kabiri, umurongo w’7. Ariko rero, hariho ubudasa mu bitigiri vyerekana ibigabane n’imirongo vy’amazaburi menshi mu mpinduro zitandukanye za Bibiliya. Ivyo ni ukubera yuko impinduro zimwezimwe zishingiye ku gisomwa c’Abamasoreti co mu Giheburayo, mu gihe izindi zishingiye kuri Bibiliya y’Ikigiriki yitwa Septante, ikaba ari impinduro y’igisomwa c’Igiheburayo yahejeje kwandikwa mu kinjana ca kabiri B.G.C. Nk’akarorero, impinduro y’Ikilatini imwe (Vulgate), iyo Bibiliya nyinshi z’Abagatorika zavuyeko, ikoresha ibitigiri vyo muri ya mpinduro yitwa Septante, mu gihe impinduro ya Traduction du monde nouveau hamwe n’izindi, zisunga ibitigiri vyo mu gisomwa c’Abamasoreti co mu Giheburayo.
None neza na neza ubwo budasa ni ubuhe? Igisomwa c’Abamasoreti co mu Giheburayo kigizwe n’amazaburi 150 yose hamwe. Ariko rero, ya mpinduro yitwa Septante ifata Zaburi y’9 n’iy’10 ikazishira hamwe, ikongera igafata Zaburi y’114 n’iy’115 ikazishira hamwe. Vyongeye, igaburamwo kabiri Zaburi y’116 be n’iy’147. Naho igitigiri c’amazaburi kiguma ari ca kindi, kuva kuri Zaburi y’10 gushika kuri Zaburi y’146 ivyo dusanga mu kigabane kimwe muri ya mpinduro yitwa Septante tubisanga mu kigabane gikurikira mu gisomwa c’Abamasoreti co mu Giheburayo. Ni co gituma ya Zaburi imenyerewe ya 23 ica iba iya 22 muri Bibiliya yitwa Douay Version, iyo ikaba yisunga ibitigiri vyo mu mpinduro y’Ikilatini yitwa Vulgate, ino na yo ikisunga ya mpinduro yitwa Septante.
Ubwa nyuma, ibitigiri vyerekana imirongo vyo mu mazaburi amwamwe na vyo nyene birashobora gutandukana bivanye n’impinduro. Uti kubera iki? Kubera ko, nk’uko bivugwa mu gitabu kimwe (Cyclopedia de McClintock et Strong), impinduro zimwezimwe zisunga “uko Abayuda babigenza mu gufata ko amajambo y’intangamarara ari umurongo wa mbere,” ariko izindi mpinduro ntizibigira gutyo. Kukaba nkako, mu gihe amajambo y’intangamarara ari maremare, kenshi afatwa ko ari imirongo ibiri, maze igitigiri c’imirongo y’iyo zaburi kigaca congerekana.