ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/3 rup. 13-18
  • ‘Wa mushumba w’umwizerwa’ atsinda isuzumwa!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Wa mushumba w’umwizerwa’ atsinda isuzumwa!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Uwo mushumba mubi’
  • Inkumi z’incabwenge n’inkumi z’ibijuju
  • Umugani w’italanto
  • Igihe c’isuzuma gitangura!
  • Isuzuma rirabandanya
  • “Umushumba” w’umwizerwa akaba n’incabwenge
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Woba‘uzoguma uri maso’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo wokwigira ku bigereranyo Yezu yatanze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/3 rup. 13-18

‘Wa mushumba w’umwizerwa’ atsinda isuzumwa!

“Igihe [kira]shitse c’uk’urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana”.—1 Petero 4:17.

1. Yezu yasanze ibintu bimeze gute igihe yasuzuma uwo “mushumba”?

KURI Pentekote yo mu 33 G.C, Yezu yaragenye “umushumba” kugira ngo ahe “abo mu rugo rwiwe” imfungurwa ku gihe kibereye. Mu 1914, Yezu yarimitswe aba Umwami kandi bidatevye, igihe co gusuzuma uwo “mushumba” cari gishitse. Ahanini, yasanze uwo “mushumba” yaragaragaje ko ari “umwizerwa [n]’incabwenge”. Ku bw’ivyo, yaciye amuha “kugaba ivy’afise vyose” (Matayo 24:45-47, NW). Ariko rero, hariho kandi n’umushumba mubi, atari umwizerwa ntabe n’incabwenge.

‘Uwo mushumba mubi’

2, 3. ‘Uwo mushumba mubi’ yavuye hehe, kandi vyatanguye gute?

2 Yezu yavuze ivy’umushumba mubi agiheza guca irya n’ino ivya “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”. Yavuze ati: “[“Uwo”, NW] mushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye: maz’agatangura gukubita abashumba bagenzi biwe no gusangira n’ababorerwa; shebuja w’uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze no mu gihe atazi: azomucamwo kubiri [“azomuhana n’ubukari bwinshi cane”, NW], amusangize umugabane wiwe n’indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo” (Matayo 24:48-51). Imvugo ngo ‘uwo mushumba mubi’, irakwegera ivyiyumviro vyacu ku majambo Yezu yari ahejeje kuvuga ku vyerekeye wa mushumba mw’umwizerwa kandi w’incabwenge. Kukaba nkako, uwo “mushumba mubi” yavuye mu bari bagize wa mushumba w’umwizerwaa. Gute?

3 Imbere yo mu 1914, benshi mu bagize umugwi w’umushumba w’umwizerwa bari bafise ivyizigiro bikomeye vyo gusanganira Umukwe mw’ijuru muri uwo mwaka, mugabo ivyizigiro vyabo ntivyarangutse. Icavuye muri ivyo be no ku bindi bintu vyabaye, ni uko benshi bacitse intege, bakeyi na bo baragira umujinya. Bamwebamwe muri abo barahindukiye ‘bakubita’ abahoze ari abavukanyi babo, bakoresheje amajambo bongera barifatanya n’“ababorerwa”, ari yo migwi y’idini y’abiyita abakirisu.—Yesaya 28:1-3; 32:6.

4. Yezu yafashe gute wa “mushumba mubi” be n’abantu bose bagaragaje agatima nk’ako nyene?

4 Abo bahoze ari abakirisu, bahavuye bamenyekana ko ari bo bagize wa “mushumba mubi”, kandi Yezu yarabahanye n’“ubukari bwinshi cane”. Uti gute? Yarabashibuye, baca baratakaza icizigiro cabo c’ijuru. Ariko rero, ntibaciye basangangurwa ubwo nyene. Bategerejwe kubanza kumara ikiringo kinaka barira bongera baryanya insya z’amenyo ‘mu mwiza hanze’ y’ishengero rya gikirisu (Matayo 8:12). Guhera muri iyo misi yo mu ntango, hariho n’abandi basizwe bakeyi bagaragaje agatima kabi nk’ako, baba biyerekanye ko bari mu bagize wa “mushumba mubi”. Bamwebamwe bo mu “zindi ntama” bariganye ubwo buhemu bwabo (Yohana 10:16). Abansi ba Kirisitu bose nk’abo baherera ‘hanze muri uwo mwiza’ nyene wo mu buryo bw’impwemu.

5. Mu buryo butandukanye na wa “mushumba mubi”, wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge we yavyakiriye gute?

5 Naho ari ukwo, wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge yasuzumwe cokimwe n’‘uwo mushumba mubi’. Ariko rero, aho kugira umujinya, yarabogowe (2 Ab’i Korinto 13:11). Urukundo bakunda Yehova n’abavukanyi babo rwarakomejwe. Ico vyavuyemwo, babaye “[i]nkingi ishigikiye ukuri” muri iyi “misi y’iherezo” idurumbanye.—1 Timoteyo 3:15; 2 Timoteyo 3:1.

Inkumi z’incabwenge n’inkumi z’ibijuju

6. (a) Yezu yatangiye gute akarorero uguca ubwenge kw’umugwi wiwe w’umushumba w’umwizerwa? (b) Imbere yo mu 1914, ni ubutumwa ubuhe abakirisu basizwe bamamaza?

6 Ahejeje kuvuga ivy’‘uwo mushumba mubi’, Yezu yaciye aca imigani ibiri kugira ngo yerekane igituma abakirisu bamwebamwe basizwe bogaragaje ko ari abizerwa n’incabwenge mu gihe abandi na bo batobigaragajeb. Mu gutangira akarorero ukwo guca ubwenge, yavuze ati: “Ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe. Batanu muri bo bār’ibijuju, bandi batanu bār’abanyabgenge. Kuko vya bijuju, mu kujana amatara yavyo, bitajananye n’amavuta. Arikw abanyabgenge bo, bajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo” (Matayo 25:1-4). Izo nkumi cumi zitwibutsa ivyerekeye abakirisu basizwe b’imbere yo mu 1914. Bari baraharuye barabona yuko umukwe, ari we Yezu Kirisitu, yari agiye kuboneka. Ni co gituma ‘bagiye’ kumusanganira, mu kwamamaza bashize amanga yuko “ibihe [“vyashinzwe”, NW] vy’abanyamahanga” vyorangiye mu 1914.—Luka 21:24.

7. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ni ryari abakirisu basizwe ‘basinziriye’, kandi kubera iki?

7 Ntibari bihenze. Ibihe vyashinzwe vy’abanyamahanga vyarangiye mu 1914, Ubwami bw’Imana burongowe na Kirisitu Yezu na bwo buca baratangura kuganza. Mugabo ivyo vyabereye mu majuru ataboneka. Kw’isi, umuryango w’abantu waciye utangura kubona “ibara” ryari ryarabuwe (Ivyahishuriwe 12:10, 12). Haciye hakurikira igihe c’isuzumwa. Kubera ko abakirisu basizwe batatahura ibintu mu buryo butomoye, biyumviriye yuko “umukwe agitebaganye”. Kubera bazazaniwe bakongera bakankwa n’isi, mu bisanzwe baracitse intege maze barahakwa guhagarika igikorwa co kwamamaza ku mugaragaro cungunganijwe. Nka kumwe kwa za nkumi zo muri wa mugani, tubivuze mu buryo bw’impwemu, “barahūnyi[je], barasinzira”, nk’uko n’abiyita abakirisu b’abahemu babigize inyuma y’urupfu rw’intumwa za Yezu.—Matayo 25:5; Ivyahishuriwe 11:7, 8; 12:17.

8. Ni ibiki vyatumye haterwa aka kamo ngo “Nguyu umukwe”, kandi cari igihe c’uko abakirisu basizwe bakora iki?

8 Maze mu 1919, harabaye ikintu kitari citezwe. Dusoma duti: “Mu gicugu humvikana urwamo, ngo Nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire. Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo” (Matayo 25:6, 7). Neza na neza igihe ibintu vyari bimeze nk’umwiza w’umuzitanya, ni ho humvikana akamo ko gukura amaboko mu mpuzu! Mu 1918, Yezu, “intumwa y’isezerano” yaraje mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu rwa Yehova kugira ngo asuzume yongere ahumanure ishengero ry’Imana (Malaki 3:1). Ico gihe, abakirisu basizwe bari bakeneye gusohoka bakaja kumusanganira mu bigo vyo kw’isi vy’urwo rusengero. Cari igihe c’uko ‘bakayangana’.—Yesaya 60:1; Ab’i Filipi 2:14, 15.

9, 10. Mu 1919, ni kubera iki abakirisu bamwebamwe bari “incabwenge”, abandi na bo bakaba “ibijuju”?

9 Ariko ni ukuraba neza! Muri uwo mugani, bamwebamwe muri za nkumi bari bafise ingorane. Yezu yabandanije ati: “Vya bijuju bibgira abanyabgenge, biti Ni muduhe se ku mavuta yanyu, kukw amatara yacu arikw arazima” (Matayo 25:8). Ata mavuta, amatara ntiyoshobora kwaka. Amavuta y’itara rero atwibutsa ivyerekeye Ijambo ry’Imana ry’ukuri hamwe n’impwemu yayo yera, ibironsa ububasha abasavyi b’Imana b’ukuri kugira ngo babe abatwara umuco (Zaburi 119:130; Daniyeli 5:14). Imbere yo mu 1919, abakirisu basizwe b’incabwenge bari bararonderanye umwete gutahura ico Imana ibagombako, naho bari bamaze igihe gitoyi bagoyagoya. Ni co gituma igihe haterwa akamo ko gutanga umuco, bari biteguye.—2 Timoteyo 4:2; Abaheburayo 10:24, 25.

10 Ariko rero, abasizwe bamwebamwe ntibari biteguriye kugira utwigoro canke kwitanga ubwabo, naho nyene bipfuza cane kuba kumwe n’Umukwe. Igihe rero hari hageze ko bakura amaboko mu mpuzu bakamamaza inkuru nziza, ntibari biteguye (Matayo 24:14). Baranagerageje guca intege bagenzi babo b’abanyamwete, mu kubasaba ngo babahe ku mavuta yabo. Muri uwo mugani wa Yezu, za nkumi z’incabwenge zishuye gute? Zavuze ziti: “Kumbure ntiyodukwira twese: ivyiza ni muje ku badandaza mwigurire” (Matayo 25:9). Muri ubwo buryo nyene, abakirisu basizwe b’intahemuka bo mu 1919 baranse gukora ikintu na kimwe cogabanya ubushobozi bwabo bwo gutwara umuco. Ku bw’ivyo, baratsinze isuzumwa.

11. Ni ibiki vyashikiye za nkumi z’ibijuju?

11 Yezu asozera ati: “[Za nkumi z’ibijuju] bakigiye kugura umukwe arashika; abiteguye binjirana na we mu bukwe, urugi rurugarwa. Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza, ziti Mupfasoni, mupfasoni, n’utwugururire. Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi” (Matayo 25:10-12). Egome, bamwebamwe ntibari biteguriye ugushika kw’Umukwe. Ku bw’ivyo, ntibatsinze isuzumwa, baca baratakaza akaryo ko kwitaba ubukwe bwo mw’ijuru. Ese ukuntu vyari biteye agahinda!

Umugani w’italanto

12. (a) Ni igiki Yezu yakoresheje mu gutangira akarorero ubwizerwe? (b) Uwo muntu ‘yagiye mu mahanga’ yari nde?

12 Yezu ahejeje gutangira akarorero ukwo guca ubwenge, yaciye abandanirizako akarorero k’ubwizerwe. Yavuze ati: “Bizoba nk’ivy’umuntu agira agende mu mahanga, ahamagara abantu [“abashumba”, NW] biwe, abasigarana ivyo atunze. Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi imwe, uk’umuntu wese ashobora, aja mu mahanga” (Matayo 25:14, 15). Uwo muntu avugwa muri uwo mugani ni Yezu ubwiwe, ‘yagiye mu mahanga’ igihe yaduga mw’ijuru mu mwaka wa 33 G.C. Ariko imbere y’uko aduga, Yezu yasigaranye “ivyo atunze” abigishwa biwe b’abizerwa. Mu buryo ki?

13. Ni gute Yezu yateguye indimiro nini yo gukoreramwo kandi yahaye gute “abashumba” biwe uburenganzira bwo gucuruza?

13 Mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi, Yezu yaratanguye gutegura indimiro nini yo gukoreramwo mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami mu gihugu cose ca Isirayeli (Matayo 9:35-38). Imbere y’uko ‘aja mu mahanga’, yajeje iyo ndimiro abigishwa biwe b’abizerwa mu kuvuga ati: “Nuko ni mugende, muhindure [“abantu bo mu mahanga yose”, NW] abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose” (Matayo 28:18-20). Muri ayo majambo, Yezu yarahaye “abashumba” biwe uburenganzira bwo gucuruza gushika agarutse, “uk’umuntu wese ashobora”.

14. Ni kubera iki bitari vyitezwe ko bose bakora ibingana mu gucuruza?

14 Iyo mvugo yerekana yuko ivy’abakirisu bose bo mu kinjana ca mbere bitari vyifashe kumwe canke ko batari bafise ubushobozi bungana. Bamwebamwe, nka Paulo na Timoteyo, bari bafise umwidegemvyo wo kugira uruhara rwuzuye rushoboka mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha. Ukuntu ivy’abandi vyari vyifashe gushobora kuba kwaragabanya cane umwidegemvyo wabo wo gukora. Nk’akarorero, abakirisu bamwebamwe bari abagurano, abandi na bo bari ba magara make, bitereye mu myaka, canke bafise amabanga yo mu muryango. Ariko ntiwumve, uduteka tumwetumwe two mw’ishengero ntitwahabwa abigishwa bose. Abagore basizwe be n’abagabo bamwebamwe basizwe ntibigisha mw’ishengero (1 Ab’i Korinto 14:34; 1 Timoteyo 3:1; Yakobo 3:1). Ariko rero, uko ivyabo vyaba vyifashe kwose, abigishwa ba Kirisitu basizwe bose, abagabo n’abagore, bari bashinzwe gucuruza, bagakoresha neza uturyo bafise be n’uko ivyabo vyifashe mu busuku bwa gikirisu. Bagenzi babo bo mu gihe ca none na bo nyene ni ko babigira.

Igihe c’isuzuma gitangura!

15, 16. (a) Igihe co gusuzuma ivyo yasize cashitse ryari? (b) Ni uturyo dushasha utuhe two ‘gucuruza’ twahawe abizerwa?

15 Uwo mugani urabandanya uti: “Hashize igihe kirekire, shebuja w’abo bantu [“bashumba”, NW] aragaruka, asuzuma ivyo yabasigaranye” (Matayo 25:19). Mu 1914, bikaba vyumvikana ko hari haciye igihe kirekire inyuma yo mu 33 G.C., Kirisitu Yezu yaratanguye ukuhaba kwiwe ari Umwami. Mu 1918, haciye imyaka itatu n’igice, yaraje mu rusengero rw’Imana rwo mu buryo bw’impwemu maze arashitsa amajambo ya Petero agira ati: “Igihe [kira]shitse c’uk’urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana” (1 Petero 4:17; Malaki 3:1). Cari igihe c’uko asuzuma ivyo yasize.

16 Abo bashumba, ari bo bavukanyi ba Yezu basizwe, bari bakoresheje gute izo “talanto” z’Umwami? Kuva mu 33 G.C. kubandanya, ushizemwo n’imyaka yo gushika mu 1914, benshi bari barakoze baratama mu ‘gucururiza’ Yezu (Matayo 25:16). Mbere no mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose, bari baragaragaje icipfuzo gikomeye co gusukurira Shebuja. Ico gihe, vyari bibereye ko abo bizerwa bahabwa uturyo dushasha two ‘gucuruza’. Igihe c’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu cari camaze gushika. Inkuru nziza yategerezwa kwamamazwa kw’isi yose. “Ivyimburwa vyo mw isi” vyategerezwa kwimburwa (Ivyahishuriwe 14:6, 7, 14-16). Aba nyuma bo mu bagize wa mugwi w’uburo bategerezwa kumenyekana, “ishengero ryinshi” ry’izindi ntama na ryo rigatororokanywa.—Ivyahishuriwe 7:9; Matayo 13:24-30.

17. Ni gute abakirisu basizwe b’abizerwa ‘binjiye mu munezero wa shebuja’?

17 Igihe c’iyimbura ni igihe giteye umunezero (Zaburi 126:6). Birabereye rero kubona igihe Yezu yaha abavukanyi biwe b’abizerwa basizwe amabanga yiyongereye mu 1919, yavuze ati: “Wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja” (Matayo 25:21, 23, ni twe tubihiritse.). Bitayeko, umunezero wa Shebuja, akaba yari Umwami w’Ubwami bw’Imana aherutse kwimikwa, urarengeye uko twowiyumvira (Zaburi 45:1, 2, 6, 7). Umugwi w’umushumba w’umwizerwa uragira uwo munezero mu guserukira uwo Mwami no mu kwongereza ibintu vyiwe vyo kw’isi (2 Ab’i Korinto 5:20). Umunezero wabo ubonekera muri aya majambo menyeshakazoza yo muri Yesaya 61:10 avuga ati: “Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza”.

18. Ni kubera iki bamwebamwe batatsinze isuzumwa, kandi vyavuyemwo iki?

18 Ikibabaje, bamwebamwe ntibatsinze iryo suzumwa. Dusoma duti: “Haza uwahawe italanto imwe, ati Mugenzi, nari nkuzi k’ur’umuntu w’ingāre, wimbura ivyo utārimye, ukumakuma ivyo utāsanzaje; ndatinya, ndagenda mpisha italanto yawe mu kuzimu: ehe ngibi ivyawe” (Matayo 25:24, 25). Muri ubwo buryo nyene, abakirisu bamwebamwe basizwe ntibari ‘baracuruje’. Imbere yo mu 1914, ntibari barabwiye abandi ivyerekeye icizigiro cabo babigiranye igishika, kandi ntibashatse no gutangura kubigira mu 1919. Yezu yakiriye gute ukwo kubura urupfasoni kwabo? Yaciye abaka uduteka twose bari bafise. ‘Baciye batererwa hanze mu mwiza, aho boririye bakongera bakaryanya insya z’amenyo’.—Matayo 25:28, 30.

Isuzuma rirabandanya

19. Ni mu buryo ubuhe igikorwa c’isuzuma kibandanya, kandi abakirisu basizwe bose biyemeje gukora iki?

19 Birumvikana ko benshi mu bohavuye baba mu gihe c’iherezo abashumba ba Kirisitu basizwe, batari bwasukurire Yehova igihe Yezu yatangura isuzuma ryiwe mu 1918. Boba baracitswe n’iryo suzuma? Habe n’intete. Hagati y’umwaka wa 1918 n’uwa 1919 ni ho honyene hatangura ico gikorwa c’isuzuma, igihe wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge uko agize umugwi yaritsinda. Abakirisu basizwe umwumwe ukwiwe barabandanya gusuzumwa gushika aho ikimenyetso badomweko kiba ikitagihanagurwa (Ivyahishuriwe 7:1-3). Kubera yuko ivyo babizi, abavukanyi ba Kirisitu basizwe biyemeje kubandanya ‘bacuruza’ babigiranye ubwizerwe. Biyemeje kuba incabwenge, mu kuguma bafise amavuta menshi kugira ngo umuco ukayangane cane. Barazi yuko igihe umwumwe wese arangije ubuzima bwiwe ari umwizerwa, Yezu azomwakirira aho aba mw’ijuru.—Matayo 24:13; Yohana 14:2-4; 1 Ab’i Korinto 15:50, 51.

20. (a) Ni igiki izindi ntama biyemeje gukora muri iki gihe? (b) Ni igiki abakirisu basizwe batahura?

20 Ishengero ryinshi ry’izindi ntama bariganye abavukanyi babo basizwe. Baratahura yuko ubumenyi bafise bwerekeye imihango y’Imana butuma bagira ibanga rihambaye (Ezekiyeli 3:17-21). Ku bw’ivyo, bafashijwe n’Ijambo rya Yehova be n’impwemu yera, na bo nyene baguma bafise amavuta menshi biciye ku kwiga no ku kwifatanya n’abandi. Kandi barareka umuco wabo ukabonesha, mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha, gutyo ‘bagacuruza’ bari kumwe n’abavukanyi babo basizwe. Ariko rero, abakirisu basizwe baratahura rwose yuko ari bo bahawe izo talanto. Bategerezwa kubazwa ukuntu ivyo Umukama atunze kw’isi bikoreshwa. Naho ari bake, ntibashobora guhebera ibanga ryabo ishengero ryinshi. Kubera ko wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge afise ivyo mu muzirikanyi, arabandanya kuja imbere mu vyo kwitwararika urucuruza rw’Umwami, agakenguruka ukuntu ashigikirwa n’abagize ishengero ryinshi b’intahemuka. Bano baratahura ibanga abavukanyi babo basizwe bafise kandi babona ko ari agateka gukora bahagarikiwe na bo.

21. Ni inkeburo iyihe yerekeye abakirisu bose kuva imbere yo mu 1919 gushika muri iki gihe cacu?

21 Ku bw’ivyo, naho iyo migani ibiri ituma dutahura ibintu vyabaye mu mwaka wa 1919 canke muri iyo myaka, ingingo ngenderwako ziri muri iyo migani zirerekeye abakirisu b’ukuri bose bo muri iyi misi y’iherezo. Muri ubwo buryo, naho inkeburo Yezu yatanze mu mpera ya wa mugani w’inkumi cumi yerekeza ubwa mbere na mbere ku bakirisu basizwe b’imbere yo mu 1919, ku bwa ngingo iguma ikora ku mukirisu wese. Ese twese rero twoshira ku mutima amajambo ya Yezu agira ati: “Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’isaha”.—Matayo 25:13.

[Utujambo tw’epfo]

a Muri ubwo buryo nyene, inyuma y’urupfu rw’intumwa, “amabingira y’inkazi” yavuye mu bakurambere bakirisu basizwe.—Ivyakozwe 20:29, 30.

b Ushaka kumenya ibindi ku bijanye n’uwo mugani wa Yezu, raba igitabu Sécurité universelle sous le Règne du “Prince de paix”, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ikigabane ca 5 n’ica 6.

Woshobora kubisigura?

• Ni ryari Yezu yasuzumye abayoboke biwe, kandi yasanze ibintu vyifashe gute?

• Ni kubera iki abakirisu basizwe bamwebamwe bagize agatima nk’ak’‘uwo mushumba mubi’?

• Dushobora gute kwerekana ubwacu ko turi incabwenge mu buryo bw’impwemu?

• Mu kwigana abavukanyi ba Yezu basizwe b’abizerwa, ni mu buryo ki dushobora kuguma ‘ducuruza’?

[Uruzitiro ku rup. 16]

YEZU AZA RYARI?

Muri Matayo ikigabane ca 24 na 25, uburyo Yezu ‘aza’ buri mu nsobanuro zitandukanye. Si ngombwa ngo arinde kuva aho ari kugira ngo ‘aze’. Ahubwo riho, ‘aza’ mu buryo bw’uko yerekeza ivyiyumviro vyiwe ku muryango w’abantu canke ku bayoboke biwe, akenshi kukaba ari ukugira ace urubanza. Ku bw’ivyo, mu 1914 ‘yaje’ mu buryo bwo gutangura kuhaba ari Umwami yimitswe (Matayo 16:28; 17:1; Ivyakozwe 1:11). Mu 1918, ‘yaje’ bwa ntumwa y’isezerano hanyuma atangura gucira urubanza abivugisha ko basukurira Yehova (Malaki 3:1-3; 1 Petero 4:17). Kuri Harumagedoni, ‘azoza’ gushitsa urubanza ku bansi ba Yehova.—Ivyahishuriwe 19:11-16.

Ukuza (canke ugushika) kuvugwa akatari gake muri Matayo 24:29-44 no muri Matayo 25:31-46 kuba kuri “ya marushwa ahambaye” (Ivyahishuriwe 7:14, NW). Ku rundi ruhande, ukuza kuvugwa akatari gake muri Matayo 24:45 gushika muri Matayo 25:30 gufitaniye isano n’urubanza acira abivugisha ko ari abigishwa biwe guhera mu 1918 no kubandanya. Nk’akarorero, ntivyoba vyumvikana kuvuga yuko uguha impera wa mushumba w’umwizerwa, ugucira urubanza za nkumi z’ibijuju be n’ugucira urubanza wa mushumba w’ikinebwe yanyegeje italanto ya Shebuja, bizoba Yezu ‘niyaza’ kuri ya marushwa ahambaye. Ivyo vyoca bisigura yuko benshi mu basizwe bazosangwa atari abizerwa ico gihe, hanyuma bagaca bategerezwa gusubirizwa abandi. Ariko rero, mu Vyahishuriwe 7:3 herekana yuko ico gihe abashumba ba Kirisitu basizwe bose bazoba bamaze ‘kudomwako ikimenyetso’ ubutagihanagurwa.

[Ifoto ku rup. 14]

Wa “mushumba mubi” nta mihezagiro yaronse mu 1919

[Ifoto ku rup. 15]

Za nkumi z’inkerebutsi zari ziteguye igihe umukwe yashika

[Ifoto ku rup. 17]

Ba bashumba b’abizerwa bari ‘baracuruje’

Wa mushumba w’ikinebwe nta vyo yari yaragize

[Ifoto ku rup. 18]

Abasizwe be n’“ishengero ryinshi” barabandanya kureka umuco wabo ukabonesha

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika