Urashobora kunezereza Imana
TWOBA vy’ukuri dushobora kugira ico duhindura ku kuntu Imana yiyumva? Imana yoba ishobora kunezerwa? Inyizamvugo imwe isobanura ijambo “Imana” yuko ari “ukuri kaminuza canke ntabanduka”. Vyogenda gute hamwe ukwo kuri guteye akoba kwoba ari inguvu kanaka gusa? Mbega hari uwokwitega ko inguvu inezerwa kandi atari umuntu? Ihibambewe! Ariko rero, rimbura ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana.
‘Imana ni Impwemu’ (Yohana 4:24). Ukwo ni ko Yezu Kirisitu yavuze. Ikinyabuzima c’impwemu kiratandukanye n’abantu. Naho ikinyabuzima c’impwemu kitabonwa n’amaso y’umuntu, kirafise umubiri. Ni “umubiri w’impwemu” (1 Ab’i Korinto 15:44; Yohana 1:18). Bibiliya ikoresheje imvugo ngereranyo, iravuga mbere ko Imana ifise amaso, amatwi, ibiganza, n’ibindia. Imana kandi irafise izina, na ryo rikaba ari Yehova (Yesaya 12:2). Imana yahumetse Bibiliya rero ni umuntu wo mu buryo bw’impwemu (Abaheburayo 9:24). “Ni we Mana y’ukuri; ni we Mana nzima, n’Umwami yamaho ibihe bidashira”.—Yeremiya 10:10.
Kubera ko Yehova abaho koko, arashobora kwiyumvira no gukora. Aragaragaza kamere n’inyiyumvo, akerekana ivyo akunda n’ivyo adakunda. Kukaba nkako, Bibiliya iruzuyemwo imvugo zihishura ibintu bimuhimbara n’ibitamuhimbara. Mu gihe imana zakozwe n’abantu be n’ibigirwamana usanga vyerekana akaranga canke kamere z’abantu babihinguye, Imana mushoboravyose Yehova yoyo ni yo Soko ry’inyiyumvo yashize mu bantu.—Itanguriro 1:27; Yesaya 44:7-11.
Nta wokekeranya yuko Yehova ari “Imana ihimbawe” (1 Timote 1:11, UB). Ntahimbarwa gusa n’ibikorwa yakoze vy’irema. Arahimbarwa kandi n’ugushitsa umugambi wiwe. Biciye ku mumenyeshakazoza Yesaya, Yehova amenyesha ati: “Ivyo nzogomba vyose nzobishitsa. . . . Narabivuze; no kubishitsa nzobishitsa; narabigabiye, no kubikora nzobikora” (Yesaya 46:9-11). Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uhoraho n’anezererwe ibikorwa vyiwe” (Zaburi 104:31). Ariko hariho ikindi kintu gitera Imana umunezero. Ivuga iti: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje” (Imigani 27:11). Iyumvire ico ivyo bisobanura: turashobora kunezereza Imana!
Ukuntu dushobora kunezereza umutima w’Imana
Rimbura ingene umwe se w’imiryango Nowa yanezereje umutima wa Yehova. Nowa ‘yashimwe n’Uhoraho’ kubera ko ‘atagira agasembwa mu gihe c’urunganwe rwiwe’. Nowa yari ahushanye cane n’abanyakibi bo mu gihe ciwe, kuko ukwizera kwiwe be n’ukugamburuka kwiwe vyahimbara cane Imana, gushika n’aho bivugwa yuko “Nowa yagendana n’Imana” (Itanguriro 6:6, 8, 9, 22). “Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, . . . akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe” (Abaheburayo 11:7). Yehova yarahimbawe na Nowa, aramuhezagira yongera ahezagira umuryango wiwe mu kubarokora muri ico gihe kidurumbanye co muri kahise k’abantu.
Umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu na we nyene yari azi neza cane ukuntu Yehova yiyumva. Ubumenyi bushika kure yari afise ku vyerekeye ivyiyumviro vy’Imana, bwaribonekeje neza igihe Yehova yamumenyesha yuko Sodomu na Gomora vyosanganguwe biturutse ku buhumbu bwaho. Aburahamu yari azi Yehova neza bihagije, ku buryo yabonye yuko bitoshoboka ko Imana ijaniranya umugororotsi n’umunyakibi (Itanguriro 18:17-33). Haciye imyaka itari mike, mu kugamburuka ubuyobozi Imana yatanze, Aburahamu ‘yaratanze Isaka kw’ikimazi’, kubera yuko “yishimiye yukw Imana ishobora no kuzura abapfuye” (Abaheburayo 11:17-19; Itanguriro 22:1-18). Aburahamu yari azi neza inyiyumvo z’Imana, eka aragaragaza ukwizera be n’ukugamburuka bikomeye, ku buryo ‘yiswe umukunzi w’Imana’.—Yakobo 2:23.
Uwundi muntu yihatiye kunezereza umutima w’Imana yari Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera. Yehova yamuvuzeko ibi: “Mbonye Dawidi mwene Isayi umuntu ameze nk’uk’umutima wanje ugomba, azokora ivyo ngomba vyose” (Ivyakozwe 13:22). Imbere y’uko Dawidi ahangana na ca kigatanya Goliyati, yarizigiye Imana n’umutima wiwe wose, abwira umwami Sauli wa Isirayeli ati: “Uhoraho yagiye andokora mu nzāra z’intambge no mu z’idubu, arandokora no mu maboko y’uwo Mufilisitiya”. Yehova yarahezagiye ukwizigira Dawidi yari amufitiye, aramushoboza kugandagura Goliyati (1 Samweli 17:37, 45-54). Dawidi yashaka ko ‘amajambo yo mu kanwa kiwe ataba ari yo yonyene ahimbara Yehova, ariko kandi n’ivyiyumviro vyo mu mutima wiwe’.—Zaburi 19:14.
Tweho bite? Dushobora gute guhimbara Yehova? Uko turushiriza kwitwararika inyiyumvo z’Imana, ni ko tuzorushiriza kumenya ivyo dushobora gukora kugira ngo tunezereze umutima w’Imana. Uko dusoma Bibiliya rero, birahambaye yuko tugira akigoro ko kwiga ivyerekeye inyiyumvo z’Imana, tubone ‘kwuzuzwa ukumenya neza ivyo igomba n’ubwenge bwose no kumenya ivy’impwemu, kugira ngo tugende nk’uko bibereye ab’Umwami wacu, tumunezereza muri vyose’ (Ab’i Kolosayi 1:9, 10). Ubumenyi na bwo buraheza bukadufasha kwubaka ukwizera. Ivyo birahambaye rwose kubera ko ‘uwutizera bidashoboka ko ahimbara Imana’ (Abaheburayo 11:6). Ego cane, tugize akigoro tukubaka ukwizera gukomeye tukongera tugahuza ubuzima bwacu n’ivyo Yehova agomba, turashobora kunezereza umutima wiwe. Muri ico gihe nyene, dutegerezwa kwiyubara ntidutume Yehova atuntura mu mutima.
Ntutuntuze Imana
Akarorero k’ukuntu Yehova ashobora gutuntura tugasanga mu nkuru ivuga ivyo mu misi ya Nowa. Muri ico gihe “isi yari . . . yuzuye umuryano. Imana yitegereza isi, ibona ko yononekaye, kukw abari n’umubiri bose bo mw isi bāri bononye ingeso zabo”. None Imana yumvise imerewe gute igihe yihweza ubuhumbu be n’ubukazi bwaho? “Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima” (Itanguriro 6:5, 6, 11, 12). Imana yaricujije kubona ingeso z’abantu zari zabaye mbi gushika n’aho ihindura ukuntu yabona iryo yaruka ry’abanyakibi ry’imbere y’Umwuzure. Kubera ko Imana yari yazinutswe ubukozi bw’ikibi bwabo, yavuye ku kuba Umuremyi w’abantu iba umuranduzi wabo.
Yehova kandi yarumvise ababaye igihe abantu biwe bwite, ni ukuvuga rya hanga rya Isirayeli rya kera, baguma biyobagiza inyiyumvo ziwe be n’ubuyobozi atanga buranga urukundo. Umwanditsi wa Zaburi yidodomvye ati: “Erega ni kenshi bayigaraririza mu bugaragwa, bayibabariza mu karēre! Bakihindukiranya, bakagerageza Imana, bakaratsa Iyera y’Abisirayeli”. Yamara, “yo, kuko yuzuye imbabazi, iharira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye, mbere kenshi iroresha irya uburake bgayo, ntikangure uburake bgayo bgose” (Zaburi 78:38-41). Naho nyene abo Bisirayeli b’abagarariji bihuriye bimwe bikwiriye n’inkurikizi z’ivyaha vyabo, Bibiliya itubwira yuko Imana “yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose”.—Yesaya 63:9.
Naho biboneka neza yuko Imana yabumvira impuhwe, Abisirayeli ‘barashinyaguriye intumwa z’Imana, bakengera amajambo yayo, batwenga abo yavugisha, gushitsa aho uburake bw’Uhoraho buba ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa’ (2 Ngoma 36:16). Ingendo yabo y’ukutagonda izosi bakagarariza, yahavuye ‘ibabaza impwemu yayo yera’ ku buryo batabaye bagitoneshwa na Yehova (Yesaya 63:10). Uti none vyavuyemwo iki? Imana rero ntiyabaye ikibakingira, bituma babona ibara igihe Abanyababiloni bigarurira Ubuyuda bagasangangura Yeruzalemu (2 Ngoma 36:17-21). Umve nawe ingene bibabaje iyo abantu bahisemwo ingendo y’icaha ibabaza kandi ituntuza Umuremyi wabo!
Bibiliya iradukura amazinda rwose yuko Imana ibabazwa cane n’ingendo y’ukugabitanya (Zaburi 78:41). Mu bintu bibabaza Imana, eka biyisesema, harimwo ubwibone, ukubesha, ubwicanyi, ubupfumu, ukuragura, ugusenga aba kera, ubuhumbu, uguhuza ibitsina kw’abagabo ku bandi, uguhemuka mu mubano w’ababiranye, ukugoka hamwe n’uguhahaza abagorwa.—Abalewi 18:9-29; 19:29; Gusubira mu vyagezwe 18:9-12; Imigani 6:16-19; Yeremiya 7:5-7; Malaki 2:14-16.
Yehova abona gute ugusenga ibigirwamana? Muri Kuvayo 20:4, 5 havuga hati: “Ntukibāzire igishushanyo, cank’igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi canke mu mazi yo mu kiyaga; ntuz’uvyikubite imbere, ntuz’ubisabe”. Kubera iki? Kubera ko ikigirwamana “ar’ubuyobe k’Uhoraho” (Gusubira mu vyagezwe 7:25, 26). Intumwa Yohani yagabishije ati: “Bana bato, mwirinde ibigirwamana” (1 Yohana 5:21). Paulo na we yanditse ati: “Abo nkunda, ni muhunge gusenga ibigirwamana”.—1 Ab’i Korinto 10:14.
Nurondere gushimwa n’Imana
‘Ukunywana n’Imana ni ukw’abagororotsi’. Nayo “abatunganya mu nzira [zabo] baramuhimbara” (Imigani 3:32, NW; 11:20). Igihushanye n’ivyo, abashishikara kubabaza Imana mu kwirengagiza canke mu guhigisha inyiyumvo zayo zigororotse babigiranye akagagazo, vuba agiye kubereka ko ataberekwa (2 Ab’i Tesalonike 1:6-10). Si ivy’imbeshere, vuba agiye gukuraho amazimayongo ubukozi bw’ikibi bwose bwiraye muri iki gihe.—Zaburi 37:9-11; Zefaniya 2:2, 3.
Ariko rero, Bibiliya iratomora neza yuko Yehova ‘atagomba ko hagira abahona, ariko agomba ko bose bigaya’ (2 Petero 3:9). Ico ashima canecane ni ukwerekana igishika afitiye abantu b’abagororotsi bamukunda, kuruta ukugaragaza ko aterekwa abantu b’intumva. Igihimbara Yehova, ‘si uko umunyakibi apfa, ahubwo ni uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho’.—Ezekiyeli 33:11.
Nta n’umwe rero yorinda kwirirwa arasukwako uburake bwa Yehova. Yehova “yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe” (Yakobo 5:11). Urashobora kwizigira inyiyumvo z’Imana n’umutima wawe wose, ‘ukayikorera amaganya yawe yose, kuko ikubabara’ (1 Petero 5:7). Numenye neza yuko abanezereza umutima w’Imana bafise icizigiro ciza igitangaza co gushimwa na yo no kuba abakunzi bayo. Kubera ico rero, ubu birihutirwa kuruta ikindi gihe cose cabayeho yuko ‘tumenya neza ibihimbara Umwami wacu’.—Abanyefeso 5:10.
Ese ingene bihimbaye cane kuba Imana, mu buntu bwayo tutabereye, yarahishuye kamere zayo be n’inyiyumvo zayo zininahaye! Kandi urashobora kunezereza umutima wayo. Nimba ushaka kuwunezereza, tuguteye akamo ngo wegere Ivyabona vya Yehova b’aho uba. Bazohimbarwa no kukwereka ivyo basanze bifasha kandi bishobora gushikwako, mu kigoro bagira ko guhimbara Imana.
[Akajambo k’epfo]
a Raba uruzitiro rw’umutwe uvuga ngo “Ni kubera iki Bibiliya idondora Imana ikoresheje imvugo zikoreshwa ku bantu?”.
[Uruzitiro ku rup. 7]
Ni kubera iki Bibiliya idondora Imana ikoresheje imvugo zikoreshwa ku bantu?
Kubera ko ‘Imana ari Impwemu’, ntidushobora kuyibona n’amaso yacu (Yohana 4:24). Ni co gituma Bibiliya ikoresha imvugo z’ikigereranyo, nk’ingereranyo, impinyanyuro mberanya, hamwe n’imvugo iha akaranga k’umuntu ikitari umuntu (mu kigiriki iyo mvugo duherejeko ikaba isobanura “imero-muntu”), kugira idufashe gutegera ububasha Imana ifise, ubukuru bwayo n’ivyo ikora. Rero, naho tutazi ingene umubiri w’impwemu w’Imana usa, Bibiliya iravuga ko Imana ifise amaso, amatwi, ibiganza, amaboko, intoke, ibirenge, n’umutima.—Itanguriro 8:21; Kuvayo 3:20; 31:18; Yobu 40:9; Zaburi 18:9; 34:15.
Mwene iyo mvugo ndondozi ntisobanura ko umubiri w’impwemu w’Imana ufise ibihimba bimeze nk’ivyo imibiri y’abantu ifise. Imvugo ziha akaranga k’umuntu ikitari umuntu ntizikwiye gufatwa nk’uko ziri. Zifasha gusa abantu kurushiriza gutahura Imana. Hadakoreshejwe mwene izo mvugo ngereranyo, vyogora, canke ntibinashoboke, ko indondoro iyo ari yo yose y’Imana itahurika ku bantu buntu. Mugabo rero, ivyo ntibishaka kuvuga ko indondoro y’ukuntu Yehova Imana ameze ari iyo abantu bifondafondeye. Bibiliya irasigura neza yuko umuntu yaremwe mw’ishusho y’Imana, si Imana yaremwe mw’ishusho y’umuntu (Itanguriro 1:27). Kubera ko abanditse Bibiliya ‘bahumekewe n’Imana’, indondoro bagize y’ukuntu Imana imeze, mu vy’ukuri ni indondoro Imana ubwayo yigiriye y’ukuntu kamere zayo ziri, ari na zo yashize mu kiremwa-muntu ku rugero rusumbasumbana (2 Timoteyo 3:16, 17). Aho kuba ari kamere z’umuntu ziri mu Mana, mu vy’ukuri ni kamere z’Imana ziri mu muntu.
[Ifoto ku rup. 4]
Nowa yarashimwe n’Imana
[Ifoto ku rup. 5]
Aburahamu yari azi ukuntu Imana yiyumva
[Ifoto ku rup. 6]
Dawidi yarizigiye Yehova n’umutima wiwe wose
[Ifoto ku rup. 7]
Uko usoma Bibiliya, urashobora kwiga ingene wonezereza Imana
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
Tuyikesha Anglo-Australian Observatory, ifoto yafashwe na David Malin