Ni igiki gituma ubuzima bugira insobanuro nyakuri?
IGIHE Jesse, umunyeshure yiga mw’ishure ryisumbuye w’imyaka 17 y’amavuka yabazwa insobanuro y’ubuzima iyo ari yo, yishuye ati: “Kuryoherwa uko ushoboye kwose ukiriho”. Uwitwa Suzie wewe yabibona ukundi. Yavuze ati: “Nemera bivuye ku mutima yuko ubuzima busobanura ico wewe utuma busobanura”.
Woba urigera wibaza insobanuro y’ubuzima? Hoba hariho umugambi kanaka wateguriwe abantu bose? Canke ivyo Suzie yavuze vyoba ari ivy’ukuri, yuko ubuzima ahanini ari ico umwe wese muri twebwe atuma buba? Naho ikibano cacu cateye imbere gute mu bijanye n’ubuhinga, twumva muri twebwe twipfuza kugira ubuzima buri n’ico buvuze. Mu buzima bwacu, birashika benshi muri twebwe tukibaza duti: ‘Ni kubera iki turi ngaha kw’isi?’.
Ubuhinga bwa none nta co butakoze kugira ngo bwishure ico kibazo. None bwashitse ku ki? Uwitwa David P. Barash, akaba ari umwigisha w’icigwa cerekeye inyifato be n’icerekeye ibikoko, yavuze ati: “Kubaho ubwavyo nta nsobanuro namba bifise dufatiye ku vy’ihindagurika”. Ku bahinga mu vy’ibifise ubuzima bemera ko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika, ngo ibinyabuzima bifise intumbero imwe itarenga: kubaho no kurondoka. Ku bw’ivyo, Porofeseri Barash atanga iki ciyumviro: “Mu kirere amahanga kitagira intumbero kandi kitababaye abantu, twebwe abantu ni twe dufise ibanga ryo gutuma ubuzima bwacu bugira ico busobanura biciye ku mahitamwo tugirana umwidegemvyo, tukayagira tubikuye ku mutima kandi tubishaka”.
Isoko ry’insobanuro be n’intumbero yo kubaho
None ubuzima bwoba ari ico conyene busobanura: ni ukuvuga umwe wese muri twebwe agakora ivyo ashaka? Aho kugira ngo turekerwe ngaho tudafise iyo tuva n’iyo tuja mu kirere kitagira intumbero canke insobanuro, Bibiliya yarahishuye kuva kera yuko hariho igituma turi ngaha kw’isi. Ntitwabayeho biturutse kw’isanganya ryabereye mu kirere. Tubwirwa yuko Umuremyi yafashe imyaka n’imyaka mu gutegura isi ku bw’umuntu yari agiye kuyishirwako. Nta kintu na kimwe cabaye ku gihamana. Yaritwararitse ivy’uko ibintu vyose biba “vyiza cane” (Itanguriro 1:31; Yesaya 45:18). Kubera iki? Kubera yuko Imana yari ifitiye umuntu umugambi.
Yamara, igishimishije ni uko Imana itandikiye umuntu wese kazoza kiwe, yaba ari yo ubwayo yogiye irabijamwo canke biciye ku kuntu ubuzima bw’umuntu bugenda buramera muri we. Naho utugingo ngengakamere twarazwe n’abatuvyaye hari ukuntu tugenga uko imibiri yacu ikora, ahanini twebwe turashoboye gucungera ivyo dukora. Twese turafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo ingendo twogira mu buzima.
Naho umwe wese muri twebwe ashobora guhitamwo ico yokoresha ubuzima bwiwe, twoba twihenze twigijeyo Umuremyi mu vyo dutegekanya gukora. Mu vy’ukuri, benshi basanze kugira ubuzima buri n’insobanuro nyakuri be n’intumbero nyakuri bijana n’uko bafitaniye ubucuti n’Imana. Isano rihambaye riri hagati y’Imana n’intumbero dufise mu buzima rirashirwa ahabona mw’izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova, irisobanura ijambo ku rindi ngo “Atuma biba” (Yesaya 12:2; 26:4). Ivyo bishaka kuvuga yuko agenda arashitsa intambwe ku yindi imihango iyo ari yo yose atanga kandi ko yama nantaryo arangura ivyo ategekanya gukora (Kuvayo 3:14; Yesaya 55:10, 11). Zirikana kuri ico kintu. Izina Yehova ni icemeza kuri twebwe twese c’uko ari we Soko ruheta kandi ryamaho ry’ubuzima buri n’ico buvuze.
Kwemera gusa yuko Umuremyi abaho biragira akosho gashika kure ku kuntu umuntu abona ubuzima. Uwitwa Linet, akaba ari umwigeme w’imyaka 19 y’amavuka, avuga ati: “Kubona ibintu bitangaje vyose Yehova yaremye be n’igituma yabiremye, biranyereka yuko na jewe nyene hariho imvo yatumye ndemwa”. Uwitwa Amber yongerako ati: “Igihe abantu bavuga ko ‘batazi nimba Imana iriho’, vyama nantaryo binyibutsa yuko jewe nzi yuko iriho koko. Ikimenyamenya c’uko Yehova ariho kibonekera mu bintu yaremye” (Abaroma 1:20). Ariko ntiwumve, kwemera ko Umuremyi abaho ni kimwe, mugabo kugiranira na we ubucuti buri n’ico buvuze ni ikindi kintu.
Kugiranira ubucuti n’Imana
N’aha nyene, Bibiliya irashobora gufasha. Ibigabane vyayo bitangura, biratanga ikimenyamenya gitomoye c’uko Yehova Imana ari Sebibondo munyarukundo. Nk’akarorero, ntiyaremye Adamu na Eva ngo ace abarekera ngaho batazi uwo ari we. Ahubwo riho, yaravugana na bo ubudahorereza. Ntiyabashize muri Edeni ngo bimenye, mu gihe wewe yikurikiranira ibindi bintu ku nyungu ziwe. Yarabahaye riho ubuyobozi butomoye ku kuntu bobaho bagatunganirwa. Yarabashinze igikorwa kimara akanyota, yongera aratunganya ivy’uko bobandanya kuronka inyigisho (Itanguriro 1:26-30; 2:7-9). None ivyo si vyo wokwitega ku muvyeyi abishoboye kandi w’umunyarukundo? Ubu na ho, zirikana ku co ivyo bisobanura. Danielle avuga ati: “Kumenya yuko Yehova yaremye isi kandi akaturemana ubushobozi bwo kunezerererwa ivyo yaremye biranyereka yuko ashaka ko duhimbarwa”.
N’ikiruta ivyo, nka kurya kwa sebibondo wese mwiza, Yehova ashaka yuko abana biwe bose bagiranira na we ubucuti bwa hafi. Kugira ngo ivyo bishoboke, mu Vyakozwe 17:27 hadukura amazinda hati: “[N]tari kure y’umuntu n’umwe muri twebge”. None ivyo bidufasha gute? Amber avuga ati: “Kumenya Yehova vyarankuye amazinda yuko ntigera na rimwe mba jenyene koko. Naho vyogenda gute, nama nantaryo mfise umuntu nitura”. Vyongeye, uko ugenda uramenya Yehova, uzobona yuko afise umutima mwiza, atarenganya, be n’uko ameze neza. Urashobora kumwihekako. Uwitwa Jeff avuga ati: “Igihe Yehova yacika umugenzi wanje somambike, nari nzi yuko ata wundi muntu n’umwe yari yiteguriye kunshigikira kumurusha”.
Ikibabaje, hariho ibintu vyinshi bibi vyavuzwe kuri Yehova. Baramwegetseko amarushwa menshi abantu barimwo be n’ukwigenza nabi kw’abanyamadini. Amwamwe mu mabi abishe yakozwe muri kahise k’abantu yashizwe ku gatwe kiwe. Mugabo mu Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5 hasigura hati: “Inzira ziwe zose ziragororotse. . . . Barayihemukiye, ntibakir’abana bayo, ariko vyabateye agasembga”. Dutegerezwa rero kwironderera inkuru y’imvaho.—Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20.
Umugambi w’Imana uramaze gutangura kuranguka
Ariko rero, naho twofata ingingo yo gukora iki, nta kintu na kimwe kizobuza Imana gushitsa neza umugambi ifitiye iyi si hamwe n’umuryango w’abantu. Nakare, Imana ni yo Muremyi. None uwo mugambi ni uwuhe? Yezu Kirisitu yarerekeje kuri uwo mugambi muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi igihe yavuga ati: “Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi”. Mu nyuma, igihe yariko abwira intumwa yiwe Yohani, yarerekanye yuko Imana yagabiye ‘guhonya abahonya isi’ (Matayo 5:5; Ivyahishuriwe 11:18). Kubera yuko Yezu yari kumwe n’Imana mu gihe c’irema, arazi yuko kuva mu ntango Imana yari ifise umugambi w’uko kw’isi hoba umuryango w’abantu utagira agasembwa, ukaba mw’iparadizo ibihe bidahera (Itanguriro 1:26, 27; Yohana 1:1-3). Kandi Imana ntihinduka (Malaki 3:6). Imana itanga umuhango ugira uti: “N’ukuri, uko niyumviriye ni ko bizoshika, kand’uko nagabiye ni ko bizoba”.—Yesaya 14:24.
Muri iki gihe cacu, Yehova aramaze gutangura gushiraho ishingiro ry’ikibano cunze ubumwe, kidashingiye ku mwina no ku bwikunzi nk’uko bimeze ku bantu benshi mw’isi ya kino gihe, mugabo gishingiye ku gukunda Imana n’umuntu nkatwe (Yohana 13:35; Abanyefeso 4:15, 16; Ab’i Filipi 2:1-4). Ni ikibano citanga kibikunze kigizwe n’abantu bama bashaka gutera imbere kandi bashashaye cane kurangura igikorwa bashinzwe, ico gikorwa kikaba ari ukwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bugiye kuza, imbere y’uko umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu ushika (Matayo 24:14; 28:19, 20). Mu bihugu birenga 230, abakirisu barenga imiliyoni zitandatu ubu barasenga bahurikiye hamwe, mu kivukano mpuzamakungu kirangwa urukundo kandi cunze ubumwe.
Nutume ubuzima bwawe bugira insobanuro
Nimba uriko urarondera ukuntu ubuzima bwawe bworushiriza kugira insobanuro, ukwiye kumenya yuko Yehova Imana ariko aragutumira ngo wifatanye n’abasavyi biwe, ni ukuvuga “ihanga rigororoka” ryiwe, ivyo ukabigira ubu (Yesaya 26:2). Mugabo ushobora kuba uriko uribaza uti: ‘Ubuzima bumeze gute muri ico kibano c’abakirisu? Noba vy’ukuri nipfuza kukijamwo?’. Umviriza ivyo urwaruka rumwerumwe ruvuga:
Quentin: “Ishengero ni ubwugamo bunkingira isi. Gutahura yuko Yehova agira uruhara mu buzima bwanje biramfasha kubona yuko abaho be n’uko ashaka ko mpimbarwa”.
Jeff: “Ishengero ni ho hantu heza kuruta ahandi hose nshobora kuja kuronderera indemesho. Abavukanyi n’abavukanyikazi banje ni ho bari, bagashigikira abandi bakongera bakabaremesha. Mu vy’ukuri ni bo muryango wanje”.
Linet: “Umunezero wo kubona umuntu yakira ukuri kwa Bibiliya hanyuma agafata ingingo yo gusukurira Yehova nta kindi kintu na kimwe nowugereranya. Ivyo bituma mpera akanyota rwose mu buzima bwanje”.
Cody: “Ubuzima bwanje nta co bwobaye bumaze ntafise Yehova. Nopfuye iyo ndoye nka kurya nyene biri ku bantu benshi, nkava kuri iki nkaja kuri kiriya ngerageza kurondera agahimbare yamara sindakaronke. Aho kugira ngo bingendere gutyo, Yehova yaranteye agateka ntangere ko kugiriranira ubucuti na we, ivyo bikaba bituma ngira intumbero mu buzima”.
Ni kubera iki none utokwitohoreza? Uzobona yuko niwiyegereza Umuremyi, ni ukuvuga Yehova Imana, ubuzima bwawe buzogira insobanuro nyakuri.
[Amafoto ku rup. 31]
Kugiranira ubucuti n’Imana biratuma ubuzima bwacu bugira insobanuro
[Abo dukesha ifoto ku rup. 29]
NASA photo