Reka abamamaji b’Ubwami batuyagire
Abantu b’inzirabugunge baratuma Yehova ashemezwa
HIRYA no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova, baba abato canke abakuze, barazwi yuko ari inzirabugunge. Rimbura uburorero bw’ivyabaye mu makontina atatu y’isi.
Uwitwa Olusola w’imyaka 17 y’amavuka akaba aba muri Nijeriya, umusi umwe yari atashe avuye kw’ishure abona agasakoshi hasi. Yaciye agashira umuyobozi w’ishure, uno na we araharura amahera yarimwo, asanga ashika ku manayira 6.200 (nk’amarundi 52.000). Uwo muyobozi yaciye asubiza ako gasakoshi umwigisha yari yagataye. Mu gushimira Olusola, nya mwigisha yamuhayemwo amanayira 1.000 (nk’amarundi 8.000) aca amubwira ko yoyatangako amahera y’ishure. Igihe abandi banyeshure bumva ivyashitse, baratwenze Olusola. Haheze amayinga makeyi, umunyeshure umwe yaritwaye avuga yuko yibwe amahera, maze abigisha basabwa gusaka abanyeshure bose. Wa mwigisha yaciye abwira Olusola ati: “Wewe hagarara ngaha. Ndazi ko udashobora kwiba kubera yuko uri Icabona ca Yehova”. Ayo mahera bayasanganye babiri mu bahungu bari batwenze Olusola, maze barahanwa bimwe bikomeye. Olusola yanditse ati: “Ndahimbawe cane kubona abantu bazi yuko ndi Icabona ca Yehova atazokwigera yiba, ivyo bikazotuma Yehova aninahazwa”.
Uwitwa Marcelo, akaba ari imvukira yo muri Arijantine, umusi umwe akiva muhira yasanze agasakoshi ku mbuga ku metero nkeya uvuye ku muryango w’inyuma w’inzu abamwo. Yaciye yinjirana nya gasakoshi mu nzu, we hamwe n’umugore wiwe barakugurura bitonze. Erega barakubiswe n’inkuba basanze muri ako gasakoshi amahera umuyoro, udukarata bagurirako ibintu kw’ideni, n’amasheki yo muri banki atari make ariko umukono, imwe muri yo ikaba yariko umuliyoni w’amapeso (nk’amarundi 378.500.000). Kuri fagitire basanze muri ako gasakoshi, hariko inomero za telefone. Baraterefonye nyene ako gasakoshi maze bararinganiza ivyo kugasubiza n’ibirimwo, aho Marcelo akorera. Igihe nyeneko yashika, yari yahagaritse umutima. Umukoresha wa Marcelo yamubwiye ko yosubiza umutima mu nda kubera yuko Marcelo ari Icabona ca Yehova. Mu gushimira Marcelo kubera yamutoreye ako gasakoshi, uwo mugabo yamuhaye amapeso 20 gusa (nk’amarundi 7.000). Ivyo vyarateye ishavu nya mukoresha kubera ko yari yakozwe ku mutima cane rwose n’ukuntu Marcelo ari inzirabugunge. Ivyo vyatumye Marcelo aronka akaryo ko gusigura yuko kubera ko ari Icabona ca Yehova ashaka kuguma ari inzirabugunge igihe cose.
Icabonywe gikurikira cavuye mu gihugu ca Kirghizistan. Agahungu k’imyaka itandatu kitwa Rinat karatoye agasakoshi k’umugore yaba iruhande yabo. Ako gasakoshi karimwo amasomu 1.100 (nk’amarundi 29.000). Igihe Rinat yasubiza ako gasakoshi nya mugore, yarayaharuye maze aca abwira nyina wa Rinat yuko habuzemwo amasomu 200 (nk’amarundi 6.000). Ka Rinat kavuze yuko atari ko kayatwaye. Bose baciye baja kurondera ayo mahera abuze maze bayasanga hafi y’aho ka Rinat katoye nya sakoshi. Nya mugore yaratangaye cane. Yarakengurukiye Rinat na nyina wiwe, ubwa mbere kubera bamusubije amahera yari yataye, ubugira kabiri na ho kubera ako gahungu kari karezwe rukirisu.