Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
KUGIRA ngo ababa kw’isi bamenye inyigisho z’ukuri kandi zishimwa n’Imana izo ari zo, Imana itegerezwa kubahishurira ivyiyumviro vyayo. Itegerezwa kandi gutuma abantu bose bashobora kuronka ivyo vyiyumviro yahishuye. Hari ukundi none abantu bomenya ibishimwa n’Imana mu bijanye n’inyigisho, ugusenga, be n’uburyo abantu bigenza? None Imana yoba yaratanze ayo makuru? Nimba yarayatanze, yayatanze mu buhe buryo?
Umuntu afise ubuzima bumara imyaka mirongo gusa, yoba yoshobora gushikira abantu bose ku buryo Imana yomukoresha bwa muhora mu kugira ico ibwiye abantu? Ekaye. Mugabo igitabu camaho coco cobishobora. Wumva none bitoba bibereye ko ivyo Imana yahishuriye abantu bishirwa mu gitabu? Kimwe mu bitabu vya kera abantu bavuga ko vyahumetswe n’Imana ni Bibiliya. Umwe mu bayanditse avuga ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka” (2 Timoteyo 3:16). Nimuze twihweze Bibiliya twitonze duheze turabe nimba ari ryo sôko ry’inyigisho z’ukuri.
Imaze igihe kingana iki?
Mu bitabu nyamukuru bivuga ivy’Imana, Bibiliya ni yo ya kera cane kuruta ibindi. Haraciye imyaka nka 3.500 ibihimba vyayo vya mbere bihejeje kwandikwa. Ico gitabu barangije kucandika mu 98 G.C.a. Naho Bibiliya yanditswe n’abantu nka 40 mu kiringo c’imyaka 1.600, ivyanditswe muri yo birahuza. Ivyo ni ukwo biri kubera yuko yakomotse ku Mana.
Bibiliya ni co gitabu cakwiragijwe kuruta ibindi vyose kandi cahinduwe kuruta ibindi vyose muri kahise kose. Ku mwaka ku mwaka, hakwiragizwa amakopi ya Bibiliya yose canke ibihimba vyayo ashika nko ku miliyoni 60. Bibiliya yose canke ibihimba vyayo, biramaze guhindurwa mu ndimi n’indimirimi zirenga 2.300. Ibice birenga 90 kw’ijana vy’umuryango w’abantu birashobora kuronka Bibiliya, canke n’imiburiburi igice cayo, mu rurimi kavukire. Ico gitabu carashoboye kurengera imbibe z’ibihugu, amacakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba, be n’amacakubiri ashingiye ku moko.
Itunganijwe gute?
Nimba ufise Bibiliya, ubona gute uyizinguruye maze ukirabira ingene itunganijweb? Ubwa mbere, zingurura ku rupapuro rwerekana ibirimwo. Bibiliya nyinshi mu ntango usanga zifise urupapuro rwerekana ibirimwo, ruriko izina ry’igitabu kimwekimwe cose be n’inomero y’urupapuro ushobora kugisangako. Urabona yuko Bibiliya mu bisanzwe igizwe n’ibitabu vyinshi vyashizwe hamwe, kimwekimwe cose kikaba gifise izina cisangije. Igitabu ca mbere citwa Itanguriro, ica nyuma na co kikitwa Ivyahishuriwe Yohana. Ibitabu bigize Bibiliya biri mu migwi ibiri. Ibitabu 39 vya mbere vyitwa Ivyanditswe vy’igiheburayo, kubera yuko vyari vyanditswe ahanini mu rurimi rw’igiheburayo. Ibitabu 27 bisigaye vyari vyanditswe mu rurimi rw’ikigiriki bikaba bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki. Ivyo bice bibiri hari abavyita Isezerano rya Kera be n’Isezerano Rishasha.
Ibitabu vya Bibiliya birafise ibigabane n’imirongo bituma bikworohera gutora aho ukeneye. Igihe ivyanditswe bitanzwe muri iki kinyamakuru, inyuma y’izina ry’igitabu ca Bibiliya, igitigiri ca mbere cerekana ikigabane c’ico gitabu, igikurikira na co kikerekana umurongo. Nk’akarorero, ahanditswe ngo “2 Timoteyo 3:16” bisobanura ngo: igitabu ca Timoteyo wa Kabiri, ikigabane ca 3, umurongo wa 16. Raba ko woshobora gutora ico canditswe muri Bibiliya.
Ntiwemera none yuko uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kumenyera Bibiliya ari ukuyisoma udahorereza? Bamwebamwe basanze ari vyiza kubanza gusoma Ivyanditswe vy’ikigiriki, bahereye ku gitabu ca Matayo. Ugiye urasoma kuva ku bigabane bitatu gushika kuri bitanu ku musi, woshobora gusoma Bibiliya yose mu mwaka umwe. Ariko none womenya gute yuko ivyo usoma muri Bibiliya vyahumetswe koko n’Imana?
Woba ushobora kwizigira Bibiliya?
Mbe none igitabu cahumetswe n’Imana ku bw’abantu bose ntigikwiye kuba kirimwo impanuro zidata igihe zerekeye uburyo bwo kubaho? Ivyo Bibiliya ivuga birerekana ko itahura ingene abantu bameze, bikaba bikora kw’iyaruka iryo ari ryo ryose, kandi ingingo ngenderwako zayo zirakora muri iki gihe nk’uko zakora igihe zandikwa ubwa mbere. Ivyo urashobora kubibona bitakugoye mu nsiguro rurangiranwa yashikirijwe na Yezu Kirisitu, uwatanguje ubukirisu. Yanditswe muri Matayo kuva ku kigabane ca 5 gushika ku ca 7. Iyo nsiguro, iyitwa Insiguro yo ku Musozi, ntitwereka gusa ingene tworonka agahimbare nyakuri mugabo iratwereka n’ingene twotunganya amatati, ingene twosenga, ukuntu dukwiye kubona ivyo dukeneye mu vy’umubiri, be n’ibindi vyinshi. Muri iyo nsiguro be n’ahandi, Bibiliya iratubwira mu buryo butomoye ico twokora n’ico twokwirinda kugira ngo duhimbare Imana twongere dutume ubuzima bwacu burushiriza kumera neza.
Iyindi mvo yotuma wizigira Bibiliya ni uko ivyo ico gitabu ca kera kivuga ku vyerekeye ubuhinga, bitagiramwo amakosa. Nk’akarorero, igihe abantu benshi wasanga bemera yuko isi ibase, Bibiliya yavuze yuko ‘isi yihese [canke yiburungushuye]’c (Yesaya 40:22). Vyongeye, imyaka irenga 3.000 imbere y’uko wa muhinga rurangiranwa, umushingantahe Isaac Newton, asigura yuko imibumbe iguma mu kirere biciye ku bushobozi isi ifise bwo gukwega ibintu, Bibiliya yaravuze mu buryo buryoheye ugutwi yuko ‘isi yenetse ku busa’ (Yobu 26:7). Rimbura kandi ukuntu inzinguzingu y’amazi idondorwa mu buryo buryoheye ugutwi, hakaba haciye nk’imyaka 3.000 vyanditswe: “Inzūzi zose zitembera mu kiyaga, yamar’ikiyaga nticuzura; ahantu inzūzi zija ni ho zama [“zigaruka kugira zongere zigende”, NW]” (Umusiguzi 1:7). Ego cane, Umuremyi w’ibiriho vyose ni na we Bibiliya yakomotseko.
Kuba inkuru zivugwa muri Bibiliya zitagiramwo amakosa, biremeza yuko yahumetswe n’Imana. Inkuru zivugwa muri Bibiliya si nk’ibitito. Ziradoma urutoki ku magenekerezo manaka, ku bantu banaka, no ku hantu hanaka. Nk’akarorero, muri Luka 3:1 haradomako mu kwerekeza ku “mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’umwami w’i Galilaya”.
Naho abatohozakahise ba kera wasanga incuro nka zose bandika gusa intsinzi be na kamere nziza vy’abategetsi, abanditsi ba Bibiliya bobo baravugisha ukuri, bakaniyemerera batarya umunwa amakosa bakoze. Nk’akarorero, Umwami Dawidi wa Isirayeli yariyemereye ati: “Nācumuye cane ku vyo nakoze; . . . nakoze ivy’ubujuju rwose”. Ayo majambo asubiwemwo nk’uko nyene ari muri Bibiliya (2 Samweli 24:10). Vyongeye, Musa umwanditsi wa Bibiliya ubwiwe yariyandikiye ikintu cabaye aho aterekanye ko yiheka ku Mana y’ukuri.—Guharūra 20:12.
Bibiliya irafise n’ikindi kintu cerekana ko yahumetswe n’Imana. Ico kintu ni ubuhanuzi bwarangutse, ni ukuvuga inkuru zanditswe imbere y’uko ziba. Bumwebumwe muri ubwo buhanuzi ni ubwerekeye Yezu Kirisitu. Nk’akarorero, imyaka irenga 700 imbere y’uko Yezu avuka, Ivyanditswe vy’igiheburayo vyari vyaravuze ata kwihenda yuko uwo muntu yasezeranywe yovukiye “i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya”.—Matayo 2:1-6; Mika 5:2.
Rimbura akandi karorero. Muri 2 Timoteyo 3:1-5, Bibiliya ivuga iti: “Mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo”. Ivyo none ntibidondora inyifato abantu bafise muri rusangi muri iki gihe? Ayo majambo yanditswe mu mwaka wa 65 G.C., ubu hakaba haciye imyaka irenga 1.900!
Bibiliya itwigisha iki?
Uko wisomera Bibiliya, uzoshobora kubona yuko ari isôko ry’ubukerebutsi buruta ubundi bwose. Iratanga inyishu zimara akanyota ku bibazo nk’ibi: Imana ni nde? Shetani yoba abaho? Yezu Kirisitu ni nde? Ni kubera iki hariho ugucumukura? Bitugendera gute iyo dupfuye? Inyishu abandi boguha usanga zitandukanye, nk’uko nyene ukwemera be n’imigenzo vyabo bitandukanye. Mugabo Bibiliya irahishura ukuri ku vyerekeye ivyo bibazo be n’ibindi bintu vyinshi. Vyongeye, ku bijanye n’ukuntu abantu bokwigenza be n’inyifato bogira ku bandi bantu be n’imbere y’abakuru, uburongozi Bibiliya itanga ni ntangered.
Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye isi n’abantu? Isezerana iti: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho. . . . Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara” (Zaburi 37:10, 11). “Imana ubgayo izobana [n’abantu]. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize” (Ivyahishuriwe 21:3, 4). “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira”.—Zaburi 37:29.
Bibiliya kandi iravuga yuko intambara, ubugizi bwa nabi, ubukazi, be n’indwara vuba bigiye kuvaho. Indwara, ubusaza be n’urupfu ntibizoba bikiriho. Abantu bazoshobora kuba mw’isi y’iparadizo ibihe bidahera. Mbega icizigiro c’akaroruhore! Kandi ese ukuntu ivyo vyose vyerekana ko Imana ikunda abantu!
None ugiye gukora iki?
Bibiliya ni ingabirano nziza igitangaza twahawe n’Umuremyi. Ukwiye kubona gute ico gitabu? Umugabo umwe yakuriye mu mico kama y’Abahindu yari umuntu yemera ko kugira ngo ivyo Imana yahishuye bigirire akamaro abantu bose, bitegerezwa kuba ari ivya kera na rindi. Amaze kumenya yuko ibihimba bimwebimwe vya Bibiliya ari ivya kera cane kuruta ibitabu vy’Abahindu vya kera cane kuruta ibindi, ivyo bita Vedas, yaciye afata ingingo yo gusoma Bibiliya no gusuzuma ibiri muri yoe. Umwigisha wo kuri kaminuza imwe yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, na we nyene yasanze bikenewe gusoma ico gitabu cakwiragijwe cane kuruta ibindi mw’isi imbere y’uko agira ico akivuzeko.
Gusoma Bibiliya no gushira mu ngiro ivyo yigisha bizokuzanira imihezagiro myinshi. Bibiliya igira iti: “Hahirwa umuntu . . . ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe [bikaba ari] vyo ashirak’umutima ku murango no mw ijoro. Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: ic’azokora cose kizomubera ko”f (Zaburi 1:1-3). Kwiga Bibiliya no kuzirikana ku vyo ivuga bizokuzanira agahimbare kubera yuko bizokuronsa ivyo ukeneye mu vy’impwemu (Matayo 5:3). Bibiliya izokwereka ingene wogira ubuzima bwiza be n’ingene wohangana n’ingorane bikakugendera neza. Ego cane, “[kwitondera Ivyagezwe vy’Imana biri muri Bibiliya] harimw’impēra nini” (Zaburi 19:11). Vyongeye, kwizigira ivyo Imana yasezeranye bizokuzanira imihezagiro ubu vyongere bikuronse icizigiro c’akaroruhore cerekeye kazoza.
Bibiliya iduhimiriza iti: “Nk’inzoya zivutse vuba, nimuremareme ugucambirwa amata adafunguye ya rya jambo” (1 Petero 2:2, NW). Kugira ngo uruyoya rubeho, rurakenera imfungurwa zirimwo ivyo umubiri ukeneye kandi rurakovya mu kuzisaba. Natwe nyene kugira ngo tubeho, turakeneye vy’ukuri ubumenyi buva ku Mana. ‘Nuremareme rero ugucambirwa’ Ijambo ryayo, canke uryipfuze bimwe bikomeye. Bibiliya ni igitabu kirimwo inyigisho z’ukuri ziva ku Mana. Niwishingire umugambi wo kuyiga udahorereza. Ivyabona vya Yehova bo mu karere ubamwo bazohimbarwa no kugufasha kwungukira kuri iyo nyigisho bimwe bishitse. Ntiwitinye kubitura. Canke woshobora kwandikira abasohora iki kinyamakuru.
[Utujambo tw’epfo]
a G.C. bisobanura ngo “mu gihe cacu”, ari vyo bikunze kwitwa A.D., bivuye muri Anno Domini, bigasobanura ngo “mu mwaka w’Umukama”. B.G.C. bisobanura ngo “imbere y’igihe cacu”.
b Nimba udafise Bibiliya yawe, Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kuyikuronsa.
c Ijambo ryo mu ntango ryahinduwe ngo ‘yihese’ muri Yesaya 40:22, ryoshobora kandi guhindurwa ngo “yiburungushuye”. Mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya, uwo murongo uvuga ngo: “umubumbe w’isi” (Douay Version) canke “isi yiburungushuye”.—Moffatt.
d Ivyo bintu birihwezwa mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
e Bivugwa yuko haheze imyaka nka 3.000 indirimbo za kera kuruta izindi zo mu bitabu Vedas zitunganijwe, zikaba zagiye zirahererekanywa ku munwa. “Mu kinjana ca cumi na kane A.D. ni ho Veda yagiye kwandikwa”. Ivyo bivugwa na P. K. Saratkumar mu gitabu ciwe.—A History of India.
f Yehova ni ryo zina ry’Imana yahumetse Bibiliya. Mu mpinduro nyinshi za Bibiliya, iryo zina ushobora kurisanga muri Zaburi 83:18. Muri Bibiliya Yera turarisanga muri Yesaya 12:2 canke muri Yesaya 26:4.
[Ifoto ku rup. 7]
‘Nuremareme ugucambirwa’ Ijambo ry’Imana. Niwige Bibiliya udahorereza
[Picture credit line on page 5]
NASA photo