Inkuru y’ubuzima
Yehova araha impera nyinshi abagumya inzira yiwe
NK’UKO VYAVUZWE NA ROMUALD STAWSKI
Igihe intambara ya kabiri y’isi yose yatangura muri Nyakanga 1939, mu Buraruko bw’igihugu ca Polonye harabereye intambara zikaze. Kubera ko nari agahungu k’imyaka icenda gashashaye kumenya utuntu n’utundi, naragiye ahari habereye intambara hafi y’i muhira kugira nirabire. Ivyo nahabonye vyari agacavutu: hari imivyimba hirya no hino, mu kirere hakaba hari hakwiragiye umwotsi watuma umuntu adahema neza. Naho nariko niyumvira canecane ingene notaha amarembe, hari ibibazo nibajije: “Kubera iki Imana ireka ibintu biteye ubwoba nk’ivyo bikaba? Imana ishigikiye bande?”.
INTAMBARA iri mu kurangira, imisore yarahatirwa gukorera intwaro y’Abadagi. Uwahirahira ngo aranse, yaca amanikwa ku giti canke ku kiraro, yambitswe ku gikiriza icandiko kivuga ngo “igihemu” canke ngo “umugumutsi”. Igisagara twabamwo, icitwa Gdynia, cari hagati y’imigwi ibiri yariko iratana mu mitwe. Igihe twaja kuvoma amazi hanze y’igisagara, amasasu n’ibibombe vyaranyuragiye hejuru yacu, murumunanje yitwa Henryk arahasiga ubuzima. Kubera ko ibintu vyari vyifashe nabi cane, mawe yaciye atwimurira mu nzu yo mu kuzimu uko twari abana bane, kugira ngo adukingire akaga. Aho hantu ni ho murumunanje w’imyaka ibiri yitwa Eugeniusz yapfiriye, yishwe n’indwara yo mu muhogo (iyo bita diphtérie).
Narasubiye kwibaza nti: “None Imana iri hehe? Kubera iki ireka hakaba uku gucumukura kwose?”. Naho nari umugatolika w’umunyamwete nkaba kandi naraja mu misa ubudasiba, sinaronse inyishu z’ivyo bibazo.
Nakira ukuri kwa Bibiliya
Inyishu z’ibibazo nibaza zavuye ahantu ntari niteze. Intambara yarangiye mu 1945, hanyuma mu ntango z’umwaka wa 1947 Icabona ca Yehova umwe aratugendera i muhira i Gdynia. Mawe ni we yaganiriye n’ico Cabona, kandi narumvise bimwebimwe mu vyo bayaze. Vyasa n’ivyumvikana, ari co gituma twemeye ubutumire twahawe bwo kuja kw’ikoraniro rya gikirisu. Haciye ukwezi kumwe gusa, naho ntari bwashinge imizi mu kuri kwa Bibiliya, nariyunze ku mugwi w’Ivyabona bo ng’aho nza ndabwira abandi ivyerekeye isi nziza kuruta, itarimwo intambara n’amabi abishe. Ivyo vyatumye ngira umunezero mwinshi.
Muri Nyakanga 1947, narabatijwe kw’iteraniro ry’umuzunguruko ryabereye i Sopot. Mu kwezi kwa Rusama mu mwaka wakurikiye, naratanguye gukora umurimo w’ubutsimvyi busanzwe, nkaza ndamara igice kinini c’umwanya wanje ndiko ndabwira abandi ubutumwa bwa Bibiliya. Abakuru b’idini bo muri ako karere bararwanije bivuye inyuma igikorwa twarangura, bongera barakokeza abantu ngo batumerere nabi. Igihe kimwe, akagwi k’abantu bashangashiwe karaduteye amabuye kongera karadukubita bimwe bibi. Ikindi gihe, ababikira n’abakuru b’idini bo muri ako karere barakokeje akagwi k’abantu ngo katugirire nabi. Twaciye duhungira ku gituro kimwe c’abapolisi, mugabo nya kagwi karakikuje inyubakwa twarimwo, kavuga yuko gahava kadukubita. Mu nyuma haraje abandi bapolisi, duca dukurwa ng’aho dukingiwe bimwe bikomeye.
Ico gihe mu karere twakoreramwo nta shengero ryariho. Vyarashika tukarara rubunda mw’ishamba. Twaranezerwa no gukora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza naho ibintu vyari bigoye gutyo. Muri iki gihe, hari amashengero akomeye muri ako karere.
Nja gukorera kuri Beteli mu nyuma ngafatwa
Mu 1949, naratumiwe kuri Beteli y’i Łódź. Ese ingene kari agateka gukorera ahantu nk’aho! Ikibabaje ni uko ntahamaze imisi myinshi cane. Muri Ruheshi 1950, ukwezi kumwe imbere y’uko igikorwa cacu kibuzwa n’amategeko, twe n’abandi bavukanyi bo kuri Beteli twarafashwe. Narajanywe mw’ibohero, kandi nahavuye nsambishwa bunyamaswa.
Kubera ko dawe yakorera ku bwato bwakunda kuja i New York, abapolisi bariko baragira itohoza baragerageje gutuma nemeza ko dawe ari umutasi akorera Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Narasambishijwe ata kagongwe. Vyongeye, abapolisi bane baragerageje bari hamwe gutuma nagiriza umuvukanyi Wilhelm Scheider, uwari ahagarikiye igikorwa twakora muri Polonye. Barankubise ibibando ku bitsintsiri. Igihe nari ndyamye hasi ndiko ndavirirana, maze nkumva ko ntagishoboye kuvyihanganira, naciye nkoma induru nti: “Ntabara, Yehova!”. Abariko barankubita barakangutse maze barareka kunkubita. Haciye iminuta mikeyi, agatiro kaciye kabatwara. Numvise nduhutse nongera ndagarura agatege. Ivyo vyaranyemeje yuko Yehova yishura abigiranye urukundo abasavyi biwe bamwiyeguriye igihe bamutakambiye. Vyarakomeje ukwizera kwanje vyongera biranyigisha kwizigira Imana bimwe bishitse.
Raporo ya nyuma ijanye n’itohoza, yarimwo amakuru y’ikinyoma yitwa ko ari jewe nayatanze. Igihe niyamiriza ibiri muri iyo raporo, umupolisi umwe yaciye ambwira ati: “Ivyo uzobisigura muri sentare!”. Umuntu umwe twari dupfunganywe afise umutima mwiza yaciye ampanura kudahagarika umutima, kubera ko iyo raporo ya nyuma yategerezwa guhinyuzwa n’umushikirizamanza wa gisirikare, ivyo bikaba vyari kumpa akaryo ko kubeshuza ayo makuru. Kandi ni ko nyene vyagenze.
Mba umucungezi w’umuzunguruko hanyuma nkongera gupfungwa
Narekuwe muri Nzero 1951. Haheze ukwezi, naratanguye gukora ndi umucungezi w’ingenzi. Naho igikorwa c’Ivyabona cari kibujijwe, twe n’abandi bavukanyi twarakomeje amashengero twongera turafasha Ivyabona bagenzi bacu bari barasabagiye biturutse ku bari bagize inzego zijejwe iperereza. Twararemesheje abavukanyi gushishikara ubusuku. Mu myaka yakurikiye, abo bavukanyi barashigikiye abacungezi b’ingenzi n’umutima rugabo, bongera barakora igikorwa co gucapura no kurungika mu mpisho ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.
Umusi umwe muri Ndamukiza 1951, mvuye mw’ikoraniro rya gikirisu, narahagaritswe mw’ibarabara n’abapolisi bajejwe iperereza bari bagumye banyitegereza neza. Kubera ko nanse kwishura ibibazo bambajije, baciye banjana kw’ibohero ry’i Bydgoszcz, hanyuma batangura kunsambisha muri iryo joro nyene. Nategetswe kuguma mpagaze ndaba uruhome imisi itandatu ijoro n’umurango, ntaronka ico ndya canke ico nywa, kandi nkama ndi mu mwotsi mwinshi w’amatabi abapolisi batumagura. Barankubise amahiri bongera baranturiza amatabi. Igihe naraba, baransutseko amazi, hanyuma barabandanya kunsambisha. Naratakambiye Yehova ngo ampe inkomezi zo kwihangana, kandi yaranshigikiye.
Gupfungirwa mw’ibohero ry’i Bydgoszcz vyaragize ikintu ciza bivamwo. Igihe nari muri iryo bohero, narashoboye kubwira ukuri kwa Bibiliya abantu batari gushobora gushikirwa mu bundi buryo. Kandi vy’ukuri, hariho uturyo twinshi two gushinga intahe. Kubera ko abanyororo benshi ivyabo vyari vyifashe nabi, kenshi ugasanga ata cizigiro basigaranye, baratega yompi inkuru nziza.
Haba amahinduka abiri ahambaye
Inyuma gatoyi y’aho ndekuriwe mu 1952, narahuye na Nela, uwo akaba yari umuvukanyikazi w’umutsimvyi afise umwete. Yari yarakoreye mu Bumanuko bwa Polonye. Mu nyuma yarakoreye aho twita iyokerezo ry’imikate, aho hakaba hari ahantu hinyegeje ibitabu vyacu vyacapurirwa. Ico cari igikorwa kitoroshe casaba ko umuntu aguma arikanuye kandi akitanga. Twubakanye mu 1954, kandi twarabandanije gukora ubusuku bw’igihe cose gushika igihe umukobwa wacu Lidia yavuka. Kugira ngo nshobore kubandanya igikorwa co kugendera amashengero, twafashe ingingo yuko Nela yohagarika umurimo w’igihe cose, agasubira i muhira, akarera ako gakobwa kacu.
Muri uwo mwaka nyene, twabwirijwe gufata iyindi ngingo ihambaye. Nasabwe kuba umucungezi w’intara mu karere kangana n’ica gatatu c’igihugu ca Polonye. Twarazirikanye kuri ico kibazo, turagishira no mw’isengesho. Nari nzi ko bihambaye cane kuremesha abavukanyi bacu muri ico gihe igikorwa cari kibujijwe. Abavukanyi benshi barafashwe, ivyo bica bituma bikenerwa ko abavukanyi baremeshwa cane mu vy’impwemu. Nshigikiwe na Nela, naremeye ico gikorwa. Yehova yaramfashije kugikora imyaka 38.
Mpagarikira ibikorwa vy’aho twita amokerezo y’imikate
Muri ico gihe, umucungezi w’intara ni we yahagarikira ibikorwa vy’aho twita amokerezo y’imikate, ayo akaba yari ahantu hinyegeje. Abapolisi batwama inyuma barondera gutora aho ducapurira ibitabu kugira ngo bace bahagarika ico gikorwa. Vyarashika bakahatora, ariko ntitwigera tubura ibifungurwa vyo mu vy’impwemu twaba dukeneye. Vyaribonekeza neza yuko Yehova yariko aratwitwararika.
Kugira ngo umuntu ashobore gutumirwa gukora ico gikorwa kitoroshe kandi kirimwo akaga co gucapura ibitabu, vyasaba ko aba umugumyabanga, akaba umuntu aguma arikanuye, yitanga, kandi agamburuka. Izo kamere ni zo zatuma bishoboka ko aho twita iyokerezo ry’imikate habandanya gukora ata ngorane. Kuronka ahantu heza ho gucapurira ibitabu mu kinyegero, na vyo ntivyari vyoroshe. Ahantu hamwehamwe hasa n’uko ari heza, mugabo abavukanyi baho ugasanga ntibiyubara cane. Ahandi na ho wasanga abavukanyi biyubara cane mugabo ugasanga ntihabereye. Abavukanyi bari bafise umutima ukunze wo kwitanga bimwe bidasanzwe. Narashima vy’ukuri abavukanyi n’abavukanyikazi bose natewe agateka ko gukorana na bo.
Inkuru nziza iburanirwa
Muri iyo myaka igoye, baguma batwagiriza yuko dukora igikorwa kibujijwe n’amategeko, gitera umudurumbanyo, maze tukarengutswa muri sentare. Vyari bigoye kubera ko ata bashingwamanza bo kutuburanira twari dufise. Abashingwamanza bamwebamwe baripfuza kudufasha, mugabo benshi muri bo bagatinya kuvugwa cane no guhava bashavuza abategetsi. Ariko rero, Yehova yari azi neza ivyo dukeneye, kandi mu gihe kibereye yaratumye ibintu bigenda neza ku buryo turonka ivyo twari dukeneye.
Alojzy Prostak, uwo akaba yari umucungezi w’ingenzi ava i Kraków, yarasinzikarijwe ubuzima igihe yariko arasambishwa, ku buryo vyabaye ngombwa ko ajanwa mu bitaro vyo mw’ibohero. Ukuntu yaguma ashikamye naho amagara yiwe yo mu mutwe n’ayo ku mubiri yasinzikazwa, kwatumye izindi mbohe zari mu bitaro zimwubaha zongera ziramwikugura. Umwe muri bo yari umushingwamanza yitwa Witold Lis-Olszewski, uwo akaba yaratangajwe rwose n’ukuntu umuvukanyi Prostak yagaragaje umutima rugabo. Yaraganiriye na Prostak akatari gake, amusezeranira ati: “Ninamara kurekurwa nkongera nkemererwa gusubira gukora akazi kanje, nzoburanira Ivyabona vya Yehova”. Kandi ntiyayaze amasigaracicaro.
Umushingantahe Olszewski yari afise umugwi wiwe w’abashingwamanza, ukwitanga kwabo kukaba kwari igitangaza vy’ukuri. Igihe uruhamo rwari rukomeye cane rwose, baraburaniye abavukanyi mu manza nka 30 ku kwezi, ni ukuvuga urubanza rumwe ku musi! Kubera ko umushingantahe Olszewski yari akeneye kumenya neza ivyerekeye abavukanyi bose yaburanira, naragenywe kugira ngo nze ndahanahana amakuru na we. Narakoranye na we imyaka indwi mu myaka ya 1960 no mu myaka ya 1970.
Muri iyo misi naramenye vyinshi ku bijanye n’ukuburana. Akenshi naritegereza ingene imanza ziburanishwa, nkakurikira ivyo abashingwamanza bavuga, baba abatwagiriza canke abatuvugira, nkaraba uburyo bukoreshwa mu kuburana, nkongera nkumviriza ingene abo dusangiye ukwizera biburanira. Ivyo vyose vyarangiriye akamaro kanini mu gufasha abavukanyi bacu kumenya ivyo bovuga n’ivyo batovuga igihe bari muri sentare, na canecane abahamagarwa kuba amasura.
Igihe urubanza rwaba rumaze gushingwa, umushingantahe Olszewski akenshi yarara mu mazu y’Ivyabona vya Yehova. Aho ntihaba ari kubera atashobora kwirihira icumba mw’ihoteli, ahubwo nk’uko yabivuze igihe kimwe, “imbere y’uko urubanza ruba [ya]gomba kwiyinjizamwo ukuntu [Ivyabona ba]bona ibintu”. Tubikesheje imfashanyo yiwe, imanza nyinshi twarazitsinze. Yaramburaniye akatari gake, kandi ntiyigeze yemera ko ndamuriha. Ikindi gihe yaranse ko tumuriha amahera y’imanza 30. Uti kubera iki? Yavuze ati: “Nipfuza kugira ikintu na gitoya nterereye ku gikorwa mukora”. Kandi ivyo yadukoreye vyari gutwara amahera atari makeyi. Ivyo umushingantahe Olszewski n’umugwi wiwe bakora, abategetsi ntibabuze kubibona, mugabo ivyo ntivyamubujije kubandanya kudufasha.
Sinobona ingene nodondora intahe nziza abavukanyi bacu bashinze muri izo manza. Benshi baraza muri sentare kugira bakurikire urubanza bongere bakomeze abavukanyi baba bashengejwe. Igihe imanza zari nyinshi cane kuruta ikindi gihe cose, naraharuye mu mwaka umwe abavukanyi 30.000 baje gushigikira abandi. Vy’ukuri, iryo ryari ishengero ryinshi ry’Ivyabona!
Nshingwa igikorwa gishasha
Mu 1989 igikorwa cacu cari gisigaye cemewe n’amategeko. Haciye imyaka itatu, ibiro bishasha vy’ishami vyarubatswe vyongera biregurirwa Yehova. Naratumiwe kuri ivyo biro kugira ngo nje gukorana n’Inzego zitanga amakuru y’ivy’ubuvuzi, ico gikorwa nkaba naracemeye n’umunezero. Uko twakora turi umugwi w’abantu batatu, twarashigikiye abavukanyi bacu baba bahanganye n’ikibazo c’uguterwa amaraso, twongera turabafasha kuburanira impagararo yabo ya gikirisu ishingiye kw’ijwi ryabo ryo mu mutima.—Ivyakozwe n’intumwa 15:29.
Twe n’umukenyezi wanje twarakengurutse cane agateka ko gukorera Yehova mu busuku turangura ku mugaragaro. Nela yamye anshigikira akongera akandemesha. Nama nkenguruka kuba Nela atigeze yidoga kubera ntaba ndi i muhira igihe cose naba mfatiriwe n’amabanga ya gitewokarasi canke ndi mw’ibohero. Mu bihe bigoye, yararemesha abandi aho kwicwa n’intuntu.
Nk’akarorero, mu 1974 twe n’abandi bacungezi b’ingenzi twarafashwe. Abavukanyi bamwe bari bazi ico kintu barashatse kubimenyesha umukenyezi wanje batiriwe baramurandura umutima. Igihe bamubona, bamubajije bati: “Muvukanyikazi Nela, woba witeguriye kwumva inkuru mbi?”. Acumva ico kibazo, yaciye abura ayo acira n’ayo amira kubera ubwoba, agira ngo napfuye. Igihe yamenya neza ivyari vyabaye, yaciye avuga aruhuriwe ati: “Kizima akiriho! Erega si bwo bwa mbere apfungwa”. Abavukanyi barambwiye mu nyuma yuko batangajwe rwose n’ukuntu yari umuntu yama abona ko ibintu bizogenda neza.
Naho twaciye mu bintu bimwebimwe bibabaje, Yehova yamye aduha impera nyinshi kubera twagumije inzira yiwe. Ese ingene duhimbarwa n’ukuntu umukobwa wacu Lidia be n’umunega wiwe Alfred DeRusha, berekanye ko ari abubakanye bakirisu batanga akarorero keza. Barareze neza abahungu babo, ari bo Christopher na Jonathan, barabafasha gucika abasavyi b’Imana biyeguye, ivyo bikaba vyongereza umunezero wacu. Mwenewacu Ryszard na mushikanje Urszula, na bo nyene baramaze imyaka myinshi ari abakirisu b’intahemuka.
Yehova ntiyigeze aduta, kandi twipfuza kubandanya kumukorera n’umutima wacu wose. Twariboneye yuko amajambo yo muri Zaburi 37:34 avuga ukuri, na yo akaba agira ati: “Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ng’uragwe igihugu”. Si twe tuzobona ico gihe kirashitse!
[Ifoto ku rup. 17]
Aha twari kw’iteraniro ryabereye mu busitani bw’umuvukanyi i Kraków, mu 1964
[Ifoto ku rup. 18]
Aha nari kumwe n’umukenyezi wanje Nela be n’umukobwa wacu Lidia, mu 1968
[Ifoto ku rup. 20]
Aha nari kumwe n’agahungu k’Icabona imbere y’uko kabagwa umutima hadakoreshejwe amaraso
[Ifoto ku rup. 20]
Aha twari kumwe na Muganga Wites ahagarikiye ivy’ukubaga abana umutima hadakoreshejwe amaraso, mu bitaro vy’i Katowice
[Ifoto ku rup. 20]
Twe na Nela, mu 2002