Yezu Kirisitu ni nde?
IHE ishusho y’akamwemwe Umuyuda umwe akiri muto yitwa Andereya ategerezwa kuba yaragize aho yumviye ari bwo bwa mbere amajambo ya Yezu w’i Nazareti! Bibiliya ivuga ko Andereya yaciye anyaragasa no kwa mwenenyina maze amubwira ati: “Twabonye Mesiya (risobanurwa ngo Kristo)” (Yohana 1:41). Mu rurimi rw’igiheburayo no mu rurimi rw’ikigiriki, amajambo akunze guhindurwa ngo “Mesiya” na “Kirisitu” asobanura “Uwasizwe”. Yezu yari Uwasizwe, ni ukuvuga Uwatoranijwe n’Imana, ya Ndongozi yari yarasezeranywe (Yesaya 55:4, NW). Ivyanditswe vyarimwo ubuhanuzi bumwerekeye, kandi Abayuda ico gihe bari bamurorereye.—Luka 3:15.
Tuzi gute ko Yezu vy’ukuri yari Uwatoranijwe n’Imana? Rimbura ivyabaye mu mwaka wa 29 G.C., igihe Yezu yari afise imyaka 30. Yaragiye kuri Yohani Umubatizi ngo amubatize mu mazi y’Uruzi Yorodani. Bibiliya ivuga iti: ‘Yezu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maze ijuru riruguruka, abona impwemu y’Imana, imanuka isa n’inuma, imugwako. Buno rero ijwi riva mw’ijuru, riti Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara’ (Matayo 3:16, 17). Yohani amaze kwumva ayo majambo Imana ivuze yo kwerekana ko Yezu ayihimbara, hari amazinda na makeyi yari kugira ku bijanye n’uko Yezu yari Uwatoranijwe n’Imana? Mu gusuka impwemu yera yiwe kuri Yezu, Yehova Imana yaramusize, ni ukuvuga yaramugenye, kugira abe Umwami w’Ubwami bw’Imana bwari bwimirije. Yezu rero yaciye aba Yezu Kirisitu, ni ukuvuga Yezu Uwasizwe. Ariko none, ni mu buryo ubuhe Yezu yari Umwana w’Imana? Yamutse hehe?
Amamo yiwe “yahereye kera hose”
Ubuzima bwa Yezu bwoshobora kugaburwa mu biringo bitatu. Ica mbere catanguye imbere cane y’uko avukira kw’isi ari umuntu. Muri Mika 5:2 havuga ko amamo yiwe “yahereye kera hose, ibihe n’ibindi”. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Je[we] namutse iyo hejuru”, ni ukuvuga mw’ijuru (Yohana 8:23). Yari mw’ijuru ari umuntu w’impwemu w’umunyabubasha.
Kubera ko ivyaremwe vyose vyagize intango, uca wumva ko hari igihe Imana yari yonyene. Ariko rero, Imana yahavuye itangura kurema, ubu hakaba haciye imyaka idaharurika. Ni nde none yahereyeko kurema? Igitabu ca Bibiliya ca nyuma kivuga ko Yezu ari we “[“ntango”, NW] y’ivyaremwe n’Imana” (Ivyahishuriwe 3:14). Yezu ni “we mfura mu vyaremwe vyose”. Ivyo ni ko biri “kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka” (Ab’i Kolosayi 1:15, 16). Ni vyo, Yezu ni we wenyene yiremewe n’Imana ubwayo. Ku bw’ico, yitwa ‘Umwana w’ikinege’ w’Imana (Yohana 3:16). Uwo Mwana w’imfura yitwa kandi “Jambo” (Yohana 1:14). Kubera iki? Kubera ko imbere yuko avyarwa ari umuntu, yakorera mw’ijuru ari umuvugizi w’Imana.
“Jambo” yari kumwe na Yehova Imana “ubga mbere na mbere”, igihe “ijuru n’isi” vyaremwa. Ni we Imana yabwiye ngo: “Tureme umuntu mw ishusho yacu” (Yohana 1:1; Itanguriro 1:1, 26). Umwana w’imfura wa Yehova yari iruhande ya Se, akorana cane na we. Mu Migani 8:22-31, Yezu adondorwa ariko avuga ati: “Nari kumwe [n’Umuremyi], nd’umukozi w’umuhanga: kand’imisi yose nara[mu]himbara, nama niginagura imbere y[iwe]”.
Uko Yehova Imana n’Umwana wiwe w’ikinege bakorana, ese ukuntu bategerezwa kuba baramenyanye rwose! Ukwo kumara imyaka idaharurwa bari kumwe vyaragize ikintu gikomeye bihinduye ku Mwana w’Imana. Uwo Mwana agamburuka yahavuye amera nka Se wiwe Yehova. Nakare, mu B’i Kolosayi 1:15 hita Yezu “ishusho y’Imana itaboneka”. Iyo ni imvo imwe ituma kumenya ivyerekeye Yezu biba ibihambaye cane mu bijanye n’ukwironsa ivyo dukeneye mu vy’Imana no mu bijanye no guhaza icipfuzo twaremanywe co kumenya Imana. Ibintu vyose Yezu yakora igihe yari kw’isi ni vyo neza na neza Yehova yaba yitega ko akora. Ku bw’ivyo, kumenya Yezu bisobanura kandi kwongereza ubumenyi dufise bwerekeye Yehova (Yohana 8:28; 14:8-10). Uti none Yezu yashitse kw’isi gute?
Ubuzima bwiwe ari umuntu
Ikiringo kigira kabiri c’ubuzima bwa Yezu catanguye igihe Imana yarungika Umwana wayo kw’isi. Ivyo Yehova yabigize mu buryo bw’igitangaro mu gufata ubuzima bwa Yezu akabukura mw’ijuru maze akabwimurira mu nda y’Umuyudakazi w’umwizigirwa w’isugi yitwa Mariya. Yezu nta gasembwa yarazwe kubera ko atagize se wiwe w’umuntu. Impwemu yera ya Yehova, ari yo nguvu ikora yiwe, yaraje kuri Mariya, hanyuma ubushobozi bwa Yehova ‘bumutera igitutu’, maze mu buryo bw’igitangaro butuma yibungenga (Luka 1:34, 35). Ivyo vyatumye Mariya avyara umwana atagira agasembwa. Yezu yarerewe mu rugo ruciye bugufi ari umwana w’umurerano w’umubaji Yozefu, kandi ni we yari imfura mu bana nka bangahe bari bagize uwo muryango wa Yozefu.—Yesaya 7:14; Matayo 1:22, 23; Mariko 6:3.
Nta vyinshi bizwi ku bijanye n’ubwana bwa Yezu, mugabo hari ikintu kimwe gihambaye cabaye. Yezu afise imyaka 12, abavyeyi biwe baramujanye mu rugendo bari basanzwe bagira i Yeruzalemu uko umwaka utashe bagiye guhimbaza Pasika. Ari aho i Yeruzalemu, yaramaze umwanya munini mu rusengero, “yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ababaza”. Vyongeye, ‘abariko bamwumviriza bose baratangajwe n’ubwenge bwiwe n’ivyo yabishura’. Emwe, uwo Yezu yari akiri muto ntiyabaza gusa ibibazo bisaba kuzirikana kandi bijanye n’ivy’Imana, ariko yaranatanga inyishu ziranga ubwenge zatangaza abandi (Luka 2:41-50). Uko yagenda akurira mu gisagara c’i Nazareti, yarize umwuga w’ububaji, ata gukeka akaba yawigishijwe na se wiwe murezi Yozefu.—Matayo 13:55.
Yezu yabandanije kuba i Nazareti gushika ashikanye imyaka 30. Maze, yaciye aja kuri Yohani kugira abatizwe. Yezu amaze kubatizwa, yaciye atangura kurangura ubusuku bwiwe bwasaba gukoranwa ingoga. Yamaze imyaka itatu n’igice agendagenda mu ntara y’iwabo, yamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Yaragaragaje ko yari yatumwe n’Imana. Uti gute? Mu gukora ibitangaro vyinshi, ni ukuvuga ibikorwa vy’ububasha ata muntu buntu yari gushobora gukora.—Matayo 4:17; Luka 19:37, 38.
Yezu yari n’umuntu w’ikibabarwe n’inyiyumvo zigera kure. Ikibabarwe ciwe cagaragarira canecane mu kuntu yabona abandi no mu kuntu yabafata. Kubera ko Yezu yari umuntu yegereka kandi w’umutima mwiza, abantu barakwegerwa kuri we. Mbere n’abana bararyoherwa cane bari kumwe na we (Mariko 10:13-16). Yezu yafatana abagore icubahiro, naho bamwebamwe bo mu gihe ciwe babakengera (Yohana 4:9, 27). Yarafasha aboro n’impahazwa ‘kuronka uburuhukiro bw’imitima yabo’ (Matayo 11:28-30). Yigisha mu buryo butomoye, bworoshe kandi bugira akamaro. N’ikindi kandi, ivyo yigisha vyagaragaza icipfuzo kivuye ku mutima yari afise co gufasha abamwumviriza kumenya ya Mana y’ukuri Yehova.—Yohana 17:6-8.
Yezu akoresheje impwemu yera y’Imana kugira akore ibitangaro, yarakijije abarwaye n’abababaye abigiranye imbabazi (Matayo 15:30, 31). Nk’akarorero, hari umuntu yari arwaye imibembe yaje kuri we amubwira ati: “Ukunze, woshobora kumpumanura”. Yezu yaciye akora iki? Yararamvuye ukuboko amukorako, maze avuga ati: “Ndakunze, humanuka”. Uwo mugabo yari arwaye yaciye akira.—Matayo 8:2-4.
Rimbura kandi ivy’igihe kimwe ishengero ry’abantu ryaje kuri Yezu, bagumana na we imisi itatu ata co bafise batamira. Yarumviye ikigongwe abo bantu maze aragaburira ku gitangaro “abagabo ibihumbi bine [bari aho], ukūyemw’abagore n’abana” (Matayo 15:32-38). Ikindi gihe na ho, Yezu yaratururuje igihuhusi cari gihanamiye abagenzi biwe (Mariko 4:37-39). Yarazuye abari barapfuye, ari kwo kubasubiza bazimaa (Luka 7:22; Yohana 11:43, 44). Yezu yaremeye no gutanga ubuzima bwiwe bw’umuntu butagira agasembwa kugira ngo abantu b’abanyagasembwa baronke icizigiro cerekeye kazoza. Umve yemwe urukundo rugera kure Yezu yakunda abantu!
Ubu Yezu ari hehe?
Yezu yapfiriye ku giti co kubabarizwako afise imyaka 33 n’igiceb. Mugabo, urupfu ntirwabaye ryo herezo ry’ubuzima bwiwe. Hashize nk’imisi itatu, ikiringo kigira gatatu c’ubuzima bwiwe caratanguye igihe Yehova Imana yazura Umwana wiwe ari umuntu w’impwemu. Yezu amaze kuzurwa, yarabonekeye abantu amajana bo mu kinjana ca mbere G.C. (1 Ab’i Korinto 15:3-8). Inyuma y’aho, “[yaravyagiye] i buryo bg’Imana” maze arindira kuronka ububasha bwa cami (Abaheburayo 10:12, 13). Igihe kigeze, Yezu yaratanguye kuganza ari Umwami. None Yezu dukwiye kumubona gute muri iki gihe? Twoba dukwiye kumubona nk’umugabo ari mu mubabaro ariko yicwa? Canke twoba dukwiye kumubona nk’umuntu akwiye gusengwa? Yezu muri iki gihe si umuntu kandi si Imana Mushoboravyose. Ahubwo riho, ni ikiremwa c’impwemu c’ububasha, Umwami aganza. Ubu bwa vuba, agiye gutegeka iyi si yacu idurumbanye.
Mu Vyahishuriwe 19:11-16 hakoresheje imvugo ngereranyo, hadondora Yezu Kirisitu ari umwami yicaye kw’ifarasi y’igitare aza azanywe no guca imanza no kurwana intambara mu bugororotsi. Afise “inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga”. Vyemere, Yezu azokoresha ububasha buhambaye afise kugira asangangure ababisha. Bizogenda gute none ku bihatira gukurikiza akarorero yasize igihe yari kw’isi (1 Petero 2:21)? We hamwe na Se wiwe bazobakingira muri ya “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose”, iyikunze kwitwa Harumagedoni, kugira ngo bashobore kubaho ibihe bidahera ari abatwarwa bo kw’isi b’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru.—Ivyahishuriwe 7:9, 14; 16:14, 16; 21:3, 4.
Iyumvire hewe ibitangaro Yezu azokorera umuryango w’abantu wose mu gihe c’ingoma yiwe izoba irangwa amahoro (Yesaya 9:6, 7; 11:1-10)! Azokiza indwara akureho n’urupfu. Yezu azokoreshwa n’Imana kugira azure abantu amamiliyaridi, na bo nyene bashobore kubaho ibihe bidahera kw’isi (Yohana 5:28, 29). Ntidushobora no kwiha ishusho y’ukuntu ubuzima bwacu buzoba ari bwiza igitangaza igihe Ubwami buzoba buganza. Birahambaye rero ko tubandanya kwironsa ubumenyi bwo muri Bibiliya maze tukarushiriza kumenya neza Yezu Kirisitu!
[Utujambo tw’epfo]
a Ibitangaro Yezu yakoze vyari bizwi na benshi. Mbere n’abansi biwe bariyemereye ko ‘yakora ibimenyetso vyinshi’.—Yohana 11:47, 48.
b Ushaka kumenya niba Kirisitu yapfiriye ku giti canke ku musaraba, raba igitabu Comment raisonner à partir des Écritures casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ku rupapuro rwa 77-78.
[Uruzitiro ku rup. 7]
YEZU YOBA ARI IMANA MUSHOBORAVYOSE?
Abanyedini benshi bavuga ko Yezu ari Imana. Hari abavuga ko Imana ari Ubutatu. Iyo nyigisho ivuga ko ‘Data ari Imana, Mwana ari Imana, na Mutima Mweranda ari Imana, yamara akaba ata Mana zitatu zihari mugabo hari Imana imwe’. Bivugwa yuko abo batatu “bose bamaho kandi ko bose bangana” (The Catholic Encyclopedia). Ivyo vyiyumviro vyoba ari vyo?
Yehova Imana ni we Muremyi (Ivyahishuriwe 4:11). Ntagira intango canke iherezo, kandi ashobora vyose (Zaburi 90:2). Ariko Yezu we yaragize itanguriro (Ab’i Kolosayi 1:15, 16). Igihe Yezu yariko avuga ko Imana ari yo Se wiwe, yavuze ati: ‘Data aranduta’ (Yohana 14:28). Yezu kandi yarasiguye yuko hariho ibintu yaba we canke abamarayika batari bazi, ariko vyari bizwi na Se wiwe gusa.—Mariko 13:32.
N’ikindi kandi, Yezu yasenze Se wiwe ngo: “Ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba” (Luka 22:42). None Yezu yariko asenga nde niba atariko asenga Uwumuruta? Vyongeye, Imana ni yo yazuye Yezu mu bapfuye, si Yezu ubwiwe yizuye (Ivyakozwe n’intumwa 2:32). Biribonekeza rero ko imbere yuko Yezu aza kw’isi canke mu gihe c’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, atari angana na Se wiwe. Bite ho Yezu amaze kuzurwa akaduga mw’ijuru? Mu 1 Ab’i Korinto 11:3 havuga hati: “Umutwe wa Kristo [ni] Imana”. Kukaba nkako, Umwana azokwama ayobokera Imana (1 Ab’i Korinto 15:28). Ivyanditswe rero vyerekana ko Yezu atari Imana Mushoboravyose. Ahubwo riho, ni Umwana w’Imana.
Umwe bita ngo ni umuperesona wa gatatu mu Butatu, ni ukuvuga impwemu yera ari yo bita kandi ngo Mutima Mweranda, si umuntu. Igihe umwanditsi wa Zaburi yariko yitura Imana mw’isengesho, yavuze ati: “Urungika impwemu yawe, bikaremwa” (Zaburi 104:30). Iyo mpwemu si Imana ubwayo; ni inguvu ikora Imana irungika canke ikoresha mu kurangura ivyo ishaka vyose. Imana ikoresheje iyo mpwemu, yararemye iki kirere tubona n’amaso n’ibiri muri co vyose, isi hamwe n’ibinyabuzima vyose (Itanguriro 1:2; Zaburi 33:6). Imana yarakoresheje impwemu yera yayo mu guhumekera abantu banditse Bibiliya (2 Petero 1:20, 21). Ubutatu rero si inyigisho ishingiye ku Vyanditswec. Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene”.—Gusubira mu vyagezwe 6:4.
[Akajambo k’epfo]
c Ushaka ayandi amakuru, raba agatabu Doit-on croire à la Trinité?, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 5]
Igihe Yezu yabatizwa yaciye aba Uwasizwe w’Imana
[Ifoto ku rup. 7]
Yezu yarakoresheje inguvu ziwe mu gikorwa yashinzwe n’Imana
[Ifoto ku rup. 7]
Ubu, Yezu ni Umwami afise ububasha