Abamarayika ni bande?
UWO mutware w’inganji ikomeye cane abonye ibintu bigoye kwemera. Abagabo batatu bari baciriwe urubanza rwo kurigitwa n’umuriro, bahejeje kurokorwa mu menyo y’urupfu! Uti none ni nde yabarokoye? Nya mwami ubwiwe abwira abo bagabo batatu bahejeje kurokorwa muri ubwo buryo bw’akumiza ati: “Imana [yanyu] iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye” (Daniyeli 3:28). Uwo mutegetsi yatwara Babiloni, ubu hakaba haciye imyaka irenga ibihumbi bibiri, yariboneye igikorwa c’ukurokora cakozwe n’umumarayika. Abantu amamiliyoni babayeho muri kahise baremera yuko abamarayika babaho. Abenshi muri iki gihe ntibemera gusa yuko abamarayika babaho, ariko kandi babona yuko bagira ico bahinduye ku buzima bwabo mu buryo bunaka. None abamarayika ni bande, kandi bakomotse he?
Bibiliya yerekana yuko abamarayika ari impwemu, nk’uko n’Imana ari Impwemu (Zaburi 104:4; Yohana 4:24). Abamarayika bagize umuryango munini cane uharurwa mu mamiliyoni (Ivyahishuriwe 5:11). N’ikindi kandi, bose ni “abanyenkomezi nyinshi” (Zaburi 103:20). Naho abamarayika bameze nk’abantu mu buryo bw’uko umwe wese afise kamere imuranga akaba afise n’ubushobozi bwo kwihitiramwo, ntibatanguye kubaho ari abantu. Nkako, Imana yaremye abamarayika imbere cane y’uko abantu babaho, eka n’imbere y’uko iyi si tubako iremwa. Bibiliya ivuga yuko igihe Imana ‘yashiraho amatanguriro y’isi, inyenyeri zo mu gaturuturu [ari zo bamarayika] zaririmbiye hamwe, n’abana b’Imana bose bagasesereza impundu’ (Yobu 38:4, 7). Kubera ko abamarayika baremwe n’Imana, bitwa abana b’Imana.
None Imana yaremeye iki abamarayika? Ni uruhara uruhe, niba ruhari, bagiye baragira mu buzima bw’abantu? Hoba hari ico bakora mu buzima bwacu muri iki gihe? Kubera ko bafise uburenganzira bwo kwihitiramwo mu bijanye no gukora ikibereye, hoba hari abo muri bo bakurikiye ingendo ya Shetani wa Mucokoranyi bakigira abansi b’Imana? Bibiliya iratanga inyishu z’ukuri kuri ivyo bibazo.