ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/1 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivyo bijanye
  • Isandugu y’isezerano ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Bararenze ku vyo basezeranye
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Amashurwe Anaga ku Nkoni
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/1 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Ya sandugu y’isezerano yoba yarimwo gusa vya bisate vy’amabuye bibiri, canke yarimwo n’ibindi bintu?

Igihe rwa rusengero rwa Salomo rwegurirwa Yehova mu 1026 B.G.C., “mur’iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri Mose yashiriyemw’i Horebu, igihe Uhoraho yasezerana isezerano n’Abisirayeli, hamwe bava muri Egiputa” (2 Ngoma 5:10). Ariko rero, ivyo si ko vyamye biri.

“Mu kwezi kugira gatatu Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Egiputa”, barinjiye mu bugaragwa bwa Sinayi (Kuvayo 19:1, 2). Inyuma y’aho, Musa yaraduze ku Musozi Sinayi maze ahabwa ibisate vy’amabuye bibiri vyari vyanditsweko vya Vyagezwe. Yigana ati: “Nuko ndahindukira, mmanuka uwo musozi, nshira ivyo bisate mw isandugu nabāje; kandi biracarimwo, nk’uk’Uhoraho yambariye” (Gusubira mu vyagezwe 10:5). Iyo yari isandugu y’agateganyo Yehova yari yarabwiye Musa gukora kugira ngo ibikwemwo ivyo bisate vyariko Ivyagezwe (Gusubira mu vyagezwe 10:1). Isandugu y’isezerano yagiye kuboneka nko mu mpera zo mu 1513 B.G.C.

Inyuma gatoyi y’aho Abisirayeli bamariye kurekurwa bakava mu Misiri, baratanguye kwidodomba ku bijanye n’imfungurwa. Yehova yaciye rero abaha manu (Kuvayo 12:17, 18; 16:1-5). Ico gihe, Musa yategetse Aroni ati: “Jana urwavya, urusukemwo manu yuzuye omeru imwe, urutereke imbere y’Uhoraho, kugira ngo rubīkirwe ab’urunganwe rwanyu uko ruzogenda rukurikirana”. Iyo nkuru ivuga iti: “Nuko Aroni arutereka imbere y’Ibishinga intahe [ivyo bazigamiramwo inyandiko zihambaye], ngo rwameho” (Kuvayo 16:33, 34). Naho mu vy’ukuri Aroni yatororokanirije manu mu rwavya ico gihe, ivy’ukuyishira imbere y’Ibishinga intahe vyabwirizwa kurindira gushika Musa akoze ya Sandugu hanyuma akayishiramwo vya bisate.

Nk’uko twamaze kubivuga, isandugu y’isezerano yakozwe mu mpera z’umwaka wa 1513 B.G.C. Inkoni ya Aroni yagiye gushirwa muri iyo Sandugu hashize igihe, inyuma ya bwa bugarariji bwa Kora na bagenziwe. Intumwa Paulo aravuga ivya ‘ya sandugu y’isezerano yarimwo rwa rwavya rw’inzahabu rwarimwo manu, ya nkoni ya Aroni yashurika amashurwe, be na vya bisate vy’amabuye vyari vyanditsweko isezerano’.​—Abaheburayo 9:4.

Manu yari intunganyo yashizweho n’Imana muri ca kiringo c’imyaka 40 Abisirayeli bamara mu bugaragwa. Iyo manu ntiyabaye igitangwa aho ‘batanguriye kurya ivyeze muri ca gihugu’ c’isezerano (Yosuwa 5:11, 12). Inkoni ya Aroni yashizwe mw’isandugu y’isezerano kugira ngo ibere ikimenyetso canke icagirizi nya yaruka ry’irigarariji. Ivyo bisa n’ivyerekana yuko iyo nkoni yagumye ng’aho n’imiburiburi mu kiringo rwa rugendo rwo mu bugaragwa rwamaze. Vyosa rero n’ivyumvikana gushika ku ciyumviro c’uko, hashize igihe kinaka Isirayeli yinjiye mu Gihugu c’Isezerano be n’imbere y’uko rwa rusengero rwa Salomo rwegurirwa Yehova, inkoni ya Aroni be na rwa rwavya rw’inzahabu vyakuwe muri ya sandugu y’isezerano.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika