ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/2 rup. 16-20
  • Ukuyobora ibintu kugira umugambi w’Imana uranguke

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuyobora ibintu kugira umugambi w’Imana uranguke
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umugambi wa Yehova urwanywa
  • ‘Ibanga ryeranda ry’ivyo agomba’
  • ‘Ibanga ryeranda ry’Ubwami bw’Imana’
  • Umugambi wa Yehova ntuzobura kuranguka
  • «Ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda»
    Niwiyegereze Yehova
  • Ibanga Abakirisu Batokwubahuka Kubika!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ibanga wobwira abandi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/2 rup. 16-20

Ukuyobora ibintu kugira umugambi w’Imana uranguke

“[Imana] ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri”.​—ABANYEFESO 1:11.

1. Ni kubera iki amashengero yose y’Ivyabona vya Yehova azokorana kw’igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2006?

KU WA gatatu ku mugoroba, igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2006, abantu nk’imiliyoni 16 bazokorana kugira bahimbaze Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. Muri kimwekimwe cose mu bibanza bizogirirwamwo iryo koraniro, hazoba hari imeza yashizweko umukate utambiwe ugereranya umubiri wa Kirisitu, be n’umuvinyu utukura ugereranya amaraso yiwe yasesetse. Mu nsozero y’insiguro izoba iriko irashikirizwa yerekana insobanuro y’Icibutso c’urupfu rwa Yezu, ivyo bimenyetso bizoca bitemberezwa mu bazoba bahari bose, hakazotangura umukate hakurikire umuvinyu. Mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova makeyi ugereranije, umuntu umwe canke arenga mu bazoba bahari ni we azokwihereza kuri nya bimenyetso. Ariko rero, henshi nta n’umwe mu bazoba bahari azovyihereza. Ni kubera iki abakirisu bakeyi gusa, ni ukuvuga abakirisu bafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru, ari bo bihereza ku bimenyetso, mu gihe benshi cane, ni ukuvuga abafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kw’isi, batavyiherezako?

2, 3. (a) Yehova yatanguye gute kurema ahuje n’umugambi wiwe? (b) Ni kubera iki Yehova yaremye isi n’abantu?

2 Yehova ni Imana ifise umugambi. Mu gushitsa umugambi wiwe, “[a]kora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima w[iwe] iri” (Abanyefeso 1:11). Mu kurema, yahereye ku Mwana wiwe w’ikinege (Yohana 1:1, 14; Ivyahishuriwe 3:14). Mu nyuma na ho, Yehova abicishije kuri uwo Mwana wiwe, yararemye umuryango w’abana b’impwemu hanyuma amaherezo arema ibiri mu kirere vyose, isi n’abantu bari kuri yo.​—Yobu 38:4, 7; Zaburi 103:19-21; Yohana 1:2, 3; Ab’i Kolosayi 1:15, 16.

3 Yehova ntiyaremye isi ngo ibe ahantu ho kugeragereza abantu kugira arabe abo yokwongera ku muryango wiwe w’abana b’impwemu bari mw’ijuru, nk’uko vyigishwa n’amadini menshi y’abiyita abakirisu. Yayiremye afise ku muzirikanyi umugambi utomoye: yayiremye “kugira ngw ibekw abantu” (Yesaya 45:18). Imana yaremeye isi abantu, abantu na bo ibarema ngo bayibeko (Zaburi 115:16). Isi yose yohavuye iba Iparadizo yuzuyeko abantu bagororotse boyirimye bakongera bakayibungabunga. Wa mugabo n’umugore ba mbere nta cizigiro bari barahawe c’uko uburuhiro bogiye mw’ijuru.​—Itanguriro 1:26-28; 2:7, 8, 15.

Umugambi wa Yehova urwanywa

4. Uburyo Yehova agaba akaganza bwahaririweko gute mu ntango z’ukubaho kw’abantu?

4 Hari umwana w’impwemu w’Imana yagararije hanyuma atangura kugerageza gutangira umugambi wa Yehova mu gukoresha ukutari kwo ingabirano yahawe n’Imana y’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Yarahungabanije amahoro abantu bose bayoboka babigiranye urukundo ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, bagira. Shetani yaratumye wa mugabo n’umugore ba mbere batangura ingendo y’ukubaho batisunga Imana (Itanguriro 3:1-6). Ntiyahakanye ububasha Yehova afise, ariko yahaririye avuga yuko adakoresha ukugaba n’ukuganza kwiwe mu buryo bubereye, gutyo aba ahaririye ahakana ko Yehova afise uburenganzira bwo kuganza. Rero, ca kibazo gihambaye rwose kijanye n’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova cari kivyuwe hano kw’isi, emwe, kivyurwa mu ntango nyene z’ukubaho kw’abantu.

5. Ni ikindi kibazo ikihe cavyuwe, kandi cari kiraba na bande?

5 Hari ikindi kibazo kijanye rwose n’ico kibazo nyamukuru cerekeye ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, na co kikaba ari ico Shetani yavyuye mu misi ya Yobu. Shetani yavuze yuko ibiremwa vya Yehova bidakorana imvo zibereye mu kumuyobokera no mu kumukorera. Shetani yabaye nk’uwuvuga yuko ivyo biremwa vyariko biyobokera Yehova vyongera bimukorera kubera imvo z’ubwikunzi, be n’uko biramutse bigeragejwe vyociye birwanya Imana (Yobu 1:7-11; 2:4, 5). Naho ico kibazo cavyuwe ku vyerekeye umusavyi wa Yehova w’umuntu, cari cerekeye n’abana b’Imana b’impwemu, eka mbere n’Umwana w’ikinege wa Yehova.

6. Yehova yakoze gute mu buryo buhuye n’umugambi wiwe be n’izina ryiwe?

6 Yehova yarakoze mu buryo buhuye n’umugambi wiwe be n’insobanuro y’izina ryiwe, aratuma ubwiwe acika Umumenyeshakazoza n’Umukizaa. Yabwiye Shetani ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri” (Itanguriro 3:15). Biciye ku Ruvyaro canke Urubuto rw’“umugore” wiwe agereranya igihimba c’ishirahamwe ryiwe co mw’ijuru, Yehova yokwishuye ikibazo Shetani yavyuye, akongera akaronsa abakomoka kuri Adamu icizigiro co kurokoka no kuronka ubuzima.​—Abaroma 5:21; Ab’i Galatiya 4:26, 31.

‘Ibanga ryeranda ry’ivyo agomba’

7. Ni umugambi uwuhe Yehova yahishuye abicishije ku ntumwa Paulo?

7 Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Efeso, arasigura mu buryo bwiza utoraba ukuntu Yehova ayobora ibintu kugira ashitse umugambi wiwe. Paulo yanditse ati: ‘Yatwatiye ibanga [“ryeranda”, NW] ry’ivyo agomba, nk’uko bimuhimbara, abigabiye kera muri we, [“ku bw’ukuyobora”, NW] vyose igihe gikwiye gishitse, gukoraniriza vyose muri Kirisitu, ibiri mw’ijuru n’ibiri mw’isi’ (Abanyefeso 1:9, 10). Umugambi w’agahore Yehova afise ni uwo gutuma haba isi n’ijuru vyunze ubumwe vyiharijwe n’ibiremwa biyobokana urukundo ukugaba n’ukuganza kwiwe (Ivyahishuriwe 4:11). Gutyo, izina ryiwe ryoba ryejejwe, Shetani akaba ahinyutse ko ari umubeshi, ivyo Imana igomba na vyo bikaba “mw isi nk’uko biba mw ijuru”.​—Matayo 6: 10.

8. Ijambo ryahinduwe ngo “ukuyobora” risobanura iki?

8 ‘Ibihimbara’ Yehova, ni ukuvuga umugambi wiwe, vyorangutse biciye ku “kuyobora” ibintu. Paulo yakoresheje ijambo risobanura urudome ku rundi “ugutunganya ivyo mu rugo”. Iryo jambo ntiryerekeza ku ntwaro, nk’akarorero bwa Bwami burongowe na Mesiya, mugabo ryerekeza ku buryo bwo gutunganya ibintub. Uburyo bwiza igitangaza Yehova yoyoboyemwo ibintu kugira ashitse umugambi wiwe bwari “ibanga ryeranda” ryogiye buhorobuhoro rirahishurwa uko ibinjana vyorenganye.​—Abanyefeso 1:10; 3:9, NW, utujambo tw’epfo.

9. Yehova yagiye ahishura gute buhorobuhoro ibanga ryeranda ry’ivyo agomba?

9 Biciye ku masezerano yagiye arakurikirana, Yehova yagiye arahishura intambwe ku yindi ukuntu umugambi wiwe werekeye rwa Rubuto rwasezeranwa muri Edeni worangutse. Isezerano yagiranye na Aburahamu ryarahishuye yuko urwo Rubuto rwasezeranywe rwoje kw’isi rukomotse mu muryango wa Aburahamu, rukaba rwobaye uburyo “amahanga yose yo mw isi” yokwiheshejemwo umuhezagiro. Iryo sezerano ryaravuga kandi mu buryo budashoka bwibonekeza yuko hari n’abandi bofatanije n’igihimba nyamukuru c’urwo rubuto (Itanguriro 22:17, 18). Isezerano ry’Ivyagezwe Yehova yagiranye na Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri ryarahishuye umugambi yari afise wo gushiraho ‘ubwami bw’abaherezi’ (Kuvayo 19:5, 6). Isezerano yagiranye na Dawidi ryarerekanye yuko urwo Rubuto rworongoye Ubwami gushitsa ibihe bidahera (2 Samweli 7:12, 13; Zaburi 89:3, 4). Isezerano ry’Ivyagezwe rimaze gushikana Abayuda kuri Mesiya, Yehova yarahishuye n’iyindi mice ijanye n’iranguka ry’umugambi wiwe (Ab’i Galatiya 3:19, 24). Abo bantu bofatanije n’igihimba nyamukuru ca rwa rubuto bogize bwa ‘bwami bw’abaherezi’ bwari bwaravuzwe, kandi boshizwe mw’“isezerano risha” bakagira “Isirayeli” nshasha, Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.​—Yeremiya 31:31-34; Abaheburayo 8:7-9c.

10, 11. (a) Yehova yahishuye gute rwa Rubuto rwari rwarasezeranywe? (b) Ni kubera iki Umwana w’ikinege w’Imana yaje kw’isi?

10 Kugira ngo umugambi w’Imana uranguke, igihe carashitse c’uko rwa Rubuto rwari rwaravuzwe ruboneka kw’isi. Yehova yararungitse umumarayika Gaburiyeli kubwira Mariya ko yovyaye umwana w’umuhungu yokwiswe Yezu. Uwo mumarayika yamubwiye ati: “Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi, ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo” (Luka 1:32, 33). Gutyo, akaranga ka rwa Rubuto rwari rwarasezeranywe kari gatomotse.​—Ab’i Galatiya 3:16; 4: 4.

11 Umwana w’ikinege wa Yehova yoje kw’isi maze akageragezwa gushika ku rugero rwa nyuma. Inyishu itagira agahaze ya ca kibazo cavyurwa na Shetani yobaye iri mu minwe ya Yezu. Yoba yogumye ari intahemuka kuri Se wiwe? Iryo ryari ibanga ryeranda. Intumwa Paulo mu nyuma yasiguye uruhara rwa Yezu muri aya majambo: “Nta wuhakana yukw ibanga [“ryeranda”, NW] ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza” (1 Timoteyo 3:16). Ni vyo, Yezu, mu kwumira ku kutadohoka kwiwe gushika ku rupfu, yaratanze inyishu nyayo kuri ca kibazo Shetani yavyura. Mugabo hari n’ibindi bintu bijanye na rya banga ryeranda vyari bigihishijwe.

‘Ibanga ryeranda ry’Ubwami bw’Imana’

12, 13. (a) Umuce umwe wa rya ‘banga ryeranda ry’Ubwami bw’Imana’ ni uwuhe? (b) Icagura Yehova yagize ry’abantu bakeyi bogiye mw’ijuru ryasavye iki?

12 Yezu, mu gihe c’urugendo rumwe mu ngendo yagize i Galilaya agiye kwamamazayo, yarerekanye ko rya banga ryeranda ryari rifitaniye isano cane n’intwaro y’Ubwami bwobaye burongowe na we Mesiya. Yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwebge mwahawe kumenya amabanga [“meranda”, NW] y’ubgami bgo mw ijuru [“ubgami bg’Imana”, Mariko 4:11]” (Matayo 13:11). Umuce umwe w’iryo banga ryeranda wari uw’uko Yehova yocaguye “ubusho buto” bugizwe n’abantu 144.000 kugira bazofatanye n’Umwana wiwe kuganza mw’ijuru bagize igihimba ca rwa rubuto.​—Luka 12:32; Ivyahishuriwe 14:1, 4.

13 Kubera ko abantu baremewe kuba kw’isi, vyari ngombwa ko Yehova ‘arema gusha’ kugira ngo hagire abantu bamwebamwe baja mw’ijuru (2 Ab’i Korinto 5:17). Intumwa Petero, uwari umwe mu bacaguwe ngo bagire ico cizigiro kidasanzwe c’ijuru, yanditse ati: “Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo, ngo tuze twegukire umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, mwabīkiwe mw ijuru”.​—1 Petero 1:3, 4.

14. (a) Ni gute abatari Abayuda bagiyemwo mw’‘ibanga ryeranda ry’Ubwami bw’Imana’? (b) Ni kubera iki dushobora gutahura ivyo “bintu vyimbitse vy’Imana”?

14 Uwundi muce w’ibanga ryeranda ryerekeye intwaro y’Ubwami yoje, wari uw’uko Imana yagomvye ko n’abatari Abayuda baja muri ca gitigiri gitoyi c’abantu bohamagawe gufatanya na Kirisitu mw’ijuru. Paulo yarasiguye uwo muce ujanye n’uburyo Yehova ‘ayobora’ ibintu kugira ashitse umugambi wiwe. Yavuze ati: “Ivyo, abana b’abantu ntibābimenyeshejwe mu bindi bihe, nk’uko mur’iki gihe intumwa ziwe zera n’abavugishwa na we bābihishuriwe n’[im]pwemu: yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ubutumwa bgiza” (Abanyefeso 3:5, 6). ‘Intumwa zera’ zarahishuriwe ico uwo muce w’ibanga ryeranda usobanura. No muri iki gihe, iyo tudafashwa n’impwemu yera, ntitwotahuye ivyo “bintu vyimbitse vy’Imana”.​—1 Ab’i Korinto 2:10, NW; 4:1; Ab’i Kolosayi 1:26, 27.

15, 16. Ni kubera iki abazofatanya na Kirisitu kuganza, Yehova yabacaguye mu bantu?

15 Ba “bantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine” Yohani yabona bahagararanye n’“Umwagazi w’Intama” ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru bavugwa ko “bācunguwe ngo bakūrwe mw isi”, bakavugwa kandi ko “bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi” Kirisitu Yezu (Ivyahishuriwe 14:1-4). Yehova yahisemwo imfura mu bana biwe bo mw’ijuru ngo abe igihimba nyamukuru ca rwa rubuto rwasezeranwa muri Edeni. Mugabo none, ni kubera iki abazofatanya na Kirisitu kuganza yabacaguye mu bantu? Intumwa Paulo asigura yuko abo bantu bakeyi “bāhamagawe nk’uko [Yehova] yabigabiye”, “nk’uko yabigomvye bika[mu]himbara”.​—Abaroma 8:17, 28-30; Abanyefeso 1:5, 11; 2 Timoteyo 1:9.

16 Umugambi Yehova afise ni uwo kweza izina ryiwe rihambaye kandi ryeranda be no kwemeza ko ari Segaba w’ijuru n’isi. Biciye ku kuntu Yehova ‘ayobora’ ibintu akoresheje ubukerebutsi ntangere, yararungitse Umwana wiwe w’imfura kw’isi, aho yageragerejwe gushika ku rugero rwa nyuma. Vyongeye, Yehova yarashinze yuko intwaro y’Ubwami burongowe na Mesiya Umwana wiwe yobaye irimwo abantu na bo nyene bashigikiye ukugaba n’ukuganza kwiwe gushika ku gupfa.​—Abanyefeso 1:8-12; Ivyahishuriwe 2:10, 11.

17. Ni kubera iki twonezerwa no kubona Kirisitu n’abazofatanya na we bazoba barigeze kubaho ari abantu?

17 Yehova yarerekanye urukundo rukomeye akunda abakomoka kuri Adamu mu kureka Umwana wiwe akaza kw’isi no mu gucagura mu bantu abofatanije n’Umwana wiwe kuganza mu ntwaro y’Ubwami. Ivyo vyoshoboye gute kugirira akamaro abandi bantu babaye intahemuka kuri Yehova, kuva kuri Abeli kubandanya? Abantu b’abanyagasembwa, kubera ko bavuka ari abagurano b’icaha n’urupfu, bokeneye gukizwa mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri bagashikanwa ku kuba abantu batagira agasembwa, mu buryo buhuye n’umugambi Yehova yari afitiye abantu kuva mu ntango (Abaroma 5:12). Ese ukuntu ari ikintu gihumuriza ku bantu bose biteganye umushasharo kuba kw’isi ibihe bidahera, kumenya yuko Umwami wabo azobagaragariza urukundo akongera akabatahura, nk’uko yabigiriye abigishwa biwe mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo kw’isi (Matayo 11:28, 29; Abaheburayo 2:17, 18; 4:15; 7:25, 26)! Vyongeye, ese ukuntu bibasubiriza umutima mu nda kumenya yuko abami-baherezi bazofatanya na Kirisitu mw’ijuru bazoba barigeze kuba abagabo n’abagore bafise ukwizera, banyinyanye n’ubugoyagoye bwabo bwite bakongera bagashikirwa n’ingorane zo mu buzima nkatwe!​—Abaroma 7:21-25.

Umugambi wa Yehova ntuzobura kuranguka

18, 19. Ni kubera iki warushirije gutahura amajambo ya Paulo ari mu Banyefeso 1:8-11, kandi ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?

18 Ubu turashobora gutahura neza kuruta insobanuro y’amajambo Paulo yabwiye abakirisu basizwe ari mu Banyefeso 1:8-11. Yavuze yuko Yehova yabamenyesheje “ibanga [“ryeranda”, NW] ry’ivy’[a]gomba”, na ryo rikaba ari iry’uko ‘bahawe gucika [“ba samuragwa”, NW]’ bazoraganwa na Kirisitu be n’uko “[b]ashiriweho kera nk’ukw Iyo yabigabiye, ikora vyose nk’ukw imigabo yo mu mutima wayo iri”. Turabona yuko ivyo bihuye n’uburyo bw’akumiza Yehova ‘ayobora’ ibintu kugira ashitse umugambi wiwe. Ivyo biradufasha kandi gutahura igituma abakirisu bakeyi gusa mu baba bahari mu gihe c’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ari bo bihereza ku bimenyetso.

19 Mu kiganiro gikurikira, turabona ico Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu gisobanura ku bakirisu bafise icizigiro c’ijuru. Turabona n’igituma abantu amamiliyoni bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kw’isi bakwiye kwitwararika rwose ico Icibutso kigereranya.

[Utujambo tw’epfo]

a Izina ry’Imana risobanura urudome ku rundi “Atuma biba”. Yehova arashobora gucika igikenewe cose kugira ashitse umugambi wiwe.​—Kuvayo 3:14, NW, akajambo k’epfo.

b Amajambo ya Paulo yerekana ko ukwo “kuyobora” ibintu kwariko gukora mu gihe ciwe, mu gihe Ivyanditswe vyerekana ko mu 1914 ari ho Ubwami burongowe na Mesiya bwashingwa.

c Ushaka kumenya ido n’ido ku vyerekeye ayo masezerano ajanye n’iranguka ry’umugambi w’Imana, raba Umunara w’Inderetsi wo muri Ruhuhuma 1989, urupapuro rwa 1-6 (mu gifaransa, ni uwo ku wa 1 Ruhuhuma 1989, urupapuro rwa 10-15).

Mu gusubiramwo

• Ni kubera iki Yehova yaremye isi hanyuma akayishirako abantu?

• Ni kubera iki vyari bikenewe ko Umwana w’ikinege wa Yehova ageragezwa kw’isi?

• Ni kubera iki abazofatanya na Kirisitu kuganza, Yehova yabacaguye mu bantu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika