Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Esiteri
UWO mugambi usa n’uwutazogenda utarangutse. Abayuda bazoherengetezwa rwose ntihasigare n’uwa kirazira. Ku musi umwe rudende wateguwe, Abayuda bose baba muri nya nganji, iyihera mu Buhindi igashika muri Etiyopiya, bazoherengetezwa. Ivyo ni vyo nyene gutegura uwo mugambi we yiyumvira. Ariko rero, hari ikintu gihambaye ayobewe. Imana nyene ijuru irashobora kurokora abasavyi bayo yatoranije ikabakura mu kintu ico ari co cose coba gihanamiye ubuzima bwabo. Inkuru yigana ukwo kurokorwa yanditse mu gitabu ca Bibiliya ca Esiteri.
Ico gitabu ca Esiteri canditswe n’umugabo umwe w’Umuyuda yari ageze mu zabukuru yitwa Moridekayi, kikaba cigana ivyabaye mu kiringo c’imyaka nka 18 mu gihe c’ingoma y’umwami w’Umuperesi yitwa Ahasuwerusi, canke Zeruzi wa mbere. Iyo nkuru irimwo ibintu vy’agatangaza irerekana ukuntu Yehova akiza abasavyi biwe imigambi y’ububisha itegurwa n’abansi babo, naho nyene abo basavyi biwe basabagizwa cane hirya no hino mu nganji amahero. Muri iki gihe, kumenya ivyo birakomeza vy’ukuri ukwizera kw’abasavyi ba Yehova bariko bamurangurira umurimo mweranda mu bihugu 235. Vyongeye, turavye abavugwa mu gitabu ca Esiteri turabona abo dukwiye kwigana n’abo tudakwiye kwigana. Vy’ukuri, ‘ijambo ry’Imana ni rizima kandi rirafise ubukuba’.—Abaheburayo 4:12.
UMWAMIKAZI ATEGEREZWA KUHASERUKA
Umwami Ahasuwerusi, mu mwa- ka ugira gatatu ari ku ngoma (ni ukuvuga mu 493 B.G.C.), aragira amazimano. Umwamikazi Vashiti, uwuzwi ko asa n’ayo kw’iteke, arazinukwa rwose n’umwami hanyuma agakurwa mu kibanza c’ubwamikazi. Umuyudakazi Hadasa aratorwa mu bakobwa bose b’akaranga bo muri ico gihugu ngo asubirire Vashiti. Arumvira inama agirwa na mwene sewabo Moridekayi, agahisha ko ari Umuyudakazi maze agakoresha izina ryiwe ry’igiperesi, ari ryo Esiteri.
Umugabo w’umunyabwibone yitwa Hamani mu nyuma araduzwa igiti akaba umushikiranganji wa mbere. Hamani arashangashirwa Moridekayi yanse ‘kumwunamira canke kumwikubita imbere’, maze agaca ategura umugambi wo guherengeteza Abayuda bose bari mu Nganji y’Abaperesi (Esiteri 3:2). Hamani arajijura Ahasuwerusi akemera ivyo amubwiye, maze agashobora gutuma uwo mwami asohora itegeko ryo guherengeteza Abayuda. Moridekayi arambara ‘igunira akongera akisūrirako iminyota’ (Esiteri 4:1). Ubu Esiteri ategerezwa kuhaseruka. Aratumira umwami n’umushikiranganji wiwe wa mbere ku mazimano yabateguriye. Bitavye ayo mazimano n’akamwemwe kenshi, Esiteri arabinginga ngo baze ku yandi mazimano ku musi ukurikira. Hamani akamwemwe ni kose. Ariko rero, ararakajwe n’uko Moridekayi yanse kumuha icubahiro. Hamani arategura umugambi wo kwica Moridekayi imbere y’uko amazimano yo ku musi ukurikira aba.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:3-5—Amazimano yoba yamaze imisi 180? Ico canditswe ntikivuga yuko ayo mazimano yamaze iyo misi yose, ariko kivuga yuko umwami yamaze imisi 180 yereka abakuru ubutunzi be n’ubwiza bw’ubwami bwiwe bw’icubahiro. Umwami ashobora kuba yaciye afatira kuri ico kintu cabaye cafashe igihe kirekire kugira ngo yerekane mu buryo bw’ubwishime ubwiza bw’ubwami bwiwe, arondera gutangaza abanyacubahiro no kubakura amazinda yuko ashoboye kurangura umugambi wiwe. Niba ari ukwo biri, umurongo wa 3 n’uwa 5 ishobora kuba yerekeza ku mazimano y’imisi 7 yabaye ukwo gukoranira hamwe kw’imisi 180 kurangiye.
1:8—Ni mu buryo ki ‘hashinzwe ngo ntihagire uwugoberwa mu vy’ukunywa’? Kuri ayo mazimano, Umwami Ahasuwerusi ntiyakurikije igisa n’uko wari umugenzo w’Abaperesi wo guhimirizanya kunywa urugero runaka rw’inzoga kuri mwene iyo mitororokano. Igitabu kimwe kivuga yuko “bari gushobora kunywa nyinshi canke nkeyi nk’uko bavyipfuza”.
1:10-12—Ni kubera iki Umwamikazi Vashiti yagumye yanka kuza ku mwami? Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko uwo mwamikazi yanse kugamburuka kubera ko atashaka kwisuzuguza imbere y’abatumire b’umwami inzoga zari zigera i mutwe. Canke kumbure, uwo mwamikazi yasa neza ku rukoba mu vy’ukuri ntiyagamburuka. Naho Bibiliya itavuga icatumye yanka kuza, abagabo b’inararibonye bo muri ico gihe babona ko ukwo kwanka kugamburukira umugabo kitari ikintu co kurekera aho, kandi ko akarorero kabi Vashiti yari yerekanye kokwiganywe n’abagore bose bo mu ntara z’Ubuperesi.
2:14-17—Esiteri yoba yarasambanye n’umwami? Inyishu ni oya. Iyo nkuru ivuga yuko mu gitondo, izindi nkumi zaba zazaniwe umwami zaca zisubizwa mu nzu ya kabiri zirinzwe n’inkone y’umwami “yarinda incoreke z’intoni”. Izo nkumi zaba zararanye n’umwami zaca rero ziba incoreke ziwe, ni ukuvuga abagore bo mu rwego rwa kabiri b’umwami. Ariko rero, Esiteri we amaze kubona umwami ntiyajanywe mu nzu y’incoreke. Igihe Esiteri yazanwa imbere ya Ahasuwerusi, “umwami [yaragomwe] Esiteri, amurutisha abamikazi bose, na we arakundwakara, aba intoni mu nyonga ziwe kuruta za nkumi zose” (Esiteri 2:17). Ni gute none ‘yakundwakajwe yongera aba intoni kuri Ahasuwerusi’? Nka kumwe nyene yari yarashimwe n’abandi bantu. “[Hegayi yarashimye] uwo mwigeme, aramutonesha” (Esiteri 2:8, 9). Hegayi yamushimye yisunze gusa ivyo yihweje, ni ukuvuga uko yasa be na kamere nziza yari afise. Nkako, “Esiteri yashimwa n’abāmubona bose” (Esiteri 2:15). Muri ubwo buryo nyene, umwami yarakozwe ku mutima n’ivyo abonye kuri Esiteri, bituma aca amukunda.
3:2; 5:9—Ni kubera iki Moridekayi yanse kwunamira Hamani? Ku Bisirayeli, kwemera icese ikibanza kiri hejuru c’umuntu w’umukuru mu kumwikubita imbere, nta kibi vyarimwo. Ariko rero, ku bijanye na Hamani harimwo n’ibindi uretse ukwemera icese ubukuru gusa. Hamani yari Umwagagi, kumbure akaba yari Umumaleki, kandi Yehova yari yarashinze ko Abamaleki baherengetezwa (Gusubira mu vyagezwe 25:19). Kuri Moridekayi, ukwunamira Hamani kwobaye ari ukudohoka kuri Yehova. Yaranse yivuye inyuma, avuga ko ari Umuyuda.—Esiteri 3:3, 4.
Ivyigwa tuhigira:
2:10, 20; 4:12-16. Esiteri yaremeye ubuyobozi be n’impanuro ahawe n’umuntu ahumuye asenga Yehova. Twoba tugize ibiranga ubukerebutsi ‘twumviye [‘abatuyobora’, NW], tukabagamburukira’.—Abaheburayo 13:17.
2:11; 4:5. Dukwiye ‘kutiyumvira ivyacu gusa, ariko tukiyumvira n’ivy’abandi’.—Ab’i Filipi 2:4.
2:15. Esiteri yarerekanye ukwifata ruto n’ukwigumya mu kudasaba utundi dusharizo two kwambara canke impuzu nziza cane kuruta uretse ivyo Hegayi yatanga. “Umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, [ari] kwo mutima w’ubugwaneza utekereje”, ni kwo kwatumye Esiteri agomwa n’umwami.—1 Petero 3:4.
2:21-23. Esiteri na Moridekayi bari intangakarorero mu vyo ‘kugamburukira abaganza’.—Abaroma 13:1.
3:4. Mu bihe bimwebimwe, vyoshobora kuba biranga ukwiyubara turetse guhishura akaranga kacu nk’uko Esiteri yaretse guhishura akiwe. Ariko rero, igihe tuba tubwirizwa gufata impagararo ku bibazo bihambaye, nk’ivyerekeye ubusegaba bwa Yehova be n’ukutadohoka kwacu, dutegerezwa kudatinya kumenyesha yuko turi Ivyabona vya Yehova.
4:3. Igihe turi mu bigeragezo, turakwiye guhindukirira Yehova mw’isengesho tumusaba ngo aduhe inkomezi n’ubukerebutsi.
4:6-8. Moridekayi yarondeye gutorera umuti mu buryo buciye mu mategeko ukugeramirwa kwatewe n’inama y’ububisha ya Hamani.—Ab’i Filipi 1:7.
4:14. Ukwizigira Yehova kwa Moridekayi kwari ukw’akarorero.
4:16. Esiteri yarihetse kuri Yehova aherejeko maze arahangana n’ibintu vyari gushobora guhitana ubuzima bwiwe, abigiranye ukudahemuka n’umutima rugabo. Birahambaye rwose ko twiga kwiheka kuri Yehova aho kwiyizigira twebwe ubwacu.
5:6-8. Kugira ngo Esiteri atoneshwe na Ahasuwerusi, yaramutumiye ku mazimano agira kabiri. Yakoresheje ukwiyubara. Ukwo ni ko natwe dukwiye kubigira.—Imigani 14:15.
IBINTU BIGENDA BIRAHINDAGURIKA
Uko ibintu bigenda biraba, ni ko ibintu bigenda birahinduka ukundi. Hamani aramanikwa ku giti yari yateguriye Moridekayi, maze uwari kwicwa agaca aba umushikiranganji wa mbere. Bite ho kuri wa mugambi wategurwa wo guhonya Abayuda? Na wo nyene utegerezwa guhinduka bimwe vy’agatangaza.
Esiteri, umuntu w’intahemuka, arasubira kuvugira ab’iwabo. Aremera gushira ubuzima bwiwe mu kaga, agaseruka imbere y’umwami afise ico agomba kumusaba kugira arabe ingene yosambura umugambi wa Hamani. Ahasuwerusi arazi igikeneye gukorwa. Gutyo, wa musi wo guherengeterezako Abayuda amaherezo ushitse, Abayuda si bo bicwa ahubwo hicwa ba bandi barondera kubagirira nabi. Moridekayi ashinga itegeko ry’uko umusi mukuru wa Purimu uzohora uhimbazwa ku mwaka ku mwaka ku bwo kwibuka ukwo kurokoka gukomeye. Moridekayi, uwugira kabiri havuye Umwami Ahasuwerusi wenyene, “[ar]endeza ubgoko bgabo ivyiza, akavuga ibihesha uruvyaro rwabo amahoro”.—Esiteri 10:3.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
7:4—Ni gute uguherengeteza Abayuda vyari “kwononera umwami” (NW)? Esiteri, mu kwerekeza akoresheje ubugenge ku vy’uko Abayuda bashobora kugurishwa ngo babe abaja, yaraseruye ivy’uko guhonya Abayuda vyokwononeye umwami. Intete 10.000 z’ifeza Hamani yari yarasezeranye gutanga, nta ho zari zihuriye n’ubutunzi bwobonetse bukaja mu bubiko bw’umwami iyo Hamani aza kugira umugambi wo kugurisha Abayuda ngo babe abaja. Uwo mugambi wa Hamani iyo uramuka uranguwe, umwamikazi na we nyene ntiyari gusigara.
7:8—Ni kubera iki abakozi bo ku kirimba bapfutse Hamani mu maso? Ivyo bishobora kuba vyakozwe kugira herekanwe agateterwe ka Hamani canke ibintu vyari bigiye kumushikira. Igitabu kimwe kivuga yuko “aba kera rimwe na rimwe bapfuka imitwe y’ababa bagira bicwe”.
8:17—Ni kubera iki “abantu benshi bo mu mahanga yo mur’ico gihugu bato[ye] idini y’Abayuda”? Biboneka ko Abaperesi benshi bahindukiriye idini ry’Abayuda babona ko iryo tegeko rivuguruza iryo guhonya Abayuda cari ikimenyamenya c’uko Imana yatonesheje Abayuda. Ikintu nk’ico kiriko kiraba mw’iranguka ry’ubuhanuzi dusanga mu gitabu ca Zekariya. Ubwo buhanuzi buvuga buti: “Abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe”.—Zekariya 8:23.
9:10, 15, 16—Naho itegeko ryari ryatanzwe ryarekura ivy’ugusahura, ni kubera iki Abayuda birinze gukora ico kintu? Kwanka gusahura vyarerekanye neza ko intumbero bari bafise yari iyo kwikingira, itari iyo kwironderera amatungo.
Ivyigwa tuhigira:
6:6-10. “Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa”.—Imigani 16:18.
7:3, 4. Twoba twimenyekanisha n’umutima rugabo yuko turi Ivyabona vya Yehova naho nyene ivyo vyoshobora gutuma duhamwa?
8:3-6. Turashobora kwitura abategetsi n’amasentare kugira badukingire abansi, kandi dukwiye kubigira.
8:5. Esiteri, akoresheje ubugenge, ntiyavuze uruhara umwami yagize mu vy’ugusohora itegeko ryo guherengeteza abantu bo mu bwoko bwiwe. Muri ubwo buryo nyene, turakeneye kugira ubugenge igihe dushinga icabona ku bakuru.
9:22. Ntidukwiye kwibagira abakene bari muri twebwe.—Ab’i Galatiya 2:10.
Yehova ‘azodutabara yongere aturokore’
Moridekayi arerekeza ku mugambi Imana ifise mu kuba yatumye Esiteri ashikira icubahiro co kuba umwamikazi. Igihe Abayuda babangamiwe, barisonzesha bakongera bagasenga Imana kugira ibafashe. Umwamikazi araseruka imbere y’umwami atahamagawe, kandi igihe cose aje, yakirwa neza. Umwami ntashobora gutora n’ak’imbwa muri iryo joro rihambaye. Mu vy’ukuri, igitabu ca Esiteri kiravuga ivy’ukuntu Yehova ayobora ibintu ku bw’ineza y’abasavyi biwe.
Iyo nkuru ikora ku mutima ya Esiteri iraturemesha mu buryo budasanzwe twebwe tubayeho mu “gihe c’iherezo” (Daniyeli 12:4). “Mu misi y’iherezo”, ni ukuvuga mu gice ca nyuma c’igihe c’iherezo, Gogi w’i Magogi ari we Shetani wa Mucokoranyi, azogaba igitero simusiga ku basavyi ba Yehova. Intumbero yiwe ntizoba ari iyindi atari iyo guherengeteza abasenga b’ukuri. Yamara, cokimwe no mu gihe ca Esiteri, Yehova ‘azotabara’ abamusenga yongere ‘abarokore’.—Ezekiyeli 38:16-23; Esiteri 4:14.
[Ifoto ku rup. 10]
Esiteri na Moridekayi bari imbere ya Ahasuwerusi