ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/4 rup. 13-16
  • Ushobora gute gufata ingingo mu buryo Imana ishima?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ushobora gute gufata ingingo mu buryo Imana ishima?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Iyi ni yo nzira”
  • Nushire mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya
  • Nube umuntu abona kure
  • Nugaragaze ukwizera, ufate ingingo nziza!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nufate ingingo zitera iteka Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyodufasha gufata ingingo nziza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • “Umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/4 rup. 13-16

Ushobora gute gufata ingingo mu buryo Imana ishima?

UMUGABO umwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagiye mw’ibanki afise isheki y’amadolari 25.000. Yashaka kuyabika mw’ibanki ku buryo iyo banki imwungukira hashize ikiringo kinaka. Ariko umukozi amaze igihe kirekire akora muri iyo banki yamuhanuye kuyashira mw’ishirahamwe ry’ivy’ubudandaji agakoreshwa bwa mutahe, amubwira ko naho vyogenda gute amahera aziganywa muri ubwo buryo atigera ata agaciro. Uwo mugabo yahisemwo kwemera iyo mpanuro. Hadaciye na kabiri, ayo mahera yari yaziganije yarataye agaciro cane.

Ico kintu cabaye, kirerekana ko gufata ingingo ziranga ubukerebutsi atari ikintu coroshe. Tuvuge iki ku bijanye n’ingingo zitandukanye tubwirizwa gufata mu buzima? Ingingo nyinshi dufata zirashobora gutuma turoranirwa canke ntituroranirwe, kandi amaherezo zikadushikana ku buzima canke ku rupfu. Twokwiyemeza none gute ko turiko dufata ingingo ziranga ubukerebutsi?

“Iyi ni yo nzira”

Ku musi ku musi, turafata ingingo zijanye n’ivyo turya, ivyo twambara, aho tuja hamwe n’ibindi. Ingingo zimwezimwe zoshobora gusa n’izidahambaye, yamara zoshobora kugira ingaruka zikomeye. Nk’akarorero, igihe umuntu afashe ingingo yo kunywa itabi ari bwo bwa mbere, vyoshobora gutuma acika umunywi w’itabi mu buzima bwiwe bwose. Ntidukwiye kwigera dufata minenegwe ico ingingo zisa n’izidahambaye zivuze.

Ni hehe tworonderera ubuyobozi bwodufasha igihe dufata ingingo, mbere n’igihe zoba zisa n’izidahambaye? Ese ukuntu vyoba bihimbaye hamwe tworonka umuhanuzwajambo wo kwizigirwa aduhanura igihe tubwirizwa gufata ingingo itoroshe! Uwo muhanuzwajambo, urashobora kumuronka. Igitabu kimwe ca kera, yamara kirimwo ubutumwa bukora no muri iki gihe, kivuga giti: “Ni mwakikamira i buryo cank’i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana” (Yesaya 30:21). Ni nde yavuze ayo majambo? Kandi ni igiki gishobora kukwemeza yuko ubuyobozi atanga ari ubwo kwizigirwa?

Uwo muhango tuwusanga muri Bibiliya, iyo abantu amamiliyoni bize maze barabona yuko yahumetswe na Yehova Imana, we Umuremyi (2 Timoteyo 3:16, 17). Yehova arazi uko tumeze. Ku bw’ivyo, ni we soko ntangere ry’ubuyobozi. Arashobora kandi kubona imbere y’igihe ivya kazoza kubera ko ‘ahera kw’itanguriro akavuga ivy’iherezo, agahera no mu bihe vya kera akavuga ibitaraba; akavuga ati Imigabo yanje izohama’ (Yesaya 46:10). Ehe raba ukuntu umwanditsi umwe w’amazaburi yaseruye ingene yizigira Ijambo rya Yehova. Yavuze ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje” (Zaburi 119:105). None ni mu buhe buryo Yehova adufasha kuyobora ingendo yacu muri ino si imeze nk’amazi asurirana, ku buryo tudasoma nturi muri yo? Dushobora gute gufata ingingo mu buryo Imana ishima?

Nushire mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya

Yehova Imana yarahaye abakirisu ingingo ngenderwako kugira ngo zibafashe gufata ingingo zibereye. Kwiga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya no kuzishira mu ngiro bishobora kugereranywa no kwiga ururimi rushasha no kuruvuga. Umaze kumenya neza urwo rurimi, iyo hagize uwuvuga amakosa ajanye n’indimburo yarwo, akenshi urashobora guca uvyumva kubera yuko ivyo aba avuze hari ukuntu biba bidatomoye neza. Hari aho utoshobora gusigura neza na neza muri ivyo bintu uwo muntu ahejeje kuvuga ikosa iryo ari ryo, mugabo urumva ko atari vyo. Igihe wiga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya gushika aho zikunyura, akenshi usanga ushobora kubona ko ingingo yinaka itabereye canke ko idahuje n’ingingo ngenderwako ziva ku Mana.

Zirikana nk’akarorero ingingo umusore umwe yobwirizwa gufata ku bijanye n’ukuntu yokwimosha. Nta tegeko na rimwe ridomako ryo muri Bibiliya ribuza uburyo bunaka bwo kwimosha. Mugabo, rimbura iyi ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ndagomba ko [abagore] bambara imyambaro biberanye, [“babigiranye ukwifata ruto n’ukurorana kw’umuzirikanyi”, NW] kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’izahabu, cank’imaragarita, cank’impuzu z’igiciro kinini, ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga yuko bubaha Imana” (1 Timoteyo 2:9, 10). Paulo ngaha yanditse ku bijanye n’abagore, mugabo iyo ngingo ngenderwako iraba bompi, abagabo n’abagore. None ingingo ngenderwako iri muri ico canditswe ni iyihe? Ukuntu tuboneka gukwiye kugaragaza ukwifata ruto n’ukurorana kw’umuzirikanyi. Uwo musore arashobora rero kwibaza ati: ‘Uburyo nimosha bwoba buza kugaragaza ukwifata ruto kuranga abakirisu?’.

N’ikindi kandi, ni ingingo ngenderwako ngirakimazi iyihe umusore ashobora gukura muri aya majambo y’umwigishwa Yakobo agira ati: “Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ukwankana n’Imana? Nuk’umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana” (Yakobo 4:4). Abakirisu baranka urunuka ivyo gucudika n’isi kuko bituma baca bankana n’Imana. Uburyo imisore yo mu runganwe rwiwe ishima kwimosha bwoba bwotuma uwo musore aboneka ko ari incuti y’Imana canke ko ari incuti y’isi? Igihe rero uwo musore ariko azirikana ku kuntu aza kwimosha, arashobora kwisunga izo ngingo ngenderwako zishingiye kuri Bibiliya kugira ngo afate ingingo iranga ubukerebutsi. Ni vyo, ingingo ngenderwako ziva ku Mana ziradufasha gufata ingingo, kandi igihe dusigaye tumenyereye kuza turafata ingingo tuzisunga, biratworohera gufata ingingo ziranga ubukerebutsi zitazodukwegera akarambaraye.

Ijambo ry’Imana ririmwo ingingo ngenderwako nyinshi. Ariko ntiwumve, hari aho tutoronka icanditswe gihuye neza na neza n’uko ivyacu vyifashe. Yamara turashobora gusoma inkuru zerekeye abantu bamwebamwe bumviye ubuyobozi buva ku Mana be n’izerekeye abandi birengagije imburi zayo (Itanguriro 4:6, 7, 13-16; Gusubira mu vyagezwe 30:15-20; 1 Ab’i Korinto 10:11). Dusomye izo nkuru tukongera tukazirikana ku vyiza vyavuye ku kwumvira ubuyobozi buva ku Mana canke inkurikizi zavuye ku kutabwumvira, turaheza tukibonera ko ingingo ngenderwako ziva ku Mana zishobora kudufasha gufata ingingo ziyihimbara.

Fata nk’akarorero ikiganiro kigufi Yezu Kirisitu yagiranye n’intumwa yiwe Petero. Abatoza ikori rya shekeli zibiri bari babajije Petero bati: “Harya Umwigisha wanyu ntatanga ikigabane ca shekeli?”. Petero yari yishuye ati: “Ego me, aragitanga”. Haciye akanya gatoyi, Yezu yabajije Petero ati: “Abami bo mw isi babugurisha canke batoza abahe? N’ababo canke n’abandi?”. Igihe Petero yishura ati: “N’abandi”, Yezu yamubwiye ati: “Noneh’ababo baracuna. Ariko [kugira ngo] twoye kubatsitaza, genda ku kiyaga, uteremw’igera, wābīre ifi iribubanze gufatwa, uyasamike, urasangamwo shekeli; abe ari yo ujana, uyitange kubganje nawe” (Matayo 17:24-27). Ni ingingo ngenderwako izihe ziva ku Mana dusanga muri iyo nkuru?

Mu kubaza Petero urukurikirane rw’utubazo, Yezu yaramufashije gutahura ko atategerezwa kuriha ikori kubera yuko ari Umwana w’Imana. Naho mu ntango Petero atashoboye gutahura ico kintu, Yezu yaramufashije kubitahura abigiranye ubugwaneza. Mu kwigana Yezu, igihe abandi bakoze ikosa, twohitamwo kubafatana ikibabarwe aho kubaryagagura canke kubacira urubanza.

Petero yarashoboye rero guca abona imvo yatumye bariha iryo kori iyo ari yo, iyo na yo ikaba ari ukudatsitaza abandi. Ng’aho turahigira iyindi ngingo ngenderwako. Kwubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi birahambaye kuruta kwumira ku vyo ubwacu dufitiye uburenganzira.

Ni igiki kituvyurira umutima wo gufata ingingo zerekana ko twubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi? Ni urukundo dukunda bagenzi bacu. Yezu Kirisitu yigishije yuko gukunda bagenzi bacu nk’uko twikunda ari ryo bwirizwa rigira kabiri rihambaye, riza inyuma y’iryo gukunda Imana n’ubugingo bwacu bwose (Matayo 22:39). Ariko rero, tuba mw’isi irangwamwo ubwikunzi, impengamiro dufise zo gukora icaha na zo nyene zikaba zidusunikira ku kugaragaza ako gatima. Rero, kugira ngo umuntu akunde mugenziwe nk’uko yikunda, ategerezwa guhindura umuzirikanyi wiwe ukaba musha.​—Abaroma 12:2.

Benshi baramaze guhindura umuzirikanyi wabo gutyo, kandi igihe bafata ingingo, zaba izihambaye canke izidahambaye cane, barazirikana abandi. Paulo yanditse ati: “Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’urukundo rubatere gukorerana” (Ab’i Galatiya 5:13). Ivyo twobishira mu ngiro gute? Rimbura ivyerekeye umwigeme umwe yagiye mu gasagara kamwe ko mu gihugu hagati gufasha abantu kwiga ivyerekeye Ijambo ry’Imana. Mu kuza araganiriza abantu, yahavuye abona ko impuzu ziwe, naho zaranga ukwifata ruto ufatiye ku kuntu abo mu gisagara yaje avamwo babona ibintu, zari zisigaye ari co kiyago muri ako gasagara. Naho uburyo yambara be n’uburyo yitunganya bwaranga ukwifata ruto, yaciye afata ingingo yo kwambara impuzu zibayabaye “kugira ngw ijambo ry’Imana ntiritukwe”.​—Tito 2:5.

Iyo aba ari wewe, wari kuvyifatamwo gute mu gihe wobwirijwe gufata ingingo yinaka ijanye n’ukuntu witunganya canke ijanye n’ikindi kintu usanga abantu batabona kumwe? Urashobora guhera amazinda ko Yehova azohimbarwa niwafata ingingo zigaragaza ko witwararika ijwi ryo mu mutima ry’abandi.

Nube umuntu abona kure

Turetse ingingo ngenderwako za Bibiliya be n’ijwi ryo mu mutima ry’abandi, ni ikindi kintu ikihe tworimbura igihe dufata ingingo? Naho inzira abakirisu bacamwo igoye kandi ikaba yaga, Imana irabaha umwidegemvyo wo kwihitiramwo batarenga uturimbi yashinze (Matayo 7:13, 14). Turakeneye kuzirikana ku kuntu ingingo dufata, muri kazoza zizogira ico zidukozeko mu vy’impwemu, mu muzirikanyi, mu mutima no ku mubiri.

Dufate ko uriko urazirikana ku bijanye no kwemera akazi kanaka. Kumbure nta kintu giteye kubiri n’inyifato runtu canke kitabereye ubona muri ako kazi ubwako. Ako kazi ntikazokubuza kwitaba amakoraniro ya gikirisu be n’amateraniro. Umushahara uzoba ari mwiza kuruta uko utokwigeze uvyibaza. Umukoresha wawe arashima cane ubuhanga ufise kandi ashaka ko umukorera utiziganya. Bitayeko, urakunda mwene ako kazi. Hoba none hari icokubuza kugakora? Dufate ko ubonye imbere y’igihe yuko uhakwa kuzohava utwarwa cane n’ako kazi. Bakubwiye ko utazogoberwa gukora umwanya wiyongereye. Ariko kugira ngo usozere igikorwa kinaka, woba uzokwemera gukora cane kuruta uko wari ukwiye gukora? Ivyo gukora uwo mwanya wiyongereye vyoba bishobora kuzoza biraba akatari gake? Vyoba bishobora kuzotuma uja kure y’umuryango wawe canke amaherezo ntube ukigira uruhara mu mirimo yo mu vy’impwemu utari ukwiye gusiba na rimwe?

Raba ingene uwitwa Jim yafashe ingingo ihambaye ku bijanye n’akazi kiwe. Yarakora agatama maze mu nyuma araduzwa igarade mw’ikompanyi yakoramwo. Amaherezo, yarabaye umuyobozi ajejwe kugenzura ibikorwa iyo kompanyi yakorera mu bihugu vyo muri Aziya yo mu Buseruko, araba umuyobozi mukuru w’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ry’iyo kompanyi, yongera aba umwe bagize inama y’abayobozi bajejwe ibikorwa vy’iyo kompanyi i Buraya. Ariko rero, igihe ivy’ubutunzi vyagenda nabi mu Buyapani, ni ho yaciye abona ko ata co bimaze gukurikira amahera n’ubukuru. Amahera yari yarabiriye akuya yayonze mu kanya gato. Ntiyari akibona iyo ubuzima bwiwe buja n’iyo buva. Yibajije ati: ‘Nzoba ndiko nkora iki mu myaka cumi iri imbere?’. Yahavuye atahura yuko umugore wiwe n’abana biwe bobo bariko bakurikirana amahangiro ari n’ico avuze mu buzima bwabo. Bari bamaze imyaka n’iyindi bifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Jim yaripfuza ko na we yonezerwa akongera akumva ashize akanyota cokimwe n’umuryango wiwe. Ku bw’ivyo, yaciye atangura kwiga Bibiliya.

Bidatevye, Jim yariboneye ko ukuntu yari abayeho kwamubuza kugira ubuzima buri n’intumbero nka kurya kw’abakirisu. Kwama afata ingendo aja muri Aziya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’i Buraya vyatuma ataronka umwanya uhagije wo kwiga Bibiliya no kwifatanya n’abo basangiye ukwizera. Yabwirijwe gufata ingingo mu guhitamwo kimwe. Yibajije ati: ‘Mbega, mbandanye kubaho nk’uko nahora mu myaka 50 iheze, canke nkurikirane uburyo bushasha bwo kubaho?’. Yarazirikanye ku ngaruka z’igihe kirekire z’ingingo yagira afate arabishira no mw’isengesho, maze ahitamwo guca aheba amabanga y’akazi yari ajejwe, asigara ajejwe ibanga rimwe ryashobora kumuronsa umwanya wo kwitaho ivy’impwemu (1 Timoteyo 6:6-8). Iyo ngingo yafashe yatumye arushiriza guhimbarwa, iramuronsa n’akaryo ko kwitwararika imirimo ya gikirisu.

Ingingo ufata, zaba zihambaye canke zidahambaye cane, ziri n’ico zivuze. Ingingo ufata ubu yoshobora gutuma uroranirwa canke nturoranirwe, mbere ikazogushikana ku buzima canke ku rupfu muri kazoza. Urashobora gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu gihe wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, mu gihe wubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi no mu gihe uzirikana ku ngaruka z’igihe kirekire z’iyo ngingo ugira ufate. Nufate ingingo mu buryo Imana ishima.

[Ifoto ku rup. 13]

Ingingo zisa n’izidahambaye zoshobora kugira inkurikizi zikomeye

[Ifoto ku rup. 14]

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zomufasha gute gufata ingingo mu buryo buranga ubukerebutsi?

[Ifoto ku rup. 15]

Yezu yavugishije Petero n’ikibabarwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika