ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/1 rup. 17-20
  • Nugume ushikamye igihe umwana agararije

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugume ushikamye igihe umwana agararije
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe abana ba Yehova bagarariza
  • Nukorere Yehova amaganya yawe
  • Niwicishe bugufi
  • Nurwanye wa Murwanizi
  • Igihe bibaye ngombwa ko haba ugutozwa indero gukomeye
  • Yehova azogushigikira
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Akamaro k’Ugutoza Abana Indero mu Rukundo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Mu Rugo Mwoba Mufise Umwana w’Umugarariji?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/1 rup. 17-20

Nugume ushikamye igihe umwana agararije

UMUKENYEZI mukirisu umwe dutaziriye Joy yaragerageje kwigisha umwana wiwe gukunda Yehova Imana. Ariko rero, igihe uwo mwana yagera mu myaka ya nyuma y’ubuyabaga, yaragararije maze aromoka. Joy avuga ati: “Naragize intuntu ikomeye ntari bwigere ngira. Numvise mpemukiwe kandi mvunitse umutima nongera ndata umutwe. Nararengewe n’ivyiyumviro bibi”.

Kumbure na wewe woba waragerageje kwigisha abana bawe gukunda Imana no kuyikorera, ariko mu nyuma ukaza ubona muri abo bana, umwe canke abarenga barayiteye akagere. Woshobora gute none kwihanganira uguhemukirwa kubabaje nk’ukwo? Ni igiki cogufasha kuguma ushikamye mu murimo urangurira Yehova?

Igihe abana ba Yehova bagarariza

Ica mbere ukwiye kumenya ni uko Yehova azi neza ukuntu wiyumva. Muri Yesaya 49:15, dusoma duti: “Mbeg’umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira”. Mu vy’ukuri, Yehova agira inyiyumvo nka zirya abavyeyi bagira. Niwiyumvire rero umunezero ategerezwa kuba yaragira igihe abana biwe bose b’abamarayika bamushemeza bakongera bakamukorera. Igihe Yehova yishurira umwe sekuruza w’imiryango Yobu “mu gashururu”, yaributse ibihe bihimbaye yamarana n’umuryango wiwe w’ibiremwa vy’impwemu vyunze ubumwe, avuga ati: “Mbega wewe wari hehe, igihe nashirah’amatanguriro y’isi? . . . Igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zāririmbira hamwe, n’abana b’Imana bose bagasēsereza impundu?”.​—Yobu 38:1, 4, 7.

Haciye igihe, Imana y’ukuri yagiye ibona umwana wayo w’umumarayika atunganye agarariza maze acika Shetani bisobanura “Umurwanizi”. Yehova yagiye abona kandi umwana wiwe wa mbere wo kw’isi Adamu be n’umugore wiwe atunganye Eva bifatanya n’uwo Shetani muri ubwo bugarariji (Itanguriro 3:1-6; Ivyahishuriwe 12:9). Mu nyuma, abandi bana b’abamarayika “bā[ra]taye ahantu habo” baragarariza Imana.​—Yuda 6.

Ivyanditswe ntibitubwira ukuntu Yehova yumvise amerewe igihe bamwe mu bana biwe batunganye bagarariza. Ariko rero, Bibiliya iravuga mu buryo budomako iti: “Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo. Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima” (Itanguriro 6:5, 6). Ubugarariji bw’ igisata Yehova yitoranirije, ari co Isirayeli, na bwo nyene ‘bwaramubabaje’ bwongera ‘buramuratsa’, ari kwo kumutuntuza.​—Zaburi 78:40, 41.

Nta nkeka rero ko Yehova agirira impuhwe abavyeyi bafise intuntu n’umubabaro biterwa n’inyifato y’ubugarariji y’abana babo. Ijambo ryiwe Bibiliya ririmwo impanuro ngirakamaro be n’indemesho yatanze kugira ngo bifashe mwene abo bavyeyi kuvyifatamwo neza muri iyo ngorane baba barimwo. Imana ibahimiriza kuyikorera amaganya yabo, kwicisha bugufi no kurwanya Shetani wa Murwanizi. Reka turabe ukuntu gukurikiza izo mpanuro bishobora kugufasha kuguma ushikamye igihe umwana wawe agararije.

Nukorere Yehova amaganya yawe

Yehova arazi ko ari ibintu bike usanga bituma abavyeyi bagira amaganya menshi kuruta ayo bagira igihe bamenye yuko abana babo bahakwa kwigirira nabi canke kugirirwa nabi n’abandi. Intumwa Petero arashira ahabona uburyo bumwe bwofasha umuntu kuvyifatamwo neza muri uwo mwitwarariko be no mu yindi. Yanditse ati: ‘Mukorere [Yehova] amaganya yanyu yose, kuko abababara’ (1 Petero 5:7). Ni kubera iki ako kamo be n’ukwo gusubirizwa umutima mu nda bihambaye canecane ku bavyeyi bafise umwana yagararije?

Igihe umwana wawe yari akiri muto, waritwararika kumukingira ivyohava bituma agwa mu kaga, kandi ashobora kuba yarakira neza ubuyobozi wamuha buranga urukundo. Ariko rero, amaze gukura hari aho ubushobozi umufiseko bwoba bwaragabanutse ariko icipfuzo gikomeye ufise co kumukingira ngo ntamererwe nabi coco nticagabanutse. Ahubwo nyabuna gishobora kuba carongerekanye.

Ico ivyo bishobora kuvamwo ni uko mu gihe umwana wawe agararije maze akamererwa nabi mu vy’impwemu, mu mutima no ku mubiri, woshobora kwitako umwikomo ngo ni we wabiteye. Ukwo ni ko Joy, umwe twavuga mu ntango, yumvise amerewe. Avuga ati: “Buri musi, kubera ko natuntuzwa cane no kubona ko ata co nashitseko, naguma niyumvira ivyari vyarabaye muri kahise”. Mu bihe nk’ivyo ni ho canecane Yehova aba yipfuza ko ‘umukorera amaganya yawe yose’. Ubigenjeje gutyo, araheza akagufasha. Umwanditsi wa zaburi yavuze ati: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa” (Zaburi 55:22). Joy yarironkeye mwene ukwo guhumurizwa. Asigura ati: “Narabwiye Yehova ndamuyagira kigenzi ikintu cose kitagenda neza muri jewe. Naramuseruriye inyiyumvo zanje zose, kandi narumvise nduhuriwe cane”.

Kubera ko uri umuvyeyi adatunganye, ushobora kuba waragiye uragira amakosa mu kurera umwana wawe. Ariko none, ni kubera iki woguma wiyumvira ayo makosa gusa? Biboneka ko Yehova ataguma yiyumvira amakosa gusa, kubera yuko umwanditsi wa zaburi, ahumekewe n’Imana, yaririmvye ati: Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3). Mbere n’iyo wari kuba uri umuvyeyi atunganye, na ho nyene umwana wawe yari gushobora kugarariza. Ku bw’ivyo, nuserurire Yehova mw’isengesho ukuntu wiyumva, maze azoheza agufashe kuvyifatamwo neza. Yamara rero, kugira ngo wewe ubwawe ugume ushikamye mu gukorera Yehova wongere wirinde kugwa mu mutego wa Shetani, hari n’ibindi utegerezwa gukora.

Niwicishe bugufi

Petero yanditse ati: “Mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ibashire hejuru mu gihe gikwiye” (1 Petero 5:6). Ni kubera iki ukeneye kwicisha bugufi igihe umwana wawe agararije? Uretse ko kugira umwana w’umugarariji bituma wiyagiriza ukagira n’intuntu, birashobora no gutuma wumva hari ukuntu ugize ubuyega. Ushobora kuba urajwe ishinga n’uko ivyo umwana wawe yakoze vyasize iceyi umuryango, canecane mu gihe vyoba vyabaye ngombwa ko acibwa mw’ishengero rya gikirisu. Ukwumva wiyagirije n’ukwumva ko usuzuguritse vyoshobora gutuma ucika intege ntiwitabe amakoraniro ya gikirisu.

Kugira ngo uvyifatemwo neza igihe ibintu vyifashe gutyo, urakeneye gukoresha ubukerebutsi ngirakimazi. Mu Migani 18:1 hagabisha hati: “Uwigungira ukwiwe aba arondera ivyo yiharije gusa, kand’arwanya inama nziza zose”, canke ubukerebutsi ngirakimazi. Niwitaba amakoraniro ya gikirisu udahorereza, naho uri mu mubabaro, uzoshobora kuronka ubuyobozi be n’indemesho bihambaye. Joy yiyemerera ibi: “Mu ntango numva ata muntu n’umwe nshaka ko duhuza amaso. Ariko nariyibukije akamaro k’imirimo yanje yo mu vy’impwemu. Bisubiye, iyo nguma i muhira, nari kuguma niyumvira ibijanye n’ingorane zanje gusa. Amakoraniro yaramfashije kuguma niyumvira ibintu vyubaka vyo mu vy’impwemu. Ndakenguruka cane kubona ntigungiye ukwanje ngo mpombe imfashanyo zirangwa urukundo z’abavukanyi n’abavukanyikazi banje”.​—Abaheburayo 10:24, 25.

Uribuka kandi yuko umuntu wese mu bagize umuryango ategerezwa ‘kwikorera uwiwe mutwaro’ ku bijanye n’amabanga ya gikirisu ajejwe (Ab’i Galatiya 6:5). Yehova yiteze ko abavyeyi bakunda bakongera bagatoza indero abana babo. Yiteze kandi ko abana bumvira bakongera bakubaha abavyeyi babo. Nimba abavyeyi bakora uko bashoboye kwose kugira ngo barere abana babo ‘babahana babahanura uko Umwami wacu agomba’, abo bavyeyi bazokwironkera izina ryiza ku Mana (Abanyefeso 6:1-4). Mu gihe na ho umwana agararije ntiyumvire indero iranga urukundo ahabwa n’abavyeyi biwe, izina ryiwe ni ryo rizosigwa iceyi. Mu Migani 20:11 havuga hati: “Kandi n’umwana amenyekanira ku vyo akora, kw ingeso ziwe zizotungana zikaba nziza”. Nta gukeka ko ubugarariji bwa Shetani butagize ikintu na kimwe bwonona ku bijanye n’ukuntu abazi neza ivyabaye basanzwe babona Yehova.

Nurwanye wa Murwanizi

Petero yagabishije ati: “Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa” (1 Petero 5:8). Nka kurya kw’intambwe, Shetani arakunda gukarira abakiri bato n’abatazi utuntu n’utundi. Mu bihe vya kera, intambwe zaritembereza muri Isirayeli kandi zarageramira ibitungwa. Igihe akagazi k’intama kaba kariko karitembereza katari mu mukuku, karashobora gucakirwa bitagoranye. Intama yarashobora guhakwa ubuzima bwayo itanabizi mu kugerageza gukingira akagazi kayo. Ushima, mbere n’intama ikuze ntiyashobora guhangara intambwe. Ku bw’ivyo rero, hari hakenewe abungere b’abarindutsi kugira ngo bakingire uwo mukuku.​—1 Samweli 17:34, 35.

Kugira ngo Yehova akingire intama ziwe zo mu buryo bw’ikigereranyo “intambge yivuga”, yarashizeho abungere bo mu buryo bw’impwemu kugira bitwararike ubusho bari munsi y’ubuyobozi bw’“Umwungere mukuru”, Yezu Kristu (1 Petero 5:4). Petero ahimiriza mwene abo bagabo bagenywe ati: “Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo” (1 Petero 5:1, 2). Abo bungere, babifashijwemwo na mwebwe abavyeyi, boshobora gufasha uwukiri muto gukosora ingendo yiwe mu buryo bw’impwemu.

Igihe abungere bakirisu bakeneye guhanura umwana wawe yagararije, woshobora kwumva wipfuje cane kumukingira ikibaba ngo ntatozwe iyo ndero. Yamara rero, kubigenza gutyo ryoba ari ikosa rikomeye cane. Petero yavuze ati: ‘Murwanye Shetani’, ntiyavuze ngo murwanye abungere bo mu buryo bw’impwemu.​—1 Petero 5:9.

Igihe bibaye ngombwa ko haba ugutozwa indero gukomeye

Nimba umwana wawe atigaya kandi akaba ari umukirisu yabatijwe, yoshobora gutozwa indero mu buryo bukomeye cane, ni ukuvuga agacibwa mw’ishengero. Imigenderanire mwogirana n’uwo mwana yovana n’imyaka afise be n’ukuntu ibintu vyoba vyifashe.

Nimba uwo mwana akiri muto kandi akaba aba i muhira, birumvikana ko uzobandanya kwitwararika kumuronsa ivyo akeneye mu vy’umubiri. Arakeneye kandi kwigishwa ibijanye n’inyifato runtu no gutozwa indero, kandi urafise ibanga ryo kubigira (Imigani 1:8-18; 6:20-22; 29:17). Hari aho woshima kumuyoborera inyigisho ya Bibiliya kandi akayigiramwo uruhara. Urashobora kwerekeza ivyiyumviro vyiwe ku vyanditswe bitandukanye be no ku bisohokayandikiro bitangwa na wa “mushumba wo kwizigirwa kandi w’ubgenge” (Matayo 24:45). Urashobora no kujana n’uwo mwana ku makoraniro ya gikirisu kandi mukicarana. Ivyo vyose ukwiye kubigira wizigiye yuko azokurikiza impanuro zo mu Vyanditswe.

Ivyo si ko vyogenda igihe uwaciwe mw’ishengero atari uwukiri muto kandi akaba ataba i muhira. Intumwa Paulo yahanuye abakirisu b’i Korinto ha kera ati: “[Ntimwivange] n’uwitwa mwene Data, namb’ar’umusambanyi, cank’uwifuza, cank’ūsenga ibigirwamana, cank’ūtukana, cank’ūborerwa, cank’umunyazi: ūmeze artyo, no gusangira ntimugasangire na we” (1 Ab’i Korinto 5:11). Naho gutunganya ibibazo binaka vyo mu muryango biba bikenewe gutorerwa umuti vyoshobora gusaba ko umuntu abonana n’uwaciwe, umuvyeyi mukirisu akwiye kugerageza kwirinda kubonana na we bidakenewe.

Igihe umwana yahuvye atojwe indero n’abungere bakirisu, ntivyoba biranga ubukerebutsi wiyamirije canke ufatiye mu rwara igikorwa baranguye gishingiye kuri Bibiliya. Hamwe woshigikira umwana wawe yagararije, ntiwoba uriko uramukingira Shetani nya kumukingira. Mu bisanzwe, woba uriko urashira mu kaga amagara yawe yo mu buryo bw’impwemu. Ariko, niwashigikira utwigoro abo bungere bagira, uzoguma ufise “ukwizera gushikamye” kandi uzoba ufashije umwana wawe mu buryo bwiza kuruta.​—1 Petero 5:9.

Yehova azogushigikira

Nka hamwe umwana wawe yogarariza, uribuka yuko atari wewe bishikiye gusa. Hari n’abandi bavyeyi bakirisu vyashikiye. Naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, Yehova arashobora kudushigikira.​—Zaburi 68:19.

Niwiheke kuri Yehova mw’isengesho. Niwifatanye n’ishengero rya gikirisu udahorereza. Nushigikire ugutozwa indero gutangwa n’abungere bagenywe. Niwabigenza gutyo, uzoshobora kuguma ushikamye. N’ikindi kandi, akarorero keza utanga koshobora gufasha umwana wawe kwitaba akamo karanga urukundo Yehova amutera ko kugaruka kuri we.​—Malaki 3:6, 7.

[Amafoto ku rup. 18]

Nukomezwe n’isengesho be n’ishengero rya gikirisu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika