Tube intahemuka kuri Kristu no kuri wa mushumba wiwe wo kwizigirwa
“Shebuja . . . azomuha kugaba ivy’afise vyose”.—MATAYO 24:45-47.
1, 2. (a) Ivyanditswe bivuga yuko Indongozi yacu ari nde? (b) Ni igiki cerekana ko Kristu ayobora ishengero rya gikirisu adakubita urugohe?
“NTIMUKITWE ‘indongozi’, kuko Indongozi yanyu ari imwe, ni Kristu” (Matayo 23:10, NW). Igihe Yezu yavuga ayo majambo, yari akuriye inkoni ku gishitsi abayoboke biwe yuko ata muntu n’umwe wo kw’isi yobaye indongozi yabo. Indongozi yabo yobaye iyo mw’ijuru, ni ukuvuga Yezu Kristu ubwiwe. Imana ni yo yagenye Yezu ngo abe Indongozi. Yehova “yamuzu[ye] mu bapfuye . . . [a]muha ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose, ni ryo mubiri wiwe”.—Abanyefeso 1:20-23.
2 Kubera yuko mw’ishengero rya gikirisu Kristu ari we “mutwe wo gusumba vyose”, arafise ububasha ku bintu vyose bibera muri ryo. Nta kintu na kimwe kibera mw’ishengero kimucika. Arihweza neza ukuntu umugwi uwo ari wo wose w’abakirisu, ni ukuvuga ishengero iryo ari ryo ryose, wifashe mu vy’impwemu. Ivyo bigaragarira neza mu vyo intumwa Yohani yahishuriwe mu mpera y’ikinjana ca mbere G.C. Ku bijanye na ya mashengero indwi, Yezu yaravuze incuro zitanu zose ko yari azi ibikorwa vyayo, aho yari akomeye be n’aho yagoyagoya, maze aca atanga impanuro be n’indemesho buri shengero ryari rikeneye (Ivyahishuriwe 2:2, 9, 13, 19; 3:1, 8, 15). Turashobora kwemera tudakeka ko Kristu yari azi neza n’ukuntu ayandi mashengero yo muri Aziya Ntoya, Palesitina, Siriya, Babiloni, Ubugiriki, Ubutaliyano be n’ahandi, yari yifashe mu vy’impwemu (Ivyakozwe n’intumwa 1:8). Tuvuge iki ku bijanye n’ay’iki gihe?
Umushumba wo kwizigirwa
3. Ni kubera iki bibereye ko Kristu agereranywa n’umutwe, ishengero ryiwe na ryo rikagereranywa n’umubiri?
3 Inyuma y’aho Yezu azukiye be n’imbere gato y’uko aduga mw’ijuru kwa Se, yabwiye abigishwa biwe ati: “Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi”. Yongeyeko ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi” (Matayo 28:18-20). Ivyo bisobanura yuko yogumye ari kumwe na bo ari Umutwe wabo, akabayobora adakubita urugohe. Mu makete intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Efeso be n’ab’i Kolosayi, yagereranije ishengero rya gikirisu n’“umubiri”, Kristu na we akaba ari we Mutwe wawo (Abanyefeso 1:22, 23; Ab’i Kolosayi 1:18). Igitabu kimwe c’ivya Bibiliya (The Cambridge Bible for Schools and Colleges) kivuga yuko iyo mvugo mberanya “iterekana gusa yuko kugiranira ubumwe n’Umutwe bihambaye cane, ariko kandi yerekana ko ivyo Umutwe ugomba bikorwa biciye ku [bindi] bihimba. Ni ibikoresho vyawo”. None ni bande bagize umugwi Kristu yakoresheje kuva aho yimikiwe mu bubasha bw’Ubwami mu 1914?—Daniyeli 7:13, 14.
4. Nk’uko vyari vyaravuzwe mu buhanuzi bwa Malaki, Yehova na Kristu Yezu basanze ibintu vyifashe gute igihe baza gusuzuma urusengero rwo mu buryo bw’impwemu?
4 Ubuhanuzi bwo muri Malaki bwaravuze yuko Yehova, we “Mwami [w’ukuri]”, ari kumwe n’“intumwa [yiwe] y’isezerano”, ni ukuvuga Umwana wiwe yari aherutse kwimikwa, ari we Kristu Yezu, yoje guca urubanza no gusuzuma “urusengero” rwiwe, ari rwo nzu yo mu buryo bw’impwemu yo gusengeramwo. Biboneka ko mu 1918 ari ho “igihe [“cashinzwe”, NW] c’uk’urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana” cashikaa (Malaki 3:1; 1 Petero 4:17). Ico gihe abivugisha ngo baserukira Imana ngaha kw’isi kandi ngo bayisenga mu buryo yemera, barasuzumwe ata gufyina. Amadini y’abiyita abakirisu, ayari amaze ibinjana n’ibindi yigisha inyigisho zidahesha Imana icubahiro kandi akaba yari yaragize uruhara rukomeye mu bwicanyi bwabaye mu Ntambara ya mbere y’isi yose, yariyamirijwe. Amasigarira y’abakirisu b’intahemuka basizwe impwemu yarageragejwe, arakurwamwo inkamba nka kurya umuriro uvugutira ubutare, maze aremerwa, Yehova aca abona ko ari abantu ‘bamushikanira amashikanwa mu bugororotsi’.—Malaki 3:3.
5. Mu buryo buhuje n’ubuhanuzi bwa Yezu bujanye n’“ukuhaba” kwiwe, ni bande vyagaragaye ko ari bo bagize umugwi wa wa “mushumba”?
5 Mu buryo buhuje n’ubuhanuzi bwa Malaki, mu bigize ikimenyetso Yezu yahaye abigishwa biwe vyobafashije kumenya igihe c’“ukuhaba kw[i]we n’ic’insozero y’ivy’isi” (NW), harimwo n’ivyobafashije kumenya umugwi w’“umushumba” uwo ari wo. Yezu yavuze ati: “None ni nde mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw [“abahe ibifungurwa ku gihe kibereye”, NW]? Hahirwa uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora artyo. Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’afise vyose” (Matayo 24:3, 45-47). Igihe Kristu ‘yagaruka’ mu 1918 aje gusuzuma uwo “mushumba”, yasanze kuva mu 1879 amasigarira y’abigishwa b’intahemuka basizwe impwemu bariko barakoresha iki kinyamakuru be n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya kugira ngo batange “ibifungurwa [vyo mu buryo bw’impwemu] ku gihe kibereye”. Yaremeye ko ari bo bagize umugwi akoresha, ari wo “mushumba”, maze mu 1919 abazeza guhagarikira ivyo afise kw’isi vyose.
Ahagarikiye ivyo Kristu afise kw’isi
6, 7. (a) Igihe Yezu yavuga ivyerekeye “umushumba” wiwe wo kwizigirwa, ni iyindi mvugo iyihe yakoresheje? (b) Yezu yashaka kwerekana iki mu gukoresha ijambo “umubgiriza”?
6 Amezi makeyi imbere y’uko Yezu ashikiriza ubwo buhanuzi bwerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe, harimwo n’ivy’uko hobaye hariho “umushumba” amuserukira ngaha kw’isi, yaravuze ivy’uwo “mushumba” akoresheje imvugo itandukanye gatoyi n’iyo yari yakoresheje ubwa mbere, iyo na yo ikaba yarashize ahabona amabanga uwo mushumba yojejwe. Yezu yavuze ati: “Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana [“abasuku biwe”, UB], ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze? Ndababgira ukuri yukw azomuha kugaba ivy’afise vyose”.—Luka 12:42, 44.
7 Muri ico canditswe, wa mushumba yitwa umubwiriza, iryo rikaba ari ijambo ryahinduwe rikuwe mu kigiriki risobanura ngo “umuhagarikizi w’urugo canke w’itongo”. Umugwi w’uwo mubwiriza ntiwobaye gusa ari umugwi ugizwe n’abantu b’incabwenge basigura ivyiyumviro vyo muri Bibiliya bibahimbara. Uretse ko uwo “mubgiriza wo kwizigirwa” yotanze ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu “igihe kigeze”, ni ukuvuga ku gihe kibereye, yoshinzwe kandi kugaba abasuku ba Kristu bose no guhagarikira ivyo Kristu “afise vyose” kw’isi. Uti none ni ibihe?
8, 9. Ni ibintu ibihe Yezu “afise” wa mushumba yashinzwe guhagarikira?
8 Mu mabanga uwo mushumba ajejwe harimwo no gucungera inyubakwa zikoreshwa n’abayoboke ba Kristu mu kwitwararika imirimo ya gikirisu barangura, nk’inyubakwa zo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, inyubakwa z’ibiro vyabo vy’amashami be n’inyubakwa basengeramwo, ni ukuvuga Ingoro z’Ubwami n’Ingoro z’Amateraniro, biri hirya no hino kw’isi. Igihambaye kuruta, uwo mushumba arahagarikira porogarama zubaka zo mu buryo bw’impwemu zijanye n’ukwiga Bibiliya ku makoraniro agirwa ku ndwi ku ndwi, ku materaniro be no ku mahwaniro aza aragirwa uko haciye igihe kinaka. Muri ivyo biringo vyose vyo gukoranira hamwe, haravugwa ibijanye n’iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, hakongera hagatangwa ubuyobozi buhuye n’igihe bwerekana ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zoshirwa mu ngiro mu buzima bwa misi yose.
9 Uwo mubwiriza ajejwe kandi ibanga ryo guhagarikira igikorwa gihambaye cane co kwamamaza “ubu butumwa bgiza bg’ubgami” no guhindura “abantu bo mu mahanga yose abigishwa”. Ivyo bisaba kwigisha abantu kwitondera ibintu vyose Kristu, we Mutwe w’ishengero, ategeka gukora muri iki gihe c’iherezo (Matayo 24:14; 28:19, 20, NW; Ivyahishuriwe 12:17). Ico gikorwa co kwamamaza no kwigisha abantu catumye haboneka “ishengero ryinshi” rigizwe n’abagenzi b’intahemuka ba ya masigarira y’abasizwe. Nta nkeka ko ivyo bintu “vy’igiciro vyo mu mahanga yose” biri mu bintu vy’agaciro Kristu “afise” bihagarikiwe na wa mushumba wo kwizigirwa.—Ivyahishuriwe 7:9; Hagayi 2:7.
Inama Nyobozi iserukira uwo mushumba
10. Ni umugwi uwuhe wafata ingingo mu kinjana ca mbere, kandi vyagize ico bikoze gute ku mashengero?
10 Uravye amabanga aremereye uwo mushumba wo kwizigirwa yajejwe, biboneka ko vyobaye ngombwa yuko afata ingingo nyinshi. Mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango, intumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu ni bo baserukira umushumba, bagafata ingingo ziraba ishengero ryose rya gikirisu (Ivyakozwe n’intumwa 15:1, 2). Ingingo zafatwa n’iyo nama nyobozi yo mu kinjana ca mbere, zaramenyeshwa amashengero biciye ku makete no ku baserukizi b’ingenzi. Abakirisu bo mu ntango barahimbarwa no kuronka ubwo buyobozi butomoye, kandi kuba barasenyera ku mugozi umwe n’iyo nama nyobozi vyatuma haba amahoro n’ubumwe.—Ivyakozwe n’intumwa 15:22-31; 16:4, 5; Ab’i Filipi 2:2.
11. Ni bande Kristu ariko arakoresha muri iki gihe mu kuyobora ishengero ryiwe, kandi dukwiye kubona gute uwo mugwi w’abakirisu basizwe?
11 Nk’uko vyari biri igihe ubukirisu bwatangura, muri iki gihe umugwi mutoyi w’abacungezi basizwe impwemu ni wo ugize Inama Nyobozi y’abayoboke ba Kristu bo kw’isi. Kristu, we Mutwe w’ishengero, abicishije ku “kuboko kwiwe kw’iburyo” kw’ububasha akoresha, arayobora abo bagabo b’intahemuka uko bahagarikira igikorwa c’Ubwami (Ivyahishuriwe 1:16, 20). Uwitwa Albert Schroeder, uwari amaze igihe kinini cane ari mu bagize Inama Nyobozi akaba aherutse kurangiza ubuzima bwiwe bwo ngaha kw’isi, mu nkuru yiwe y’ubuzima yanditse ati: “Inama Nyobozi yama ikorana imisi yose ku wa gatatu, igatangura n’isengesho isaba ubuyobozi bw’impwemu ya Yehova. Haragirwa akigoro gakomeye kugira ngo ikibazo cose gitorewe umuti be n’ingingo yose ifashwe bibe bihuje n’Ijambo ry’Imana Bibiliya”b. Turizigira abo bakirisu basizwe b’intahemuka. Ku bijanye canecane n’abagize Inama Nyobozi, dukwiye gukurikiza iri tegeko intumwa Paulo yatanze, rigira riti: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu”.—Abaheburayo 13:17, NW.
Tugaragarize wa mushumba wo kwizigirwa icubahiro kibereye
12, 13. Ni imvo izihe zo mu Vyanditswe zituma tugaragariza umugwi w’umushumba icubahiro?
12 Imvo nyamukuru yotuma tugaragariza umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa icubahiro kibereye ni iy’uko tubigize tuba mu vy’ukuri tugaragarije icubahiro Shebuja, ari we Yezu Kristu. Paulo yanditse ku bijanye n’abo basizwe ati: “Uwahamagawe . . . ar’uwidegemvya, aba acitse umugurano wa Kristo. Mwaguzwe igiciro” (1 Ab’i Korinto 7:22, 23; Abanyefeso 6:6). Ku bw’ivyo, igihe dukurikije tudahemuka ubuyobozi butangwa n’uwo mushumba wo kwizigirwa be n’Inama Nyobozi iwuserukira, tuba turiko turayobokera Kristu, we Shebuja w’uwo mushumba. Kwubaha mu buryo bubereye uwo mushumba Kristu akoresha mu guhagarikira ibintu vyiwe vyo kw’isi ni bumwe mu buryo bwo kwerekana ko “[twatura] yuko Yesu Kristo [“ari Umukama”, UB], ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro”.—Ab’i Filipi 2:11.
13 Iyindi mvo yo mu Vyanditswe yerekana igituma dukwiye kugaragariza icubahiro wa mushumba wo kwizigira ni uko abakirisu basizwe bakiri kw’isi bavugwa mu buryo bw’ikigereranyo ko ari “urusengero” Yehova abamwo “biciye mu mpwemu”. Ku bw’ivyo rero, ni “abera” (1 Ab’i Korinto 3:16, 17; Abanyefeso 2:19-22, NW). Abagize urwo rusengero rwera ni bo Yezu yajeje ivyo afise kw’isi, ivyo bikaba bisobanura ko mw’ishengero rya gikirisu hariho ibintu bimwebimwe birekuriwe gusa abo bantu bagize umugwi w’umushumba, hakaba n’amabanga amwamwe ari bo gusa araba. Ku bw’iyo mpamvu, abagize ishengero bose babona ko gukurikiza no gushigikira ubuyobozi butangwa n’uwo mushumba wo kwizigirwa be n’Inama Nyobozi iwuserukira, ari ibanga ryeranda bajejwe. Mu vy’ukuri, abagize “izindi ntama” babona ko gushigikira umugwi wa wa mushumba mu kwitwararika ivyo Shebuja afise, ari agateka ntangere batewe.—Yohana 10:16.
Dushigikire umushumba wo kwizigirwa tudahemuka
14. Nk’uko Yesaya yabivuze, abagize izindi ntama bakurikira gute abagize wa mugwi w’umushumba basizwe, kandi ni mu buryo ki ari “abakozi badahembwa”?
14 Yesaya yari yaravuze yuko abagize izindi ntama boyobokeye abasizwe bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu bicishije bugufi, ati: “Uku ni k’Uhoraho agize, at’Abakozi [“badahembwa”, NW] ba Egiputa n’abadandaza ba Etiyopiya n’abagabo barebare b’i Sabe bazoza bagukomere amashi, bazoba abawe, bagukurikire, bazoza bari mu minyororo, bakwikubite imbere, bagutakambire, bati N’ukuri Imana iri muri wewe, kandi nta yindi iriho, nta yindi Mana” (Yesaya 45:14). Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, abagize izindi ntama muri iki gihe barakurikira abagize wa mugwi w’umushumba basizwe be n’Inama Nyobozi iwuserukira, ivyo bikaba bisobanura yuko bakurikiza ubuyobozi batanga. Kubera ko abagize izindi ntama bameze nk’“abakozi badahembwa”, baratanga babikunze inguvu zabo be n’ivyo batunze mu gushigikira igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose Kristu yashinze abayoboke biwe basizwe bari kw’isi.—Ivyakozwe n’intumwa 1:8; Ivyahishuriwe 12:17.
15. Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 61:5, 6 buvuga gute ibijanye n’ubucuti buri hagati y’abagize izindi ntama be n’abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu?
15 Abagize izindi ntama barahimbarwa no gusukurira Yehova bahagarikiwe n’umugwi wa wa mushumba be n’Inama Nyobozi iwuserukira, kandi ivyo barabikenguruka cane. Baremera yuko abasizwe ari “Abisirayeli b’Imana” (Ab’i Galatiya 6:16). Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, abagize izindi intama ni “abanyamahanga” bifatanya na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, bakaba basukura banezerewe ari ‘abaragira imikuku’ be n’‘abakorera imirima y’inzabibu’ bayobowe n’abasizwe, ari bo “baherezi b’Uhoraho” bakaba n’“abasavyi b’Imana” (Yesaya 61:5, 6). Barakorana umwete mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no mu guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa. Barashigikira n’umutima wabo wose umugwi w’umushumba mu kuragira no mu kugaburira abashasha bameze nk’intama.
16. Ni igiki gituma abagize izindi ntama bashigikira badahemuka wa mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge?
16 Abagize izindi ntama baratahura yuko bungukira cane ku twigoro tudasanzwe umushumba wo kwizigirwa agira mu kubaronsa ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biza hageze. Bariyemerera bicishije bugufi yuko iyo hataba uwo mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge, bobaye bazi bike canke mbere ntibabe bazi na kimwe ku bijanye n’ukuri kw’agaciro kwo muri Bibiliya, nk’akarorero ukuri kwerekeye ubusegaba bwa Yehova, ukwezwa kw’izina ryiwe, Ubwami, ijuru risha n’isi nsha, ivy’uko ngo abantu boba bafise igihimba kitaboneka kandi kidapfa, ukuntu abapfuye bamerewe, Yehova n’Umwana wiwe abo ari bo koko, n’impwemu yera ico ari co. Abagize izindi ntama, babitumwe n’ugukenguruka kugera kure kandi badahemuka, barashigikira babigiranye urukundo ‘bene se’ ba Kristu basizwe bakiri kw’isi muri iki gihe c’iherezo.—Matayo 25:40.
17. Inama Nyobozi yabonye ko vyoba vyiza hakozwe iki, kandi ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
17 Kubera ko igitigiri c’abasizwe kigenda kiragabanuka, ntivyoshoboka ko baba mu mashengero yose kugira ngo biyemeze neza yuko ivyo Kristu afise bihagarikiwe neza. Ni co gituma Inama Nyobozi igena abagabo bo mu bagize izindi ntama kugira ngo bahagarikire ibiro vy’amashami, intara, imizunguruko, be n’amashengero vy’Ivyabona vya Yehova. Ukuntu tubona abo bungere batobato kwoba kugira ico gukoze ku kuntu tuyobokera Kristu n’umushumba wiwe wo kwizigirwa tudahemuka? Ivyo ni vyo birimburwa mu kiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Wipfuza kumenya vyinshi kuri ivyo, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 2004, urupapuro rwa 13-18, be n’uwo ku wa 1 Kigarama 1992, urupapuro rwa 7.
b Yasohowe mu nomero y’iki kinyamakuru (mu gifaransa) yo ku wa 1 Ntwarante 1988, urupapuro rwa 10-17.
Isubiramwo
• Indongozi yacu ni nde, kandi ni igiki cerekana yuko azi neza ukuntu amashengero amerewe?
• Igihe “urusengero” rwasuzumwa, ni bande bariko barakora bagize wa mushumba wo kwizigirwa, kandi ni ibiki baciye bazezwa guhagarikira?
• Ni imvo izihe zo mu Vyanditswe zotuma dushigikira wa mushumba wo kwizigirwa tudahemuka?
[Amafoto ku rup. 23]
Mu vyo Yezu “afise” bicungerwa na wa “mubgiriza” harimwo ivyo ishirahamwe ritunze, porogarama zo mu vy’impwemu be na ca gikorwa co kwamamaza
[Ifoto ku rup. 25]
Abagize izindi ntama barashigikira umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa mu kwamamaza babigiranye umwete