Yehova araha agaciro ukugamburuka kwawe
“Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje”.—IMIGANI 27:11.
1. Ni agatima akahe gakwiragiye mu bantu muri iki gihe?
A GATIMA k’ubwigenge n’ukugambarara karakwiragiye mw’isi muri kino gihe. Intumwa Paulo arasigura mw’ikete yandikiye abakirisu b’i Efeso igituma ibintu vyifashe ukwo, mu kuvuga ati: “Kera, [mwagenda] nk’ukw ivy’iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa” (Abanyefeso 2:1, 2). Mu vy’ukuri, Shetani wa Mubesheranyi, we “mwami w’abaganza ikirēre”, ni we woshobora kuvuga ko yanduje isi yose ako gatima k’ukugambarara. Yariko abigenza gutyo mu kinjana ca mbere, kandi kuva aho yirukaniwe mw’ijuru nk’amaja mu gihe ca ya Ntambara ya mbere y’isi yose, aramaze igihe ariko abigenza gutyo mbere ku rugero runini kuruta.—Ivyahishuriwe 12:9.
2, 3. Ni impamvu izihe zotuma tugamburukira Yehova?
2 Ariko rero, twebwe abakirisu turazi yuko Yehova Imana ari we dukwiriye kugamburukira tubikuye ku mutima kubera ko ari we Muremyi wacu, Muzigamyi w’ubuzima bwacu, Segaba munyarukundo, akaba na we Murokozi wacu (Zaburi 148:5, 6; Ivyakozwe n’intumwa 4:24; Ab’i Kolosayi 1:13; Ivyahishuriwe 4:11). Abisirayeli bo mu gihe ca Musa bari bazi ko Yehova ari we Mutanzi w’ubuzima bwabo akaba na we Murokozi wabo. Ku bw’ivyo, Musa yababwiye ati: “Muze mwitondere ivyo Uhoraho Imana yanyu yababariye” (Gusubira mu vyagezwe 5:32). Emwe, Yehova ni we bari bakwiye kugamburukira! Yamara, ntibatevye kugambararira Segaba wabo.
3 Kuba tugamburukira Umuremyi w’ibiri kw’isi no mw’ijuru bihambaye ku rugero rungana iki? Igihe kimwe Imana yatumye umuhanuzi Samweli kubwira Umwami Sauli, ati: “Kwumvira gusumba ibimazi” (1 Samweli 15:22, 23). Kubera iki kwumvira, ari kwo kugamburuka, gusumba ibimazi?
Ukuntu ukugamburuka “gusumba ibimazi”
4. Ni mu buryo ki dushobora kugira ico duhaye Yehova?
4 Kubera ko Yehova ari we Muremyi, ibintu vyose vy’umubiri bisanzwe ari ivyiwe. Ko bimeze gutyo, hoba hari ikintu na kimwe dushobora kumuha? Ego cane kirahari. Turashobora kumuha ikintu c’agaciro kanini cane. Uti none ni igiki? Inyishu dushobora kuyisanga muri iyi nkeburo igira iti: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka” (Imigani 27:11). Ukugamburuka kwacu ni co kintu dushobora guha Imana. Naho uko ivyacu vyifashe usanga gutandukanye kandi tukaba twakuriye mu bintu bitandukanye, biciye ku kugamburuka, umwe wese muri twebwe arashobora guhinyuza ikinyoma Shetani wa Mubesheranyi yavuze ngo abantu ntiboguma ari intahemuka ku Mana mu gihe boba bari mu bigeragezo. Umve na we ntuze ako gateka!
5. Ukugambarara kugira ico gukoze gute ku Muremyi? Bitangire akarorero.
5 Imana iritaho ingingo dufata. Mu gihe tugambaraye, biragira ico biyikozeko. Uti gute? Iyo hagize uwukurikira mwene iyo ngendo itaranga ubukerebutsi, birayibabaza (Zaburi 78:40, 41). Iyumvire nka hamwe umurwayi wa ya ndwara y’igisukari bita diabète atoguma afungura ingaburo yari yandikiwe na muganga ku bw’ineza y’amagara yiwe, yamara akabandanya afungura za mfungurwa nyene zatuma amererwa nabi. None uwo muganga yitwararikana yokwumva amerewe gute? Turashobora kudakeka ko Yehova ababara igihe abantu bamugambarariye, kuko azi ingaruka ziterwa n’ukwirengagiza amabwirizwa atanga yerekeye ukuntu bobaho.
6. Ni igiki codufasha kugamburukira Imana?
6 Ni igiki cofasha umwumwe wese muri twebwe kugamburuka? Birabereye ko umwe wese muri twebwe asaba Imana “umutima ugamburuka” nk’uko Umwami Salomo na we nyene yabigize. Yasavye mwene uwo mutima kugira ngo ashobore “gutandukanya ikibi n’iciza” ngo abone gucira imanza Abisirayeli bagenziwe (1 Abami 3:9, NW). Turakeneye “umutima ugamburuka”, niba dushaka gutandukanya ikibi n’iciza muri ino si ikwiragiyemwo agatima k’ukugambarara. Imana yaraturonkeje Ijambo ryayo, ibikoresho bidufasha kwiga Bibiliya, amakoraniro ya gikirisu be n’abakurambere b’ishengero batwitwararika, kugira ngo dushobore gutsimbataza “umutima ugamburuka”. Twoba turiko turakoresha neza izo ntunganyo ziranga urukundo yadushiriyeho?
7. Ni kubera iki Yehova ashimika ku kugamburuka kuruta uko ashimika ku bimazi?
7 Ku bijanye n’ivyo, uribuka yuko muri kahise Yehova yari yahishuriye abasavyi biwe ba kera ko ukugamburuka kwari kunahambaye kuruta ibimazi vy’ibitungwa (Imigani 21:3, 27; Hoseya 6:6; Matayo 12:7). Ni kubera iki none ibintu vyari vyifashe ukwo kandi Yehova ari we yari yaratanze itegeko ryasaba abasavyi biwe gutanga mwene ivyo bimazi? Mbega, ni agatima akahe uwo nyene gutanga ikimazi yaba afise? Yoba yagitanga kugira ngo ahimbare Imana? Canke yagitanga mu gukurikiza umugenzo munaka gusa? Niba umusavyi w’Imana yipfuza vy’ukuri kuyihimbara, azokwitwararika kugamburuka amabwirizwa yayo yose. Imana ntikeneye ibimazi vy’ibitungwa, ariko ukugamburuka kwacu ni kimwe mu bintu vy’agaciro dushobora kuyiha.
Akarorero ko kutuburira
8. Ni kubera iki Imana yahevye Umwami Sauli?
8 Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Umwami Sauli irashimika ku vy’uko ukugamburuka guhambaye cane. Sauli yatanguye kuganza ari umuntu yicisha bugufi, yifata ruto kandi ‘yikengera’. Ariko, ubwibone be n’ivyiyumviro bitari vyo vyahavuye bitangura kuyobora ingingo yafata (1 Samweli 10:21, 22; 15:17). Igihe kimwe, vyarabaye ngombwa ko Sauli arwana n’ingabo z’Abafilisitiya. Samweli yabwiye uwo mwami kumurindira gushika aje kwosereza Yehova ibimazi no kumuha ubundi buyobozi yokwisunze. Ariko rero, Samweli ntiyashitse ku gihe yari yitezweko, maze abantu baca batangura gusanzara. Aho Sauli abiboneye, yaciye “yosa ico kimazi”. Ico cari ikintu kidahimbara Yehova. Aho Samweli amaherezo ashikiye, nya mwami yireguye kuri ukwo kugambarara kwiwe, mu kuvuga yuko ‘yapfuye guhangara’ kwosa ikimazi kugira ngo yinginge Yehova kuko Samweli yari yatevye. Umwami Sauli yabona ko kwosa nya kimazi vyari bihambaye kuruta kugamburuka ubuyobozi yari yahawe bwo kurindira Samweli akaba ari we acosa. Samweli yamubwiye ati: “Wakoze ic’ubupfu; [ntiwumviye] icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze”. Ukugambararira Yehova kwatumye Sauli akurwa ku ngoma.—1 Samweli 10:8; 13:5-13.
9. Ni mu buryo ki kugambararira Imana Sauli yabigize ingeso?
9 Uwo mwami hoba hari icigwa yigiye kuri ico kintu yakoze? Uwokubesha! Haciye igihe, Yehova yarategetse Sauli guherengeteza ihanga ry’Abamaleki, iryari riherutse gutera Abisirayeli batanarisomborokeje. Sauli yategerezwa no kutaziguriza ibitungwa vyabo. Yaragamburutse mu “[ku]geseza Abamaleki uhereye i Havila ugashitsa i Shura”. Igihe Samweli yaza kumusanganira, uwo mwami yaranezerejwe cane n’iyo ntsinzi, maze avuga ati: “Uragahezagirwa n’Uhoraho. Ico Uhoraho yambariye nāgishikije”. Yamara, Sauli n’abantu biwe bari bakoze ibihushanye n’inyobozo zitomoye bari bahawe, ntibica Umwami Agagi be n’“ibirusha ibindi ubgiza mu ntama no mu nka no mu mashūri anuze no mu myagazi y’intama, [emwe] ivyiza-vyiza vyose”. Umwami Sauli yisiguye kuri iyo ngendo yiwe y’ukugambarara mu kuvuga ati: “Abantu bazigurije izirusha izindi ubgiza mu ntama no mu nka, ngo n’izo gushikanira Uhoraho Imana yawe kw ibimazi”.—1 Samweli 15:1-15.
10. Ni icigwa ikihe Sauli atigiye ku vyamushikiye?
10 Samweli yaciye abwira Sauli ati: “Mbeg’Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa [be] n’ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama” (1 Samweli 15:22). Kubera ko Yehova yari yashinze ko ivyo bitungwa bitikizwa, ntivyari bibereye gutangwa bwa bimazi.
Tube abagamburuka muri vyose
11, 12. (a) Yehova abona gute utwigoro tugira turondera kumusenga mu buryo bumuhimbara? (b) Umuntu ashobora gute kwibesha mu kwiyumvira yuko ariko akora ivyo Yehova agomba kandi mu vy’ukuri ariko akora ibiranga yuko agambarara?
11 Ese ukuntu Yehova ahimbarwa no kubona abasavyi biwe b’intahemuka baguma bashikamye naho boba bariko bararwanywa, bakaguma bamamaza Ubwami naho abantu batabinerwa, kandi bakaba baguma bitaba amakoraniro ya gikirisu naho usanga bumva ko babwirizwa kurondera icobabeshaho! Ukugamburuka kwacu muri mwene iyo mice ihambaye ijanye n’ukubaho twitaho ivy’impwemu, gutuma umutima wiwe unezerwa. Yehova araha agaciro utwigoro tugira mu kumusenga igihe tutugize bivuye ku mutima. Abantu bashobora kuba batabona igikorwa kitoroshe dukora, ariko Imana yoyo iritaho amashikanwa avuye ku mutima tuyishikanira, ikanayibuka.—Matayo 6:4.
12 Ariko rero, kugira ngo duhimbare Imana yacu bimwe vyuzuye, dutegerezwa kuyigamburukira mu mice yose y’ubuzima bwacu. Dutegerezwa kutigera twibesha mu kwiyumvira ko mu vyo Yehova adusaba hari ivyo dushobora kurengako ngo ni uko mu yindi mice y’ubuzima turi n’ivyo turiko turarangura bijanye n’ukumusenga. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kwibesha mu kwiyumvira yuko mu gihe yoba ariko gusa ararangura imirimo imwimwe isanzwe igirwa mu bijanye n’ugusenga, ashobora kudahanwa aramutse yisutse mu vy’ubuhumbu canke akoze ikindi caha gikomeye. Ese ukuntu ukwo kwoba ari ukwihenda gukomeye!—Ab’i Galatiya 6:7, 8.
13. Ukugamburukira Yehova kwacu gushobora gute kugeragezwa mu gihe turi twenyene?
13 Ku bw’ivyo, turashobora kwibaza duti: ‘Noba ndiko ndagamburukira Yehova mu vyo nkora ku musi ku musi, mbere no mu bintu bisa n’ibinyerekeye vyogirirwa mu mwiherero?’. Yezu yavuze ati: “Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye” (Luka 16:10). Twoba turiko ‘tugendana umutima utunganye’, ni ukuvuga tugendera mu kutadohoka kw’umutima wacu, mbere no ‘mu nzu yacu’ aho abandi badashobora kutubona (Zaburi 101:2)? Mu vy’ukuri, mu gihe turi mu mazu yacu, ukutadohoka kwacu kwoshobora kugeragezwa. Mu bihugu vyinshi aho orodinateri usanga ari ikintu abantu benshi batunze mu mazu yabo, ukira gusa kwinjira mu mihora minaka ugaca ubona amashusho ateye isoni. Mu myaka nk’ingahe iheze, kugira ngo umuntu abone mwene ayo mashusho vyasaba ko arinda kuja mu bibanza berekaniramwo ivy’ukwinezereza kurangwamwo ubuhumbu. Twoba tuzofata nka nkama tubigiranye ukugamburuka aya majambo ya Yezu agira ati: “Umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe”? Twoba tuzoreka mbere no gutereza akajisho ku mashusho ateye isoni (Matayo 5:28; Yobu 31:1, 9, 10; Zaburi 119:37; Imigani 6:24, 25; Abanyefeso 5:3-5)? Tuvuge iki ku bijanye n’ibiganiro vyo kuri televiziyo vyerekana ivy’ubukazi? Twoba tubona ibintu nk’uko Imana yacu ibibona, iyo na yo umutima wayo ukaba ‘vy’ukuri wanka uwukunda ubukazi’ (Zaburi 11:5, NW)? Canke, bite ho ku bijanye no kunywa inzoga umuntu akarenza urugero mu gihe atawumubona? Bibiliya iriyamiriza akaborerwe, ariko kandi iragabisha abakirisu kutagira akamenyero ko kunywa “vino nyinshi”.—Tito 2:3; Luka 21:34, 35; 1 Timoteyo 3:3.
14. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twogaragaza ko tugamburukira Imana mu vy’amahera?
14 Uwundi muce dukwiye kubako maso ni uwujanye n’ivy’amahera. Nk’akarorero, twoba twoja mu mugambi ihakwa kutujana muri forode turondera gutunga ningoga na ningoga? Vyoba bishika tugashaka gukoresha uburyo butemewe n’amategeko kugira ngo tureke gutanga ikori? Canke riho, twoba twitwararika kugamburuka itegeko ridusaba ‘guha bose ivyo bakwiye: abahabwa ikori tukabaha ikori’?—Abaroma 13:7.
Ukugamburuka kuva ku rukundo
15. Ni kubera iki tugamburuka amategeko Yehova aduha?
15 Ukugamburuka inyobozo zitangwa n’Imana kuravamwo ivyiza. Nk’akarorero, turashobora kwirinda kwandura indwara zimwezimwe mu kwirinda kunywa itabi, mu kubaho twigenza runtu be no mu kwubaha ubweranda bw’amaraso. N’ikindi kandi, kubaho twisunga ukuri kwo muri Bibiliya no mu yindi mice y’ubuzima, birashobora kutugirira akamaro mu vy’ubutunzi, mu kuntu tubanye n’abandi, canke mu buzima bwo mu rugo (Yesaya 48:17). Mwene ivyo vyiza vyose vyibonekeza birashobora kubonwa mu buryo bukwiriye, yuko ari imihezagiro igaragaza ko amategeko y’Imana ari ngirakimazi. Naho ari ukwo, urukundo dukunda Yehova ni co kintu nyamukuru gituma tumugamburukira. Ntidukorera Imana tubitumwe n’ubwikunzi (Yobu 1:9-11; 2:4, 5). Imana yaraduhaye umwidegemvyo wo kwihitiramwo uwo twipfuza kugamburukira. Duhitamwo kugamburukira Yehova kubera yuko dushaka kumuhimbara be n’uko turondera gukora iciza.—Abaroma 6:16, 17; 1 Yohana 5:3.
16, 17. (a) Yezu yerekanye gute ko agamburukira Imana abitumwe n’urukundo rugera kure ayikunda? (b) Dushobora gute kwigana Yezu?
16 Yezu yaradusigiye akarorero ntangere mu kuba yaragamburukiye Yehova abitumwe n’urukundo rugera kure amukunda (Yohana 8:28, 29). Igihe Yezu yari ngaha kw’isi, “[yarigishijwe] kwumvira Imana n’ivyo yababajwe” (Abaheburayo 5:8, 9). Uti gute? Yezu “[yaricishije] bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’urupfu rwo ku [“giti co gusinzikarizwako”, NW]” (Ab’i Filipi 2:7, 8). Naho Yezu yari asanzwe agamburuka igihe yari mw’ijuru, ukugamburuka kwiwe kwarasubiye kugeragezwa ng’aha kw’isi. Turashobora kwizigira tudakeka ko Yezu yari akwije ibisabwa muri vyose kugira ngo akore ari Umuherezi Mukuru ku bw’ineza y’abavukanyi biwe bo mu buryo bw’impwemu be no ku bw’ineza y’abandi bo mu muryango w’abantu bizera.—Abaheburayo 4:15; 1 Yohana 2:1, 2.
17 Tweho bite? Turashobora kwigana Yezu mu gushira imbere ukugamburuka ivyo Imana igomba (1 Petero 2:21). Umwe wese muri twebwe arashobora guhimbarwa igihe urukundo akunda Imana ari rwo rumuvyurira umutima wo gukora ivyo Yehova ategeka, naho rimwe na rimwe vyoshika agahatwa canke akoshwa gukora ibihushanye n’ivyo (Abaroma 7:18-20). Ivyo birimwo no kugira umutima ukunze wo kugamburuka inyobozo duhabwa n’abatuja imbere mu gusenga kw’ukuri, naho ari abanyagasembwa (Abaheburayo 13:17). Kuba tugamburuka amabwirizwa Yehova aduha mu vyo dukora mu mwiherero ni ikintu kiri n’agaciro mu nyonga ziwe.
18, 19. Ukugamburukira Imana kwacu kuvuye ku mutima kuvamwo ibiki?
18 Muri iki gihe, ukugamburukira Yehova kwacu gushobora kuba gusaba ko twihanganira uruhamo kugira ngo tugume turi intadohoka (Ivyakozwe n’intumwa 5:29). Vyongeye, ukugamburuka kwacu itegeko rya Yehova ridusaba kwamamaza be no kwigisha abantu gusaba ko tuguma twihangana gushitsa ku muhero w’isi (Matayo 24:13, 14; 28:19, 20). Turakeneye ukwihangana kugira ngo tugume dukoranira hamwe n’abavukanyi bacu, naho twoba turemerewe n’imikazo yo mw’isi. Imana yacu y’inyarukundo irazi neza utwigoro tugira kugira ngo tuyigamburukire muri ivyo. Ariko rero, kugira ngo tube abantu bagamburuka bimwe bishitse, dutegerezwa kwihatira gutsinda umubiri wacu munyacaha no kwirinda gukora ikibi uko dutsimbataza ugukunda iciza.—Abaroma 12:9.
19 Igihe dukorera Yehova tubitumwe n’urukundo be n’umutima ukenguruka, araheza akatubera ‘uwuha impera abamurondera’ (Abaheburayo 11:6). Ibimazi bibereye birakenewe kandi ni ivy’agaciro, yamara ukugamburukira Yehova duherejeko tubitumwe n’urukundo tumukunda, ni kwo kumuhimbara kuruta ibindi vyose.—Imigani 3:1, 2.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki dushobora kuvuga ko hari ikintu dufise twoha Yehova?
• Ni amakosa ayahe Sauli yakoze?
• Wokwerekana gute yuko wemera ko ukugamburuka gusumba ibimazi?
• Ni igiki gituma ugamburukira Yehova?
[Ifoto ku rup. 26]
Umuganga yitwararikana yokwumva amerewe gute hamwe umurwayi yokwirengagiza inyobozo yamuhaye?
[Ifoto ku rup. 28]
Ni kubera iki Umwami Sauli yatumye Yehova adahimbarwa?
[Amafoto ku rup. 30]
Woba uriko uragamburuka amategeko y’Imana uri wenyene mu nzu yawe?