Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Ezekiyeli—Igice ca 1
TURI mu mwaka wa 613 B.G.C. Umuhanuzi Yeremiya ari mu Buyuda, akaba ariko aramenyesha adatinya ko isangangurwa rya Yeruzalemu ryimirije be n’uko igihugu c’Ubuyuda kigiye kuba umusaka. Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni aramaze gutwara Abayuda benshi mu bunyagano. Muri bo harimwo uwukiri muto Daniyeli be na bagenzi biwe batatu, bakaba bariko bakorera ku kirimba c’umwami w’Abakaludaya. Abayuda batari bake batwawe inyagano bari ku ruzi Kebari “mu gihugu c’Abakaludaya” (Ezekiyeli 1:1-3). Yehova ntareka abo bantu batwawe inyagano ngo bagume badafise uwubashikiriza ubutumwa. Agena Ezekiyeli uwufise imyaka 30 ngo abe umuhanuzi.
Igitabu ca Ezekiyeli, icarangiye kwandikwa mu 591 B.G.C., kivuga ibintu vyabaye mu myaka 22. Ivyo Ezekiyeli yandika aravyitondera cane. Aragenekereza ubuhanuzi ashikiriza, akanatomora umusi, ukwezi be n’umwaka bijanye n’ubwo buhanuzi. Igice ca mbere c’ubutumwa Ezekiyeli ashikiriza cibanda kw’itemba be n’isangangurwa vya Yeruzalemu. Igice ca kabiri kirimwo imanza zociriwe amahanga abakikuje, ica nyuma na co kijanye n’ugusubizaho insengo ya Yehova. Iki kiganiro gica irya n’ino ibikurubikuru vyo muri Ezekiyeli 1:1–24:27, ahavugwa ibijanye n’amayerekwa, ubuhanuzi be n’ibintu bimeze nk’udukino twerekana ivyari bigiye gushikira Yeruzalemu.
“NKUGIZE UMUSHIBAMYI”
Ezekiyeli amaze kwerekwa ibintu biteye akoba bijanye n’intebe y’Ubwami ya Yehova, aca ashingwa igikorwa. Yehova yamubwiye ati: “Nkugize umushibamyi w’inzu ya Isirayeli; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubammenyeshereze ivyo mbabūrira” (Ezekiyeli 3:17). Kugira ngo Ezekiyeli amenyeshe imbere y’igihe ibijanye n’ukwugarizwa kwa Yeruzalemu be n’ingaruka vyozanye, ategekwa kwerekana ivyoshitse, mu buryo bw’udukino tubiri. Ku bijanye n’igihugu c’Ubuyuda, Yehova abicishije kuri Ezekiyeli, avuga ati: “Ehe jewe ubganje nyene nzobatērēra inkota, nkomvomvore ibitabo vyanyu vyo ku mpinga z’imisozi” (Ezekiyeli 6:3). Ababa muri ico gihugu na bo ababwira ati: “Igihano cawe [c’ivyago] kiragushitseko”.—Ezekiyeli 7:7.
Mu 612 B.G.C., Ezekiyeli arajanwa i Yeruzalemu nko mu ndoto. Mbega ibintu bisesemye abona biriko birabera mu rusengero rw’Imana! Igihe Yehova arungika ingabo ziwe zo mw’ijuru akoresha mu gushitsa imanza ziwe (izigereranywa na ba “bantu batandatu” b’abagabo) kugira ngo yerekane uburake afitiye abo bahuni, abashizweko “ikimenyetso mu ruhanga” ni bo bonyene bazigurizwa (Ezekiyeli 9:2-6). Ubwa mbere hoho “amakara yaka”, ni ukuvuga ubutumwa bw’Imana bumeze nk’umuriro bujanye n’isangangurwa, ategerezwa gukwiragizwa hejuru y’ico gisagara (Ezekiyeli 10:2). Naho Yehova ‘azosubiza ku mitwe y’abanyakibi ingeso zabo’, asezerana gusubira gukoranya abasabagiye bo mu Bisirayeli.—Ezekiyeli 11:17-21.
Impwemu y’Imana iragarukanye Ezekiyeli mu Bukaludaya. Haraba ibintu bimeze nk’igikino vyerekana Umwami Zedekiya be n’abanyagihugu bahunga bakava i Yeruzalemu. Abahanuzi be n’abahanuzikazi b’ibinyoma barashirwa ku kabarore. Abasenga ibigirwamana bariyamirizwa. Ubuyuda bugereranywa n’uruzabibu ata co rumaze. Umugani w’inkukuma n’umuzabibu urerekana ingaruka zibabaje cane zishikira Yeruzalemu kubera ko yarondeye gufashwa na Misiri. Uwo mugani usozera werekana umuhango Yehova atanga w’uko ‘azotera agatwetwe koroshe ku mpinga y’umusozi muremure’ (Ezekiyeli 17:22). Ariko rero mu Buyuda nta “nkoni y’ubugabe yo kuganzisha” izohasigara.—Ezekiyeli 19:14.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
1:4-28—Umukogote wo mw’ijuru ugereranya iki? Uwo mukogote ugereranya igice c’ishirahamwe rya Yehova co mw’ijuru, ikigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka. Ivyo biremwa bikura ububasha ku mpwemu nyeranda ya Yehova. Uwutwaye uwo mukogote, akaba agereranya Yehova, afise ubuninahazwa butagira uko bwovugwa. Ugutekana kwiwe kugereranywa n’umunywamazi mwiza cane.
1:5-11—Ibinyabugingo bine bigereranya bande? Mu vyo Ezekiyeli yeretswe ubwa kabiri bijanye n’umukogote, avuga ko ivyo binyabugingo bine ari abakerubi (Ezekiyeli 10:1-11; 11:22). Muri iryo yerekwa, mu maso h’inka ahita “mu maso h’umukerubi” (Ezekiyeli 10:14). Ivyo birabereye kubera yuko inka igereranya ububasha n’inkomezi, abakerubi na bo bakaba ari ibiremwa vy’impwemu bifise ububasha.
2:6—Ni kubera iki Ezekiyeli incuro nyinshi yitwa “umwana w’umuntu”? Yehova yita Ezekiyeli umwana w’umuntu kugira ngo yibutse uwo muhanuzi ko ari umuntu buntu, gutyo akaba ashimitse kw’itandukaniro rikomeye riri hagati y’uwo muntu w’intwarabutumwa be n’Imana, yo nyene gutanga ubwo butumwa. Yezu Kristu na we nyene aritwa umwana w’umuntu nk’incuro 80 mu Njili, ivyo bikaba vyerekana neza ko uwo Mwana w’Imana yaje kw’isi ari umuntu, ataje ari ikiremwa c’impwemu cambaye umubiri w’umuntu.
2:9–3:3—Ni kubera iki umuzingo w’igitabu wanditsemwo intimba n’amaborogo wasoseye Ezekiyeli? Ukuntu Ezekiyeli yabona igikorwa yashinzwe ni vyo vyatumye uwo muzingo w’igitabu umusosera. Ezekiyeli yarakenguruka agateka yari afise ko gukorera Yehova ari umuhanuzi.
4:1-17—Ezekiyeli yoba vy’ukuri yarasubiyemwo mu buryo bw’agakino ivyo bintu vyerekana ukuntu Yeruzalemu yari igiye kwugarizwa? Kuba Ezekiyeli asaba Yehova kumuhindurira ivyo atekesha ibifungurwa no kuba Yehova amwemerera ico kintu amusavye, birerekana vy’ukuri ko uwo muhanuzi yasubiyemwo ivyo bintu mu buryo bw’agakino. Kuryamira urubavu rw’ibumoso vyagereranya imyaka 390 y’ibigabitanyo vy’ubwami bwari bugizwe n’imiryango cumi, ikaba yatanguye mu 997 B.G.C. gushika ku gusangangurwa kwa Yeruzalemu mu 607 B.G.C. Kuryamira urubavu rw’iburyo, vyagereranya imyaka 40 y’ibigabitanyo vy’Ubuyuda, iyifata ikiringo co kuva Yeremiya agenywe ngo abe umuhanuzi mu 647 B.G.C. gushika mu 607 B.G.C. Mu kiringo c’iyo misi yose uko ari 430, Ezekiyeli yabeshejweho n’udufungurwa be n’utuzi vy’intica ntikize, ivyo bikaba vyerekana mu buryo menyeshakazoza ko hoteye amapfa mu gihe c’ukwugarizwa kwa Yeruzalemu.
5:1-3—Kuba Ezekiyeli yaragabanije umushatsi mukeyi ku wo yari agiye kurekurira mu muyaga kugira ngo ushwiragire maze uwo agabanije akawutekera mu mutwe w’impuzu yiwe, bisobanura iki? Ivyo vyashaka kwerekana ko hari amasigarira yosubiye mu Buyuda maze agasubira gusenga mu buryo bw’ukuri, inyuma y’imyaka 70 Ubuyuda bwomaze ari umusaka.—Ezekiyeli 11:17-20.
17:1-24—Inkukuma zibiri niniya zigereranya bande, udutwetwe two mu bushorishori tw’igiti c’isederi na two ducibwa gute, kandi ni nde agereranya “agatwetwe koroshe” katewe na Yehova? Izo nkukuma zibiri zigereranya umutware w’i Babiloni be n’uwa Misiri. Inkukuma ya mbere iza kugwa ku gatwetwe ko hejuru ku giti c’isederi, akagereranya umutware w’ingoma yatwarwa n’abo mu muryango wa cami wa Dawidi. Iyo nkukuma ica agatwetwe ko mu bushorishori mu kugena Zedekiya ngo abe umwami mu gishingo c’Umwami Yekoniya w’Ubuyuda. Naho Zedekiya yari yaragize indahiro y’ukudahemuka, ararondera gufashwa n’iyindi nkukuma, iyigereranya umutware wa Misiri, ariko ntiyererwa. Azojanwa mu bunyagano i Babiloni kandi apfireyo. Yehova kandi araca “agatwetwe koroshe”, akagereranya Umwami Mesiya. Uno aterwa “ku mpinga y’umusozi muremure ahibonekeza”, ni ukuvuga ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru, akahabera “igiti c’isederi ciza”, ni ukuvuga isoko ry’imihezagiro nyakuri ku baba kw’isi.—Ivyahishuriwe 14:1.
Ivyigwa tuhigira:
2:6-8; 3:8, 9, 18-21. Ntidukwiye guterwa ubwoba n’abantu b’inkozi z’ikibi canke ngo tureke kumenyekanisha ubutumwa bw’Imana, uburimwo n’imburi tubashikiriza. Igihe duhuye n’abantu batanegwa ubutumwa tubashikiriza canke baturwanya, dukwiye gukomera nk’intosho. Ariko rero, dukwiye kwiyubara kugira ngo ntitube abantu bagoye, ata co banezwe canke ba ruburakigongwe. Yezu yaragirira ikigongwe abantu yabwira inkuru nziza. Na twebwe nyene igihe tubwira abantu inkuru nziza dukwiye kuba tubitumwe n’ikigongwe.—Matayo 9:36.
3:15. Ezekiyeli amaze gushingwa igikorwa, yagiye kuba i Telabibu, ‘amara imisi ndwi yumiwe’, azirikana cane ku butumwa yari gushikiriza. Wumva none tudakwiye gufata umwanya wo kwiga dushirutse umwete tukongera tukazirikana kugira ngo dutahure ukuri kwimbitse kwo mu vy’impwemu?
4:1–5:4. Kugira ngo Ezekiyeli akine twa dukino tubiri twerekana ivyobaye, vyasavye ko yicisha bugufi akongera akagira n’umutima rugabo. Na twebwe nyene, turakeneye kwicisha bugufi no kugira umutima rugabo igihe turangura igikorwa ico ari co cose Imana idushinga.
7:4, 9; 8:18; 9:5, 10. Ntidukwiye kureka ngo ijisho ryacu rizigurize abo Imana icira rubi canke ngo tubagirire akagongwe.
7:19. Igihe Yehova azoshitsa urubanza rwiwe kuri iyi si mbi, amahera nta gaciro na gato azoba afise.
8:5-18. Ubuhuni burashobora gutuma umuntu apfa mu vy’impwemu. “Umuntu [“w’umuhuni”, NW] yicisha mugenzi we akanwa kiwe” (Imigani 11:9). Tuba tubaye inkerebutsi turwanije mbere n’iciyumviro co gutega ugutwi abahuni.
9:3-6. Gushirwako ikimenyetso, ico na co kikaba ari ikimenyamenya c’uko turi abasavyi b’Imana biyeguye bakabatizwa kandi ko dufise kamere za gikirisu, birahambaye cane kugira ngo umuntu azorokoke ya “marushwa ahambaye” (Matayo 24:21). Abakirisu basizwe, abagereranywa n’umugabo afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, bariko baraja imbere mu gikorwa co kudomako abantu ikimenyetso, ico gikorwa kikaba ari ico kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Nimba dushaka kuzigama ikimenyetso twadomweko, dutegerezwa gufasha abo bakirisu basizwe muri ico gikorwa tubigiranye umwete.
12:26-28. N’abatwengera mw’ijigo ubutumwa Ezekiyeli yashikiriza, yari kubabwira ati: “Amajambo [ya Yehova] yose nta na rimwe rizosubira kurekerwa mu rutendeko”. Dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira dufashe abandi ngo bizigire Yehova imbere y’uko azana umuhero w’ivy’isi.
14:12-23. Gushikira ubukiriro ni ibanga ryega umuntu wese ku giti ciwe. Nta wushobora kuburonderera uwundi.—Abaroma 14:12.
18:1-29. Umuntu wese muri twebwe ni we azokwibarizwa ivyo akora.
“AMATONGO, AMATONGO, NZOBIGIRA AMATONGO MASA”
Mu mwaka ugira indwi Abayuda bari mu bunyagano, ni ukuvuga mu 611 B.G.C., bamwe mu bakuru b’Abisirayeli baraza kuri Ezekiyeli “gusiguza Uhoraho”. Barumva inkuru ndende yerekeye ukugarariza kw’Abisirayeli bakumva n’imburi ivuga ko ‘Uhoraho azosokora inkota yiwe’ kugira ngo abarwanye (Ezekiyeli 20:1; 21:3). Yehova abwira kizigenza w’Abisirayeli (Zedekiya) ati: “Kūra umugāra, wiyambure igitsibo; ntibizosubira kumera nk’uko vyari bisanzwe. Icāri hasi kizoshirwa hejuru, kand’icāri hejuru kizosubizwa hasi. Amatongo, amatongo, nzobigira amatongo masa: kandi ni ko bizokwama, gushitsa igihe nyenevyo [Yezu Kristu] azozira; nanje nzobimuha”.—Ezekiyeli 21:26, 27.
Yeruzalemu irashirwa imbere y’intahe. Ivyo Ohola (Isirayeli) be na Oholiba (Ubuyuda) bagirizwa birashirwa ahabona. Ohola aramaze gutangwa “mu maboko y’abūzure biwe, mu maboko y’Abashuri” (Ezekiyeli 23:9). Oholiba yimirije kuba umusaka. Mu mwaka wa 609 B.G.C., amezi 18 yo kwugarizwa kwa Yeruzalemu aratangura. Amaherezo igisagara gitemvye, Abayuda ubwanwa burapfuka umunwa ku buryo bibananira guserura umubabaro bafise. Ezekiyeli ntakwiye gushikiriza ubutumwa bw’Imana abatwawe inyagano, “impunzi” itaramubwira amakuru yerekeye ugusangangurwa kw’igisagara.—Ezekiyeli 24:26, 27.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
21:3—“Inkota” Yehova asokora mu rwubati rwayo igereranya iki? “Inkota” Yehova akoresha mu gushitsa urubanza rwiwe kuri Yeruzalemu no ku Buyuda biboneka ko ari Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni hamwe n’ingabo ziwe. Ishobora kandi kuba irimwo n’igice c’ishirahamwe ry’Imana co mw’ijuru, ikigizwe n’ibiremwa vy’impwemu bifise inkomezi.
24:6-14—Ingese ziri mu nkono zigereranya iki? Yeruzalemu yugarijwe, igereranywa n’inkono ifise umunwa munini. Ingese zayo zigereranya ukwononekara mu vy’inyifato runtu kw’ico gisagara, na kwo kukaba ari ubuhumane, ubushakanyi be no kuvisha amaraso, ivyo vyose bikaba ari vyo ico gisagara cagirizwa. Ubuhumane bwaco burakomeye cane ku buryo mbere gushira iyo nkono iri gusa ku makara yaka be no kuyicanira cane bidashobora gukura ingese ziyirimwo.
Ivyigwa tuhigira:
20:1, 49. Ukuntu ba bakuru b’Abisirayeli bakiriye ivyo Ezekiyeli yari yababwiye, birerekana ko babikekeranya. Ese tutokwigera tugira inyifato yo gukekeranya ku bijanye n’imburi duhabwa n’Imana!
21:18-22. Naho Nebukadinezari yaraguza, Yehova ni we yiyemeje neza ko uwo mutware w’umupagani yoje gutera Yeruzalemu. Ivyo vyerekana yuko n’amadayimoni adashobora kubuza ko abo Yehova akoresha mu gushitsa imanza, barangura umugambi wiwe.
22:6-16. Yehova aranka urunuka ukurementaniriza abandi, ubushakanyi, gukoresha ububasha umuntu afise kugira ngo agirire nabi abandi, hamwe no kurya ingurire. Dukwiye kudatirimuka ku mwiyemezo wacu wo kwirinda ivyaha mwene ivyo.
23:5-49. Kugiranira amasezerano y’ivya politike n’ayandi mahanga, vyashikanye Isirayeli n’Ubuyuda ku kwigana insengo y’ikinyoma y’ayo mahanga. Nimuze twirinde kugiranira n’isi ubucuti bushobora gusenyura ukwizera kwacu.—Yakobo 4:4.
Ubutumwa buzima kandi bufise ububasha
Ese ivyigwa vyiza cane twigira ku bigabane 24 vya mbere vy’igitabu co muri Bibiliya ca Ezekiyeli! Ingingo ngenderwako ziri muri ivyo bigabane zirerekana ibintu bituma umuntu atemerwa n’Imana, ingene twokwironkera ikigongwe cayo be n’igituma dukwiye kuburira inkozi z’ikibi. Ubuhanuzi bujanye n’isangangurwa rya Yeruzalemu burerekana neza ko Yehova ari Imana ‘imenyesha abantu bayo ibisha, bitaranaseruka’.—Yesaya 42:9.
Ubuhanuzi nk’ubwo dusanga muri Ezekiyeli 17:22-24 no muri Ezekiyeli 21:26, 27, bwerekeza kw’ishingwa ry’Ubwami bwo mw’ijuru burongowe na Mesiya. Vuba cane, ubwo Bwami buzotuma ivyo Imana igomba biba kw’isi (Matayo 6:9, 10). Turashobora kwitegana umushasharo imihezagiro izozanwa n’ubwo Bwami dufise ukwizera gukomeye kandi tudakekeranya. Vy’ukuri, “ijambo ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba”.—Abaheburayo 4:12.
[Ifoto ku rup. 12]
Umukogote wo mw’ijuru ugereranya iki?
[Ifoto ku rup. 14]
Kugira umwete mu gikorwa co kwamamaza biradufasha kuzigama “ikimenyetso” twadomweko