Kugaragaza impuhwe mw’isi yuzuye ububisha
UMUGABO umwe mu Burundi afashwe na malariya none araremvye. Arakeneye kunyarukanwa kwa muganga. Ariko none aza gushikayo gute? Nta muduga wo kumujana. Abagenzi biwe babiri baje kumutabara. Bamushize kw’ikinga baramusunika, bagenda urugendo ruruhisha rw’amasaha atanu, baca mu karere k’imisozi. Baramushikanye aho afatira umuduga umushikana ku bitaro vya hafi. Haciye imisi mikeyi, yari yatoye mitende.
Mu kindi gice c’isi, inyuma ya ca gihuhusi cataziriwe Katrina cayogeje ibintu mu karere k’ikigobe ko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Myandagaro 2005, umugwi w’abantu bitanze bavyishakiye wagiye wubuka ku nzu yari yahenukiweko n’ibiti. Abo bishakire, bano bakaba batari bazinanye namba na nyene iyo nzu, bamaze umusi wose bakuraho ivyo biti be n’ibindi bihomvagurike bakoresheje umusumeno w’imashini. Nyene iyo nzu avuga ati: “Simbona ukuntu nokengurukira aba [bantu]”.
Amakuru akabura asohorwa mu bimenyeshamakuru, asa n’ayavuga ahanini ibijanye n’ubugizi bwa nabi be n’ibikorwa vy’ububisha. Ibikorwa biranga impuhwe n’ubuntu biba buri musi, akenshi biranigirwa mu menshi n’ayo makuru. Yamara rero, ivyo ntibibuza ko abantu aho bari hose baguma bakeneye gukundwa, kugaragarizwa igishika be n’ikibabarwe. Vy’ukuri turipfuza cane kugaragarizwa impuhwe! Kamere nk’izo zoshobora kurushiriza kwigaragaza mu kiringo ca Noweli, aho abantu benshi bavuga canke baririmba ibijanye n’‘amahoro be n’ivyiza ku bantu bose’.—Luka 2:14, King James Version.
Kugaragaza impuhwe vyoshobora kuba ibitoroshe muri iyi si isa n’iyirushiriza kutarangwamwo igishika. Agatima kiganje cane mu bantu ni ak’uko ngo guhahaza no kutagira imbabazi ari vyo bishikana ku kuroranirwa. Abantu benshi bisa n’uko babayeho bisunga iciyumviro c’uko biba biranze ubukerebutsi umuntu abaye ruburakigongwe aho kuba umunyempuhwe. Umwina n’ubwibone ni ibintu bitangira agatima k’impuhwe bitagoranye.
Ivyo bituma abantu benshi bishira imbere, mbere ntibiteho inyiyumvo z’abandi canke ineza yabo. Abagabo ba rurangiranwa mu vy’inkino be no mu vyo kwinezereza, bakunda kenshi kuvugwa ngo ni abagabo nya bagabo, abatigera bagaragaza urukundo rurangwa ugutekereza. Abategetsi bo mu vya politike bamwebamwe bigenza gutyo.
Ku bw’ivyo rero, vyoba vyiza twibajije duti: Ni kubera iki dukwiye kuba abanyakibabarwe? Impuhwe zoba zituma umuntu akora iciza? Kandi ni ibiki vyodufasha kugaragaza impuhwe? Ikiganiro gikurikira kigiye guca irya n’ino ivyo bibazo.
[Uruzitiro ku rup. 3]
•Kugaragaza impuhwe bwoba ari ubugoyagoye?
•Kugaragaza impuhwe hoba hari iciza bivamwo?
•Ni mu buryo ngirakamaro ubuhe ushobora kugaragaza ikibabarwe?