ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/1 rup. 31
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Yezu atihuse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ba “banyabwenge batatu” bari bande? Imana yoba ari yo yatumye bayoborwa n’ico twokwita inyenyeri y’i Betelehemu?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abaragurira ku nyenyeri baza kuraba Yezu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu azura Lazaro
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/1 rup. 31

Woba wari ubizi?

Ni ryari ba bantu baragurira ku nyenyeri bagiye kuraba Yezu?

Mu Njili ya Matayo hatubwira ko “abaragurira ku nyenyeri bavuye mu mihingo yo mu buseruko” bagiye kuraba Yezu bamushiriye ingabirano (Matayo 2:1-12, akajambo k’epfo, muri Bible de Référence). Ntawuzi ukuntu igitigiri c’abo baragurira ku nyenyeri, ari bo bamajusi, bagiye kuraba umwana Yezu cangana, kandi nta kintu na kimwe cemeza ko bari batatu nk’uko abantu benshi bavyiyumvira, mbere inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivyabo ntiyerekana amazina yabo.

Ku bijanye na Matayo 2:11, Bibiliya imwe yo mu congereza (New International Version Kwiga Bible) ivuga ibi: “Mu buryo buhushanye n’inkuru mpererekanwa, ba Bamajusi ntibagiye kuraba Yezu aho yari mu bwato muri rya joro yavukiramwo nk’uko ba bungere babigize. Baje haciye amezi makeyi, kandi bamugendeye igihe yari ‘umwana’ ari ‘mu nzu’”. Ikivyemeza n’uko igihe Herodi yariko ararondera kwica uwo mwana, yategetse gutikiza abahungu bose b’i Yeruzalemu no mu ntara zaho zose, bafise imyaka ibiri kumanuka. Yahisemwo abari muri iyo myaka “yisunze igihe yari yabaririkije yitonze kuri ba bantu baragurira ku nyenyeri”.​—Matayo 2:16.

Iyaba abo bantu baragurira ku nyenyeri bagiye kuraba Yezu muri rya joro yavukiramwo batwaye izahabu be n’izindi ngabirano z’igiciro, Mariya ntiyari gutanga utunyoni tubiri gusa haciye imisi 40 inyuma y’aho, igihe yamuzana kumushikiriza Yehova ku rusengero i Yeruzalemu (Luka 2:22-24). Iyo yari indinganizo yo mw’Itegeko yerekeye abakene badashoboye kuronka agasuguru k’intama (Abalewi 12:6-8). Ariko rero, izo ngabirano z’igiciro zishobora kuba zaje hageze zongera ziragirira akamaro umuryango wa Yezu igihe wari mu Misiri.​—Matayo 2:13-15.

Ni kubera iki Yezu vyamutwaye imisi ine kugira ngo ashike ku mva ya Lazaro?

Mu bisanzwe, bisa n’uko ari ukwo Yezu yari yabiteguye. Ni kubera iki dushobora kuvuga gutyo? Reka twihweze inkuru yanditse muri Yohani ikigabane ca 11.

Igihe Lazaro, uwaba i Betaniya akaba kandi yari umugenzi wa Yezu, yarwara akaremba, bashikiwe bararungitse intumwa kubimumenyesha (Umurongo wa 1-3). Ico gihe, Yezu yari ahantu hatwara nk’imisi ibiri kugira umuntu ahashike avuye i Betaniya (Yohani 10:40). Biboneka ko Lazaro yapfuye igihe ayo makuru yashikira Yezu. None Yezu yaciye akora iki? “[Yagumye] imisi ibiri aho yari ari” araheza agenda i Betaniya (Umurongo wa 6 n’uwa 7). Kubera ko yamaze ng’aho imisi ibiri hanyuma akagira urugendo rw’imisi ibiri, yashitse ku mva haheze imisi ine Lazaro apfuye.​—Umurongo wa 17.

Imbere y’aho, Yezu yari yarazuye abantu babiri, umwe yamuzuye ubwo nyene agipfa, bikaba bishoboka ko uwundi yamuzuye haheze umwanya apfuye kuri uwo musi nyene (Luka 7:11-17; 8:49-55). Yoba none yari gushobora kuzura umuntu amaze imisi ine apfuye kandi umubiri wiwe wari wamaze gutangura kubora (Umurongo wa 39)? Igishimishije, hari igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga yuko mu Bayuda bemera ko kaba kabaye “igihe umuntu amaze imisi ine apfuye; muri ico gihe bikaba vyaragaragara ko umubiri wamaze kubora, kandi ubuzima, ubwo biyumvira ko bwamara imisi itatu butambatamba hejuru y’ikiziga, bwaba bwagiye”.

Nimba mu bari bakoraniye ng’aho ku mva hari n’umwe yari afise amakenga, bari bagira bibonere ububasha Yezu afise ku rupfu. Yezu ahagaze imbere y’iyo mva yuguruwe, yarasemereye ati: “Lazaro, sohoka”. Buno “nya muntu yari yapfuye arasohoka” (Umurongo wa 43 n’uwa 44). Icizigiro nyakuri dukwiye kugira ku bapfuye ni izuka, si ca ciyumviro kitari co abenshi bafise c’uko ubuzima bubandanya kubaho inyuma y’urupfu.​—Ezekiyeli 18:4; Yohani 11:25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika