Niwigane ukwizera kwabo
Yaraburaniye ugusenga gutyoroye
ELIYA yaritegereje isinzi ry’abantu bariko baraduga bukebuke Umusozi Karumeli. Naho hari hakiri mu bucagucagu, vyaraboneka neza ko abo bantu bari bamerewe nabi kandi bakenye ibifungurwa. Uruzuba, urwari rumaze imyaka itatu n’igice rwaka, rwari rwarabasesereje.
Muri abo bantu harimwo abahanuzi 450 ba Bayali batambukana ubwishime, bakaba bari buzuye ubwibone be n’urwanko rukomeye bari bafitiye Eliya umuhanuzi wa Yehova. Umwamikazi Yezebeli yari yaricishije abasavyi ba Yehova benshi, mugabo uwo mugabo we akaba yari akirwanya yivuye inyuma ugusenga Bayali. Ubwo none ntiyohavuye ateshwa agata? Kumbure abo baherezi biyumvira yuko uwo muntu umwe atari gushobora kuguma ashikamye akabananira bose uko bangana (1 Abami 18:3, 19, 20). Umwami Ahabu na we nyene yari yajanye na bo, agendera mu mukogote wiwe wa cami. Na we nyene nta rukundo yari afitiye Eliya.
Uwo muhanuzi yatamba yirorera yari yimirije kubona umusi w’imbonekarimwe mu buzima bwiwe. Magingo Eliya yariko aritegereza ivyariko biraba, ikibanza cari kigiye kuberamwo kumwe mu gusekana kw’iciza n’ikibi gukomeye kuruta ukundi kwose isi yari imaze kubona, cari kiriko kirategurwa. None yumva amerewe gute uko uwo musi wagenda wegereza gutamanzura? Ntiyabuze kugira ubwoba, narirya yari “umuntu afise inyiyumvo nk’izacu” (Yakobo 5:17). Ico dushobora kudakekeranya namba coco ni iki: Kubera yuko Eliya yari akikujwe n’abantu batagira ukwizera, umwami wabo w’umuhuni be n’abo baherezi b’abicanyi, yariyumvisemwo cane ko yatamba yirorera.—1 Abami 18:22.
Ariko none, ni igiki cari catumye ivyo bintu bishikira Isirayeli? Vyongeye, ni ibiki ushobora kwigira kuri iyo nkuru muri kino gihe? Bibiliya iduhimiriza kwitegereza twitonze abasavyi b’Imana bayihebeye, maze “[tukigana] ukwizera kwabo” (Abaheburayo 13:7). Rimbura akarorero ka Eliya.
Urugamba rumaze igihe kirekire rushika ku gihe carwo c’agaheta
Mu kiringo kinini c’ubuzima bwiwe, Eliya yari yaritegereje ata co ari bufashe ukuntu ikintu ciza gusumba ibindi vyose mu gihugu ciwe be no ku bantu b’iwabo, cariko kirashirwa ku ruhande congera gifatwa minenegwe. Urabona, Isirayeli yari imaze igihe kirekire iri mu rugamba, urwo rukaba rwari urugamba rwari hagati y’ugusenga gutyoroye be n’ugusenga kw’ikinyoma, ni ukuvuga hagati y’ugusenga Yehova Imana be n’ugusenga ibigirwamana kwagirwa mu mahanga yari akikuje Isirayeli. Mu gihe ca Eliya, urwo rugamba rwari rumaze gufata intumbero mbi bimwe bidasanzwe.
Umwami Ahabu yari yarabiriye Yezebeli umukobwa w’umwami w’i Sidoni. Yezebeli yari yariyemeje gukwiragiza ugusenga Bayali mu gihugu ca Isirayeli be no kuzimanganya ugusenga Yehova. Ahabu ntiyatevye gutwarwa n’akosho ka Yezebeli. Yarubakiye Bayali urusengero be n’igicaniro yongera aja imbere y’abandi mu vyo kwunamira ico kimana c’igipagani. Yarateye umwikomo cane Yehova.—1 Abami 16:30-33a.
None ni igiki catuma ugusenga Bayali kuba ugusesemye cane? Ni uko kwakwegakweze Abisirayeli, kukonkora benshi ku Mana y’ukuri. N’ikindi kandi, iryo ryari idini ryononekaye kandi ryatuma abantu baba inkazi. Muri ukwo gusenga harajamwo ubumaraya bwo ku rusengero bwagirwa ku bagabo be no ku bagore, hakagirwa imisi mikuru yakorerwamwo ubuhumbu bw’agahomerabunwa, eka mbere n’abana bagatangwa bwa bimazi. Yehova yaragize ico akoze mu kurungika Eliya ngo aje kumenyesha Ahabu ko hoteye uruzuba gushika igihe uwo muhanuzi w’Imana yomenyeshereje ko ruheze (1 Abami 17:1). Haciye haca imyaka itari mike imbere yuko Eliya asubira kwiyereka Ahabu maze akamubwira ko yokoraniriza abantu be n’abahanuzi ba Bayali ku Musozi Karumeli.
Ariko none, ivy’urwo rugamba bitwigisha iki muri kino gihe? Hari aboshobora kuvuga yuko iyo nkuru yerekeye ugusenga Bayali ata co yotumarira muri kino gihe, narirya ata nsengero za Bayali canke ibicaniro vyiwe tubona aho tubaye. Mugabo iyo nkuru si iyigana gusa ibintu vyabaye kera (Abaroma 15:4). Ijambo “Bayali” risobanura “nyene ikintu” canke “databuja”. Yehova yabwiye abasavyi biwe yuko bari bakwiye kumuhitamwo ngo abe “bayali” wabo, ni ukuvuga umugabo wabo (Yesaya 54:5). Ubwo none ntiwemera yuko abantu bagikorera abandi ba shebuja batandukanye uretse Imana Mushoboravyose? Mu vy’ukuri, mu gihe abantu bakoresheje ubuzima bwabo mu kwihebera ugukurikirana amahera, akazi, ukwinezereza, ukwiryohererwa mu bijanye n’ivy’igitsina, canke iyindi mana iyo ari yo yose mu mana nyinshi cane abantu basenga mu gishingo co gusenga Yehova, baba bariko barahitamwo shebuja (Matayo 6:24; Abaroma 6:16). Mu buryo bunaka rero, vyinshi mu bintu bikurubikuru vyaranga ugusenga Bayali biguma vyongerekana muri kino gihe. Urwo rugamba rwabaye kera hagati ya Yehova na Bayali rurashobora kudufasha kugira ihitamwo riranga ubukerebutsi ku bijanye n’uwo dukwiye gusukurira.
Ni gute ‘bagiye irya n’ino’?
Umuntu ari kw’isonga ry’Umusozi Karumeli, aho hakaba hari umuyaga mwinshi cane, arashobora kubona igice kinini ca Isirayeli, ni ukuvuga kuva epfo mu mwonga Kishoni gushika ku Kiyaga Kinini (Ikiyaga Mediterane) kiri hafi y’uwo mwonga be no gushika ku misozi y’i Lebanoni iri hirya cane ibuheramaso mu Burarukob. Ariko rero uko izuba ryaseruka kuri uwo musi udasanzwe, ishusho umuntu yabona ari kuri uwo musozi ntiyari nziza na gato. Ico gihugu cari cahoze cimbuka Yehova yari yahaye abakomoka kuri Aburahamu, cari caramaze gusinzikara. Cari gisigaye caraturagajwe n’uruzuba rukaze, ivyo vyose bikaba vyavuye ku bupfu bw’abo basavyi b’Imana ubwabo. Igihe abo bantu bariko bariyegeraniriza hamwe, Eliya yarabegereye maze ababwira ati: “Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira”.—1 Abami 18:21.
Eliya yoba yashaka kuvuga iki igihe yakoresha imvugo ngo “ba nyamujiryanino”? Mu vy’ukuri, abo bantu yariko arabwira ntibabona ko bategerezwa guhitamwo hagati y’ugusenga Yehova be n’ugusenga Bayali. Biyumvira yuko bashobora gufadikanya ukwo gusenga, ni ukuvuga bagahoyahoya Bayali biciye ku migenzo yabo isesemye bagatako bagasaba Yehova Imana ngo abagirire ubutoni. Kumbure biyumvira yuko Bayali yohezagiye ibiterwa vyabo be n’amasho yabo, bakiyumvira ko “Uhoraho Nyen’ingabo” na we yobakingiye mu ntambara (1 Samweli 17:45). Bari baribagiye uku kuri kw’ishimikiro, ukwo abantu benshi bo muri kino gihe na bo nyene bakinanirwa gutahura, ukwo na ko kukaba ari uko Yehova adasangira ugusenga kwiwe n’iyindi mana n’imwe. Adusaba kumwihebera we musa, kandi arabibereye. Ukumusenga ukwo ari ko kwose kuvanze n’ubundi bwoko bw’ugusenga ntakwemera, mbere ni n’agatukisha kuri we.—Kuvayo 20:5.
Abo Bisirayeli rero, bariko ‘baja irya n’ino’ nka kurya kw’umuntu yogerageza guca mu nzira zibiri icarimwe. Ese ukuntu muri kino gihe abantu bagira amakosa nk’ayo, bakareka ba “bayali” bandi bakigarurira buhorobuhoro ubuzima bwabo, ivyo bigatuma bashira ku ruhande ugusenga Imana! Akamo kihutirwa kandi gatomoye Eliya yateye ko guhagarika kuba ba nyamujiryanino, karashobora kudufasha gusubira gusuzuma ugusenga kwacu be n’ivyo dushira imbere.
Isuzuma ridasanzwe
Ubukurikira, Eliya yaseruye iciyumviro c’uko hoba isuzuma. Iryo suzuma ubwaryo cari ikintu coroshe. Abaherezi ba Bayali bategerezwa gushinga igicaniro maze bakagishirako ikimazi, bagaca basenga imana yabo kugira ngo iheze icane umuriro. Na Eliya yategerezwa kugira gutyo nyene. Yavuze ati: “Imana iza kwishurisha kurekura umuriro, iza kuba ari yo Mana”. Eliya yari azi neza Imana y’ukuri iyo ari yo. Yari afise ukwizera gukomeye ku buryo atahigimanze kureka ngo abo bahanuzi ba Bayali abe ari bo batangura. Yararetse abo bansi biwe barakora ikintu cose cari kuborohereza, arabareka barihitiramwo impfizi yo gutangako ikimazi bongera baba ari bo batangura gusenga imana yabo Bayalic.—1 Abami 18:24, 25.
Ego ni ko, tubayeho mu gihe ibitangaro bitagikorwa. Ariko rero, Yehova ntiyahindutse. Turashobora kumwizigira nka kurya nyene Eliya yamwizigira. Nk’akarorero, igihe abandi batemeye ivyo Bibiliya yigisha, ntidukwiye gutinya kubareka ngo abe ari bo batangura guserura ivyiyumviro vyabo. Nka kumwe kwa Eliya, turashobora guhanga amaso Imana y’ukuri ngo ibe ari yo itunganya ico kintu. Ivyo tubigira mu kutiheka ku bushobozi bwacu ariko tukiheka kw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, irigenewe “kugorora ibintu”.—2 Timoteyo 3:16.
Abahanuzi ba Bayali barashize ku gicaniro ikimazi cabo maze baca batangura kwazambira imana yabo. Basemereye incuro n’izindi bavuga bati: “Ewe Bayali, n’utwumvire!”. Bagumye basemerera iminuta irakunkumuka, mu nyuma amasaha na yo nyene arakunkumuka. Bibiliya ivuga iti: “Ariko ntihagira ijwi ryumvikana cank’ikibishura na mba”. Sasita zigeze, Eliya yaciye atangura kubashinyagurira, ababwirana agahemo yuko Bayali ategerezwa kuba yari afatiriwe ku buryo atashobora kubishura, ko yoba yari yagiye kwa surwumwe kwitabara, canke ko yoba yari asinziriye akaba rero yari akeneye umuntu aja kumukangura. Eliya yahimirije abo bahumvyi ati: “Ni mushire ijwi hejuru”. Biragaragara yuko yabona ko ukwo gusenga Bayali kwari ukw’ikinyoma kandi guteye isoni, akaba rero yashaka ko abasavyi b’Imana bibonera ingene ukwo gusenga kwari ukw’ikinyoma vy’ukuri.—1 Abami 18:26, 27.
Abo baherezi ba Bayali baciye barushiriza kuba abasazi, “bashira amajwi hejuru, bikebagurisha intambi n’amacumu, nk’uk’umugenzo wabo war’uri: amaraso aravirirana”. Yamara ivyo vyose vyabaye ubusa! Iyo nkuru ibandanya iti: “Ntihagira ijwi ribītaba, cank’ikibishura, cank’ikibababara” (1 Abami 18:28, 29). Muri make, Bayali ntiyabaho. Uwo Bayali cari ikintu ciyumviriwe na Shetani kugira ngo azimize abantu abakure kuri Yehova. Nk’ukwo kwo muri ico gihe, no muri kino gihe umuntu ahisemwo uwundi shebuja uwo ari we wese uretse Yehova, bimushikana ku gutaha zirayoye, mbere akamaramara.—Zaburi 25:3; 115:4-8.
Rya suzuma rironka inyishu
Ku mugoroba, igihe c’uko Eliya na we atanga ikimazi cari kigeze. Yarasanasanye igicaniro ca Yehova cari carahomvorewe hasi, ata gukeka ivyo bikaba vyari vyagizwe n’abansi b’ugusenga gutyoroye. Yakoresheje amabuye 12, kumbure akaba yashaka kwibutsa benshi mu bantu bo muri bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango 10 yuko bari bakigengwa na rya Tegeko ryari ryahawe imiryango yose uko ari 12. Yaciye ashira ikimazi ciwe kuri ico gicaniro maze abwira abantu ngo basuke amazi ku kintu cose cari kuri ico gicaniro, ayo mazi bikaba bishoboka ko bayakuye mu Kiyaga Mediterane cari hafi yaho. Mbere yaranababwiye ngo bace umuvo ukikuje ico gicaniro, na wo nyene bace bawuzuza amazi. Nka kurya nyene yari yararetse abahanuzi ba Bayali bagakora ikintu cose cari kuborohereza, yararetse abantu barakora ikintu cose cari gutuma Yehova bitamworohera kudomeka uwo muriro, ivyo akaba yabigize kubera yuko yizigira Imana yiwe bimwe bikomeye.—1 Abami 18:30-35.
Igihe ibintu vyose vyari bimaze gutungana, Eliya yaciye atura isengesho. Iryo sengesho Eliya yatuye atadidinganya mugabo mu buryo bworoheje, ryarerekanye ibintu vyari bihambaye kuri we ivyo ari vyo. Ica mbere ari na co kiruta vyose, yipfuza ko abantu bamenya yuko uwo Bayali atari we yari “Imana mu Bisirayeli”, ahubwo ko Yehova ari we yari Imana yabo. Ikigira kabiri, Eliya yipfuza yuko uwo ari we wese amenya ko uruhara uwo muhanuzi yariko ararangura rwari urwo kuba umusuku wa Yehova, ko ubuninahazwa bwose be n’ubushobozi bwose vyari bikwiye guhabwa Imana. Ica nyuma, yarerekanye ko yari acitwararika abantu bo mw’ihanga ry’iwabo, kubera yuko yari ashashaye kubona Yehova “[a]garukana imitima yabo” (1 Abami 18:36, 37). Eliya yari akibakunda naho bariko barashikirwa n’ayo magorwa yose bikwegeye bivuye ku buhemu bwabo. Nk’ukwo Eliya yabigize, ubwo mu masengesho dutura Imana ntitwari dukwiye kugaragaza ko twitwararika ibijanye n’izina ry’Imana, tukongera tukagaragaza ukwicisha bugufi be n’ukwumvira ikibabarwe abandi bantu bakeneye gufashwa?
Imbere yuko Eliya atura isengesho, iryo sinzi ry’abantu rishobora kuba ryaribajije nimba Yehova atari kuhava agaragara ko ari umuhumvyi nk’uko Bayali yari. Ariko rero, amaze gutura iryo sengesho, nta mwanya wo gukekeranya wiriwe uraboneka. Iyo nkuru ivuga iti: “Maz’umuriro w’Uhoraho uca uratibuka, uturira ikimazi co kwoswa na za nkwi na ya mabuye n’umukungugu, urigata na ya mazi yari mu muvo” (1 Abami 18:38). Ese ukuntu iyo yari inyishu itangaje! None abantu bavyakiriye gute?
Bose baciye biha akamo bati: “Yehova ni we Mana, Yehova ni we Mana!” (1 Abami 18:39, NW). Bari bagiye bamenya ukuri. Ariko ntiwumve, n’ico gihe nyene ntibari bwagaragaze ko bafise ukwizera. Tuvugishije ukuri, umuntu yemeye ko Yehova ari we Mana y’ukuri ari uko abonye umuriro utibuka uvuye mw’ijuru bwa nyishu y’isengesho ryatuwe, si ikintu cerekana ko uwo muntu afise ukwizera kudasanzwe. Ni co gituma Eliya yabasavye gukora ikintu kiruta ivyo. Yabasavye gukora ikintu bari kuba baramaze gukora imyaka myinshi imbere y’aho, ico na co kikaba ari ukugamburuka ico Itegeko rya Yehova ryasaba. Itegeko ry’Imana ryavuga yuko abahanuzi b’ibinyoma be n’abasenga ibigirwamana bari bakwiye kwicwa (Gusubira mu vyagezwe 13:5-9). Abo baherezi ba Bayali bari abansi katwa ba Yehova Imana barwanya n’ibigirankana imigambi yiwe. None boba bari bakwiye kugirirwa imbabazi? Mbega bobo, hari imbabazi bagirira ba bana bose ataco bazira baturirwa bakibona kugira ngo babe ibimazi bihabwa Bayali (Imigani 21:13; Yeremiya 19:5)? Oya yemwe, abo bantu ntibari babereye kugirirwa imbabazi! Ni co gituma Eliya yategetse yuko bicwa, kandi baciye bicwa bidatevye.—1 Abami 18:40.
Abihweza ibintu n’ibindi bamwebamwe bo muri kino gihe, baranebagura ukuntu iryo suzuma ryabereye ku Musozi Karumeli ryasozerewe. Hari abohagarika umutima kubera yuko batinya ko abanyamadini b’ishaka rirenze bohava bakoresha iyo nkuru kugira ngo basigure igituma vyumvikana kubona hagirwa ibikorwa vy’ubukazi bivuye ku kwinubana gushingiye ku madini. N’ikibabaje, ni uko muri kino gihe abo banyamadini b’inkazi bafise ishaka rirenze ari benshi cane. Ariko rero, Eliya ntiyari umunyedini w’ishaka rirenze. Yariko akora ashigikira umugambi wa Yehova mu gushitsa urubanza rugororotse. N’ikindi kandi, abakirisu b’ukuri barazi yuko badakwiye kwigana Eliya mu gufata inkota kugira ngo barwanye abansi. Kuva aho Mesiya aziriye, ingingo mfatirwako igenga abigishwa ba Yezu bose tuyisanga mu majambo Kristu yabwiye Petero, ayagira ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota” (Matayo 26:52). Yehova azokoresha Umwana wiwe kugira ngo ashitse imanza ziwe ziranga ubutungane, ivyo akaba azobigira muri kazoza.
Ibanga ryega umukirisu w’ukuri ni ukubaho agaragaza ko afise ukwizera (Yohani 3:16). Uburyo bumwe bwo kubigira ni ukwigana abantu bagaragaje ukwizera, nka Eliya. Yarasenga Yehova we musa akongera agahimiriza abandi kubigira. Abigiranye uburindutsi, yarashize ku kabarore idini Shetani yakoresha kugira ngo yonkore abantu kuri Yehova, arerekana ko ryari iry’ikinyoma. Vyongeye, aho kwiheka ku bushobozi bwiwe bwite canke ku vyo we ubwiwe agomba, yarizigira ko Yehova ari we yari gutunganya ibintu. Vy’ukuri, Eliya yaraburaniye ugusenga gutyoroye. Ese umwumwe wese muri twebwe yokwigana ukwizera kwiwe!
[Utujambo tw’epfo]
a Nimba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye ivyo Eliya yari yaramenyesheje Ahabu, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Avons-nous une foi semblable à celle d’Élie?” (Twoba dufise ukwizera nk’ukwa Eliya?), casohotse mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ndamukiza 1992.
b Kubera yuko imiyaga ikanye iva mu kiyaga idugana ku nkike z’Umusozi Karumeli, ino akenshi ikaba ituma hagwa imvura hakaba n’urume rwinshi, usanga uwo musozi uriko ibimera vyinshi kandi bitotahaye. Kubera yuko ico gihe abantu bavuga ko Bayali ari we atuma imvura igwa, biragaragara ko uwo musozi ari co cari ikibanza gihambaye co gusengeramwo Bayali. Ku bw’ivyo rero, uwo Musozi Karumeli, uwutari ukibazwako ikimera kandi waturagajwe n’uruzuba, wari ikibanza kibereye co kwerekanirako yuko ugusenga Bayali kwari ukw’ikinyoma.
c Biri n’ico bivuze kubona Eliya yababwiye ku bijanye n’ico kimazi ati: “Ntimushirek’ umuriro”. Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko rimwe na rimwe mwene abo bantu basenga ibigirwamana, bakoresha ibicaniro vyari bifise munsi umwenge wihishije kugira ngo umuriro watse bimere nk’aho woba udometswe mu buryo busiga ubwenge.
[Iciyumviro ku rup. 20]
Umuntu ahisemwo uwundi shebuja uwo ari we wese uretse Yehova, bimushikana ku gutaha zirayoye
[Ifoto ku rup. 21]
“Yehova ni we Mana!”