ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/4 rup. 24-25
  • Timoteyo yari yiteguriye gukorera Imana n’umutima ukunze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Timoteyo yari yiteguriye gukorera Imana n’umutima ukunze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • “Umwana wanje w’umukundwa kandi w’umwizigirwa mu Mukama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Timoteyo yashaka gufasha abantu
    Niwigishe abana bawe
  • Pawulo na Timoteyo
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Bakomeza amashengero”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/4 rup. 24-25

Niwigishe abana bawe

Timoteyo yari yiteguriye gukorera Imana n’umutima ukunze

“WOBA witeguye?” Hoba hari umuntu arigera akubaza ico kibazo?​—Urabona, umuntu yakubajije ico kibazo yashaka kumenya nimba wari witeguye. Nk’akarorero, uwo muntu ashobora kuba yashaka kuvuga ati: ‘Woba watoye amakaye yawe? Woba wasubiyemwo ivyigwa?’ Nk’uko tuza kubibona, Timoteyo yama yiteguye.

Timoteyo yari afise kandi umutima ukunze. Woba uzi ico ivyo bisobanura?​— Igihe Timoteyo yaterwa akamo ko gukorera Imana, yaragaragaje agatima nk’ak’uwundi musavyi w’Imana umwe, uwavuze ati: “Ndi hano, ba ari jewe utuma.” (Yesaya 6:8) Kubera yuko Timoteyo yari yiteguriye gukorera Imana n’umutima ukunze, yaragize ubuzima buteye umunezero cane. Woba ushaka kumenya ingene vyagenze?​—

Timoteyo yavukiye i Lusitira, aho hakaba hari ku bilometero amajana n’amajana uvuye i Yeruzalemu. Inakuru wiwe Loyisi be na nyina wiwe Ewunise, bariga cane Ivyanditswe. Mbere n’igihe Timoteyo yari akiri uruhinja, baratanguye kumwigisha ibijanye n’Ijambo ry’Imana.​—2 Timoteyo 1:5; 3:15.

Bishoboka ko igihe Timoteyo yari akiri umuyabaga ari ho intumwa Paulo, ari kumwe na Barunaba, yagendera i Lusitira mu rugendo rwiwe rwa mbere rurerure yagize mu bijanye n’ukwamamaza. Birashoboka ko ico gihe ari ho nyina wa Timoteyo be na inakuru bacika abakirisu. Woba ushaka kumenya ibijanye n’amakuba Paulo na Barunaba baciyemwo?​— Urabona, abantu baterekwa abakirisu barateye amabuye Paulo, baramuta hasi, bongera bamuburutira inyuma y’ico gisagara. Biyumvira yuko yari yapfuye.

Abantu bemera ivyo Paulo yigisha baramukikije, mu nyuma aravyuka. Bukeye, Paulo na Barunaba baravuye muri ico gisagara, mugabo haciye igihe gitoya baragarutse aho i Lusitira. Igihe bagaruka, Paulo yarashikirije insiguro maze abwira abigishwa ati: “Dutegerezwa kwinjira mu bwami bw’Imana duciye mu makuba menshi.” (Ibikorwa 14:8-22) Woba uzi ico Paulo yashaka kuvuga?​— Yashaka kuvuga yuko abandi bantu bazoteza amakuba abakorera Imana. Mu nyuma Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Abo bose bipfuza kubaho mu kwihebera Imana . . . bazohamwa.”​—2 Timoteyo 3:12; Yohani 15:20.

Inyuma yaho Paulo na Barunaba baviriye i Lusitira, baciye basubira i muhira iwabo. Haciye amezi makeya, Paulo yarahisemwo Silasi kugira ngo bafatanye urugendo, kandi uko ari babiri barasubiriye kugendera uturere Paulo yari yaragendeye, kugira ngo baremeshe abigishwa bashasha baho. Igihe bashika i Lusitira, ese ukuntu Timoteyo ategerezwa kuba yarahimbawe no gusubira kubona Paulo! Timoteyo yarahimbawe mbere kuruta igihe yaronka ubutumire bwo kujana na Paulo be na Silasi. Timoteyo yaremeye ubwo butumire. Yari yiteguriye kugenda kandi yari afise umutima ukunze wo kubigira.​—Ibikorwa 15:40–16:5.

Abo uko ari batatu barajanye, baragenda n’amaguru ibilometero bitari bike, maze mu nyuma barafata ubwato. Bamaze gushika ku nkombe, baciye bagenda n’amaguru, baja i Tesalonika mu Bugiriki. Abantu benshi bo muri ico gisagara barabaye abakirisu. Ariko abandi na bo baragize umujinya maze baca barema akagwi. Ubuzima bwa Paulo, ubwa Silasi be n’ubwa Timoteyo, bwari bugeramiwe, akaba ari co gituma baciye bava muri ico gisagara bakaja i Beroya.​—Ibikorwa 17:1-10.

Paulo yari ahagaritse umutima ku bijanye n’abantu bari baherutse kwizera b’i Tesalonika, akaba ari co gituma yaciye arungika Timoteyo ngo asubireyo. Woba uzi igituma?​— Mu nyuma Paulo yasiguriye abakirisu b’i Tesalonika ati: ‘Kugira ngo abashikamishe yongere abahoze ngo ntihagire n’umwe acika intege.’ Woba uzi igituma Paulo yarungitse Timoteyo uwari akiri muto ngo aje gukora ico gikorwa carimwo akaga kangana gutyo?​— Urabona, Timoteyo ntiyari amenyerewe cane n’abarwanya ubukirisu, kandi yari afise umutima ukunze wo kujayo. Emwe, ivyo vyamusavye kugira uburindutsi bukomeye! None urwo rugendo rwavuyemwo iki? Igihe Timoteyo yagaruka aho Paulo yari, yaramubwiye ukuntu Abanyatesalonika bari abizigirwa. Ni co gituma Paulo yabandikiye ati: “Twa[ra]hojejwe ku bijanye namwe.”​—1 Abanyatesalonika 3:2-7.

Timoteyo yarakoranye na Paulo imyaka cumi yakurikiye. Paulo yahavuye apfungirwa i Roma, kandi Timoteyo, uwari aherutse ubwiwe gupfungurwa, yaciye aja kugumana na we. Igihe Paulo yari mw’ibohero, yarandikiye ikete Abafilipi, bikaba bishoboka ko yakoresheje Timoteyo bwa mwanditsi. Paulo yavuze ati: ‘Nizigiye kubarungikira Timoteyo, kuko ata wundi mfise w’umwizigirwa cane nka we kandi yobakorera kumuruta.’​—Abafilipi 2:19-22; Abaheburayo 13:23.

Ese ukuntu ayo majambo ategerezwa kuba yaratumye Timoteyo yumva afise umunezero! Paulo yahavuye akunda cane Timoteyo kubera yuko yari yiteguriye gukorera Imana n’umutima ukunze. Twizigiye ko na wewe ari ko uzomera.

Ibibazo:

  • Timoteyo yakuriye hehe, kandi ni ibiki vyashikiye Paulo igihe yagendera aho hantu ari bwo bwa mbere?

  • Timoteyo yakoze iki igihe yaronka ubutumire bwo kujana na Paulo be na Silasi?

  • Timoteyo yagaragaje gute uburindutsi, kandi ni kubera iki Paulo yamukunze cane?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika