Nutere imbere mu vy’impwemu mu kwigana akarorero Ka Paulo
“Nararwanye ya ndwano nziza, narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo, naragumije ukwizera.”—2 TIM. 4:7.
1, 2. Ni amahinduka ayahe Sauli w’i Taruso yagize mu buzima bwiwe, kandi ni igikorwa gihambaye ikihe yaciye atangura gukora?
SAULI w’i Taruso yari umuntu w’incabwenge akaba n’inshirwarimenetse. Yamara, ‘yagenda ahuza n’ivyipfuzo vy’umubiri wiwe.’ (Ef. 2:3) Mu nyuma yidondoye ko yari “umurogosi, uwuhamana, [a]kaba n’umuntu atisonera.”—1 Tim. 1:13.
2 Haciye igihe, Sauli yaragize amahinduka akomeye mu buzima bwiwe. Yarahevye inzira yahora agenderamwo maze arakora aratama ‘atarondera akarusho kiwe bwite ahubwo arondera aka benshi.’ (1 Kor. 10:33) Yaracitse umuntu atekereza yongera aragaragariza ikibabarwe abo yari kuba yaragiriye nabi kubera akazikira yari abafitiye. (Soma 1 Abanyatesalonika 2:7, 8.) Yanditse ati: “Nacitse umusuku.” Yaciye yongerako ati: “Jewe, umuntu ari hasi y’uwo hasi y’aberanda bose, narahawe ubuntu ata wari abukwiriye, ngo menyeshe amahanga inkuru nziza yerekeye ubutunzi budashobora kugerwa bwa Kristu.”—Ef. 3:7, 8.
3. Ni mu buryo ubuhe kwiga amakete yanditswe na Paulo be n’inkuru ivuga ibijanye n’ubusuku bwiwe bishobora kudufasha?
3 Sauli, uwari azwi kandi kw’izina rya Paulo, yaragize iterambere ridasanzwe mu vy’impwemu. (Ibik. 13:9) Bumwe mu buryo kirumara bwotuma tugira iterambere ryihuta mu bijanye n’ukuri ni ukwiga amakete yanditswe na Paulo be n’inkuru ivuga ibijanye n’ubusuku bwiwe, maze tukigana akarorero kiwe k’ukwizera. (Soma 1 Abakorinto 11:1; Abaheburayo 13:7.) Nimuze twihweze ukuntu kubigira bizotuvyurira umutima wo gutsimbataza akamenyero keza ko kwiyigisha, gutsimbataza urukundo nyakuri dufitiye abantu be no kubona mu buryo bubereye ibitwerekeye.
Akamenyero Paulo yari afise mu bijanye no kwiga
4, 5. Ukwiyigisha vyafashije gute Paulo?
4 Kubera yuko Paulo yari Umufarizayo yigishirijwe “imbere y’ibirenge vya Gamaliyeli, [ak]igishwa nk’uko biri mw’Itegeko rya ba s[e]kuruza ata guca ku ruhande,” yari afise ku rugero runaka ubumenyi bwo mu Vyanditswe. (Ibik. 22:1-3; Flp. 3:4-6) Akimara kubatizwa, “[y]aciye [a]ja muri Arabiya,” aho hakaba ari mu bugaragwa bw’i Siriya canke na ho bikaba bishoboka ko ari mu kibanza kinaka gitekanye co mu gace k’intara y’Abarabu kinjira mu mazi, ico kikaba cari ikibanza ciza mu bijanye no kuzirikana. (Gal. 1:17) Biboneka ko Paulo yipfuza kuzirikana ku vyanditswe vyemeza yuko Yezu ari we Mesiya. Vyongeye, Paulo yipfuza kwitegurira igikorwa yari yimirije gukora. (Soma Ibikorwa 9:15, 16, 20, 22.) Paulo yarafata umwanya wo kuzirikana ku bintu vy’impwemu.
5 Ubumenyi be n’ugutahura bishingiye ku Vyanditswe Paulo yaronse biciye ku kwiyigisha vyaratumye ashobora kwigisha ukuri mu buryo kirumara. Nk’akarorero, igihe Paulo yari mw’isinagogi y’i Antiyokiya h’i Pisidiya, yarasubiyemwo neza na neza n’imiburiburi imirongo itanu yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo kugira ngo atange ivyemeza vy’uko Yezu yari Mesiya. Paulo kandi yarerekeje akatari gake ku vyanditswe vyeranda atarinze kubisubiramwo nk’uko biri. Ivyiyumviro yashikiriza bishingiye kuri Bibiliya vyarajijura cane ku buryo “benshi mu Bayuda no mu binjiye idini ryabo bǎsenga Imana bakuriki[ye] Paulo na Barunaba” kugira ngo bamenye n’ibindi. (Ibik. 13:14-44) Haciye imyaka itari mike, igihe umugwi w’Abayuda b’i Roma baja kuraba Paulo aho yari acumbitse, yarabasiguriye ibintu bitandukanye “mu gushinga intahe inogangije ku vyerekeye ubwami bw’Imana no mu gukoresha ukwumvisha kuri bo ku vyerekeye Yezu afatiye kw’itegeko rya Musa no ku Bahanuzi.”—Ibik. 28:17, 22, 23.
6. Igihe Paulo yaba ahanganye n’ingorane, ni igiki camufasha kuguma akomeye mu vy’impwemu?
6 Igihe Paulo yaba ahanganye n’ingorane yarabandanya gusuzuma Ivyanditswe, gutyo agakura inkomezi mu butumwa bwahumetswe buri muri vyo. (Heb. 4:12) Igihe Paulo yari apfungiwe i Roma imbere y’uko yicwa, yarasavye Timoteyo ngo amushire “imizingo y’ibitabu” be n’“iyo mu nsato.” (2 Tim. 4:13) Bishoboka ko iyo mizingo vyari ibihimba vy’Ivyanditswe vy’igiheburayo Paulo yakoresha mu kwiyigisha bimwe vyimbitse. Kwironsa ubumenyi bwo mu Vyanditswe biciye ku kugira akamenyero ko kwiyigisha Bibiliya cari ikintu gihambaye kuri Paulo kugira ngo agume ashikamye.
7. Nuvuge ivyiza ushobora gukura mu kwiyigisha Bibiliya udahorereza.
7 Kwiyigisha Bibiliya ubudahorereza bifatanije n’ukuzirikana gufise intumbero, bizodufasha gutera imbere mu vy’impwemu. (Heb. 5:12-14) Ku bijanye n’agaciro k’Ijambo ry’Imana, umwanditsi umwe wa Zaburi yaririmvye ati: “Ivyagezwe vyo mu kanwa kawe vyambereye agasumbajana k’amafeza n’amazahabu. Amabgirizwa yawe atuma ndusha abansi banje ubgenge; kuko na ntaryo yamana nanje. Nabujije ibirenge vyanje inzira mbi yose, kugira ngo nitondere ijambo ryawe.” (Zab. 119:72, 98, 101) Woba ufise akamenyero ko kwiyigisha Bibiliya? Woba uriko uritegurira amabanga uzoshobora kuronka muri kazoza mu murimo w’Imana, ivyo ukabigira biciye ku gusoma Bibiliya ku musi ku musi be no ku kuzirikana ku vyo uba wasomye?
Sauli yarize gukunda abantu
8. Sauli yafata gute abantu batari mw’idini ry’Abayuda?
8 Imbere y’uko Sauli acika umukirisu, yaragirira ishaka idini yarimwo, mugabo ntiyitwararika abantu batari mw’idini ry’Abayuda. (Ibik. 26:4, 5) Igihe Abayuda bamwebamwe batera amabuye Sitefano, Sauli yaravyitegereje yongera arabishigikira. Ivyo Sauli yabonye bitegerezwa kuba vyaratumye atinyuka mu bijanye no guhama abakirisu, kumbure akaba yabona yuko ukwo kwicwa kwa Sitefano cari igihano kibereye yari aronse. (Ibik. 6:8-14; 7:54–8:1) Iyo nkuru yahumetswe yigana iti: “Sauli atangura gutikiza ishengero. Yitera mu nzu no mu yindi, aburutira hanze abagabo n’abagore, akabatwara mw’ibohero.” (Ibik. 8:3) “[Yaraheba a]kabahama no mu bisagara vyo hanze.”—Ibik. 26:11.
9. Ni ikintu ikihe cashikiye Sauli catumye asubira gusuzuma ibijanye n’ukuntu yafata abantu?
9 Igihe Umukama Yezu yiyereka Sauli, uwo Sauli yari ku nzira aja i Damasiko gutoteza abigishwa ba Kristu bo muri ico gisagara. Ugukayangana gusiga ubwenge kw’Umwana w’Imana kwatumye Sauli ahuma, aca akenera gufashwa n’abandi. Igihe Imana yakoresha Ananiya ngo atume Sauli asubira kubona, ukuntu Sauli yafata abandi bantu vyari bimaze guhinduka rwose. (Ibik. 9:1-30) Amaze gucika umuyoboke wa Kristu, yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo afate abantu bose nk’uko Yezu yabafata. Ivyo vyasavye ko avavanura n’ubukazi maze “[akabana] amahoro n’abantu bose.”—Soma Abaroma 12:17-21.
10, 11. Paulo yagaragaje gute urukundo nyakuri yari afitiye abantu?
10 Paulo ntiyagarukirije gusa ku kubana n’abandi mu mahoro. Yipfuza kubagaragariza urukundo nyakuri, kandi ubusuku bwa gikirisu bwaramuhaye akaryo ko kubigira. Igihe yagira urugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari, yaramamaje inkuru nziza muri Aziya Ntoya. Naho Paulo be n’abo bari kumwe barwanijwe bimwe bikomeye, bagumye bituniye ku gufasha abantu bicisha bugufi kugira ngo bacike abakirisu. Barasubiye kugendera i Lusitira n’i Ikoniyo, naho ababarwanya muri ivyo bisagara bari baragerageje kwica Paulo.—Ibik. 13:1-3; 14:1-7, 19-23.
11 Mu nyuma, Paulo be n’umugwi w’abantu bari kumwe bararondeye abantu bafise agatima kabereye mu gisagara ca Makedoniya citwa Filipi. Umukenyezi umwe yari yarinjiye idini ry’Abayuda yitwa Lidiya yarumvirije ubutumwa bwiza maze aracika umukirisu. Abategetsi b’ico gisagara barahaye amahiri Paulo na Silasi bongera barabata mw’ibohero. Yamara, Paulo yarabwiye inkuru nziza umurinzi w’iryo bohero, ivyo bikaba vyatumye uwo murinzi be n’abagize umuryango wiwe babatizwa bakaba abasavyi ba Yehova.—Ibik. 16:11-34.
12. Ni igiki cavyuriye umutima Sauli, wa mugabo yahoze atisonera, kugira ngo acike intumwa ya Yezu Kristu irangwa n’urukundo?
12 Ni kubera iki none Sauli, uwahoze ahama abakirisu, yahavuye yakira ukwizera kw’abo yahora ahama? Ni igiki cavyuriye umutima uwo mugabo yahoze atisonera kugira ngo acike intumwa irangwa ubuntu be n’urukundo, iyari ifise umutima ukunze wo kwemera ko ubuzima bwayo buja mu kaga kugira ngo abandi bashobore kumenya ukuri kwerekeye Imana na Kristu? Paulo ubwiwe asigura ati: “Imana, imwe . . . [ya]mpamagara biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwayo . . . yiyumvi[riye] ko ari vyiza guhishura Umwana wayo mu bijanye nanje.” (Gal. 1:15, 16) Paulo yandikiye Timoteyo ati: “[Nagiriwe] imbabazi [kugira] ngo, biciye kuri jewe gahebuza, Kristu Yezu yerekane ukwiyumanganya kwiwe kwose bwa karorero k’abazoshingira ukwizera kwabo kuri we kugira baronke ubuzima budahera.” (1 Tim. 1:16) Yehova yarababariye Paulo, kandi kugirirwa mwene ubwo buntu ata wari abukwiriye be n’imbabazi, vyaravyuriye Paulo umutima wo kugaragariza abandi urukundo biciye ku kubabwira inkuru nziza.
13. Ni igiki gikwiye kutuvyurira umutima wo kugaragariza abandi urukundo, kandi twobigira gute?
13 Muri ubwo buryo nyene, Yehova aratubabarira ibicumuro vyacu be n’amakosa dukora. (Zab. 103:8-14) Umwanditsi wa Zaburi yabajije ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zab. 130:3) Iyaba atari ku bw’imbabazi z’Imana, nta numwe muri twebwe yogize umunezero wo kurangura umurimo mweranda, eka mbere ntitwokwiteganye igishika kuzoronka ubuzima budahera. Imana yaratugaragarije ubuntu ata wari abukwiriye bukomeye. Nk’ukwo kwa Paulo rero, dukwiye kugira icipfuzo co kugaragariza abandi urukundo biciye ku kubabwira inkuru nziza be no ku kubigisha ukuri, tukabigira kandi biciye ku gukomeza abo dusangiye ukwizera.—Soma Ibikorwa 14:21-23.
14. Ni gute twoshobora kwagura ubusuku bwacu?
14 Paulo yaripfuza kuba umusuku w’inkuru nziza ateye imbere, kandi akarorero ka Yezu karamukoze ku mutima. Bumwe mu buryo Umwana w’Imana yagaragajemwo urukundo rutagira urugero yari afitiye abantu, ni mu kurangura ubusuku bwiwe bwo ku mugaragaro. Yezu yavuze ati: “Iyimbura ni rinini mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Mat. 9:35-38) Biciye ku kuba umukozi w’umunyamwete, Paulo yarakoze ahuza n’ikintu cose ashobora kuba yarasavye mu bijanye n’uko hoboneka abakozi benshi. Weho bite? Woba ushobora kuryohora ubusuku bwawe? Canke, woba ushobora kwongereza umwanya umara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, kumbure mbere ukagira ivyo utunganije mu buzima bwawe kugira ngo ukore umurimo w’ubutsimvyi? Nimuze tugaragarize abandi urukundo nyakuri, mu kubafasha kugira ngo “[bafate] rwose rya jambo ry’ubuzima.”—Flp. 2:16.
Ukuntu Paulo yabona ibimwerekeye
15. Paulo yabona gute ibimwerekeye yigereranije n’abakirisu bagenziwe?
15 Bwa musuku mukirisu, Paulo yaradusigiye akarorero kadasanzwe no mu bundi buryo. Naho Paulo yaronse uduteka twinshi mw’ishengero rya gikirisu, yari azi neza ko iyo mihezagiro atayironse kubera yuko yari abibereye be n’uko atayironse kubera ubuhanga yari afise. Yaratahura yuko iyo mihezagiro yayironse bivuye ku buntu ata wari abukwiriye Imana yamugaragarije. Paulo yaremera yuko abandi bakirisu na bo nyene bari abasuku kirumara b’inkuru nziza. Naho yari afise amabanga mu basavyi b’Imana, yagumye yicisha bugufi.—Soma 1 Abakorinto 15:9-11.
16. Paulo yagaragaje gute ukwicisha bugufi be n’ukwifata ruto mu bijanye na ca kibazo co kugenyerwa?
16 Rimbura ukuntu Paulo yatunganije ikibazo kimwe cadutse mu gisagara c’i Siriya citwa Antiyokiya. Abari bagize ishengero rya gikirisu ryo muri ico gisagara bari bacanyemwo ku bijanye n’ikibazo co kugenyerwa. (Ibik. 14:26–15:2) Kubera yuko Paulo yari yagenywe kugira ngo aje imbere mu gikorwa co kwamamaza mu Banyamahanga batagenyerewe, ashobora kuba yariyumviriye yuko ari umuhinga mu bijanye no gutunganya ibintu vyerekeye abatari Abayuda, gutyo akabona ko ashoboye cane gutorera umuti iyo ngorane yari yadutse. (Soma Abagalatiya 2:8, 9.) Ariko rero, igihe vyaboneka ko utwigoro twiwe tunaniwe gutorera umuti iyo ngorane, abigiranye ukwicisha bugufi be n’ukwifata ruto, yarakurikije indinganizo maze aritura inama nyobozi yari i Yeruzalemu kugira ngo yihweze ivy’ico kibazo. Yarasenyeye ku mugozi umwe bimwe vyuzuye n’abari bagize inama nyobozi, igihe bariko baratega yompi ibijanye n’ico kibazo, bagafata ingingo, bakongera bakamugena ngo abe umwe mu baja kumenyesha abandi ingingo yafashwe. (Ibik. 15:22-31) Paulo rero ‘yarabaye uwa mbere mu vyo gutera iteka’ abasuku bagenziwe.—Rom. 12:10b.
17, 18. (a) Paulo yafata gute abantu bo mu mashengero? (b) Ukuntu abakurambere b’i Efeso bavyifashemwo igihe Paulo yagenda bitwigisha iki ku bimwerekeye?
17 Paulo, uwicisha bugufi, ntiyinuba abavukanyi n’abavukanyikazi biwe bo mu mashengero. Ahubwo riho, yabaye umuntu abiyegereza cane. Mu mpera y’ikete yandikiye Abaroma, yaratahije abantu barenga 20 abavuga mu mazina. Benshi muri bo nta handi bavugwa mu Vyanditswe, kandi bakeya muri bo ni bo gusa bari bafise uduteka tudasanzwe. Naho ari ukwo, bari abasavyi ba Yehova b’intahemuka, kandi Paulo yarabakunda cane.—Rom. 16:1-16.
18 Kuba Paulo yaricisha bugufi be n’ukuba yafata abandi kigenzi, vyarakomeje amashengero. Inyuma y’aho ahuriye ubwa nyuma n’abakurambere b’i Efeso, bano baciye “bagwa Paulo mw’izosi baramusoma n’ikibabarwe, kuko bari bababajwe canecane n’ijambo yari yababwiye ry’uko batari kwongera kubona mu maso hiwe.” Iyo haza kuba hari hagiye umuntu w’ubwibone kandi yinuba abandi, ntibari kuvyifatamwo gutyo.—Ibik. 20:37, 38.
19. Dushobora gute kugaragaza ko ‘twiyorosha mu muzirikanyi’ mu vyo tugirana n’abakirisu bagenzi bacu?
19 Abantu bose bipfuza gutera imbere mu vy’impwemu bategerezwa kugaragaza agatima ko kwicisha bugufi nk’uko Paulo yabigize. Yahimirije abakirisu bagenziwe ‘kutagira ikintu na kimwe bakora babitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko biyumvire biyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.’ (Flp. 2:3) Twoshobora gute gukurikiza iyo mpanuro? Uburyo bumwe twoyikurikiza ni mu gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere bo mw’ishengero dukukira, tugakurikiza ubuyobozi baduha tukongera tugashigikira ingingo bafata mu bijanye n’imanza baba baciye. (Soma Abaheburayo 13:17.) Ubundi buryo ni mu guha agaciro cane abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bose dusangiye ukwizera. Amashengero y’abasavyi ba Yehova akenshi usanga agizwe n’abantu bakomoka mu bihugu bitandukanye, mu mico kama itandukanye, bafise ibara ry’urukoba ritandukanye be n’ubwoko butandukanye. None wumva tudakwiye kwiga gufata abantu bose mu buryo butagira nkuzi kandi burangwa igishika, nk’uko Paulo yabigize? (Ibik. 17:26; Rom. 12:10a) Turemeshwa “[guhana] ikaze . . . nk’uko na Kristu yaduhaye ikaze, ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”—Rom. 15:7.
“Twiruke twihanganye” muri rya siganwa ku bw’ubuzima
20, 21. Ni igiki kizodufasha kwererwa mu kwiruka muri rya siganwa ku bw’ubuzima?
20 Ubuzima bw’umukirisu bwoshobora kugereranywa n’isiganwa rirerire ryo kwiruka n’amaguru. Paulo yanditse ati: “Narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo, naragumije ukwizera. Kuva ubu, mbikiwe urugori rw’ubugororotsi, urwo Umukama, wa mucamanza agororotse, azompa bwa mpembo kuri wa musi, yamara si jewe jenyene, ahubwo ruzohabwa n’abo bose bakunze ukwigaragaza kwiwe.”—2 Tim. 4:7, 8.
21 Gukurikiza akarorero ka Paulo bizodufasha kwererwa mu kwiruka muri rya siganwa ku bw’ubuzima budahera. (Heb. 12:1) Uko biri kwose rero, nimuze tubandanye gutera imbere mu vy’impwemu mu gutsimbataza akamenyero keza ko kwiyigisha, mu gutsimbataza urukundo rugera kure dukunda abandi, be no mu kuguma dufise agatima ko kwicisha bugufi.
Wokwishura gute?
• Paulo yungukiye gute ku kwiyigisha Ivyanditswe adahorereza?
• Ni kubera iki bihambaye ko abakirisu b’ukuri bagaragariza abantu urukundo rugera kure?
• Ni kamere izihe zizogufasha gufata abandi mu buryo butagira nkunzi?
• Akarorero ka Paulo gashobora gute kugufasha gusenyera ku mugozi umwe n’abakurambere b’ishengero ukukira?
[Ifoto ku rup. 23]
Nukure inkomezi mu Vyanditswe, nk’uko Paulo yabigira
[Ifoto ku rup. 24]
Nugaragaze urukundo mu kubwira abandi inkuru nziza
[Ifoto ku rup. 25]
Woba uzi icatumye Paulo akundwa cane n’abavukanyi biwe?