ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/9 rup. 26-29
  • Isi iriko itera ishuha cane hoba hari umuti woboneka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isi iriko itera ishuha cane hoba hari umuti woboneka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kumenya urugero rw’ingorane isi ifise
  • Aho tworonderera inyishu
  • Imana yaremye isi ifise umugambi
  • Kazoza keza karaturindiriye
  • Abantu boba bazokwonona isi ubutakivayo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ingabirano izokwamaho twahawe n’Umuremyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Iyi si yoba izohonywa?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Iyi si yacu yoba izokwigera isangangurwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/9 rup. 26-29

Isi iriko itera ishuha cane hoba hari umuti woboneka?

IBIMENYETSO biriko birigaragaza, ubushuhe buguma bwongerekana. Akarorero k’ivyo ni agasagara ko muri Alaska kitwa Newtok gaherereye mu karere gakanye cane (subarctique). Ubutaka bwo muri ako karere, ubwigeze kuba bugumye cane kubera igikonyozi caho (ubwo bita pergélisol), hakaba ari na ho ako gasagara Newtok kubatswe, butera bujaga amazi. Uwitwa Frank aba muri ako gasagara, yidoze avuga ati: “Sinkishaka kuba aho hantu. Huzuye urushanga.” Ivyigwa vyagizwe, vyerekana ko mu myaka cumi, ako gasagara kari ku nkengera y’ibahari gashobora kuzimangana.

Umugwi umwe w’abahinga baraba ibijanye n’ukuntu ikirere kiguma gihindagurika, (Groupe Intergouvernemental d’Experts sur l’évolution du Climat [GIEC]) washitse ku ciyumviro c’uko “ata woharira ko isi iriko irashuha.” Ubushuhe buguma bwiyongera kw’isi burerekana ko ivyo ari ivy’ukuri. Ivyo abanyasiyansi bita ihindagurika ry’ikirere, vyaratumye ikirere kiba nabi cane, muri ivyo hakaba harimwo uruzuba, imyuzure, ubushuhe budasanzwe be n’ibihuhusi, biba hirya no hino kw’isi. Ni igiki none kizoshikira umubumbe wacu? Hoba hari umuti woboneka?

Kumenya urugero rw’ingorane isi ifise

Nka kurya kw’umurwayi ari mu bitaro, ibintu nyamukuru bituma isi ikora neza biriko birasuzumirwa hafi n’abanyasiyansi baraba ivy’ikirere. Vya bigendajuru vyitwa Satellite biguma bitanga amakuru yerekana ukuntu ibibarafu bigenda biyonga, ibibanza biraba ukuntu ikirere cifashe biguma vyerekana urugero rw’imvura igwa uko rungana, hari ivyuma bipima urugero rw’ubushuhe n’ubukanye vy’ibwina mu mabahari hakaba n’indege zijejwe gusuzuma urugero rw’imyuka yo mu kirere. Ayo makuru yose ajanye n’ukuntu ikirere cifashe, aca ashirwa muri za orodinateri karuhariwe. Hariko harahingurwa amafoto yerekana ukuntu ikirere gikora kugira ngo afashe mu kumenyesha hakiri kare ibizoba mu myaka mirongo iri imbere, eka mbere no mu binjana biri imbere.

None ingorane isi ifise ni iyihe? Abantu bamwebamwe biyumvira yuko ikirere kirimwo umurengera wa ya myuka ituma kw’isi haba ubushuhe bwinshi. Ikinyamakuru kimwe (Time) kivuga yuko mu mwaka wa 2006 honyene, urugero rwa ya myuka yitwa dioxyde de carbone isi yahinguye “rwegereje igitigiri giteye ubwoba c’amatoni imiliyaridi 32.” Cokimwe n’ibiyo bubakisha mwene twa tuzu duterwamwo ibiterwa bimwebimwe mu ntumbero yo kubikingira ikirere kimeze nabi, bene iyo myuka iratangira ubushuhe bw’isi ikabubuza gukwiragira mu kirere, gutyo bigatuma isi iguma ishuha. None ni ibiki bizoshika muri kazoza? Twisunze ibivugwa na wa mugwi (GIEC), imyuka ibandanije gukwiragira nk’uko biri ubu, bizotuma “kw’isi yose haba amahinduka menshi mu bijanye n’ikirere,” bikaba bishoboka cane ko bizoba bibi gusumba ivyo twigeze kubona. Abantu benshi muri iki gihe baremera yuko umuti w’ivyo vyose ari ukugabanya urugero rwa ya myuka yitwa dioxyde de carbone. Ariko rero, naho urugero rw’iyo myuka rwocungerwa, ya mafoto yahinguwe muri orodinateri yerekana yuko bishoboka ko “ubushuhe bw’isi be n’iyongerekana ry’urugero rw’amazi yo mu biyaga riba kubera ubwo bushuhe bizoguma vyongerekana mu binjana n’ibindi.”

Aho tworonderera inyishu

Icigwa kijanye n’ukumenyesha imbere y’igihe ibijanye n’ikirere nta woharira ko kigoye gutahura. Ikinyamakuru kimwe gisohorwa kuri Internet (Earth Observatory) kibaza giti: “Nk’akarorero, ni ibiki bizoshikira ibicu ko isi iguma ishuha? Ibicu biri iyo hejuru mu kirere bimira ubushuhe bwotumye kw’isi harushiriza gushuha, vyoba bizoboneka kenshi kuruta ibicu biba birundaniye hamwe bizibira imishwarara y’izuba?” Inyishu ni iyihe? Ico kinyamakuru kivuga giti: “Muri iki gihe, abanyasiyansi nta nyishu bashobora gutanga kuri ivyo bibazo.”

Igitandukanye n’ivyo, Bibiliya iremeza yuko Yehova Imana ari “[“Uwashizeho,” NW] ijuru n’isi,” harimwo n’“ibirundo vy’ibicu biri hejuru.” (Itanguriro 14:19; Imigani 8:28, NW) Mu buryo ndyoshamvugo yidondoye ubwiwe yuko yashize “ubukerebutsi mu bicu bigerekeranye.” Vy’ukuri, Yehova aratahura neza ibintu abanyasiyansi badashobora gutahura.​—Yobu 38:36, NW.

Ku bijanye n’ikirere, raba ivyo Imana yavuze ubu haciye nk’imyaka 2.700 vyanditswe muri Bibiliya. Yavuze iti: ‘Imvura igwa ivuye mw’ijuru, ntisubireyo [“itabanje,” NW] gutosa isi.’ (Yesaya 55:10) Ese ukuntu ivyo vyerekana mu buryo butomoye ya nzinguzingu y’amazi! Amazi aba yabaye umwuka akaduga mu bicu arasubira gucika amazi hanyuma akagwa kw’isi ari imvura, iyiheza “[i]gatosa isi.” Ubushuhe bw’izuba butuma urume rucika umwuka maze ‘rugasubirayo,’ ni ukuvuga mu kirere, kugira ngo ya nzinguzingu isubire gutangura. Ijambo rya Yehova ryarahishuye amakuru y’ido n’ido atangaje ku bijanye n’ukuntu ikirere c’isi gikora, ivyo rikaba ryabigize ibinjana n’ibindi imbere y’uko ivyandikano bidashingiye kuri Bibiliya bibihishura. Ivyo none ntibituma urushiriza kwizigira Umuremyi be n’ivyo ashoboye gukora? Igihe rero tugomba kumenya ivyerekeye ingorane isi ifise zijanye n’ikirere, wumva bitoba biranga ubukerebutsi duhanze amaso ‘uwaremye umuyaga,’ ari na we ‘Se w’imvura,’ umwe azi ukuntu uno mubumbe ukora?​—Amosi 4:13; Yobu 38:28.

Imana yaremye isi ifise umugambi

Naho hariho ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye na kazoza k’uno mubumbe wacu, ikintu kitoharirwa coco ni uko iyi si idasanzwe. Mu buryo butandukanye n’iyindi mibumbe, isi iriko ibinyabuzima vy’ubwoko bwinshi cane. Ni igiki gituma ivyo bishoboka? Abanyasiyansi bavuga yuko biva ku bintu bitari bike. Neza na neza, isi irafise amazi menshi; iri ku rugero rubereye ugereranije n’aho izuba riri; kandi irimwo uruvange rubereye rw’imyuka iri mu kirere, ushizemwo na wa mwuka duhema witwa ogisijeni, uno ukaba ari mwinshi bihagije.

Woshobora gutangazwa n’ukumenya yuko igitabu ca Bibiliya c’Itanguriro kivuga ibijanye n’ivyo bintu nyene mu nkuru ivuga ivy’irema. Nk’akarorero, mw’​Itanguriro 1:10 havuga ko Imana yakoranije ‘amazi iyita Ibiyaga,’ ivyo bikaba vyerekana mu buryo butomoye yuko hariho amazi menshi. Mw’​Itanguriro 1:3, tuhasoma duti: “Imana iravuga, iti Ni habeh’umuco.” Umubumbe wacu uregereye izuba ku rugero rwiza ku buryo amazi ari kuri wo nka yose aguma uko ari, yamara kandi nturi hafi cane y’izuba ku buryo amazi yose yoca acika umwuka ukaduga mu kirere.

Mw’​Itanguriro 1:6 havuga yuko Imana yaremye “itāzānure,” canke ikirere. Maze ku murongo wa 11 n’uwa 12 haca havuga ko Imana ituma ivyatsi, ibimera be n’ibiti biboneka. Ivyo vyose ni ikimenyamenya c’uko wa mwuka witwa ogisijeni uriho, uwahavuye utuma bishoboka ko abantu n’ibikoko bibandanya kubaho bihumeka.

None dushobora gushika ku ciyumviro ikihe? Igihe Imana yarema isi, iyiriko amazi menshi, ikaba iri ku rugero rubereye ugereranije n’aho izuba riri, kandi ikaba ifise uruvange rubereye rw’imyuka, itegerezwa kuba yari ifise umugambi. Bibiliya itubwira iti: ‘Imana ntiyaremye isi ngo ibeko ubusa gusa, yayibumvye kugira ngo ibeko abantu.’ (Yesaya 45:18) Muri Zaburi 115:16, hagira hati: “Amajuru n’amajuru y’Uhoraho, arikw isi yayihaye abana b’abantu.” Mu vy’ukuri, isi yaremwe kugira ngo abantu bayibeko.

Nk’uko Ivyanditswe bivyerekana, Imana yaremye umugabo n’umugore ba mbere, maze ibashira mw’itongo ry’i Edeni, ahantu h’iparadizo hateye igomwe. Bategerezwa ‘kuririma no kurizigama.’ (Itanguriro 2:15) Imana kandi yababwiye iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze.” (Itanguriro 1:28) Niwiyumvire nawe ibintu vyiza igitangaza vyari bibarindiriye! Bari kwagura imbibe z’iyo Paradizo igakwira kw’isi yose maze bakayibamwo ibihe bidahera. Ese ukuntu bari bafise kazoza gateye igomwe!

Ikibabaje, ni uko aho kugamburukira Imana, uwo mugabo n’umugore ba mbere bahisemwo ingendo y’ukwigenga irimwo ubugarariji, iyo abantu batari bake bakurikije gushika n’uno musi. (Itanguriro 3:1-6) Vyavuyemwo iki? Aho kurima no kwitwararika isi, umuntu ariko ‘arahonya isi’ ku rugero rutari bwigere rwiyumvirwa ko rwoshobotse. (Ivyahishuwe 11:18) Naho ari ukwo, turashobora guhumurizwa n’ukuba umugambi Imana ifitiye iyi si utahindutse. Bibiliya idukura amazinda iti: “[Imana yashizeho] amatanguriro y’isi, ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira.” (Zaburi 104:5) N’ikindi kandi Yezu ubwiwe yasezeranye muri ya Nsiguro yo ku Musozi ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Matayo 5:5) None ivyo bizoranguka gute?

Kazoza keza karaturindiriye

Uwahoze ari perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ati: “Ibijanye n’ihindagurika ry’ikirere ni ingorane ikwiye hose.” None ntiwemera yuko hakenewe umuti wovura isi yose? Yezu Kristu yarerekanye ko uwo muti ari Ubwami bw’Imana. Yigishije abayoboke biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze.” (Matayo 6:9, 10) Nk’uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvyerekana, ubwo Bwami bwo mw’ijuru ni intwaro izoganza isi yose, vuba bukaba “buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami [ni ukuvuga intwaro zo muri kino gihe].” (Daniyeli 2:44) N’ikindi kandi, “[buzohonya] abariko barahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Biragaragara yuko abantu bonona isi bakongera bagasesagura ubutunzi bwayo bazogira ico babazwa kandi ko bazosangangurwa.

Ni ibiki none bizoshikira uyu mubumbe wacu wononekaye? Biri n’ico bivuze kubona igihe Yezu yari ngaha kw’isi yaragaragaje ububasha afise ku bidukikije, nko ku muyaga be no ku kiyaga. Yaratururuje umuyaga w’igihuhusi mu kuvuga amajambo make gusa. (Mariko 4:35-41) Ubu ko Yezu ari “Umukama w’abakama n’Umwami w’abami” aganza ari mw’ijuru, vuba agiye kugaragaza ububasha afise kw’isi be no ku biri muri yo, mu buryo bushika kure kuruta. (Ivyahishuwe 17:14) Nkako, Yezu yavuze ko ubutegetsi bwiwe ari “ukurema busha.” (Matayo 19:28) Iyindi mpinduro ya Bibiliya ikoresha imvugo “guhindura ibintu vyose gushasha.” (New International Version) Yezu azorema ibintu vyo kw’isi busha, ni ukuvuga ko azobihindura gusha, bikamera nk’uko vyari biri muri rya tongo ryo muri Edeni. Isi izoba isubiye kuba Iparadizo. (Luka 23:43) Ugushuha kw’isi kuzotorerwa umuti n’Ubwami bw’Imana.

Mbere no muri kino gihe, urashobora kwungukira ku butegetsi bw’Ubwami. Uti gute? Yezu yavuze imbere y’igihe ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Matayo 24:14) Ivyo bituma abantu amamiliyoni bakira neza iyo nkuru nziza. Abantu bariko barahindura ubuzima bwabo. Bariko baratsinda ingeso zishobora guhitana ubuzima zari zarabiziziye. Ubuzima bwo mu rugo buriko buraryohorwa. Urwanko rushingiye ku bwoko ruriko rurasubirizwa n’urukundo. Mu vy’ukuri, Ubwami bw’Imana buriko burarangura ikintu intwaro z’abantu zidashobora gushikako. Bwaratumye abantu bababa imiliyoni indwi bava mu bihugu birenga 235 bunga ubumwe mu kivukano c’ukuri gikwiye kw’isi yose! Egome, kubera ari abatwarwa b’Ubwami bw’Imana, bariko baritegurira kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo yo ngaha kw’isi.

Kazoza k’isi ntigateye amakenga. Ese na kazoza kawe komera gutyo nyene!

[Ifoto ku rup. 27]

Bibiliya yaravuze ibijanye n’inzinguzingu y’amazi ibinjana n’ibindi imbere y’uko ivyandikano bidashingiye kuri Bibiliya bibivuga

[Ifoto ku rup. 28]

Yezu “[yarakankamiye u]muyaga, abwira ikiyaga ati: ‘Hora! Tekereza!’ Nya muyaga uca uraturura, haba agacerere kanini”

[Ifoto ku rup. 29]

Igihe isi izoba yasubiye kuba Iparadizo, ubushuhe bwayo buzoba bwaratorewe umuti

[Abo dukesha ifoto ku rup. 26]

Godo-Foto

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika