Yehova ni “umurokozi” wacu
‘Uhoraho azobatabara, abarokore.’—ZAB. 37:40.
1, 2. Ni ukuri ukuhe kw’ishimikiro ku vyerekeye Yehova kuduhumuriza kukongera kukadukomeza?
IBITUTU biterwa n’izuba ntibiguma uko biri. Uko isi izunguruka, ibitutu biguma vyiyunguruza kandi bihindagurika. Ariko rero, Umuremyi w’isi n’izuba wewe ntahinduka. (Mal. 3:6) Bibiliya ivuga iti: “Kuri we ntihaba uguhinduka kw’ukuzunguruka kw’igitutu.” (Yak. 1:17) Ukwo kuri kw’ishimikiro ku vyerekeye Yehova ni ikintu vy’ukuri kiduhumuriza kandi kidukomeza, canecane igihe duhanganye n’ibigeragezo bikomeye be n’ingorane. Uti kubera iki?
2 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yehova yarabaye “umurokozi” mu bihe vya Bibiliya. (Zab. 70:5) Ntiyigera ahinduka kandi ivyo yavumereye yama nantaryo abishitsa; ku bw’ivyo rero, abasavyi biwe muri kino gihe barafise imvo yumvikana yo kwizigira ko ‘azobatabara akongera akabarokora.’ (Zab. 37:40) Mu bihe vya none Yehova yarokoye gute abasavyi biwe? Ashobora gute kuturokora umwumwe wese ku giti ciwe?
Yarabakuye mu vyara vy’ababarwanya
3. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka ko abarwanya abasavyi ba Yehova batazokwigera bahagarika igikorwa co kwamamaza inkuru nziza?
3 Ukurwanywa na Shetani naho kwoba kungana gute, ntikuzokwigera kubuza Ivyabona vya Yehova gusenga Yehova we musa, nk’uko abibereye. Ijambo ry’Imana ridukura amazinda riti: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda.” (Yes. 54:17) Abarwanya abasavyi b’Imana baragerageje kubabuza kurangura igikorwa bashinzwe co kwamamaza ariko vyarabataye ku w’amazi. Rimbura utu turorero tubiri.
4, 5. Abasavyi ba Yehova bahanganye n’ukurwanywa ukuhe mu 1918, kandi vyavuyemwo iki?
4 Mu 1918, abasavyi ba Yehova barahanganye n’uruhamo rukaze rwari rutewe n’abakuru b’amadini bashaka guhagarika igikorwa cabo co kwamamaza. Ku wa 7 Rusama, intwaro ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yarasohoye imitahe yo guhagarika J. F. Rutherford, ico gihe akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa co kwamamaza carangurirwa kw’isi yose, be n’abandi batari bake bo ku cicaro gikuru. Mu kiringo kidashika amezi abiri, umuvukanyi Rutherford be n’abo bari kumwe baragirijwe ku karenganyo y’uko ngo bariko baragira umugambi w’ubugarariji, baca bakatirwa umunyororo w’imyaka myinshi. Ababarwanya, boba bari berewe mu gukoresha amasentare kugira ngo ahagarike rimwe rizima igikorwa co kwamamaza? Haba namba!
5 Niwibuke umuhango wa Yehova ugira uti: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara.” Ibintu vyarahindutse bukwi na bukwi kandi ata wari avyiteze, maze ku wa 26 Ntwarante 1919, haheze amezi icenda umuvukanyi Rutherford be n’abo bari kumwe baciriwe urubanza, barapfungurwa barinze gutanga amahera y’ingwati. Mu mwaka wakurikiye, ku wa 5 Rusama 1920, barambitswe izera. Abo bavukanyi barakoresheje umwidegemvyo bari baronse mu guteza imbere cane igikorwa c’Ubwami. Vyavuyemwo iki? Emwe, kuva ico gihe harabaye iyongerekana ritangaje! Ivyo bintu vyose vyabaye vyitirirwa wa “murokozi.”—1 Kor. 3:7.
6, 7. (a) Ni isekeza irihe ryagizwe mu Budagi bw’Abanazi mu kurwanya Ivyabona vya Yehova, kandi vyavuyemwo iki? (b) Inkuru zo muri kino gihe z’abasavyi ba Yehova, zitanga ikimenyamenya c’ikintu c’ukuri ikihe?
6 Ubu na ho rimbura akarorero kagira kabiri. Mu 1934, Hitler yararahiye ararengwa yuko azoherengeteza Ivyabona vya Yehova mu Budagi. Ako ntikari akarimi gusa. Haciye hakurikira ibikorwa vyo gufata no gupfunga abatari bake mu Budagi bwose. Ivyabona ibihumbi n’ibihumbi barakubaguwe; amajana n’amajana na bo bicirwa mu makambi y’itunatuniro. Hitler yoba yarashoboye guherengeteza Ivyabona muri iryo sekeza ryiwe? Yoba yarahagaritse buhere igikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu Budagi? Uwokubesha! Mu gihe c’uruhamo, abavukanyi bacu barabandanije kwamamaza mu kinyegero. Intwaro y’Abanazi imaze gutembagazwa, baciye bakoresha uwo mwidegemvyo bari baronse mu kubandanya bamamaza. Muri kino gihe, mu Budagi hari abamamaji b’Ubwami barenga 165.000. No muri ico gihe nyene, “umurokozi” yakoze neza na neza ibihuye n’ivyo yasezeranye ati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara.”
7 Inkuru zo muri kino gihe z’Ivyabona vya Yehova ziratanga ibimenyamenya vy’uko Yehova atazokwigera areka ngo abasavyi biwe baherengetezwe uko bagize umugwi. (Zab. 116:15) Bite ho ku bitwerekeye umwumwe wese ku giti ciwe? Yehova aturokora gute umwumwe wese ukwiwe?
Tuvuge iki ku bijanye no gukingirwa mu buryo bw’umubiri?
8, 9. (a) Tuzi dute ko Yehova atadusezeranira kwama adukingira mu buryo bw’umubiri? (b) Ni igiki dutegerezwa mu vy’ukuri kwemera?
8 Turazi yuko Yehova atadusezeranira ko azokwama adukingira mu buryo bw’umubiri umwumwe wese ku giti ciwe. Impagararo yacu ni nk’imwe ya ba Baheburayo batatu b’intahemuka banka kwunamira igishushanyo c’inzahabu Umwami Nebukadinezari yari yashinze. Abo basore batinya Imana ntibemeje yuko Yehova yobakingiye ku gitangaro kugira ngo ntibagirirwe nabi ku mubiri. (Soma Daniyeli 3:17, 18.) Yamara nk’uko ibintu vyahavuye bigenda, Yehova yarabarokoye abakura mu mbeya za ya tanure yaka umuriro. (Dan. 3:21-27) Ariko rero, no mu bihe vya Bibiliya, ukurokorwa ku gitangaro si ikintu cama cabaye. Abasavyi ba Yehova benshi b’abizigirwa barishwe n’ababarwanya.—Heb. 11:35-37.
9 Tuvuge iki muri iki gihe? Kubera ko Yehova ari “umurokozi,” nta nkeka ko ashobora kurokora abantu umwumwe wese ku giti ciwe mu bihe bigoye cane. Twoba dushobora kwemeza ko Yehova yagize ico akoze canke atagize ico akoze mu bihe binaka? Oyaye. Naho ari ukwo, umuntu yarusimvye mu gihe kitoroshe yoshobora kwumva ko Yehova yagize ico akoze. Vyoba biranga ubwibone nka hamwe abandi bomuhaririza. Muri ico gihe nyene, dutegerezwa mu vy’ukuri kwemera yuko abakirisu batari bake b’abizigirwa bapfuye bivuye ku ruhamo, nk’uko vyagenze mu gihe c’Abanazi. Abandi bapfuye mu bihe vy’ivyago. (Umus. 9:11) Twoshobora kwibaza duti: “Yehova yoba yarananiwe ‘kurokora’ abasavyi biwe b’abizigirwa bakubiranijwe n’urupfu?” Uko si ko biri na gato.
10, 11. Ni kubera iki umuntu adashobora kubuza urupfu ngo ntirumushikire, mugabo ni igiki Yehova ashobora gukora ku birwerekeye?
10 Rimbura iki kintu: Umuntu ntashobora kubuza urupfu ngo ntirumushikire, kubera yuko ata wushobora “[gu]kiza ubugingo bgiwe ukuboko kw’i kuzimu,” ni ukuvuga Hadesi, imva rusangi abantu bose bajamwo. (Zab. 89:48) Ariko none, tuvuge iki ku bijanye na Yehova? Umuvukanyikazi umwe yarokotse muri ca kiringo c’iterabwoba ry’Abanazi aribuka ivyo nyina wiwe, uno akaba yari Icabona, yigeze kumubwira kugira ngo amuhumurize kubera yuko bari babuze ababo bapfiriye mu makambi y’itunatuniro, ati: “Iyaba urupfu rwari rushoboye kugumya ibihe vyose abapfuye, wumva rutobaye rukomeye kurusha Imana?” Ata gukeka, urupfu ntirurusha inkomezi Mushoboravyose, we Sôko ry’ubuzima! (Zab. 36:9) Abantu bose bari muri Sheoli, ari yo Hadesi, Yehova arabibuka kandi azorokora umwumwe wese muri bo.—Luka 20:37, 38; Ivyah. 20:11-14.
11 Magingo ico gihe kitarashika, Yehova ubwiwe aritwararika ubuzima bw’abasavyi biwe b’abizigirwa muri kino gihe. Ubu na ho, nimuze turimbure uburyo butatu bugaragaza vy’ukuri ko ari “umurokozi” wacu.
Aradukingira mu buryo bw’impwemu
12, 13. Ni kubera iki ugukingirwa mu buryo bw’impwemu ari kwo guhambaye kuruta gukingirwa mu bundi buryo ubwo ari bwo bwose, kandi Yehova adukingira gute muri ubwo buryo?
12 Yehova aradukingira mu buryo bw’impwemu, ukwo kukaba ari kwo gukingirwa guhambaye kuruta gukingirwa mu bundi buryo ubwo ari bwo bwose. Kubera ko turi abakirisu b’ukuri, turatahura yuko hariho ikintu gifise agaciro kuruta ubuzima bwacu bwo muri kino gihe. Ikintu dufise c’agaciro gusumba ibindi vyose ni ubucuti dufitaniye na Yehova umwumwe wese ku giti ciwe. (Zab. 25:14; 63:3) Ubwo bucuti butahari, ubuzima bwacu bwo muri kino gihe bwobaye ata ntumbero bufise kandi nta cizigiro ca kazoza twobaye dufise.
13 Igishimishije, Yehova araturonsa imfashanyo yose dukeneye kugira ngo tugumane ubucuti bwa hafi na we. Turafise Ijambo ryiwe, impwemu yiwe nyeranda be n’ishengero ryiwe rikwiye kw’isi yose, kugira ngo bidufashe. Dushobora kwungukira gute bimwe bishitse kuri izo ndinganizo? Biciye ku kwiga Ijambo ryiwe ubudahorereza kandi tubigiranye umwete, tuzokomeza ukwizera kwacu twongere dutume icizigiro cacu kiguma gikayangana. (Rom. 15:4) Biciye ku gusenga ata buryarya dusaba impwemu yiwe, tuzoronka imfashanyo yo kunanira ibitugerageza kwisuka mu ngeso ziteye amakenga. (Luka 11:13) Biciye ku kuguma twisunga ubuyobozi duhabwa n’umugwi wa wa mushumba abicishije mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya hamwe no ku makoraniro, ku materaniro be no ku mahwaniro, tuzofungurirwa “ibifungurwa” vyo mu buryo bw’impwemu “ku gihe kibereye.” (Mat. 24:45) Izo ntunganyo ziradukingira mu buryo bw’impwemu zikongera zikadufasha kuguma twiyegereje Imana.—Yak. 4:8.
14. Niwigane ikintu cabaye gishira ahabona ugukingirwa kwo mu buryo bw’impwemu.
14 Kugira ngo dushire ahabona mwene ukwo gukingirwa, niwibuke ba bavyeyi bavugwa mu ntango y’ikiganiro c’imbere y’iki. Haciye imisi mikeyi umukobwa wabo yitwa Theresa babuze irengero ryiwe, bararonse amakuru y’agacavutu ababwira yuko yari yishwe.a Serugo arigana ivyo yibuka ati: “Nari nasenze Yehova ndamusaba kumukingira. Igihe basanga yapfuye, sinoharira yuko nabanje kwibaza igituma amasengesho yanje atishuwe. Ego ni ko, ndazi yuko Yehova adasezeranira abasavyi biwe kubakingira ku gitangaro umwumwe wese ku giti ciwe. Nagumye nsenga kugira ampe ugutahura. Narahumurijwe no kumenya yuko Yehova akingira abasavyi biwe mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ko aturonsa ivyo dukeneye kugira ngo tuzigame ubucuti dufitaniye na we. Ukwo gukingirwa kurahambaye kuruta ukundi uko ari kwo kwose, kubera yuko gushobora kugira ico gukoze kuri kazoza kacu k’ibihe bidahera. Muri uwo muce, Yehova yarakingiye Theresa kubera ko yarinze apfa amusukurira ari umwizigirwa. Narahumurijwe no kumenya yuko ivyizigiro vyiwe vya kazoza biri mu maboko ya Yehova ya Mana y’urukundo.”
Aradushigikira igihe turwaye
15. Ni mu buryo ubuhe Yehova adufasha igihe tuba turembejwe n’indwara?
15 Nka kurya Yehova yabigiriye Dawidi, na twebwe arashobora kudushigikira igihe tuba turi ‘ku buriri duhondobereye,’ ni ukuvuga igihe turwaye. (Zab. 41:3) Naho muri kino gihe Yehova ataturokora mu buryo bwo kudukiza ku gitangaro, aradufasha. Uti gute? Ingingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ryiwe zoshobora kudufasha gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu bijanye n’uburyo bwo kwivuza be no mu bindi bintu. (Imig. 2:6) Twoshobora kuronka amakuru yodufasha be n’inama ngirakamaro mu biganiro vyasohowe mu Munara w’Inderetsi no muri Réveillez-vous! bivuga ibijanye n’indwara tuba turwaye. Biciye ku mpwemu yiwe, Yehova yoshobora kuduha “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira ngo twihanganire ingorane tuba dufise twongere tuzigame ukutadohoka kwacu, naho twoshikirwa n’ibiki. (2 Kor. 4:7) Dufashijwe muri ubwo buryo, turashobora kwirinda guhagarikwa cane umutima n’iyo ndwara ku buryo tutoba tukibona neza ibintu vy’impwemu.
16. Umuvukanyi umwe yashoboye gute kwihanganira indwara yiwe?
16 Rimbura akarorero ka wa muvukanyi akiri muto twavuga mu ntango y’ikiganiro c’imbere y’iki. Mu 1998, bamutoye indwara yo mu bwonko (Sclérose latérale amyotrophique) yatumye aruhira kumugara umubiri wose.b None yashoboye gute kwihanganira iyo ndwara? Asigura ati: “Naragize umubabaro mwinshi cane nongera ndata umutwe igihe numva ko urupfu rwonyene ari rwo rwotumye nduhuka. Igihe cose numva ndengewe, ndasenga kugira ngo Yehova andonse ibintu bitatu: umutima utekanye, ukwigumya be n’ukwihangana. Ndumva ko Yehova yishuye ayo masengesho namutuye. Umutima utekanye utuma niyumvira ibintu bihumuriza, nk’ukuntu ibintu bizoba bimeze mw’isi nshasha igihe nzoba nshoboye kugendagenda, gufungura imfungurwa ziryoshe be no gusubira kuganiriza abagize umuryango wanje. Ukwigumya kuramfasha kurengera ukwumva ntamerewe neza be n’ingorane biva ku bumuga mfise. Ukwihangana kuranshoboza kuguma ndi umwizigirwa be no kugumana uburimbane mu vy’impwemu. Ndashobora vy’ukuri kwigereranya n’umwanditsi wa zaburi Dawidi, kubera yuko mbona ko Yehova yanshigikiye ndi ku buriri ndwaye.”—Yes. 35:5, 6.
Araturonsa ivya nkenerwa
17. Ni igiki Yehova yasezeranye kudukorera, kandi uwo muhango usobanura iki?
17 Yehova asezerana kuturonsa ivyo dukeneye mu buryo bw’umubiri. (Soma Matayo 6:33, 34 be n’Abaheburayo 13:5, 6.) Ivyo ntibisobanura yuko twokwitega kuronka ivyo dukeneye ku gitangaro canke ko dukwiye kureka gukora. (2 Tes. 3:10) Uwo muhango usobanura yuko nitwabanza kurondera Ubwami bw’Imana mu buzima bwacu tukongera tukagira umutima ukunze wo gukora kugira turondere ibitubeshaho, dushobora kwitega ko Yehova azodufasha kugira ngo turonke ivyo dukenera mu buzima. (1 Tes. 4:11, 12; 1 Tim. 5:8) Arashobora kuturonsa ivyo dukeneye mu buryo twoshobora kuba tutiteze, kumbure abicishije ku mukirisu mugenzi wacu ashobora kudufasha canke kuturonsa akazi.
18. Niwigane ikintu cabaye cerekana yuko Yehova yoshobora kuturonsa ibitubungabunga igihe turi n’ivyo dukeneye.
18 Niwibuke wa mukenyezi yireranye umwana twavuga mu ntango y’ikiganiro c’imbere y’iki. Igihe we n’umukobwa wiwe akiri muto bimukira mu kandi karere, vyaramugoye kuronka akazi. Asigura ati: “Mu gitondo naraja mu busuku bwo mu ndimiro, ku muhingamo na ho nkaja kurondera akazi. Ndibuka ivyabaye umusi umwe igihe naja aho badandariza ibifungurwa kugura amata. Narahagaze maze nditegereza imboga, ariko nta mahera nari mfise yo kugura na nkeya. Umubabaro nagize ico gihe sinari bwigere ndawumva mu buzima bwanje. Igihe nasubira i muhira kuri uwo musi mvuye kuri iyo mangazini, nasanze mu kabaraza ko mu kigo huzuye udufuko turimwo imboga z’ubwoko bwose. Zari imfungurwa zihagije zotuzigamye amezi n’amezi. Naciye nkorora amosozi, nongera ndashimira Yehova.” Uwo muvukanyikazi ntiyatevye kumenya yuko utwo dufuko twari twazanywe n’umuvukanyi wo mw’ishengero ryabo yarima imboga. Mu nyuma yaramwandikiye amubwira ati: “Naho nagukengurukiye cane kirya gihe, narakengurukiye kandi Yehova kubona yarakoresheje ubuntu bwawe kugira anyibutse urukundo amfitiye.”—Imig. 19:17.
19. Mu gihe c’amakuba akomeye, ni igiki abasavyi ba Yehova bazoba bizigiye badakeka, kandi ni igiki dukwiye kwiyemeza gukora ubu?
19 Vy’ukuri, ivyo Yehova yakoze mu bihe vya Bibiliya be n’ivyo akora mu gihe cacu biratuma tumwizigira nka we Mufasha wacu. Vuba, igihe amakuba akomeye azoshikira ino si ya Shetani, tuzokenera imfashanyo ya Yehova kuruta uko twigeze kuyikenera. Ariko rero, abasavyi ba Yehova bazoshobora kumuhanga amaso bizigiye badakeka ko azobafasha. Bazoshobora kuraramika imitwe yabo bahimbarwe, bazi yuko ukurokorwa kwabo kwegereje. (Luka 21:28) Mu gihe ivyo bitaraba, naho twoshikirwa n’ikigeragezo kimeze gute, nimuze twiyemeze kwizigira Yehova, tuzi tudakeka yuko Imana yacu idahinduka ari yo “murokozi” wacu vy’ukuri.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba ikiganiro kivuga ngo “Une épouvantable tragédie,” kiri muri Réveillez-vous! yo ku wa 22 Mukakaro 2001, urupapuro rwa 19-23.
b Raba ikiganiro kivuga ngo “La foi m’aide à vivre avec la SLA,” muri Réveillez-vous! yo muri Nzero 2006, urupapuro rwa 25-29.
Woba uvyibuka?
• Yehova ashobora gute kurokora abakubiranijwe n’urupfu?
• Ni kubera iki ugukingirwa mu buryo bw’impwemu ari kwo guhambaye cane rwose?
• Umuhango Yehova atanga wo kuturonsa ivyo dukeneye mu buryo bw’umubiri usobanura iki?
[Ifoto ku rup. 8]
Umuvukanyi Rutherford be n’abo bari kumwe barafashwe mu 1918, mu nyuma bararekurwa bongera bambikwa izera
[Ifoto ku rup. 10]
Yehova arashobora kudushigikira turi ‘ku buriri duhondobereye’