Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu makete kuri Tito, Filemoni be no ku Baheburayo
HACIYE igihe kinaka intumwa Paulo arekuwe akava aho yari apfungiwe ubwa mbere i Roma mu 61 G.C., aragendera izinga ry’i Kirete. Abonye ingene amashengero yaho yifashe mu vy’impwemu, aca asigayo Tito kugira ngo ayakomeze. Mu nyuma, Paulo arandikira ikete Tito, kumbure akaba aryandikira i Makedoniya, kugira ngo amuhe ubuyobozi bujanye n’imirimo ajejwe yongere yerekane ko ashigikiye igikorwa yari yamushinze.
Imbere yaho, hagisigaye gato ngo Paulo arekurwe ave mw’ibohero mu 61 G.C., yarandikiye ikete Filemoni, uno akaba yari umuvukanyi mukirisu yaba i Kolosayi. Iryo kete ni akamo ubwiwe atera umugenzi wiwe.
Nko mu 61 G.C., Paulo arandikira kandi ikete Abaheburayo bizera b’i Yudaya, rino rikaba ryerekana ukuntu ubukirisu burengeye ivy’Abayuda. Ayo makete yose uko ari atatu, turayasangamwo impanuro zidufitiye akamaro.—Heb. 4:12.
MUGUME MUFISE AMAGARA MEZA MU VY’IMPWEMU
Paulo amaze guha Tito ubuyobozi bujanye no “[kugena] abagabo b’inararibonye mu gisagara no mu kindi,” aca amuhanura ‘kuguma akangira n’ubuhambazi abantu b’ibigaba, kugira ngo bagire amagara meza mu kwizera.’ Arahimiriza abagize amashengero yose y’i Kirete “kwikunkumura ukutibanga Imana . . . no kubaho [ba]fise ukurorana kw’umuzirikanyi.”—Tito 1:5, 10-13; 2:12.
Paulo aratanga izindi mpanuro kugira ngo afashe abavukanyi b’i Kirete kuguma bafise amagara meza mu vy’impwemu. Asaba Tito ‘kuzibukira ibibazo vy’ubupfu n’indwano ku bijanye n’itegeko.’—Tito 3:9.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku vyanditswe:
1:15—Bishoboka gute ngo “ibintu vyose” bibe “ibidahumanye ku bantu badahumanye,” mugabo bikaba ibihumanye “ku bantu bahumanye kandi batagira ukwizera”? Inyishu y’ico kibazo ishingiye ku gutahura ico Paulo yashaka gusobanura igihe yavuga ngo “ibintu vyose.” Ntiyariko avuga ibintu neza na neza Ijambo ry’Imana ryanditswe ryiyamiriza, ariko yariko avuga ibintu umwe wese mu bizera ashobora kwifatiramwo ingingo yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima. Ku muntu afise ivyiyumviro bihuza n’ingingo mfatirwako z’Imana, mwene ivyo bintu ntibihumanye. Ukwo si ko bimeze ku muntu afise ivyiyumviro bigoretse akagira n’ijwi ryo mu mutima ryanduye.a
3:5—Ni gute abakirisu basizwe ‘bakizwa biciye ku kwuhagirwa’ kandi ‘bakagirwa bashasha biciye ku mpwemu nyeranda’? ‘Barakizwa biciye ku kwuhagirwa’ mu buryo bw’uko Imana yabuhagiye, canke yabogeje, ikoresheje amaraso ya Yezu hisunzwe agaciro k’inkuka y’incungu. ‘Baragirwa bashasha biciye ku mpwemu nyeranda’ kubera yuko bacitse “ikiremwa gishasha” bakaba abana b’Imana bavyawe n’impwemu.—2 Kor. 5:17.
Ivyigwa tuhigira:
1:10-13; 2:15. Abacungezi bakirisu babwirizwa kugaragaza umutima rugabo mu gukosora ibiri n’agahaze mw’ishengero.
2:3-5. Nk’uko vyari bimeze mu kinjana ca mbere, abavukanyikazi bakirisu bahumuye bo muri iki gihe barakeneye “[kuba] abatinya Imana mu nyifato, ntibabe ababesheranyi canke abaja b’umuvinyu mwinshi, babe abigisha b’ivyiza.” Muri ubwo buryo, barashobora kuba ngirakamaro mu kwigisha mw’ibanga “abagore bakiri bato” bo mw’ishengero.
3:8, 14. Tugumije ‘imizirikanyi yacu ku gushishikara ibikorwa vyiza’ biraba “vyiza kandi ni ngirakamaro” kubera yuko bidufasha kwimbuka mu murimo w’Imana bikongera bikadufasha kwitandukanya n’isi mbi.
NUHIMIRIZE “WISHIMIKIJE URUKUNDO”
vFilemoni arakezwa kubera ko ari intangakarorero mu kugaragaza “urukundo n’ukwizera.” Kuba yari uwuruhurira abakirisu bagenziwe vyaratumye Paulo agira “akanyamuneza kenshi n’uguhozwa kwinshi.”—Flm. 4, 5, 7.
Mu gutanga akarorero ku bacungezi bose, Paulo aricarira ikibazo c’inkoramutima cerekeye Onezime, ntabigire mu gutanga itegeko, ariko akabigira mu guhimiriza “yishimikije urukundo.” Abwira Filemoni ati: “Ndakwandikiye nizigiye ko ugamburuka, nzi yuko uzokora n’ibiruta ivyo mvuze.”—Flm. 8, 9, 21.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku vyanditswe:
10, 11, 18—Ni gute Onezime, ‘uwutari n’ico amaze’ kera, ahava akaba ‘uwuri n’ico amaze’? Onezime yari umushumba atabikunda yomotse ava mu nzu kwa Filemoni i Kolosayi, maze ahungira i Roma. Bishoboka kandi ko Onezime yivye shebuja kugira ngo arihe urwo rugendo rw’ibilometero 1.400. Vy’ukuri, ntaco yari amariye Filemoni. Ariko rero, Onezime ageze i Roma, Paulo yaramufashije araba umukirisu. Ico gihe, amaze gucika umukirisu, uwo mushumba ‘atari n’ico amaze’ kera yaracitse ‘uwuri n’ico amaze.’
15, 16—Ni kubera iki Paulo atasavye Filemoni ngo ahe umwidegemvyo Onezime? Paulo yipfuza kuguma yumiye gusa ku gikorwa ciwe co ‘kwamamaza ubwami bw’Imana be no kwigisha ibintu vyerekeye Umukama Yezu Kristu.’ Ku bw’ivyo, yahisemwo kutisuka mu bibazo vyo mu kibano, nk’ivyo vyari vyerekeye gushumbira abandi.—Ibik. 28:31.
Ivyigwa tuhigira:
2. Filemoni yaratanze inzu yiwe ngo ize iraberamwo amakoraniro ya gikirisu. Ni agateka tuba dutewe igihe ikoraniro ryo gusohoka mu busuku bwo mu ndimiro ribera mu nzu iwacu.—Rom. 16:5; Kol. 4:15.
4-7. Turakwiye kwibwiriza gukeza abo dusangiye ukwizera b’intangakarorero mu kwizera no mu rukundo.
15, 16. Ntidukwiye kureka ngo ibintu bibi bidushikira mu buzima bitume twiganyira bitari ngombwa. Tubigenjeje gutyo birashobora kutuviramwo ivyiza nk’uko vyagenze kuri Onezime.
21. Paulo yari yiteze yuko Filemoni ababarira Onezime. Na twebwe vyitezwe ko tubabarira umuvukanyi yoshobora kuba yadukoreye amakosa.—Mat. 6:14.
“DUTERE TUJA IMBERE TUGANA KU BUHUMURE”
Kugira ngo Paulo yerekane yuko kwizera inkuka y’incungu ya Yezu bihambaye kuruta ibikorwa vya rya Tegeko, arashira ahabona ukuntu uwatanguje ubukirisu ahambaye, agashira ahabona kandi ubuherezi bwiwe, inkuka yatanze be n’isezerano rishasha. (Heb. 3:1-3; 7:1-3, 22; 8:6; 9:11-14, 25, 26) Kumenya ivyo bintu bitegerezwa kuba vyarafashije abakirisu b’Abaheburayo kwihanganira uruhamo batejwe n’Abayuda. Paulo arahimiriza abizera bagenziwe b’Abaheburayo ngo ‘batere baja imbere bagana ku buhumure.’—Heb. 6:1.
Ukwizera guhambaye gute ku mukirisu? Paulo yandika ati: ‘Ata kwizera ntibishoboka ko uhimbara Imana rwose.’ Aremesha Abaheburayo ati: “Twiruke twihanganye muri rya siganwa twashizwe imbere,” tubigiranye ukwizera.—Heb. 11:6; 12:1.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku vyanditswe:
2:14, 15—Kuba Shetani “afise uburyo bwo guteza urupfu” vyoba vyerekana ko ashoboye gukubiranya umuntu wese ashatse? Oya namba, si co vyerekana. Yamara rero, kuva aho Shetani atanguriye inzira yiwe y’ububisha muri Edeni, ibinyoma vyiwe vyakweze urupfu kubera yuko Adamu yacumuye maze yandukiza icaha n’urupfu umuryango w’abantu. (Rom. 5:12) N’ikindi kandi, abakozi ba Shetani bo kw’isi barahamye abasavyi b’Imana gushika no ku rupfu, nk’uko nyene babigiriye Yezu. Mugabo ivyo ntibisobanura yuko Shetani afise ububasha bwose bwo kwica uwo yishakiye wese. Iyo biza kuba ari uko bimeze, nta gukeka ko aba yaraherengeteje kuva kera abasenga Yehova bose. Yehova arakingira abasavyi biwe uko bagize umurwi kandi ntashobora kureka ngo Shetani abahonye. Naho mbere Imana ireka hakaba abo muri twebwe bahitanwa n’ibitero vya Shetani, turashobora kwizigira tudakeka yuko Imana izokuraho ibibi ivyo ari vyose dutezwa.
4:9-11—Ni gute “twinjir[a] mu karuhuko” k’Imana? Imisi itandatu y’irema imaze kurangira, Imana yararuhutse ibikorwa vyayo bijanye n’irema, yizigiye ko umugambi wayo werekeye isi n’umuryango w’abantu worangutse. (Ita. 1:28; 2:2, 3) “Twinjir[a] muri ako karuhuko” mu kwirinda ivyo kuza turiregura be no mu kwemera inkuka y’incungu Imana yatanze kugira ngo turokoke. Igihe twizeye Yehova tukongera tugakurikira umwana wiwe tubigiranye ukugamburuka aho gukurikirana inyungu ziranga ubwikunzi, turinovora imisi yose ivyiza biruhura.—Mat. 11:28-30.
9:16—“Uwugize isezerano” wa rya sezerano rishasha ni nde? Yehova ni we Mutanzi wa rya sezerano rishasha, Yezu na we akaba “Uwugize isezerano.” Yezu ni we Muhuza w’iryo sezerano kandi biciye ku rupfu rwiwe, yaratanze inkuka yari ikenewe kugira ngo ryemezwe.—Luka 22:20; Heb. 9:15.
11:10, 13-16—Ni “igisagara” bwoko ki Aburahamu yari arindiriye? Nticari igisagara busagara ariko cari igisagara c’ikigereranyo. Aburahamu yari arindiriye “Yeruzalemu yo mw’ijuru,” igizwe na Yezu Kristu be na bamwe 144.000 bazofatanya na we kuganza. Abo bazofatanya kuganza, mu buninahazwa bwabo mw’ijuru bavugwa kandi ko ari “ca gisagara ceranda, Yeruzalemu Nshasha.” (Heb. 12:22; Ivyah. 14:1; 21:2) Aburahamu yari arindiranye igishika kubaho atwarwa n’Ubwami bw’Imana.
12:2—“Akanyamuneza [Yezu] yashizwe imbere” katumye “yihanganira igiti co gusinzikarizwako” kari akahe? Kari akanyamuneza ko kubona ivyo igikorwa ciwe coshitseko, ushizemwo ukweza izina rya Yehova, ukwemeza ubusegaba bw’Imana be n’ugucungura umuryango w’abantu akabakura mu rupfu. Yezu kandi yari arindiranye umushasharo impera yoronse yo gutegeka ari Umwami be no gusukura ari Umuherezi Mukuru ku bw’ineza y’umuryango w’abantu.
13:20—Ni kubera iki isezerano rishasha ryavuzwe ko ari “iridahera”? Ni kubera imvo zitatu: (1) Ntirizokwigera risubirizwa, (2) ivyiza biva kuri ryo vyamaho, kandi (3) “izindi ntama” zizobandanya kwungukira kuri iyo ntunganyo y’isezerano rishasha inyuma ya Harumagedoni.—Yoh. 10:16.
Ivyigwa tuhigira:
5:14. Dukwiye kuba abatohoji b’abanyamwete b’ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya, maze tugashira mu ngiro ivyo turyigiramwo. Nta bundi buryo uretse ubwo bwotuma ‘ububasha bwacu bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.’—1 Kor. 2:10.
6:17-19. Nitwagira icizigiro kitanyiganyiga gishingiye ku muhango w’Imana be n’ivyo yaturaganiye bizodufasha kudahesha ngo tureke kugendera mu nzira y’ukuri.
12:3, 4. Aho ‘kuruha ngo tudendebukirwe mu mitima yacu’ kubera ibigeragezo bitobito canke ukurwanywa vyoshobora kudushikira, turakwiye gutera imbere tugana ku buhumure maze tugakomeza ubushobozi dufise bwo kwihanganira ibigeragezo. Turakwiye kwiyemeza kunana “gushika ku maraso,” ni ukuvuga gushika n’aho twopfa.—Heb. 10:36-39.
12:13-15. Ntidukwiye kureka “umuzi w’ubumara,” canke umuntu uwo ari we wese mw’ishengero anegura ukuntu ibintu bikorwa, ngo atubuze ‘gutunganiriza ibirenge vyacu inzira zigororotse.’
12:26-28. “Ibintu vyakozwe” n’amaboko atari ay’Imana, ni ukuvuga ivy’iyi si vyose uko vyakabaye ushizemwo na rya “juru” ribi, bitegerezwa kunyiganyizwa bikurweho. Ivyo nivyashika, “ibintu bitanyiganyizwa,” ni ukuvuga bwa Bwami be n’ababushigikiye, ni vyo vyonyene bizogumaho. Ese ukuntu bihambaye ko twamamaza ubwo Bwami tubigiranye umwete kandi tukabaho twisunga ingingo ngenderwako zabwo!
13:7, 17. Kuguma twibanda kuri iyi nkeburo ijanye no kugamburukira abacungezi bo mu mashengero be no kubayobokera bizodufasha kugaragaza agatima ko gusenyera ku mugozi umwe.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2007, ku rupapuro rwa 26-27.