ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/2 rup. 24-25
  • Yosiya yahisemwo gukora ibigororotse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yosiya yahisemwo gukora ibigororotse
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Yosiya yari afise abagenzi beza
    Niwigishe abana bawe
  • Yosiya yarakunda amategeko y’Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Umwami wa Nyuma Mwiza
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Asukurira “mu kiringo ca nyuma c’imisi”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/2 rup. 24-25

Niwigishe abana bawe

Yosiya yahisemwo gukora ibigororotse

WOBA wibaza ko gukora ibigororotse bigoye?a​— Niba ubona ko bigoye, abantu nka bose bogushigikira. Mbere n’abakuze birabagora gukora ivyo baba bazi ko bigororotse. Reka turabe igituma vyari bigoye canecane kuri Yosiya kugira amahitamwo meza. Woba uzi uwo yari we?​—

Yosiya yari umuhungu wa Amoni, umwami w’Ubuyuda, uno akaba yari afise imyaka 16 gusa igihe Yosiya yavuka. Amoni yari umuntu mubi cane, nk’uko na se wiwe, Umwami Manase, yari ameze. Nkako, Manase yaramaze imyaka itari mike ari umutegetsi w’umubisha. Mugabo rero yarafashwe n’Abashuri maze atwarwa ari imbohe kure cane i Babiloni. Igihe Manase yari mw’ibohero, yaratakambiye Yehova kugira ngo amuharire kandi Yehova yaramuhariye.

Igihe Manase yarekurwa, yaciye agaruka i Yeruzalemu maze yongera gutegeka ari umwami. Yaciye ubwo nyene akosora ibintu bibi yari yarakoze yongera arafasha abantu gusukurira Yehova. Bitegerezwa kuba vyaramubabaje cane igihe umuhungu wiwe Amoni yahitamwo kudakurikira akarorero kiwe keza. Nko muri ico gihe ni ho Yosiya yavuka. Bibiliya ntivuga umwanya Manase yoba yaramaranye n’umwuzukuru wiwe Yosiya. Mugabo woba wibaza ko Manase yoba yaragerageje kumufasha gusukurira Yehova?​—

Igihe Yosiya yari afise imyaka itandatu gusa, Manase yarapfuye maze se wa Yosiya ari we Amoni aca aba umwami. Amoni yategetse imyaka ibiri gusa, mu nyuma aca yicwa n’abasuku biwe bwite. Yosiya rero yaciye aba umwami w’Ubuyuda afise imyaka umunani. (2 Ngoma, ikigabane ca 33) None wibaza ko ari ibiki vyaciye biba ico gihe? Yosiya yoba yahisemwo gukurikira akarorero kabi ka se wiwe Amoni canke yahisemwo akarorero keza ka sekuru Manase yari yigaye?​—

Naho Yosiya yari akiri muto, yari azi yuko akwiye gukorera Yehova. Ni co gituma yatega yompi abakunda Yehova aho gutega yompi abahoze ari abagenzi ba se wiwe. Yosiya yari afise imyaka umunani gusa, mugabo yari azi yuko vyari bibereye kwumviriza abantu bakunda Imana. (2 Ngoma 34:1, 2) Woba ushaka kumenya ibijanye n’abahanuye Yosiya bakongera bakamubera akarorero keza?​—

Umuhanuzi Zefaniya yarabereye Yosiya akarorero keza. Yari incuti ya Yosiya kubera bishoboka ko yakomoka kuri se wa Manase, ari we wa mwami mwiza Hezekiya. Mu ntango z’ubutegetsi bw’Umwami Yosiya, Zefaniya yaranditse igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe. Zefaniya yaravuze ibintu bibi vyoshikiye abatahisemwo gukora ibigororotse, kandi na Yosiya biboneka ko yateze yompi izo ngabisho.

Hariho kandi na Yeremiya, uwo ushobora kuba umaze kwumva ibimwerekeye. Yeremiya na Yosiya bompi bari abakiri bato kandi bakuriye hafi na hafi. Yehova yarahumekeye Yeremiya kwandika igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe. Igihe Yosiya yapfira mu rugamba, Yeremiya yaranditse indirimbo idasanzwe yiswe iyo gucura intimba kugira ngo aserure akabonge yari afise. (2 Ngoma 35:25) Turashobora kwiyumvira ukuntu bategerezwa kuba bararemeshanya kuguma ari abizigirwa kuri Yehova!

Wibaza ko ari ibiki ushobora kwigira kuri Yosiya?​— Nimba papa wawe adakorera Yehova nk’uko vyari biri kuri Yosiya, hoba hariho uwundi muntu ashobora kugufasha kwiga ivyerekeye Imana? Kumbure uwo muntu ni mama wawe, sokuru wawe, canke iyindi ncuti. Canke na ho ni uwundi muntu akorera Yehova, uwo mama wawe ashobora kwemerera ko mwokwigana Bibiliya.

Uko vyoba biri kwose, naho Yosiya yari akiri muto, yari akuze bihagije ku buryo yari azi yuko akwiye kugiranira ubugenzi n’abantu bakorera Yehova. Ese nawe wobigenza gutyo ugahitamwo gukora ibigororotse!

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

Ibibazo:

  • Se wa Yosiya na sekuru wiwe bari bande, kandi bari abantu bameze gute?

  • Ni amahinduka ayahe sekuru wa Yosiya yagize mu buzima bwiwe?

  • Abahanuzi babiri bashobora kuba barabereye Yosiya akarorero keza bitwa bande, kandi ni kubera iki wibaza ko bihambaye kugira abagenzi bameze nka bo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika