ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/1 rup. 3
  • “Akandi gacupa kamwe gusa”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Akandi gacupa kamwe gusa”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Nugume ubona ivyerekeye inzoga mu buryo bubereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ingene wokwigerera mu kunywa
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nugumane uburimbane mu kuntu ubona ivy’ukunywa inzoga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/1 rup. 3

“Akandi gacupa kamwe gusa”

UWITWA Allena yatanguye kunywa inzoga zirenze urugero igihe yari afise imyaka 11. We hamwe n’abagenzi biwe barakinira mu bitara vy’ibiti, bigana abantu baba babonye mu masinema. Abo bantu bigana bari abantu bakina ibintu ku bwa ngingo atari ivy’ukuri, ariko inzoga Allen na bagenziwe banywa zozo zari inzoga nya nzoga.

Uwitwa Tony yari afise imyaka 40 igihe yatangura kuza arongereza bukebuke inzoga yanywa ahereye ku kunywa buri mugoroba icupa rimwe canke abiri gushika ku macupa atanu canke atandatu. Yahavuye aba atagishobora guharura izo yaba yanyoye ku musi.

Allen yararondeye gufashwa ku bijanye n’iyo ngorane yari afise yo kunywa inzoga. Tony yarateye akagere imfashanyo yahawe n’umuryango be n’abagenzi bamwitwararika. Allen aracariho ku buryo ashobora kutuyagira iyo nkuru yiwe; Tony we yarapfuye mu myaka nk’ingahe iheze ahitanywe n’isanganya ry’umuduga yari atwaye ahejeje kunywa inzoga nyinshi cane.

Mbere n’igihe umuntu anywa akarenza urugero ari wenyene, nta kabuza ko ukwo kurenza urugero kwiwe kugira ico gukoze ku bandi bantu, akenshi hakaba ingaruka zibabaje. Akatari gake, gukoresha nabi inzoga ni yo ntandaro yo kuvuga ibijambo bibi canke kugirira nabi abandi ku mubiri, yo kurwana no kwicana, y’amasanganya y’imiduga be n’ayabera ku kazi be no kugira ingorane nyinshi z’amagara. Akaborerwe gatuma abantu basohora amahera menshi cane ku mwaka ku mwaka, tutavuze ukuntu kagirira umuntu nabi ku giti ciwe, kakagirira nabi abandi, imiryango n’abana.

Naho ari ukwo, Urwego ruraba ivy’amagara rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika (U.S. National Institutes of Health) ruvuga ruti: “Umuntu wese anywa inzoga ubudahorereza si ngombwa ngo abe afise ingorane yo kunywa, kandi abafise ingorane yo kunywa bose si ngombwa ngo babe banywa imisi yose.” Hari abantu benshi batiziziwe n’inzoga batsimbataje batabizi akamenyero ko kunywa mu buryo burenze urugero. Abandi usanga banywa rimwerimwe ariko bakanywa amacupa arenga atanu mu kiringo kimwe.

None hamwe wohitamwo kunywa inzoga, woshobora gute kumenya nyinshi uko zingana? Ushobora gute kumenya ko udakwiye gufata “akandi gacupa kamwe gusa”? (Imigani 23:29, 30, Contemporary English Version) Ibiganiro bikurikira biraza guca irya n’ino amakuru ngirakamaro yerekeye ico ciyumviro.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika