ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/6 rup. 11-14
  • Bwoba vy’ukuri ari ubugunge?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bwoba vy’ukuri ari ubugunge?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni nde akwiye kuriha ivyononywe n’isanganya?
  • ‘Nimwishure Sezari ivya Sezari’
  • Kwiba mu bibazo
  • Uzokora iki?
  • Woba utegerezwa kuriha amakori?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/6 rup. 11-14

Bwoba vy’ukuri ari ubugunge?

“Wewe hindura gusa akantu gatoyi muri raporo y’isanganya, vyose bica bigenda neza.”

“Erega abaraba ivy’amakori si ngombwa ngo bamenye akantu kose.”

“Igikuru ni uko batagufata.”

“None wirirwe urariha kandi ushobora kubironka kuri gusa?”

HAMWE wohanuza abantu ku bibazo bijanye n’amahera, woshobora kwumva amajambo nk’ayo. Abantu bamwebamwe hari ukuntu usanga basa n’abashoboye guteka umutwe bagatorera umuti ikibazo ico ari co cose. Ariko ikibazo ni iki: None ivyo vyitwa ko ari umuti bagutoza, vyoba vy’ukuri ata bugunge canke ububeshi birimwo?

Ubugunge n’ububeshi bireze cane muri kino gihe ku buryo akenshi usanga abantu babona ko kubesha, gukoresha amanyanga be no kwiba ari uburyo bubereye bufasha umuntu kugira ntahanwe, yironkere agafaranga canke kugira yiteze imbere. Abantu bakomakomeye mu kibano usanga akenshi badatanga akarorero keza ku bijanye no kuba imvugakuri canke inzirabugunge. Mu gihugu kimwe ca Buraya, ibitigiri vy’abakora forode be n’abanyuruza itunga vyarongerekanye ibice birenga 85 kw’ijana, kuva mu 2005 gushika mu 2006. Aho rero ntibashizemwo abantu benshi babikoze ku bintu bitobito bamwebamwe usanga bavuga ngo ni utuntu ata co dutwaye canke ngo ni ukwiyungunganya. Bishobora rero kuba bitatangaje cane abantu kubona abagwizatunga n’abanyepolitike bakomakomeye bo muri ico gihugu baragize uruhara mu bintu vy’agahomerabunwa vyabaye, bikaba vyaragaragaye ko bakoresheje impapuro z’umutsindo za magendo kugira barondere kuduzwa ibiti.

Ariko naho ubugunge n’ububeshi vyiraye mw’isi, abantu benshi baripfuza gukora ibigororotse. Kumbure nawe woba uri muri abo. Ushobora kuba ukunda Imana, ukaba wipfuza gukora ibigororotse mu nyonga zayo. (1 Yohani 5:3) Woshobora kuba ufise icipfuzo nk’ico intumwa Paulo yari afise, we yanditse ati: “Tu[ra]zi neza ko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Ku bw’ivyo, turagusavye ngo wihweze ibintu bimwebimwe bishobora kubera ikigeragezo umuntu yipfuza kwigenza “mu buryo bugororotse muri vyose.” Turaza kandi kurimbura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gufasha mu bihe mwene ivyo.

Ni nde akwiye kuriha ivyononywe n’isanganya?

Umwigeme umwe yitwa Lisaa, umusi umwe yariko aranyonga umuduga, hanyuma arakora ikosa asanga yasetse uwundi muduga. Nta wakomeretse, mugabo iyo miduga yompi yarononekaye. Aho mu gihugu iwabo, abashoferi bakiri bato batanga amahera menshi ya soransi, kandi igihe cose bagize isanganya nya mahera aca aduzwa. Kubera ko Lisa ari kumwe na muvyarawe amukurira yitwa Gregor, umugenzi umwe amugira inama yo kuvuga yuko uwo muvyarawe ari we yariko aranyonga umuduga igihe bagira isanganya. Abigenjeje gutyo, Lisa ntazoba akirishe amahera yiyongereye ya soransi. Ubiraba, uwo muti womengo ni wo. None akore iki?

Kugira amashirahamwe y’ivya soransi atunganye ivyononekaye, akoresha amahera atangwa n’abanywanyi bayo. Uca wumva rero yuko mu gihe Lisa yokora ivyo umugenzi wiwe amugiriye inama, ku bisanzwe yoba ariko atuma abandi banywanyi babwirizwa gutanga amahera y’umurengera ya soransi mu kuriha ivyononywe n’isanganya yateje. Uretse ko yoba atanze raporo itari yo, yoba kandi yivye abandi. Ni na ko vyoba biri mu gihe umuntu yobesha kugira ngo ahabwe amahera menshi y’indishi.

Ibihano bitegekanywa n’amategeko hari aho vyoshobora gutuma abantu batinya cane gukora mwene ico kintu c’ububeshi. Ariko rero, imvo ihambaye kuruta yotuma twirinda kubesha canke kugunga abandi, tuyisanga mw’Ijambo ry’Imana. Rimwe muri ya Mabwirizwa cumi rivuga riti: “Ntukibe.” (Kuvayo 20:15) Intumwa Paulo yarasubiriyemwo iryo bwirizwa abakirisu, ati: “Uwiba ntiyongere kwiba.” (Abanyefeso 4:28) Wumviye Ijambo ry’Imana mu bintu mwene ivyo bijanye na soransi, uba wirinze gukora ikintu Imana yiyamiriza. Vyongeye, uba werekanye yuko ukunda kandi wubaha itegeko ry’Imana be na bagenzawe.​—Zaburi 119:97.

‘Nimwishure Sezari ivya Sezari’

Peter ni umudandaza. Umunyabigega wiwe amuremesheje gusaba ko yogabanirizwa ikori ku vyuma vya orodinateri bizimvye vyitwa ko baguze. Uravye urudandaza Peter akora, kugura mwene ivyo vyuma ni ikintu gisanzwe. Naho Peter atigeze agura ivyo vyuma, biboneka ko Leta itogira itohoza ku mahera yitwa ko yasohowe ku bw’ivyo vyuma. Peter bamugabanirije iryo kori, vyomuziganiriza amahera atari make ku yo ahora atanga mu kuriha amakori. None akore iki? Ni igiki comuyobora mu gufata ingingo?

Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Umuntu wese nayobokere abakuru bari hejuru . . . Muhe bose ivyabo, uwusaba ikori, ikori; uwusaba ikibuguro, ikibuguro.” (Abaroma 13:1, 7) Abipfuza gushimwa n’Imana barariha amakori yose abategetsi babasaba. Ku rundi ruhande, mu gihe amategeko y’igihugu yoba atezurira amakori abantu bamwebamwe canke urudandaza kanaka, nta kibi coba kirimwo umuntu asavye gutezurirwa mu gihe yoba ari mu bavyemerewe n’amategeko.

Raba ikindi kintu coshika kijanye n’ivyo kuriha amakori. David ni umubaji akorera ishirahamwe rimwe ry’aho abaye. Abagenzi n’ababanyi bamusavye rero ngo abakorere ububati be n’ibindi bikoresho bazokoresha mu nzu zabo, akabikora inyuma y’amasaha y’akazi. Bazomuriha amahera aruta umushahara ahora aronka ku kazi, kandi ngo nta fagitire bazomusaba. Gutyo nta candikano kizokwerekana ko David yakoze ako kazi, kandi ntazoheza ngo arihe ikori. Emwe, ico kiraka ni bake bokigisha. None ko David yipfuza guhimbara Imana, akwiye kubona gute akazi gakorwa ntihagire n’aho vyandikwa?

Naho umuntu akora gutyo atofatwa, ntaba ariha amakori Leta ifitiye uburenganzira. Yezu yategetse ati: “Nimwishure rero Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.” (Matayo 22:17-21) Yezu yavuze ayo majambo kugira ngo abogore ukuntu abamwumviriza babona ivyo kuriha amakori. Abategetsi, ari na bo Yezu yise Sezari, babona ko bafise uburenganzira bwo guhabwa amakori. Abayoboke ba Kristu rero babona ko kuriha amakori yose ari ikintu basabwa n’Ivyanditswe.

Kwiba mu bibazo

Umwigeme yitwa Marta ari mu mashure yisumbuye, ariko yitegurira ibibazo vyo guheza amashure. Kubera ko azoronka akazi keza ari uko aronse amanota menshi, yamaze amasaha n’ayandi ari kw’ikaye. Bamwebamwe mu bo bigana na bo nyene biteguye, ariko mu bundi buryo. Uti ubuhe? Bobo bategekanya kuzokwikora ku dukoresho two mu buhinga bwa none, nk’utumashini dufasha guharura (calculatrice) tudasanzwe canke telefone ngendanwa, kugira ngo bibe inyishu baheze bironkere amanota menshi. Mbega none, Marta akore nk’ivyo n’abandi bose bakora kugira arabe ko yoronka amanota meza?

Kubera ko ivyo kwiba mu bibazo ari vyo vyeze, abenshi babona ko ata co bitwaye. Ngo “Igikuru ni uko batagufata.” Yamara ku bakirisu b’ukuri, kwiyumvira gutyo ni ikintu baterekwa. Naho umwigisha atobona abariko bariba inyishu, uwubabona wewe ariho. Yehova Imana arazi ivyo dukora kandi azogira ico abitubazako. Paulo yanditse ati: “Nta kiremwa na kimwe kitibonekeza mu nyonga zayo, ahubwo ibintu vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza.” (Abaheburayo 4:13) Kuba tuzi ko Imana itwitegereza kubera yitaho ivy’uko dukora ibigororotse, wumva atari imvo ikomeye yotuvyurira umutima wo kwirinda kwiba igihe dukora ikibazo?

Uzokora iki?

Lisa, Gregor, Peter, David na Marta baratahuye ko ivyari bibahanze bitari ivyo guta mu nda nsa. Barafashe ingingo yo kwirinda ubugunge n’ububeshi, maze ivyo bituma bagumana ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi, bituma kandi baguma ari intungane. None nawe uzokora iki niwahangana n’ibintu nk’ivyo?

Abo mukorana, abo mwigana be n’ababanyi boshobora kuba babona ko ata co bitwaye kubesha, gukoresha amanyanga canke kwiba. Kukaba nkako, boshobora kugutwenga bagutyekeza kugira ngo uhebe ukore nk’ivyo bakora. Ariko ni igiki gishobora kugufasha gufata ingingo ibereye naho boba bakwosha gukora ivy’ubugunge canke ivy’ububeshi?

Niwibuke iki kintu: guhuza n’ivyo Imana igomba bituma tugira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi, bigatuma kandi Imana idushima ikanadutonesha. Umwami Dawidi yanditse ati: “Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerēra ku musozi wawe wera? N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka, akavuga ukuri mu mutima wiwe. . . . Ūgenza artyo nta kizomunyiganyiza.” (Zaburi 15:1-5) Kugira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi be no kugiranira ubucuti bwiza n’Imana yo mw’ijuru, biraruta inyungu iyo ari yo yose twoshobora kuronka tubicishije mu bugunge canke mu bubeshi.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 12]

“Uwiba ntiyongere kwiba.”

Kwubaha itegeko ry’Imana no gukunda mugenzi wacu biratuvyurira umutima wo kuba imvugakuri n’inzirabugunge mu vya soransi

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 12]

“Muhe bose ivyabo, uwusaba ikori, ikori.”

Kugira dushimwe n’Imana, turariha amakori yose asabwa n’amategeko

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 13]

“Vyose . . . vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza.”

Naho abigisha batodufata turiko turiba inyishu, turipfuza kuboneka ko turi inzirabugunge imbere y’Imana

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 14]

Ubusuma bwihishije

Umugenzi wawe yaguze integuro nshasha ya porogarama ya orodinateri, nawe ukaba wipfuza kuyironka. Aguterereye iciyumviro c’uko yokugirira ikopi y’iyo porogarama, gutyo akaba agufashije kuziganya udufaranga twawe. Ubwo bwoba ari ubugunge none?

Igihe abakoresha orodinateri baguze porogarama ya orodinateri, baremera kutarenga uturimbi dutomorwa neza mu masezerano atanga uburenganzira bwo gukoresha iyo porogarama. Ayo masezerano yoshobora guha nyene kuyigura uburenganzira bwo gushira iyo porogarama muri orodinateri imwe itarenga kandi akayikoresha muri iyo orodinateri yonyene. Muri ico gihe, kugirira uwundi muntu ikopi y’iyo porogarama kuba ari uguhonyanga ayo masezerano kandi birateye kubiri n’amategeko. (Abaroma 13:4) N’ikindi kandi, ukwo kugira ikopi y’iyo porogarama ni ubusuma kuko bituma nyeneyo ayifitiye uburenganzira bw’umuhinguzi atinjiza amahera yari afitiye uburenganzira.​—Abanyefeso 4:28.

Hari abokwiyumvira bati: ‘None hari uwuzopfa abimenye?’ Uko biri kwose, turakwiye kwibuka amajambo Yezu yavuze agira ati: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) Twese turashima ko baturiha ayo dukwiriye ku bw’ikintu kanaka tuba twakoze, kandi turipfuza ko abandi bubaha ivyacu. Dukwiye rero natwe kwubahiriza abandi nk’ukwo nyene. Turirinda rero ubusuma bwihishije, nk’ugupfa gukoresha ibintu umuntu afitiye uburenganzira bw’umuhinguzib kandi bitatwegukira.​—Kuvayo 22:7-9.

[Akajambo k’epfo]

b Muri mwene ivyo bintu harimwo ibintu benevyo bafitiye uburenganzira bw’umuhinguzi, nk’imiziki, ibitabu canke amaporogarama ya orodinateri, vyaba ibicapuwe ku mpapuro canke ibibitswe mu vyuma bikoresha ubuhinga bwa none. Ibindi vyoshirwa muri uwo mugwi ni ibimenyetso canke amazina vyerekana ko ikintu kanaka cahinguwe n’umuntu kibure ishirahamwe kanaka, uburenganzira bwo guhingura canke kugurisha ikintu kanaka buhabwa umuntu umwe gusa canke ishirahamwe rimwe gusa, hakabamwo n’ibanga ry’umwuga be n’uburenganzira bujanye n’ivy’ihayanishwa ry’ibidandazwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika