ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/8 rup. 5-8
  • Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • 1 Ni igiki kizohera?
  • 2 Umuhero uzoza ryari?
  • 3 Ni igiki kizokurikira umuhero?
  • 4 Ukwiye gukora iki kugira ngo uzorokoke uwo muhero?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Umuhero” ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Umuhero uzoza ryari? Ivyo Yezu yavuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Umuhero w’isi: Hari abawutinya, abawushashaye, n’abarambiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/8 rup. 5-8

Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwa

YEZU KRISTU yari yaravuze yuko umusi uri izina ‘umuhero woje.’ Mu kudondora ivy’ico gihe, yavuze ati: “Ico gihe hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, oya, kandi atazokwongera kubaho.”​—Matayo 24:14, 21.

Ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’umuhero, hamwe n’iyindi mirongo yo muri Bibiliya ivuga ivyerekeye ico kintu, biravyura ibibazo bitari bike bihambaye. Ubona gute none uzinguruye Bibiliya yawe maze ugasoma inyishu itanga kuri ivyo bibazo?

1 Ni igiki kizohera?

Bibiliya ntiyigisha ko isi-butaka izotikizwa. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “[Imana ya]shizeh’amatanguriro y’isi, ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira.” (Zaburi 104:5) Eka mbere Bibiliya ntiyigisha yuko ibiri n’ubuzima vyose bizorigatwa n’urubeya rw’umuriro ruzotikiza isi yose. (Yesaya 45:18) Yezu ubwiwe yarerekanye ko hariho abantu bazorokoka uwo muhero. (Matayo 24:21, 22) None ni igiki Bibiliya ivuga ko kizohera?

Intwaro z’abantu ata co zishikako zizovaho. Imana yahumekeye umuhanuzi Daniyeli kwandika ati: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.”​—Daniyeli 2:44.

Intambara be n’ugutosekaza ibidukikije bizohera. Mu kudondora ivyo Imana izokora, Zaburi 46:9 igira iti: “Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, avunagura imiheto, amacumu arayacagagura, imikogote ikwegwa n’amafarasi ayiturira mu muriro.” Bibiliya yigisha kandi ko Imana “[izo]honya abariko barahonya isi.”​—Ivyahishuwe 11:18.

Ubukozi bw’ikibi n’akarenganyo bizohera. Ijambo ry’Imana risezerana riti: “Abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co.”a​—Imigani 2:21, 22.

2 Umuhero uzoza ryari?

Yehova Imana ‘yarashinze igihe’ co gukuraho ububisha no gutuma intwaro y’Ubwami bwiwe itegeka isi yose. (Mariko 13:33) Ariko rero, Bibiliya irerekana neza yuko tudashobora guharura ngo tumenye itariki nyezina umuhero uzoshikira. Yezu yavuze ati: “Ku vyerekeye uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, kiretse Data gusa.” (Matayo 24:36) Ariko rero, Yezu n’intumwa ziwe baravuze ukuntu ibintu vyobaye vyifashe kw’isi gatoyi imbere y’uko Imana izana umuhero. Umuhero uri hafi uravye ukuntu ibintu bikurikira vyose biriko biraba mu gihe kimwe kandi kw’isi yose.

Ibintu bigenda biyangara mu vya politike, mu bidukikije no mu vy’imibano ku rugero bitari bwashikeko muri kahise. Mu kwishura ibibazo abigishwa babajije ku vyerekeye umuhero, Yezu yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira ihanga n’ubwami bu[hagurukire] ubwami; hazoba vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi; hazoba amapfa. Ivyo bizoba ari intango y’ububabare nk’ubw’ibise.” (Mariko 13:8) Intumwa Paulo yanditse ati: “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunzi, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batagira igishika c’abantu, badashaka kwumvikana na gato, ababesheranyi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abishira hejuru kubera ubwishime, abakunda ibinezereza aho kuba abakunda Imana.”​—2 Timoteyo 3:1-5.

Kw’isi yose hariko haraba isekeza ryo kwamamaza mu ndimi nyinshi. Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero uzoca uza.”​—Matayo 24:14.

3 Ni igiki kizokurikira umuhero?

Bibiliya ntiyigisha yuko abeza bose bazokurwa mw’isi kugira ngo baje kwiberaho mu munezero mw’ijuru ibihe bidahera. Ahubwo riho Yezu yigishije yuko umugambi Imana yari ifitiye umuryango w’abantu mu ntango uzoranguka. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Matayo 5:5; 6:9, 10) Abapfa imbere y’uko umuhero uza, Bibiliya ibaha umuhango w’uko bazozuka. (Yobu 14:14, 15; Yohani 5:28, 29) Ni igiki none kizokurikira umuhero?

Yezu azotegeka ari mw’ijuru ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Umuhanuzi Daniyeli yanditse ati: “Mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu [Yezu uwari amaze kuzuka], azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere [Yehova Imana], baramumushikiriza. [Yezu] aca ahabga inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe: ingoma yiwe n’ingoma itazovaho, kand’ubgami bgiwe n’ubgami butazohangura.”​—Daniyeli 7:13, 14; Luka 1:31, 32; Yohani 3:13-16.

Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana bazoba bifitiye amagara atagira akanenge, umutekano uramba be n’ubuzima budahera. Umuhanuzi Yesaya yanditse ati: “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye.” (Yesaya 65:21-23) Ku bijanye n’ico gihe, intumwa Yohani yanditse ati: “Ehe! Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba ibisata vyayo. Kandi Imana ubwayo izoba kumwe na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

4 Ukwiye gukora iki kugira ngo uzorokoke uwo muhero?

Intumwa Petero yaravuze yuko bamwebamwe mu bobaye bariho mu gihe c’iherezo botwengeye mw’ijigo ivy’uko Imana vyoshika igahagurukira ibijanye n’abantu maze igakuraho ububisha kw’isi. (2 Petero 3:3, 4) Ariko rero, Petero arahimiriza abo mu gihe tubayemwo ngo bakore ibikurikira.

Nugire ico wigiye kuri kahise. Petero yanditse yuko Imana “itaretse guhana isi ya kera, mugabo [yazigamye] Nowa, umwamamaji w’ubugororotsi, hamwe n’abandi indwi igihe yazana umwuzure kw’isi y’abantu batibanga Imana.” (2 Petero 2:5) Ku bijanye n’abatwengera mw’ijigo, Petero yavuze ati: “Nk’uko icipfuzo cabo kiri, iki kintu kirabasoba: yuko kuva kera hariho amajuru n’isi ihagaze itsindagiye, hejuru y’amazi, no hagati mu mazi, biciye kw’ijambo ry’Imana; kandi biciye kuri ubwo buryo isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure. Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene amajuru n’isib biriho ubu birundanirijwe umuriro, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza n’uw’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.”​—2 Petero 3:5-7.

Nubeho wisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu. Petero yanditse yuko abipfuza kurokoka umuhero baheza bagakora “ibikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana.” (2 Petero 3:11) Urabona ko Petero ashimika ku “bikorwa vy’ingeso nyeranda” be no ku “bikorwa vy’ukwihebera Imana.” Ku bw’ivyo, hariho n’ibindi ukeneye gukora uretse ugupfa gusa kuvuga ko ufise ukwizera canke ukugira utwigoro ku munota wa nyuma urondera gusubiza hamwe n’Imana.

None neza na neza ni ibikorwa ibihe Imana ishima? Ubona gute ugereranije ivyo uzi be n’ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ico kibazo? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha. Nubasabe bakwereke muri Bibiliya yawe ishingiro ry’inyishu baguha. Ubigenjeje gutyo vyoshobora kugufasha kwitega kazoza ufise umutima rugabo kandi uremye, naho muri kino gihe dukikijwe n’ibintu bitera ubwoba.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba kandi ikiganiro kivuga ngo “Abantu bose boba bafise uturyo tungana two kumenya Imana?” kiri ku rupapuro rwa 22 muri iki kinyamakuru.

b Ng’aha, Petero ariko avuga isi mu buryo bw’ikigereranyo. Hari n’ahandi Bibiliya ivuga isi mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’akarorero, umwanditsi w’amazaburi yanditse ati: “Isi n’ihimbarwe.” (Zaburi 97:1) Isi-butaka ntishobora ‘guhimbarwa.’ Mu buryo nk’ubwo nyene, isi-butaka si yo izotikizwa. Ahubwo riho, nk’uko Petero abivuga, abantu batibanga Imana ni bo bazotikizwa.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]

Isi ntizokurwaho, ahubwo abayihonya ni bo bazokurwaho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika