Uratumiwe!
UTI ku biki? Kugendera bimwe mu biro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova, ibikunze kwitwa Beteli. Hariho ibigo nk’ivyo bishika 118 mu bihugu bitandukanye. Akenshi abahagendera baraserura ukuntu bakenguruka bimwe bivuye ku mutima ivyo babona birangurirwa kuri Beteli.
Umutohoji umwe wa Bibiliya akiri muto, amaze kubona abakozi benshi bakora cane basukurira Yehova bahimbawe ku biro vy’ishami vyo muri Megizike, yarakozwe ku mutima cane ku buryo yabajije ati: “Nokora iki kugira ngo nkorere ng’aha?” Yabwiwe ati: “Utegerezwa kubanza kubatizwa. Hanyuma, vyoba vyiza usukuye uri umutsimvyi, ni ukuvuga umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose.” Uwo musore yarakurikije ivyo yari yabwiwe, maze haciye imyaka ibiri aratumirwa ngo aze gusukurira kuri Beteli muri Megizike, ubu hakaba haciye imyaka 20 ahasukurira.
Beteli ni iki?
Mu rurimi rw’igiheburayo, ijambo “Beteli” risobanura ngo “Inzu y’Imana.” (Ita. 28:19, akajambo k’epfo.) Inyubakwa z’ibiro vy’amashami bitandukanye zirakoreshwa mu gucapura no mu kurungika Amabibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya be no mu gushigikira mu buryo bw’impwemu amashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 100.000 ari hirya no hino kw’isi. Abakozi bakorera kuri Beteli bababa 20.000, abagizwe n’abagabo hamwe n’abagore baturuka mu nzego z’ubuzima zitandukanye no mu mico kama itandukanye, barasukurira igihe cose Yehova be n’abavukanyi hamwe n’abavukanyikazi babo ata bwikunzi babigiranye. Abamaze imyaka myinshi muri ico gikorwa ca gikirisu barasukura bari kumwe n’abakiri bato bagifise inkomezi. Ku migoroba be no ku mpera z’imishamvu, abagize imiryango ya Beteli barifatanya n’amashengero y’Ivyabona vya Yehova yo mu micungararo ku makoraniro no mu busuku bwa gikirisu. Barakoresha kandi umwanya wabo w’inyuma y’ibikorwa kugira ngo biyigishe Bibiliya, biruhure, bongere bitwararike ivyabo.
Abagize umuryango wa Beteli bararonka ku kwezi ku kwezi insubizanyo y’amahera makeya. Barafungura ibifungurwa biryoshe kandi birimwo ivya nkenerwa, kandi baba mu nyubakwa zisukuye kandi zimeze neza. Inzu z’uburaro za Beteli ntizigenewe kuba izihanitse. Ariko rero, usanga zimeze neza. Uretse ko abashitsi bakorwa ku mutima n’izo nyubakwa be n’ubusitani usanga bifashwe neza be n’ukuntu ibintu bikorwa ku rutonde, barakorwa ku mutima kandi n’umutima mwiza hamwe n’ugusenyera ku mugozi umwe vyigaragaza kuri Beteli. Umwe wese akorana umwete, yamara nta n’umwe usanga afatiriwe cane ku buryo atogaragaza umutima mwiza. Muri Beteli nta vyo gutandukanya abantu ufatiye ku kibanza bafise mu kibano canke ivyo kwumva ko umuntu aruta abandi kubera igikorwa arangura. Igikorwa kimwekimwe cose kirahambaye, kwaba ari ukugira isuku, gukorera mu busitani, guteka, canke gukorera mw’icapuriro kibure mu biro. Abanyabeteli, nk’uko abakorera kuri Beteli bitwa, bakorera hamwe bagize umugwi kugira ngo bashigikire ubusuku Ivyabona vya Yehova barangura.—Kol. 3:23.
Umviriza ibijanye n’Abanyabeteli bamwebamwe
Nimuze twihweze twitonze ibijanye n’abagize uwo muryango ukwiye kw’isi yose. Ni ibiki vyatumye bipfuza gusukurira kuri Beteli? Rimbura ivyerekeye uwitwa Mario. Igihe Mario yaba Icabona ca Yehova, yari afise akazi kamwinjiriza amahera menshi cane mw’ishirahamwe rizwi cane ryo mu Budagi rihingura imiduga kandi yari afise akaryo ko gutera imbere. Haciye igihe gito abatijwe, yaritanze ngo amare indwi imwe akorera kuri Beteli mu gihugu iwabo. Yashinzwe igikorwa co gufasha mw’icapuriro. Mario yarashoboye kubona itandukaniro rinini ryari hagati y’abo bakorana kuri Beteli n’abo bakorana ku kazi yari asanzwe afise. Yaciye rero asaba kurangura umurimo w’igihe cose wo kuri Beteli. Naho benshi mu ncuti ziwe no mu bo bakorana babona ko iyo ngingo yafashe igoye gutahura, ubu Mario asukurira kuri Beteli yo mu Budagi ahimbawe.
Benshi baja mu murimo wo kuri Beteli ata mashure adasanzwe canke ubuhanga budasanzwe bafise. Ukwo ni ko vyari vyifashe ku witwa Abel, uno akaba amaze imyaka 15 asukurira kuri Beteli yo muri Megizike. Avuga ati: “Beteli yarambereye ishure vy’ukuri. Narize gukoresha imashini zo gucapura zihanitse cane. Ndazi yuko kubera ubwo bumenyi mfise, noshobora kuronka amahera menshi cane ntari muri Beteli, mugabo sinoronka ivyo ndonka ndi ng’aha, ivyo na vyo bikaba ari ubuzima butekanye kandi bumara akanyota butarimwo imyitwarariko be no guhiganwa birangwa mu bibanza vyinshi bikorerwamwo ivy’ubudandaji. Ndabona yuko naronse inyigisho nziza cane ishoboka yamfashije gutera imbere mu vy’impwemu no mu bumenyi. Sinari gushobora kuronka ivyiza nk’ivyo vyo mu buryo bw’impwemu, mbere naho noba ndi muri kaminuza nziza kuruta izindi zose.”
Kugendera Beteli birashobora kugukomeza
Kugendera Beteli vyonyene birashobora kugira ikintu ciza bikoze kuri kamere y’ivy’impwemu y’umuntu. Ukwo ni ko vyagenze ku witwa Omar wo muri Megizike. Nyina wiwe yaramwigishije ukuri kwo muri Bibiliya. Mugabo Omar afise imyaka 17, yararetse kwitaba amakoraniro ya gikirisu no kugira uruhara mu busuku burangurwa ku mugaragaro. Yahavuye yisuka mu ngeso mbi no mu vyo kubaho yiruka inyuma y’amaronko. Mu nyuma, igihe Omar yakorera ishirahamwe rijejwe ibijanye no guhanahana amakuru, yarashizwe mu mugwi w’abantu bagendeye Beteli yo muri Megizike kugira baje kwerekana ukuntu ibikoresho bimwebimwe bikora. Omar avuga ati: “Turangije kwerekana ukuntu ivyo bikoresho bikora, abari batwakiriye baradutembereje muri izo nyubakwa. Ivyo nabonye be n’ukuntu bamfashe neza vyatumye nzirikana ku kuntu nari mbayeho, nitandukanije na Yehova. Naciye ubwo nyene nsubira kwitaba amakoraniro no kwiga Bibiliya. Haciye amezi atandatu ngendeye Beteli, narabatijwe. Ndakengurukira Yehova kuba naravyuriwe umutima biciye kuri ukwo kugendera Beteli.”
Uwitwa Masahiko wo mu Buyapani na we nyene yarerewe mu muryango w’Ivyabona. Ariko rero, yaratanguye kubona ko kubaho rukirisu ari ukwiboha cane. Yaratanguye kugira uruhara cane mu bikorwa bikorerwa kw’ishure maze arahagarika kwitaba amakoraniro no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Masahiko avuga ivyo yibuka ati: “Umusi umwe umuryango wacu be n’abagenzi bakeya b’abakirisu barafashe ingingo yo kuja gutembera kuri Beteli. Kubera ko umuryango wanje wabinsavye ushimitse, narajanye na bo. Igihe nariko ndatembera kuri Beteli, numvise nduhuriwe ku rugero ntari bwigere nduhurirwa. Umunezero nagize kubera ukwifatanya n’abandi bakirisu muri urwo rugendo, sinari bwigere ndawugira ndi kumwe n’abagenzi banje batari Ivyabona. Icipfuzo co kubaho rukirisu caciye gikura muri jewe, kandi naciye mfata ingingo yo gusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.” Ubu Masahiko ni umusuku w’igihe cose mw’ishengero arimwo.
Hari Icabona wo mu Bufaransa yagiye gukorera i Moscou. Amaze gushikayo ntiyasubiye kubonana n’abasavyi b’Imana, bica bituma agoyagoya mu vy’impwemu. Yarisutse mu vyo gukora ibintu bibi amaherezo yubakana n’umugabo atari Icabona. Mu nyuma umuvukanyikazi umwe wo mu Bufaransa yaraje kumuraba, maze baca bajana i St. Petersburg mu Burusiya kugira ngo baje gutembera ku nzu y’uburaro ya Beteli yo ng’aho. Yandika ati: “Tugeze kuri Beteli baratwakiranye igishika, kandi ivyo vyarankoze ku mutima. Harangwa amahoro menshi. Nariyumvisemwo impwemu ya Yehova. Mbega vyagenze gute ngo nkore ikosa ryo kwitandukanya n’ishirahamwe rya Yehova? Maze kugendera Beteli, narasenze Yehova ndamusaba ngo amfashe kandi naratanguye kwigisha abana banje Bibiliya ndabigiranye umwiyemezo ukomeye.” Hambavu y’ukundi gusahirizwa kwo mu vy’impwemu ico Cabona yagoyagoya ico gihe yoba yararonse, yarakomejwe cane n’ukuba yaragendeye Beteli kandi mu nyuma yarateye imbere neza.
Tuvuge iki ku bijanye n’ukuntu kugendera Beteli vyoshobora gukora ku mutima abantu batamenyeranye Ivyabona vya Yehova? Mu 1988, uwitwa Alberto, uno akaba yarisuka cane mu vya politike, yaragendeye Beteli yo muri Berezile. Isuku, urutonde, hamwe canecane n’ukuntu ibikorwa vyakorwa ata guhisha, vyaramukoze ku mutima cane. Ico gihe Alberto yagendera Beteli, hari haciye igihe gito agendeye iseminari muramuwe yakoreramwo ari umupatiri. Alberto yarabonye ubudasa. Avuga ati: “Mw’iseminari ikintu cose cakorwa mu mpisho.” Haciye igihe gito agendeye Beteli, yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, araheba politike, ubu akaba asukura ari umukurambere w’ishengero.
Kaze ugendere Beteli!
Hari abantu benshi bagize utwigoro tudasanzwe kugira ngo bagendere ibiro vy’ishami vyo mu gihugu iwabo. Nk’akarorero muri Berezile, Paulo na Eugenia baramaze imyaka ine baziganya amahera kugira bazogire urugendo rw’ibilometero 3.000 rumara imisi ibiri umuntu ari muri bisi, kugira ngo baje kuraba inyubakwa za Beteli zo muri ico gihugu. Bavuga bati: “Vyari bibereye ko tugira utwo twigoro twose. Ubu turatahura kuruta ishirahamwe rya Yehova. Igihe turiko turasigurira abo twigisha Bibiliya igikorwa kirangurirwa kuri Beteli, birashika bakatubaza bati: ‘None muramaze kujayo?’ Ubu turashobora kuvuga duti: ‘Egome.’”
Mu gihugu iwanyu canke mu gihugu kibanyi, hoba hariho ibiro vy’ishami canke inyubakwa y’uburaro ya Beteli? Turagutumiye ngo uje kugendera izo nyubakwa. Nta gukeka yuko uzokwakiranwa igishika ukongera ukaronka ivyiza vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu kubera yuko uzoba wagendeye Beteli.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]
Uwu ni Mario
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]
Uwu ni Abel
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]
Ubudagi
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]
Ubuyapani
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]
Berezile